mustafahacalaki/DigitalVision Vectors via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Ubuhinga bwa none bwigana ubwenge bw’umuntu bwoba buzofasha abantu canke buzobateza ingorane? Bibiliya ibivugako iki?
Abategetsi b’isi, abanyasiyansi n’abahinga mu vy’ubuhinga bwa none baraherutse kugira ico bavuze ku kamaro k’ubuhinga bwa none bwigana ubwenge bw’umuntu. Naho bemera ko bufise akamaro, barahagaritse umutima kubera ko bushobora gukoreshwa nabi.
“Ubuhinga bwigana ubwenge bw’umuntu ni bumwe mu buhinga bwa none bukoreshwa cane muri iki gihe, bukaba bushobora gutuma ubuzima bw’abantu burushiriza kumera neza . . . Naho ari ukwo, ubwo buhinga burashobora gutuma amahoro n’umutekano bihungabana, bukabangamira agateka ka zina muntu be n’amakuru yabwirizwa kuguma ari ibanga, bukongera bugatuma abantu bataba bacizigira intwaro ya demokrasi.”—Vyavuzwe na Kamala Harris, icegera c’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika ku wa 4 Rusama 2023.
“Naho ubuhinga bwigana ubwenge bw’umuntu buriko burafasha cane mu vy’ubuvuzi, buriko buratuma abantu bagira ingorane zitandukanye z’amagara kandi bakarushiriza guhagarika umutima.” Vyanditswe n’umugwi mpuzamakungu w’abaganga be n’abahinga mu vy’ubuvuzi urongowe na Muganga Frederik Federspiel, mu kiganiro casohotse ku wa 9 Rusama 2023 mu kinyamakuru citwa BMJ Global Health.a
“Abantu barashobora kuba bamaze gutangura gukoresha ubuhinga bwigana ubwenge bw’umuntu mu gukwiragiza amakuru y’ikinyoma. Vuba ubwo buhinga burashobora kuzotuma abantu benshi babura akazi. Abantu bamwebamwe bakora mu vy’ubuhinga bwa none barafise ubwoba bw’uko mu misi iri mbere ubwo buhinga bushobora gutuma ubuzima bw’abantu buja mu kaga.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa The New York Times ku wa 1 Rusama 2023.
Vuba bizogaragara nimba abantu bazokoresha ubwo buhinga mu buryo bugirira akamaro abandi canke bubagirira nabi. Bibiliya ibivugako iki?
Kubera iki ivyo abantu bakora mu guteza imbere ubuhinga bwa none bituma haba uguhagarika mutima?
Bibiliya iravuga igituma abantu badashobora kwemeza ijana kw’ijana ko iterambere ry’ivy’ubuhinga bwa none rizokwama rikoreshwa neza.
1. Mbere n’igihe abantu bakoranye ibintu imvo nziza, ntibashobora kumenya imbere y’igihe ingaruka mbi zoshobora kuva mu vyo bakora.
“Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu.”—Imigani 14:12.
2. Umuntu ntamenya nimba abantu bazokoresha neza canke nabi ivyo yakoze.
“[Nobwirijwe gusigira ibikorwa vyanje] umuntu yoje mu nyuma zanje. Kandi ni nde azi ko azoba inkerebutsi canke igipfu? Yamara azokwiganzira igikorwa canje c’ubutame cose nakoze ngatama, ico nerekaniyeko ubukerebutsi munsi y’izuba.”—Umusiguzi 2:18, 19.
Ukwo kuntu abantu baguma bahagaritse umutima birerekana igituma dukeneye kuyoborwa n’Umuremyi wacu.
Ni nde twokwizigira?
Umuremyi wacu adusezeranira ko atazokwigera areka ngo abantu canke ubuhinga bwa none bihonye isi canke umuryango w’abantu.
“Isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”—Umusiguzi 1:4.
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:29.
Biciye kuri Bibiliya, Umuremyi wacu aratubwira ukuntu tuzoronka amahoro n’umutekano muri kazoza. Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga, nusome ibiganiro bivuga ngo “Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?” hamwe na “Niwizigire ko kazoza ari keza.”
a Vyakuwe mu kiganiro kivuga ngo: “Threats by Artificial Intelligence to Human Health and Human Existence”, canditswe na Frederik Federspiel, Ruth Mitchell, Asha Asokan, Carlos Umana be na David McCoy.