ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 81
  • Ukuntu Imana yitaho abaragi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Imana yitaho abaragi
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Imana ibona abaragi
  • Ukuntu Ivyabona vya Yehova bafasha abaragi muri iki gihe
  • Ni ibikoresho vyo kwiga Bibiliya ibihe dusohora?
  • ‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nukerebukire Kurondera Abantu b’Ibitumva mu Cibare Cawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • “Abatumva barungukira ku kwiga Bibiliya”
    Be maso!—2010
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 81
Icabona ca Yehova ari aho banywera akayi, ariko arereka ividewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso umukenyezi umwe. Uwo mukenyezi araryohewe no kuyiraba.

Ukuntu Imana yitaho abaragi

Kw’isi yose hari abaragi nk’imiliyoni 70 kandi abenshi muri bo mu kuyaga, bakoresha rumwe mu ndimi z’ibimenyetso zihari, zikaba zirenga 200. Ikibabaje ni uko akenshi abaragi bafatwa nabi, nk’uko tubibona mu maraporo akurikira:

  • «Hirya no hino kw’isi, akenshi abantu barirengagiza agateka k’abaragi be n’abatumva neza.»​—Vyavuzwe n’ishirahamwe ryo muri Amerika ryitaho abaragi (Association nationale des sourds, NAD).

  • «Mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, abaragi bari mu bantu bakenye cane kuruta abandi kandi biragorana ko biga, baronka akazi canke amakuru agezweho.»​—Vyavuzwe n’ishirahamwe ryo kw’isi yose riharanira agateka k’abaragi (Fédération mondiale des sourds).

Imana ibona gute abaragi? Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abaragi? Vyongeye, Ivyabona vya Yehova bariko bafasha gute abaragi muri iki gihe?

Ukuntu Imana ibona abaragi

Bibiliya iravuga ingene Yehovaa Imana yitaho abaragi. Yipfuza ko bafatwa nk’abandi bantu kandi bakaronka inyigisho aturonsa.

Icanditswe: «Ntuze utuke umuntu afise ubumuga bwo kutumva.»​—Abalewi 19:14.

Ico hasobanura: Itegeko Yehova yari yarahaye Abisirayeli ba kera ryarakingira agateka k’abantu bari bafise ubumuga bwo kutumva.

Icanditswe: «Imana [nti]gira nkunzi.»​—Ivyakozwe 10:34.

Ico hasobanura: Yehova aritaho abantu bo mu mico kama itandukanye, abakuriye mu bintu bitandukanye n’abavuga indimi zitandukanye harimwo n’abaragi.

Icanditswe: «Yezu [yagenda] . . . , yamamaza inkuru nziza y’Ubwami.»​—Matayo 9:35.

Ico hasobanura: Yezu yaje kw’isi kugira yigishe abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ivyo buzokorera abantu bose, harimwo n’abaragi.​—Matayo 6:10.

Icanditswe: Yezu yaranatumye ‘abatumva basubira kwumva, abatavuga na bo baravuga.’​—Mariko 7:37.

Ico hasobanura: Mu bitangaro Yezu yakoze, yarerekanye ko Ubwami bw’Imana buzotuma abaragi basubira kwumva no kuvuga. Igihe kimwe, Yezu abigiranye ubuntu, yarakoresheje ibimenyetso kugira avugishe umugabo umwe w’umuragi imbere y’uko amukiza agasubira kwumva no kuvuga.​—Mariko 7:31-35.

Icanditswe: «Amatwi y’abatumva a[zo]zibuka.»​—Yesaya 35:5.

Ico hasobanura: Yehova yari yaravuze ko abaragi bazokwumva.​—Yesaya 29:18.

Ukuntu Ivyabona vya Yehova bafasha abaragi muri iki gihe

Twebwe Ivyabona vya Yehova turabwira abaragi bo kw’isi yose ubutumwa bw’Imana butanga icizigiro. Ivyo tubigira gute? Turahindura Bibiliya n’amavidewo adufasha kwiga Bibiliya mu ndimi z’ibimenyetso zirenga 100. Vyongeye, turigisha Bibiliya tukagira n’amakoraniro mu rurimi rw’ibimenyetso. Ivyo vyose tubikorera abantu bose bashaka gufashwa n’Imana kandi tukabigira ku buntu. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu yategetse ati: «Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.»​—Matayo 10:8.

Urashobora gushikira ivyo bintu vyose ukoresheje internet canke ukabivomera mu kuma kawe ubikuye kuri:

Akamenyetso kerekana indimi ziri kuri jw.org.

JW.ORG. Uri kuri urwo rubuga, nufyonde ku kamenyetso ko guhindura ururimi usanga hejuru kugira uronke ibihari mu rurimi rw’ibimenyetso wipfuza.

Akamenyetso kerekana programa ya «JW Library» yo mu rurimi rw’ibimenyetso.

Programa ya JW Library yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Nushire iyo programa mu kuma kawe. Uzoca ushobora kuvoma amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso canke kuyavuza ikibiriraho.

Ni ibikoresho vyo kwiga Bibiliya ibihe dusohora?

Bibiliya yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Bibiliya y’isi nshasha yo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Amerika ni yo Bibiliya yatanguye gusohoka ari yose mu rurimi rw’ibimenyetso kw’isi yose. Ubu Bibiliya y’isi nshasha iraboneka ari yose canke igice mu ndimi z’ibimenyetso nyinshi, kandi ziguma ziyongera buri mwaka. (Kugira ubone urutonde rw’izo ndimi zose canke urabe Bibiliya kuri internet, nurabe uruzitiro ruvuga ngo «Bibiliya y’isi nshasha mu rurimi rw’ibimenyetso.»)

  • Kugira umenye ukuntu batunganya Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso, nurabe ividewo ivuga ngo Bibiliya y’isi nshasha yose iraboneka mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Amerika (mu gifaransa).

  • Kugira ubusomyi bwa Bibiliya birushirize kukuryohera, nuvome programa ya JW Library yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Iyo programa iragufasha guhitamwo umurongo kanaka wo muri Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso.

  • Dmytro na Vita ni abavyeyi b’abaragi, abana babo na bo barumva. Nurabe ukuntu kuraba amavidewo ya Bibiliya yo mu rurimi rw’ibimenyetso buri musi bibagirira akamaro.

Amavidewo yigisha ivyerekeye Bibiliya. Ivyabona vya Yehova barasohoye amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso afasha abantu gutahura no gushira mu ngiro impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga ku vyerekeye . . .

  • Ingo n’imiryango

  • Imiyabaga n’abageze mu bigero

  • Abana

Ivyigwa vya Bibiliya. Niwige ubutumwa buri Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso uri kumwe n’uwukwigisha. Muzokoresha umwanya wipfuza. Nusabe bakwereke ingene wokwiga Bibiliya ku buntu.

Jeson Senajonon aba muri Filipine. Nurabe ingene kwiga Bibiliya vyamufashije kuba umugenzi w’Imana.

Mario Antúnez ariko arakoresha ururimi rw’ibimenyetso.

Mario Antúnez yari umupasitori muri Honduras. Nurabe ingene Bibiliya yamufashije kuronka inyishu z’ibibazo yari afise, nk’uko yavyivugiye mu nkuru yiwe ivuga ngo: «Nari mfise ibibazo vyinshi ntari bwaronkere inyishu.» (mu gifaransa)

Amakoraniro n’ibikorane. Buri ndwi abaragi barakoranira hamwe kugira bige Bibiliya bongere basenge Imana, bari mu mashengero n’imigwi ikoresha ururimi rw’ibimenyetso hirya no hino kw’isi. Vyongeye buri mwaka, turatunganya ibikorane mu rurimi rw’ibimenyetso kugira twige Bibiliya. Muri ivyo biringo, haba hari abasobanurira abaragi b’impumyi. Turasohora kandi ibitabu biri mu nyuguti z’impumyi tukongera tukabitanga ku buntu.

  • Nurabe ahabera ikoraniro hafi yawe.

  • Nurabe ibijanye n’ibikorane tugira buri mwaka.

  • Niwitabe Icibutso c’urupfu rwa Yezu, rukaba ari urubanza ruruta izindi zose tugira mu mwaka.

Uwitwa José Luis Ayala aba muri Megizike. Yavutse ari umuragi mu nyuma aca arahuma. Nurabe ukuntu yafashijwe kugira ashobore kwigisha neza Bibiliya.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Nurabe ikiganiro kivuga ngo: «Yehova ni nde?»

Bibiliya y’isi nshasha mu rurimi rw’ibimenyetso

Kuva ku wa 1 Nzero 2024, iyi Bibiliya yoroshe gutahura iraboneka ari yose canke igice cayo mu ndimi z’ibimenyetso zikurikira:

Akamenyetso kerekana Bibiliya izinguruye.

Bibiliya yose

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Amerika

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Brezile

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Burusiya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Megizike

Akamenyetso kerekana Bibiliya izinguruye.

Ivyanditswe vy’ikigiriki («Isezerano rishasha»)

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Afrika y’Epfo

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Arjantine

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Buhindi

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Butaliyano

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Buyapani

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Équateur

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Espanye

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Kolombiya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Koreya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Peru

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Polonye

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Shili

Akamenyetso kerekana Bibiliya izinguruye.

Ibitabu kanaka vyo muri Bibiliya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Budagi

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Bufaransa

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Bushinwa

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Endoneziya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Malawi

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Mozambike

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Venezuwela

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Zambiya

  • Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Zimbabwe

Hariho imirongo imwimwe yo muri Bibiliya iboneka mu zindi ndimi z’ibimenyetso.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika