Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Isi yacu iri mu kaga kubera ko hashobora kwaduka intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda bitewe n’uko ibihugu bikomakomeye biguma bigwiza mwene ivyo birwanisho. Kuba abantu bahagaritse umutima birumvikana, kubera ko uko haba ibirwanisho ruhonyanganda vyinshi ni ko n’intambara yavyo ishobora kwaduka. Bafise ubwoba ko hamwe igihugu kimwe corekura mwene ico kibombe kimwe, naho coba ari gitoyi, vyoshobora gutuma haduka intambara maze isi yose ikononekara. Ishirahamwe ryitwa Bulletin of the Atomic Scientists kivuga ko «umwanya n’umwanya hashobora kwaduka intambara y’ibigwanisho ruhonyanganda.»
Intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda yoba ishobora kwaduka? Nimba ishobora kwaduka, isi yacu yoba izorusimba? Twovyifatamwo gute nimba duhagaritswe umutima n’uko ishobora kwaduka? Bibiliya ibivugako iki?
Ng’ibi ivyo tugiye kwihweza muri iki kiganiro:
Bibiliya yoba yari yaravuze ko hobaye intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Imana yoba yoreka hakaba intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Bibiliya yoba yari yaravuze yuko kuri Harumagedoni hazokoreshwa ibirwanisho ruhonyanganda?
Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe coba kivuga ivy’intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Bibiliya yoba yari yaravuze ko hobaye intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Bibiliya ntivuga idomako ibijanye n’intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda. Ariko rero, yari yaravuze inyifato abantu bogaragaje be n’ibindi bintu vyobaye vyotumye iyo ntambara yaduka.
Gereranya ibivugwa muri iyi mirongo yo muri Bibiliya hamwe n’ibiriko biraba muri iki gihe:
Imirongo yo muri Bibiliya: Abigishwa ba Yezu babajije bati: «Ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana igihe c’ukugaruka kwawe n’ic’iherezo ry’ivy’iyi si?» Yezu yabishuye ati: «Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami.»—Matayo 24:3, 7.
Ibiriko biraba kw’isi: Ibihugu vyinshi, harimwo n’ibisanzwe bifise ibirwanisho ruhonyanganda canke ibishoboye kubihingura, akenshi vyama mu ntambara.
«Mu myaka ya vuba, kw’isi hararushirije kuba ubukozi bw’ikibi, kandi n’intambara zarongerekanye.»—Vyavuzwe n’ishirahamwe The Armed Conflict Location & Event Data Project.
Umurongo wo muri Bibiliya: «Mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko azotana mu mitwe [n’umwami wo mu buraruko] biciye ku gusunikana.»—Daniyeli 11:40.
Ibiriko biraba kw’isi: Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, ibihugu bitumvikana hamwe n’ababishigikiye biriko birahiganwa kugira vyerekane ko bikomeye gusumba ibindi. Naho ibihugu bifise ibirwanisho ruhonyanganda bitariko birarwana hagati yavyo, biguma bihingura ibindi ibirwanisho ruhonyanganda bikomeye kuruta.
«Mu myaka cumi iheze, ibihugu bifitaniye amatati vyariyongereye, muri ivyo hakaba harimwo ibishigikirwa n’ibihugu bikomakomeye.»—Vyavuzwe n’ikigo cegeranya amakuru citwa Uppsala Conflict Data Program.
Imirongo yo muri Bibiliya: «Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba . . . badashaka kwumvikana na gato, bambika ibara abandi, batigumya, ari inkazi.»—2 Timoteyo 3:1-3.
Ibiriko biraba kw’isi: Cokimwe n’abantu benshi muri iki gihe, abategetsi ntibashaka kwumvikana na gato. Aho gutunganya ivyo badahurizako mu mahoro, bagerageza gutorera umuti ibibazo bafitaniye mu gukoresha inguvu canke iterabwoba. Ivyo bituma hashobora kwaduka intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda.
«Abantu batarondeye uburyo bwo gukorana mu bumwe, amatati azokwiyongera kandi yonone ibintu.»—Vyavuzwe na S. Saran be na J. Harman bo mw’ishirahamwe World Economic Forum.
Imana yoba yoreka hakaba intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
Bibiliya nta co ibivugako. Ariko iravuga ko muri iki gihe hobaye «ibintu biteye ubwoba.» (Luka 21:11) Akarorero k’ivyo ni ibibombe ruhonyanganda vyatewe mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Bibiliya irasigura igituma Imana yaretse hakaba intambara. Kugira umenye vyinshi, nurabe ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashigikirwa n’ingorane?
Isi yoba izorusimba?
Ego. Naho abantu bosubira gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda, Imana ntiyokwemera ko ibintu bimera nabi cane ku buryo isi yose izimangana. Bibiliya ivuga ko isi yacu atari yo yonyene izorusimba, ahubwo ko n’abantu bazoyibako ibihe vyose.
Abantu bamwebamwe biyumvira ko muri kazoza isi izosigara ibako abantu bakeyi gusa kandi batorohewe kubera izoba yononywe n’ibirwanisho ruhonyanganda. Yamara rero, Bibiliya irerekana ko ata ntambara n’imwe izokwonona isi ku buryo bitokunda ko Yehova asubira kuyigira nziza.
Imana yipfuza ko tubaho kw’isi nziza tunezerewe
Umuremyi wacu yaremanye isi ubushobozi butangaje bwo kugenda irasubirana naho yoba yononekaye. Turazi kandi ko Imana izokoresha ububasha bwayo mu gutuma isi isubira kumera neza, maze ibe ahantu heza abantu bazoba ibihe bidahera.—Zaburi 37:11, 29; Ivyahishuwe 21:5.
Twovyifatamwo gute nimba duhagaritswe umutima n’uko intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda ishobora kwaduka?
Bamwe boshobora guhagarikwa umutima n’uko intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda ishobora kwaduka. Ivyo Bibiliya isezerana hamwe n’impanuro itanga birashobora gufasha abahagaritswe umutima n’iyo ntambara, bakabona ingene bovyifatamwo maze ubwoba bafise bukagabanuka. Uti gute?
Bibiliya ivuga ko isi izoba nziza kandi ko n’abazoyibako bazoba bamerewe neza. Kumenya yuko bizogenda gutyo biratubera nk’«inanga y’ubuzima bwacu,» amaganya twoba dufise akagabanuka. (Abaheburayo 6:19, akajambo k’epfo) Turashobora kandi kugabanya amaganya mu kwitunira ku biba ku musi umwumwe, aho kurazwa ishinga n’ibintu bibi bishobora gushika muri kazoza. Nk’uko Yezu yabivuze, «umusi wose urifitiye ingorane zawo.»—Matayo 6:34.
Ku bw’ivyo, birahambaye cane ko twitwararika amagara yacu kugira dushobore kwiyumvira neza no kuguma dutekanye. Ivyo twobigira mu kugabanya amakuru turaba, dusoma canke twumviriza yerekeye ivyo bariko barashikako mu guhingura ibirwanisho ruhonyanganda, kubera vyoshobora gutuma tugira amaganya. Ivyo ntibisobanura ko duca tuba sindabinezwe. Ahubwo, turakora uko dushoboye kwose kugira ntiturazwe ishinga n’ibintu tudashobora guhindura kandi bishobora kutigera bishika.
Numare igihe udakurikirana amakuru aca intege, maze ugume wiyumvira ibintu vyiza bigushikira mu buzima.
Bibiliya iraduha icizigiro ntakekeranywa c’uko ibintu bizoba vyifashe neza muri kazoza
Kumenya ivyo Imana isezerana birashobora gutuma utekana, ukagira icizigiro n’umunezero.
Bibiliya yoba yari yaravuze yuko kuri Harumagedoni hazokoreshwa ibirwanisho ruhonyanganda?
Hari abiyumvira ko Harumagedoni ari intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda. Nta nkeka ko biyumvira ukuntu iyo ntambara izotikiza ibintu vyinshi.
Naho ari ukwo, Bibiliya irakoresha ijambo «Harumagedoni» mu kwerekeza ku ntambara iba hagati y’«abami bo kw’isi yose,» canke intwaro z’abantu, hamwe n’Imana.a (Ivyahishuwe 16:14, 16) Harumagedoni ntizojaniranya abantu n’isi nk’uko intambara z’ibirwanisho ruhonyanganda zihora zibigira. Ahubwo kuri Harumagedoni, Imana izotikiza ababisha gusa, ivyo bikazotuma haboneka amahoro nyakuri n’umutekano.—Zaburi 37:9, 10; Yesaya 32:17, 18; Matayo 6:10.
Bibiliya ivuga ko intambara zizovaho gute?
Yehovab Imana azokwerekana ko afise ububasha mu guhagarika intambara no mu gutikiza ibirwanisho bikoreshwa mu ntambara. Ivyo azobikora biciye ku Bwami bwiwe, bukaba ari intwaro iri mw’ijuru izoganza isi yose.—Daniyeli 2:44.
Ubwami bw’Imana buzokwigisha abantu kubana mu mahoro no mu bumwe. Kubera ko intwaro imwe yonyene ari yo izoba iganza isi yose, ukutumvikana hagati y’ibihugu n’ibindi kuzovaho ku buryo abantu batazokwongera kwiga kurwana. (Mika 4:1-3) None bizoca bigenda gute? «Umwe wese muri bo azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni ata n’umwe amutera ubwoba.»—Mika 4:4.
a Raba ikiganiro kivuga ngo «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»