ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 116
  • Utwigoro two kugarukana amahoro twoba twozana amahoro kw’isi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Utwigoro two kugarukana amahoro twoba twozana amahoro kw’isi?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Intambamyi zo kugarukana amahoro n’ivyo Bibiliya ivuga ku kuntu zizotorerwa umuti
  • Ubwami bw’Imana buzozana amahoro arama
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Igihe c’Impore” Kiregereje!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 116
Umukenyezi w’umuganga ariko arasuzuma ukuntu amagara y’umugore umwe w’impunzi yifashe. Izindi mpunzi hamwe n’abajejwe kugarukana amahoro bafise ibirwanisho bari hafi yabo.

Utwigoro two kugarukana amahoro twoba twozana amahoro kw’isi?

Hirya no hino kw’isi hariko haraba intambara. Ivyo bituma Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe agira urunani kugira arondere amahoroa harimwo no kurungika abayaserukira mu turere tuberamwo intambara. Bizigira ko bashobora gutuma muri utwo turere turimwo intambara hagaruka amahoro. António Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze ati: «Urwego rw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe kugarukana amahoro ruragira uruhara rudasanzwe mu twigoro dukorwa kugira kw’isi haboneke amahoro arama.»

Uko imyaka yagiye irarengana, ibikorwa vyo kugarukana amahoro vyaragize ico bishitseko ku rugero kanaka. Nk’akarorero, vyaratumye abanyagihugu bakingirwa, impunzi zirasubira mu bihugu vyabo, haratangwa imfashanyo mbere haranasanurwa ivyononekaye. Naho ari ukwo, ibikorwa vyo kugarukana amahoro birahura n’intambamyi zituma bidashika ku ntumbero yavyo. Hoba hazokwigera haboneka umuti urama uzotuma kw’isi harangwa amahoro nyakuri? Ni inyishu iyihe Bibiliya itanga?

Intambamyi zo kugarukana amahoro n’ivyo Bibiliya ivuga ku kuntu zizotorerwa umuti

Agafoto kerekana abagabo babiri bahanye imigongo, bakaba bazinze amaboko.

Intambamyi: kudasenyera ku mugozi umwe. Kubera ko inzego za gisirikare hamwe n’inzego z’abanyagihugu usanga ziva mu bihugu bitandukanye, bica bigorana ko zikorana neza. Biramaze kwibonekeza ko izo nzego zidakorana neza kubera ukutumvikana hamwe n’amatati ashingiye ku nyungu zabo.

Umuti Bibiliya itanga: «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami . . . bu[zo]herengeteza ubwo bwami bwose [intwaro z’abantu], buce buhangama ibihe vyose ari bwonyene.»​—Daniyeli 2:44.

Vuba, Imana izohagarika intambara zose maze igarukane amahoro kw’isi yose. (Zaburi 46:8, 9) Izosubiriza intwaro zose zo kw’isi n’intwaro imwe gusa na yo ikaba ari Ubwami bw’Imana. Igihe iyo ntwaro imwe yo mw’ijuru kandi itunganye izoba iganza isi, ntihazosubira kuba intambara. Rero, inzego zo kugarukana amahoro ntizizoba zigikenewe.


Agafoto kerekana agakarato kagaragara.

Intambamyi: kuba hari ivyo badashoboye. Ibikorwa vyo kugarukana amahoro ntivyama bigenda neza kubera hatama haboneka abantu bakwiye bitanga muri ivyo bikorwa, amahera ahagije yo kubishigikira canke ibindi bintu bikenewe. N’ikindi kandi, abitanga muri ivyo bikorwa usanga bakorera mu turere tugoye kandi duteye akaga.

Umuti Bibiliya itanga: «Imana y’Umukama wacu Yezu Kristu . . . [yicaritse Yezu] iburyo bwayo mu bibanza vyo mw’ijuru. Yamushize hejuru cane y’intwaro zose n’ubukuru bwose n’ububasha bwose.»​—Abanyefeso 1:17, 20, 21.

Imana Mushoboravyose Yehovab yaragenye Yezu ngo abe Umwami w’Ubwami bwayo kandi imuha ibikenewe vyose kugira azoganze neza. (Daniyeli 7:13, 14c) Imana yarahaye Yezu ububasha budasanzwe, ubumenyi n’ugutahura birengeye intwaro n’inzego izo ari zo zose z’abantu. (Yesaya 11:2) Vyongeye, Yezu arafise ingabo z’abamarayika zifise ububasha ashobora gukoresha. (Ivyahishuwe 19:14) Nta kintu na kimwe comunanira.

Yezu azokoresha ububasha bwose Imana yamuhaye kugira akore n’ibindi uretse gusa guhagarika intambara. Azotuma abantu bose bazoba batwarwa n’Ubwami bw’Imana babaho mu mutekano n’amahoro.​—Yesaya 32:17, 18.


Agafoto kerekana agakoni k’intahe y’umucamanza.

Intambamyi: kuba hari ivyo amategeko atabemerera. Rimwe na rimwe, abakorera mu bikorwa vyo kugarukana amahoro ntibashobora gukora ivyo bashaka vyose kubera ata mategeko atomoye bafise ajanye n’ivyo bemerewe gukora, ivyo ababarungitse babitezeko canke kuba hari ivyo amategeko atabarekurira. Ivyo bica bituma badashobora gukingira neza abantu canke ngo bashike ku ntumbero baba bafise.

Umuti Bibiliya itanga: «Ububasha bwose [bwahawe Yezu] mw’ijuru no kw’isi.»​—Matayo 28:18.

Imana yarahaye Yezu ubuyobozi butomoye bw’ukuntu azogarukana amahoro kw’isi be n’ububasha buhagije bwo kubikora. (Yohani 5:22) Yezu ntazokwigera arenganya abandi canke ngo akore amanyanga. (Yesaya 11:3-5) Birumvikana cane rero kuba Bibiliya yita Yezu «Umutware w’amahoro,» no kuba ivuga ko Ubwami bwiwe bushingiye ku «butungane n’ubugororotsi.»​—Yesaya 9:6, 7.

Ubwami bw’Imana buzozana amahoro arama

Inzego zo kugarukana amahoro zashinzwe n’abantu zirashobora gutuma haboneka amahoro ku rugero kanaka, kumbure zigahagarika intambara mu turere tumwetumwe. Ariko ntizishobora kurandurana n’imizi imvo nyamukuru ituma haba ubugizi bwa nabi, na yo ikaba ari urwanko rwatsimbataye mu bantu.

«Ingorane nyamukuru ni uko batotsimbataza amahoro kandi atigeze aboneka.»​—Vyavuzwe na Dennis Jett, uwahoze aserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu makungu.

Ku rundi ruhande, Ubwami bw’Imana bwo buzozana amahoro arama kubera ko bufasha abantu kurandurana n’imizi urwanko ruri mu mitima yabo. Nk’akarorero, raba ivyo Yezu yigishije abigishwa biwe mu majambo no mu bikorwa ku bijanye no kuremesha amahoro hamwe no kwereka abandi ko tubakunda:

«Hahiriwe abaremesha amahoro.»​—Matayo 5:9.

«Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.»​—Mariko 12:29-31.

«Subiza inkota yawe mu rwubati, kuko abarwanisha inkota bose bazokwicwa n’inkota.»​—Matayo 26:52.

«[Yezu] atutswe, ntiyasubiza igitutsi. Ababajwe, nta we yahigira, mugabo yaguma yiragiza umwe aca imanza mu bugororotsi.»​—1 Petero 2:23.

Vyongeye, Yezu yavuze ko abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bazomenyekanira ku rukundo bakunda abandi. Bibiliya iravuga mu buryo butomoye ko Ubwami bw’Imana butazokwihanganira abo bose banka abandi:

«Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.»​—Yohani 13:34, 35.

«Umuntu wese yanka mwenewabo ni umwicanyi.»​—1 Yohani 3:15.

«Uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo.»​—1 Yohani 4:20, 21.

Yehova Imana we yaremye abantu ni we azi uburyo bwiza kuruta bwo kugarukana amahoro kw’isi. Ubwami bwiwe buzoshobora ivyananiye inzego z’abantu harimwo utwigoro bagira two kuzigama amahoro.

a Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe na yo nyene arakoresha imvugo ngo «kubumbatira amahoro,» «kurondera amahoro,» «gushigikira amahoro,» «ibikorwa vyo kugarukana amahoro.»

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

c Muri Daniyeli 7:13, 14, imvugo «umwana w’umuntu» yerekeza kuri Yezu Kristu.​—Matayo 25:31; 26:63, 64.

No muri iki gihe, Ubwami bw’Imana burafasha abantu kuba abanyamahoro no kubana mu bumwe

Igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza isi yose muri kazoza, buzotuma abantu bunga ubumwe kubera bazoba bakurikiza ivyo Imana ibigisha ku bijanye no kuba abanyamahoro. (Yesaya 2:4; 11:9) Mbere no muri ki gihe, Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza mw’ijuru kandi buriko burigisha abantu amamiliyoni ng’aha kw’isi kubana mu mahoro no mu bumwe.

  • Raba ividewo ivuga ngo Urukundo rudahemuka ruzotsinda ryari urwanko? kugira ubone ingene Bibiliya yafashije abagabo babiri kurandurana n’imizi mu mitima yabo ukwinubana naho haheze igihe kirekire Abayahudi n’Abarabu bankana.

  • Raba ividewo ivuga ngo Abari bahoze ari abansi bacitse abagenzi, kugira ubone ingene inyigisho zo muri Bibiliya zafashije uwahoze ari umukuru w’akagwi k’inkozi z’ikibi karuhariwe hamwe n’uwahoze ari umupolisi akaze gutsinda urwanko bari bafitaniye maze baracika abagenzi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika