NUGUME URI MASO!
Ni ibiki vyogufasha kugira umunezero mu bihe bitoroshe? Bibiliya ibivugako iki?
Muri ibi bihe bitoroshe, ibintu bidushikira usanga ata bubasha tubifiseko. Yamara, umunezero wacu akenshi ntuvana n’ukuntu ivyacu vyifashe ahubwo uvana n’ukuntu tuvyifatamwo mu bidushikira. Bibiliya ivuga ko «uwufise umutima uhimbawe yama mu misi mikuru,» naho yohura n’ingorane zingana gute. (Imigani 15:15) Ni ibiki twokora kugira twongereze umunezero wacu? Nurabe ingene impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha.
Ivyo wokora igihe ufise amaganya
Bibiliya ivuga iti: «Amaganya mu mutima w’umuntu arawuremera, ariko ijambo ryiza rirawunezereza.»—Imigani 12:25.
Bibiliya irashobora kugufasha kwirinda amaganya adakenewe. Kugira umenye vyinshi, soma ikiganiro kivuga ngo «Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’amaganya.»
Nurwanye irungu
Bibiliya ivuga iti: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»—Imigani 17:17.
Bibiliya irimwo impanuro zishobora kugufasha kurwanya irungu mu kugira abagenzi somambike. Soma ikiganiro kivuga ngo «Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha.»
Nukomeze urwo ukunda Imana n’abantu
Bibiliya ivuga iti: «Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose. . . . Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.»a—Matayo 22:37-39.
Isengesho rirashobora kudufasha kwongereza urukundo dukunda Imana. Kugira umenye n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «Imana yoba yumviriza amasengesho yacu?»
Turagaragariza abandi urukundo mu kubafata nk’uko Yezu yavuze ko dukwiye kubafata. Kugira umenye n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «Yezu yavuze ko dukwiye gufata abandi gute?»
Woshima kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu Bibiliya ishobora kugufasha kuronka umunezero muri ibi bihe bitoroshe? Nimba wobishima, ubona gute ugerageje kwigana natwe Bibiliya ku buntu?
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.