ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 121
  • Ni nde wokwizigira? Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde wokwizigira? Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uwo ukwiye kwizigira
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Yezu azokuraho ubukene
    Ibindi biganiro
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 121
Amafoto: Abantu usanga abandi babona ko ari abo kwizigirwa: 1. Umunyapolitike ahagaze imbere ya mikoro. 2. Umukuru w’idini yafatanije ibiganza. 3. Umuhinga mu vya siyansi afise akantu mu ntoki.

Ibubamfu: Olena Yefremkina/stock.adobe.com; hagati: lunamarina/stock.adobe.com; iburyo: Rido/stock.adobe.com

NUGUME URI MASO!

Ni nde wokwizigira? Bibiliya ibivugako iki?

Abantu baracika intege igihe abantu bizigira babahemukiye. Abantu ntibacizigira . . .

  • abanyepolitike bashira imbere ineza yabo aho gushira imbere ineza y’abo batwara.

  • ibimenyeshamakuru bidatanga amakuru y’ukuri canke bigira aho bihengamiye.

  • abahinga mu vya siyansi bakora ibintu bitagirira akamaro abantu.

  • abakuru b’amadini bashigikira ivya politike aho guserukira Imana.

Rero birumvikana kuba abantu badapfa kwizigira umuntu uwo ari we wese. Na Bibiliya itugabisha iti:

  • «Ntukishimire abatware, ntukishimire mwene Adamu, kuko ata rukiza ruri muri we.»​—Zaburi 146:3, Bibiliya Nyeranda.

Uwo ukwiye kwizigira

 Bibiliya iravuga uwo ukwiye kwizigira na we akaba ari Yezu Kristu. Uretse ko yari umuntu mwiza kandi hakaba haciye imyaka myinshi abayeho, ni na we Imana yagenye ngo ‘aganze kandi Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.’ (Luka 1:32, 33) Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami ni intwaro ubu iriko iraganza mw’ijuru.​—Matayo 6:10.

  • Kugira ubone igituma ushobora kwizigira Yezu, soma ikiganiro kivuga ngo «Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?» hamwe n’ikivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?»

Igitabu ushobora kwizigira

Bibiliya iravuga ibintu vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwa Yezu hamwe n’ibindi vyiyumviro bihambaye. Ico gitabu kidasanzwe kirimwo amakuru y’agaciro ushobora kwizigira. Kugira uvyibonere, ubona gute usavye kwiga Bibiliya ku buntu? Muri ivyo vyigwa, uzoronka ibikoresho bikwiye bigufasha gutahura Bibiliya hamwe n’umuntu yokwigisha. Vyongeye, uzomenya Yezu uwo ari we, ivyo yakoze, ivyo ariko arakora ubu be n’ivyo azokora muri kazoza.

Nugerageze kwiga Bibiliya natwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika