ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 60
  • Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Twihweze Twitonze Ivyiyumviro Bimwebimwe Bitari vyo Vyerekeye Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nutinye Yehova Kandi Witondere Ivyagezwe Vyiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ukuri Kwerekeye Ubugingo Kurakenewe
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 60

Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?

Inyishu Bibiliya itanga

Mu vy’ukuri turatinya urupfu nka kurya dutinya umwansi kandi turagira ivyo dushoboye vyose kugira turwirinde. (1 Abakorinto 15:26) Yamara, gutinya urupfu bivuye ku binyoma canke ku kwemera ibintazi, biratuma abantu baba mu “buja ubuzima bwabo bwose.” (Abaheburayo 2:​15) Kumenya ukuri bizotuma utaba ugitinya urupfu, ukwo gutinya kukaba gushobora gutuma ubuzima butakuryohera.​—Yohani 8:​32.

Ukuri ku vyerekeye urupfu

  • Abapfuye nta co bazi. (Zaburi 146:4) Ntukwiye kugira ubwoba wibaza ko niwapfa uzobabazwa canke ukaja mu muriro udahera, kuko Bibiliya igereranya urupfu n’itiro.​—Zaburi 13:3; Yohani 11:11-​14.

  • Abapfuye ntibashobora kutugirira nabi. Mbere n’abahora ari abansi katwa kandi b’inkazi “[n]ta co bashoboye mu rupfu.” (Imigani 21:16) Bibiliya ivuga ko “urwanko rwabo n’ishari ryabo [vyamaze] gushira.”​—Umusiguzi 9:6.

  • Si ngombwa ngo iyo dupfuye bibe biheze. Imana izosubiza ubuzima abantu bapfuye, ivyo ikaba izobigira mu kubazura.​—Yohani 5:​28, 29; Ivyakozwe 24:15.

  • Imana irasezerana igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera,” badatinya gupfa.​—Zaburi 37:29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika