ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 3
  • Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • “Mugiriranire igishika kirangwa ikibabarwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Niwereke uwo mwubakanye ko umukunda kugira mu mubano wanyu harangwe agahimbare
    Icofasha umuryango
  • Nimugiriranire Igishika mu Muryango
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Tubandanye kugiriranira ikibabarwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 3
Umugabo agumbiriye umugore wiwe

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

Uko imyaka irengana, urukundo abubakanye bamwebamwe bafitaniye rugenda ruragabanuka. Nimba ari ko vyifashe mu mubano wanyu, vyoba bikwiye kuguhagarika umutima?

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

Ico ukwiye kumenya

Urukundo ni ntahara kugira umubano ukomere. Nka kurya nyene umubiri ukeneye kwama uronka amazi n’ibifungurwa kugira ukomere, n’abubakanye barakeneye kwama bagaragarizanya urukundo kugira umubano wabo ukomere. Naho umugabo n’umugore boba bamaranye imyaka mirongo, umwe wese arakenera ko mugenziwe aguma amusubiriza umutima mu nda ko amukunda be n’uko amwitwararika.

Urukundo nyakuri ntirwikwegerako. Rushira imbere ineza y’uwundi. Ku bw’ivyo, umugabo canke umugore yitaho uwo bubakanye ntamugaragariza urukundo igihe gusa bimujemwo. Ahubwo arabona ko uwo bubakanye akeneye ko amugaragariza urukundo maze akarumugaragariza.

Muri rusangi, abagore barakenera kugaragarizwa urukundo kuruta abagabo. Umugabo arashobora kuba akunda cane umugore wiwe. Ariko nimba abimubwira mu gitondo no ku mugoroba gusa canke imbere y’uko barangura amabanga y’abubatse, umugore wiwe yoshobora gukekeranya ko amukunda vy’ukuri. Ni vyiza ko abimubwira kenshi ku musi.

Ico wokora

Numubwire ko umukunda. Utujambo dusanzwe nka “Ndagukunda” canke “Nta woza akuruta” turashobora gutuma uwo mwubakanye yumva ko akundwa.

Ico Bibiliya ivuga: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.”​—Matayo 12:34.

Icogufasha: Kiretse kumubwira ko umukunda, urashobora no kubimwandikira mu gakete canke muri mesaje.

Nubimwereke mu bikorwa. Kumugumbira, kumusoma canke gufatana amaboko birashobora kumwereka ko utamukunda ku karimi gusa. Urashobora kandi kumwereka ko umukunda vy’ukuri mu kumukorako, mu kumuvunira akagohe canke mu kuza uracishamwo ukamugurira akantu. Urashobora no kumufasha udukorwa, nko kumutwaza ibintu, kumwugururira umuryango, kwoza amasahani, kumesura canke mbere no guteka. Abakenyezi benshi babona ko ivyo bintu ari ikimenyetso c’urukundo, ntibabona ko ari ukubafasha ibikorwa gusa.

Ico Bibiliya ivuga: “Dukundane, atari mu majambo canke ku karimi [gusa], ahubwo mu bikorwa no mu kuri.”​—1 Yohani 3:18.

Icogufasha: Nufatane ikibabarwe uwo mwubakanye nk’uko wabigira mukireshanya.

Nimumarane akanya. Kumarana umwanya n’uwo mwubakanye muri babiri gusa birakomeza umubano wanyu kandi biramwereka yuko uhimbarwa no kuba muri kumwe. Ariko ntiwumve, hari aho bitoborohera kuronka uwo mwanya nimba mufise abana canke hakaba hari ibintu vyinshi mutegerezwa kuganira buri musi. Murashobora kurondera ikintu gisanzwe mwokorera hamwe, nko gutembera n’amaguru muri mwenyene.

Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

Icogufasha: Abubakanye bamwebamwe bafise ibikorwa vyinshi usanga bakunda gutegekanya akanya ko gusohokana ku migoroba canke muri wikendi.

Umugabo n’umugore wiwe bariko barafungura muri resitora

Numenye uwo mwubakanye. Abantu baratandukanye mu kuntu bipfuza kugaragarizwa urukundo. Nimuganire ukuntu umwe wese yoshima kugaragarizwa urukundo, murabe ko ata ho mukeneye kuryohora. Nuce wihatira gushitsa ivyo uwo mwubakanye yipfuza. Uribuka ko urukundo ari ntahara kugira umubano ukomere.

Ico Bibiliya ivuga: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Abakorinto 13:4, 5.

Icogufasha: Aho kwibutsa uwo mwubakanye ko ategerezwa kugukunda, niwibaze uti: “Nokora iki kugira uwo twubakanye arushirize kunkunda?”

Douglas na Debra

“Nahavuye ntahura ko ntakwiye gushira imbere ivyo nkeneye n’ivyo nipfuza. Naratanguye gukenguruka ivyo umugabo wanje yariko arafasha umuryango wacu. Kandi narabonye ko uko narushiriza kumukunda, ari ko na we yarushiriza kunkunda.”​—Debra, n’umugabo wiwe Douglas.

Aron na Flavia

“Turihatira kugumiza ku muzirikanyi ivyo umwe wese akunda. Nk’akarorero, umugabo wanje aranezerwa igihe ndamushimiye ku bintu vyiza ankorera. Ivyo biramwereka ko ndamukunda. Nanje ndanezerwa igihe ambajije uko merewe. Ivyo biranyereka ko ankunda.”​—Flavia, n’umugabo wiwe Aron.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika