Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
Atandukaniye ku ki?
Woba ushobora kwerekana ibintu bitatu bitandukanya ishusho A n’ishusho B? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo, wongere uheraheze ayo mashusho mu kuyasiga amabara.
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome Kuvayo 25:23, 30, 31, 37; 30:1-7; Abalewi 24:5, 6.
1. ․․․․․
2. ․․․․․
3. ․․․․․
4. Ishusho itarimwo amakosa ni iyihe? Ni A canke ni B?
[Igicapo]
(Raba iki kinyamakuru)
IVYO KUGANIRAKO:
Abaherezi babwirizwa gukora iki imbere y’uko bakorera mw’itaberenakulo?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome Kuvayo 30:17-21.
Nimba wipfuza guhimbara abavyeyi bawe na Yehova, kuba uwudahumanye bihambaye ukungana iki? Uretse ko ukwiye kuba uwudahumanye ku mubiri, ni mu buryo bundi ubuhe ushobora kuba uwudahumanye?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11; 2 Abakorinto 7:1.
ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:
Umwe wese mu bagize umuryango nagire ubushakashatsi ku vyerekeye “Aheranda” ho mw’itaberenakulo. (Abaheburayo 9:2) Nimuce muja hamwe maze mwerekane ikintu gishasha kimwe mwungutse.
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome Zaburi 119:105; 141:2; Matayo 4:4; Yohani 4:34; Ivyahishuwe 8:4.
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 12
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 29
1. Igitigiri c’amatara kiri ku gitereko c’amatara.
2. Igitigiri c’imikate yerekanwa.
3. Amahembe ashinze ku gicaniro c’imibavu.
4. A.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 9 YEREMIYA
IBIBAZO
A. Yehova yakoresheje Yeremiya mu kwandika ibitabu bine vyo muri Bibiliya ibihe?
B. Ni vyo canke si vyo? Yeremiya ntiyigeze yubaka urwiwe.
C. Heraheza aya majambo Yeremiya yavuze ati: “Mu mutima wanje [Ijambo ry’Imana riba] . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma candikwa
mu 650 B.G.C. ca Bibiliya
[Ikarata]
Yaba i Yeruzalemu. Yarafashe urugendo aja ku ruzi Efurate no mu Misiri—Yeremiya 13:1-9; 43:8-13
Yeruzalemu
Efurate
MISIRI
YEREMIYA
IVYIWE MURI MAKE
Yatowe ataravuka kugira ngo azobe umuhanuzi. (Yeremiya 1:1-5) Yeremiya yakoreye Imana imyaka irenga 65 adahemuka. Naho Yeremiya yiyumvamwo ko ata vyo ashoboye akaba kandi yaratinya kuvuga, Yehova yamubwiye ati: ‘Ntugire ubwoba, kuko “ndi kumwe nawe kugira nkurokore.”’—Yeremiya 1:6-8.
INYISHU
A. Igitabu c’Abami ba mbere n’aba kabiri, ica Yeremiya be n’ico Gucura intimba.
B. Ni vyo.—Yeremiya 16:1-4.
C. “. . . nk’umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa yanje.”—Yeremiya 20:9.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 10 SALOMO
IBIBAZO
A. Salomo, aho gusenga asaba ubutunzi canke ukuramba
yasenze asaba iki?
B. Uzuza ahari ibibuze. Salomo yarashobora guca imigani ․․․․․
indirimbo ziwe na zo ziba ․․․․․
C. Irindi zina rya Salomo ryari irihe?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma candikwa
mu 1000 B.G.C. ca Bibiliya
[Ikarata]
Umwamikazi wa Sheba yaragize urugendo rw’ibilometero nka 2.400 kugira ngo yumvirize ubukerebutsi bwa Salomo
SHEBA
Yeruzalemu
SALOMO
IVYIWE MURI MAKE
Yari umuhungu agira kabiri wa Dawidi na Batisheba. Salomo yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli. Yarubatse inzu ihambaye yo gusengeramwo Yehova. (1 Abami 5:2-5) Yehova yarakoresheje Salomo kugira yandike igitabu c’Imigani ic’Umusiguzi be n’ic’Indirimbo ya Salomo. Kwifatanya n’abagore b’abanyamahangakazi vyatumye aheba Yehova.—1 Abami 11:1-6.
INYISHU
A. Umutima ugamburuka.—1 Abami 3:5-14.
B. 3.000, 1.005.—1 Abami 4:29, 32.
C. Yedidiya, bisobanura ngo “Umukundwa wa Yehova.”—2 Samweli 12:24, 25.
AFAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 11 YOZEFU
IBIBAZO
A. Uzuza ahari ibibuze. Bene wabo na Yozefu bo kuri se bamwise “wa ․․․․․, “ maze bamugurisha mu buja ibice ․․․․․ vy’ifeza.
B. Igihe Yozefu yaryosharyoshwa na muka Potifari ngo baryamane, yamwishuye ashikamye ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye . . . ”
C. Ni igiki catumye Farawo agira Yozefu umutegetsi agira kabiri mu Misiri?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma candikwa
mu 1700 B.G.C. ca Bibiliya
[Ikarata]
Yarajanywe mu Misiri akuwe i Dotani
Dotani
MISIRI
YOZEFU
IVYIWE MURI MAKE
Yari umuhungu w’imfura wa Yakobo na Rasheli. (Itanguriro 35:24) Bene wabo bo kuri se b’abanyeshari baramugurishije mu buja mu Misiri, aho yamaze nk’imyaka 13 ari umuja canke imbohe. Aho kwihora, Yozefu yarababariye abo bene wabo bari bigaye. (Itanguriro 50:15-21) Naho yari kure y’i muhira, yarateye iteka Yehova maze aguma atanduye, akora cane kandi ari umwizigirwa.—Itanguriro 39:1-23.
INYISHU
A. Murosi, 20.—Itanguriro 37:19, 28.
B. “. . . ngacumura koko ku Mana?”—Itanguriro 39:9.
C. Yari azi ko impwemu y’Imana yatumye Yozefu agira ubukerebutsi
n’ubwenge.—Itanguriro 41:38-41.
AGAPAPURO K’IVYA BIBLIYA 12 YESAYA
IBIBAZO
A. Ni nde yajanye na Yesaya gushikiriza ubutumwa Umwami Ahazi?
B. Igihe Yehova yabaza ngo “Ntume nde?” Yesaya yishuye ate?
C. Yesaya yavuze ati: “Isi izokwuzura koko . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma candikwa
mu 700 G.C. ca Bibiliya
[Ikarata]
Yaba i Yeruzalemu
Yeruzalemu
YESAYA
IVYIWE MURI MAKE
Yari umuhanuzi w’umwizigirwa yasenga Imana ari kumwe n’abo mu muryango wiwe. Yarabahaye akarorero keza biciye ku kuntu yarangura ubusuku bwiwe. Umukenyezi wiwe yitwa “umuhanuzikazi.” (Yesaya 7:3; 8:3, 18) Yesaya yamaze imyaka nka 46 akorera Imana. Izina ryiwe risobanura ngo “Ubukiriro bwa Yehova.”
INYISHU
A. Umuhungu wiwe, Sheyari-yashubu.—Yesaya 7:3.
B. “Ndi hano! Ntuma.”—Yesaya 6:8.
C. “. . . ubumenyi bwa Yehova.”—Yesaya 11:9.