Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
TWIGIRA IKI KURI . . . Nowa?
WOBA URIGERA WIBAZA IGITUMA BIHAMBAYE KUGAMBURUKIRA IMANA?
• Siga amabara ayo mashusho. • Soma iyo mirongo yo muri Bibiliya maze uyivuge muri make igihe wuzuza aho hari utuburungu. • Rondera ibi bintu bihishijwe: (1) ingazi (2) inzu y’igitangurirwa.
IMANA YABWIYE NOWA ITI: “NIWIHINGURIRE ․․․․․”—ITANGURIRO 6:14
IMANA YARATANZE UBUYOBOZI BUTOMOYE.—ITANGURIRO 6:15, 16
ITANGURIRO 6:22 NOWA “ ․․․․․”
Kubera iki ukugamburukira Imana kwa Nowa kwari guhambaye?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Yeremiya 7:23; 2 Petero 2:5.
Ni igiki kizogufasha kugamburukira Imana?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: 1 Ngoma 28:9; Yesaya 48:17, 18; 1 Yohani 5:3.
Iyo nkuru yakwigishije iki?
Uvyibazako iki?
Kugira ngo ugamburukire Imana, ni nde wundi utegerezwa kugamburukira?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Abanyefeso 6:1-3; Abaheburayo 13:7, 17.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 22 NEHEMIYA
IBIBAZO
A. Nehemiya yari _________ Umwami w’Umuperesi __________.
B. Nehemiya yakoze iki imbere y’uko agira ico asavye umwami?
C. Yasenze ati: “Uze unyibuke, ewe Mana yanje, __________.”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
UBUMEDI
UBUPERESI
Shushani
Yeruzalemu
NEHEMIYA
IVYIWE MURI MAKE
Yaramaze igihe yahevye akazi gakomeye kugira ngo akore igikorwa ca Yehova. Kubera ko Nehemiya yari buramatari w’Abayuda, yaragiye imbere mu bijanye no gusanura impome za Yeruzalemu, zino zikaba zubatswe mu misi 52 gusa. (Nehemiya 6:15) Akarorero kiwe ko kugira umutima rugabo no gusenga karatwigisha kwizigira Yehova mu bihe vyose.—Nehemiya 2:3-8.
INYISHU
A. uwuhereza ibinyobwa, Aritazeruzi.—Nehemiya 1:11; 2:1.
B. Yarasenze.—Nehemiya 2:4.
C. “. . . ungirire iciza.”—Nehemiya 13:31.
Abantu n’ibihugu babamwo
3. Twitwa Taonga (imyaka 6), na Mwelwa (imyaka 8). Tuba muri Zambiya. Muri Zambiya hari Ivyabona vya Yehova nka bangahe? Boba ari 90.000, 152.000 canke 196.000?
4. Ni akaburungu akahe kerekana aho mba? Shira akaburungu aho uba, uce uraba ingene ikirere kigutandukanya na Zambiya kingana.
A
B
C
D
Abana barondere ahari aya mafoto
Wokwerekana aho aya mafoto ari muri iki kinyamakuru? Nuvuge mu majambo yawe ivyo ubona kw’ifoto imwimwe.
Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihwereze hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet kuri www.pr418.com
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEREZE HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 14
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30 N’URWA 31
1. Ingazi iri kw’ishusho ya 3.
2. Inzu y’igitangurirwa iri kw’ishusho ya 2.
3. 152.000.
4. C.
[Ifoto ku rup. 30]
[Ifoto ku rup. 31]
[Ifoto ku rup. 31]