Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
TWIGIRA IKI KURI . . . Kayini na Abeli?
VYOBA BIRASHIKA UGASHAVURA, UKUMVA WOKUBITA MWENE WANYU CANKE MUSHIKAWE?
• Siga amabara ayo mashusho. • Soma iyo mirongo yo muri Bibiliya, maze uyivuge muri make igihe wuzuza aho hari utuburungu. • Rondera ibi bintu bihishijwe: (1) ipome (2) imbata.
IMANA IRABA RYIZA ABELI N’ISHIKANWA RYIWE.—ITANGURIRO 4:4
ITANGURIRO 4:8 ․․․․․
MU NYUMA IMANA IBAZA KAYINI ITI: “ ․․․․․ ?”—ITANGURIRO 4:9
Kubera iki ukwiye gucungera ishavu?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Imigani 14:29; Abanyefeso 4:26, 27, 31.
Ni igiki cogufasha gucungera ishavu?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Imigani 14:30; 19:11; Abanyefeso 4:32.
Iyo nkuru yakwigishije iki?
Uvyibazako iki?
Soma Itanguriro 4:7. Kayini yari akwiye gukora iki igihe Imana yamukosora?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Luka 14:11; 1 Petero 5:5, 6.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 19 PAULO
IBIBAZO
A. Paulo yironsa ibimutunga mu kujisha ________.
B. Intumwa Paulo yigisha abantu “ku mugaragaro be n’ . . .”
C. Paulo yarazuye umusore yitwa ________.
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yavukiye i Taruso. Yarabaye umumisiyonari i Buraya no muri Aziya Ntoya.
UBURAYA
Uburoma
AZIYA NTOYA
Taruso
Yeruzalemu
PAULO
IVYIWE MURI MAKE
Yahoze ahama abakirisu, akaba yarahindutse aba intumwa ku mahanga. Yehova yaramukoresheje mu kwandika ibitabu 14 vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Paulo yaragenze ibilometero ibihumbi n’ibindi ari umumisiyonari, arashinga amashengero i Buraya no muri Aziya Ntoya.—Abaroma 11:13; 1 Timoteyo 1:12-16.
INYISHU
A. amahema.—Ivyakozwe 18:3-5.
B. “. . . inzu ku nzu.”—Ivyakozwe 20:20.
C. Eyutiko.—Ivyakozwe 20:7-12.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 20 NOWA
IBIBAZO
A. Nowa yamaze imyaka _______.
B. Abahungu batatu ba Nowa bitwa ngw’iki?
C. Heraheza uyu murongo wo muri Bibiliya: “Nowa akora yisunze . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yavutse mu Igitabu ca nyuma
2970 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
“Nya bwato buhagarara ku misozi ya Ararati.”—Itanguriro 8:4
IMISOZI ARARATI
NOWA
IVYIWE MURI MAKE
Yarigishije umuryango wiwe kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova. Yaragamburukiye Imana arubaka ubwato kugira umuryango wiwe be n’ibikoko ntibihitanwe n’isegenya rikomeye. (Itanguriro 6:5-22) Naho bamutwengera mw’ijigo, yarumiyeko aguma ari “umwamamaji w’ubugororotsi.”—2 Petero 2:5; Abaheburayo 11:7.
INYISHU
A. 950.—Itanguriro 9:29.
B. Shemu, Hamu na Yafeti.—Itanguriro 6:10.
C. “. . . ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene.”—Itanguriro 6:22.
Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet kuri www.pr418.com
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 25
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30
1. Hari ipome iri amaja imbere ku gicaniro mu gicapo ca 3.
2. Imbata iri hagati ya Abeli n’intama mu gicapo ca 4.