Ivyo Bamwebamwe Bemera
Abahindu
Bemera ko iyo umuntu apfuye aza arasubira kuvukira mu biremwa bitandukanye. Babona ko imibabaro ari ingaruka z’ivyo umuntu yakoze kera canke ivyo akora ubu. Bemera ko hagera igihe agashikira ico bita moksha, ni ukuvuga igihe asozereye ivyo kuza aravukira mu kindi kiremwa. Ivyo abishikako igihe aba yahevye ivy’isi vyose akihebera Imana.
Abisilamu
Babona ko imibabaro ari igihano c’icaha umuntu akora, ikaba n’iyo kugerageza ukwizera canke ukwihangana kwiwe. Uwitwa Sayyid Syeed, akaba ari umukuru w’umuryango w’Abisilamu muri Amerika ya Ruguru, avuga ko ivyago bitwibutsa yuko “dukwiye kuguma dukengurukira Imana ku bw’imihezagiro yose dufise be n’uko dutegerezwa gufasha abari mu mukeno.”
Abayuda
Bemera ko imibabaro ari ingaruka z’ivyo dukora. Hari Abayuda bavuga ko hazoba izuka, maze abababajwe ata co bazira bace batunganirizwa. Inyigisho z’Abayuda (zitwa kabbalah) zivuga ko iyo umuntu apfuye aca avukira mu kindi kiremwa, bikaba biza biramuha amahirwe yo kwigaya ivyaha vyiwe.
Ababuda
Na bo nyene bemera ko iyo umuntu apfuye aza arasubira kuvukira mu biremwa bitandukanye. Bavuga ko imibabaro ishikira umuntu mu biringo vyinshi gushika ibikorwa, ivyiyumviro be n’ivyipfuzo vyiwe vyose bibi birangiye. Iyo agiye arakorana ubukerebutsi, agakora ivyiza kandi akigumya, arashobora gushikira ico bita nirvana, ni ukuvuga igihe imibabaro yose iba yarangiye.
Abemera inyigisho za Confucius
Bavuga ko imibabaro myinshi iva ku “bushobozi buke bw’abantu n’amakosa yabo.” Mu nyigisho zabo bemera ko naho imibabaro ishobora kugabanuka biciye ku bikorwa vyiza, myinshi muri yo iterwa n’“ibiremwa vy’impwemu birusha abantu inkomezi. Umuntu rero aca abwirizwa kuyakira uko ije.”—Vyakuwe muri kazinduzi yitwa Dictionary of Comparative Religion.
Amadini ashingiye ku bintazi
Yemera ko imibabaro iterwa n’abarozi. Avuga ko abarozi bashobora gutanga imigisha canke guteza ivyago, be n’uko umuntu ashobora kubatururuza biciye ku migirwa itandukanye. Hari abemera ko imigirwa be n’imiti vy’abapfumu bishobora kurwanya ivyo abarozi bakora igihe umuntu arwaye.
Abakirisu
Bavuga ko imibabaro ikomoka ku caha abantu babiri ba mbere bakoze, nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya mu gitabu c’Itanguriro. Ariko rero, amadini menshi yarongeye ibindi kuri iyo nyigisho. Nk’akarorero, hari abagatolika bavuga ko imibabaro y’umuntu ishobora ‘guturwa Imana’ kugira iyikoreshe mu gukomeza Ekleziya canke mu kurokora uwundi muntu.
MENYA N’IBINDI
Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Imana yoba yemera amadini yose?