ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 2 rup. 4-5
  • Ivyo bamwebamwe bemera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo bamwebamwe bemera
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abahindu
  • Abisilamu
  • Abayuda
  • Ababuda
  • Abemera inyigisho za Confucius
  • Amadini ashingiye ku bintazi
  • Abakirisu
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
  • Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?
    Be maso!—2020
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 2 rup. 4-5
Ibimenyetso biranga idini ry’ababuda, abahindu, amadini ashingiye ku bintazi, abayuda, abakirisu, abisilamu hamwe n’abemera inyigisho za Confucius.

Ivyo Bamwebamwe Bemera

Abahindu

kimenyetso c’abahindu.

Bemera ko iyo umuntu apfuye aza arasubira kuvukira mu biremwa bitandukanye. Babona ko imibabaro ari ingaruka z’ivyo umuntu yakoze kera canke ivyo akora ubu. Bemera ko hagera igihe agashikira ico bita moksha, ni ukuvuga igihe asozereye ivyo kuza aravukira mu kindi kiremwa. Ivyo abishikako igihe aba yahevye ivy’isi vyose akihebera Imana.

Abisilamu

Ikimenyetso c’abisilamu.

Babona ko imibabaro ari igihano c’icaha umuntu akora, ikaba n’iyo kugerageza ukwizera canke ukwihangana kwiwe. Uwitwa Sayyid Syeed, akaba ari umukuru w’umuryango w’Abisilamu muri Amerika ya Ruguru, avuga ko ivyago bitwibutsa yuko “dukwiye kuguma dukengurukira Imana ku bw’imihezagiro yose dufise be n’uko dutegerezwa gufasha abari mu mukeno.”

Abayuda

Ikimenyetso c’abayuda.

Bemera ko imibabaro ari ingaruka z’ivyo dukora. Hari Abayuda bavuga ko hazoba izuka, maze abababajwe ata co bazira bace batunganirizwa. Inyigisho z’Abayuda (zitwa kabbalah) zivuga ko iyo umuntu apfuye aca avukira mu kindi kiremwa, bikaba biza biramuha amahirwe yo kwigaya ivyaha vyiwe.

Ababuda

Ikimenyetso c’ababuda.

Na bo nyene bemera ko iyo umuntu apfuye aza arasubira kuvukira mu biremwa bitandukanye. Bavuga ko imibabaro ishikira umuntu mu biringo vyinshi gushika ibikorwa, ivyiyumviro be n’ivyipfuzo vyiwe vyose bibi birangiye. Iyo agiye arakorana ubukerebutsi, agakora ivyiza kandi akigumya, arashobora gushikira ico bita nirvana, ni ukuvuga igihe imibabaro yose iba yarangiye.

Abemera inyigisho za Confucius

Ikimenyetso c’abemera inyigisho za Confucius.

Bavuga ko imibabaro myinshi iva ku “bushobozi buke bw’abantu n’amakosa yabo.” Mu nyigisho zabo bemera ko naho imibabaro ishobora kugabanuka biciye ku bikorwa vyiza, myinshi muri yo iterwa n’“ibiremwa vy’impwemu birusha abantu inkomezi. Umuntu rero aca abwirizwa kuyakira uko ije.”​—Vyakuwe muri kazinduzi yitwa Dictionary of Comparative Religion.

Amadini ashingiye ku bintazi

Ikimenyetso c’amadini ashingiye ku bintazi.

Yemera ko imibabaro iterwa n’abarozi. Avuga ko abarozi bashobora gutanga imigisha canke guteza ivyago, be n’uko umuntu ashobora kubatururuza biciye ku migirwa itandukanye. Hari abemera ko imigirwa be n’imiti vy’abapfumu bishobora kurwanya ivyo abarozi bakora igihe umuntu arwaye.

Abakirisu

Ikimenyetso c’abakirisu.

Bavuga ko imibabaro ikomoka ku caha abantu babiri ba mbere bakoze, nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya mu gitabu c’Itanguriro. Ariko rero, amadini menshi yarongeye ibindi kuri iyo nyigisho. Nk’akarorero, hari abagatolika bavuga ko imibabaro y’umuntu ishobora ‘guturwa Imana’ kugira iyikoreshe mu gukomeza Ekleziya canke mu kurokora uwundi muntu.

MENYA N’IBINDI

Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Imana yoba yemera amadini yose?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika