ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g24 no. 1 rup. 7-9
  • Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?
  • Be maso!—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA KWUBAHA UBUZIMA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA
  • Wokwikingira gute?
    Be maso!—2016
  • Gutunganya Ingoro z’Ubwami kugira abitaba amakoraniro bakingirwe ikiza ca Korona
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa itabi risanzwe n’iryo mu buhinga bwa none?
    Urwaruka ruribaza
  • Kuronka Umutekano mw’Isi Yuzuye Akaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Be maso!—2024
g24 no. 1 rup. 7-9
Uwukiri muto ariko aratwara imodoka mu gihe we n’abagenzi biwe bariko baranywa inzoga.

Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?

IGITUMA KWUBAHA UBUZIMA BIHAMBAYE

Gukora ibintu bishira mu kaga amagara yawe n’ay’abandi, birerekana ko udaha agaciro ubuzima bwawe n’ubw’abandi.

  • Itabi riratera kanseri rikagabanya n’ubushobozi umubiri ufise bwo kuyirwanya. Abantu bashika 90 kw’ijana bahitanwa na kanseri baba baranyoye itabi canke hakaba hari uwarinywera iruhande yabo.

  • Buri mwaka, ibitero bibera ahari abantu benshi biratuma abantu basigarana ibikomere ku mutima. Raporo yatanzwe na kaminuza imwe (Stanford University) igira iti: «Ubushakashatsi bwerekana ko n’ababa bacitse kw’icumu [mu bitero biba mu mashure], n’aho ata gikomere co ku mubiri baba bafise, bamara imyaka myinshi barahahamutse kandi batuntuye.»

  • Abantu batwara imiduga banyoye inzoga canke ibiyayuramutwe barateza akaga mu mabarabara mbere no mu tuyira tw’abagenda n’amaguru. Igihe abantu batitaho ubuzima, akenshi abantu ata co bazira barahabonera.

IVYO WOKORA

Nukingire amagara yawe. Ntihigera harengerana guheba ingeso zonona nko kunywa itabi, kunywa shishe, kuborerwa canke kunywa ibiyayuramutwe ku bwo kwinezereza. Ivyo bintu bironona ubuzima bwawe kandi bikerekana ko utubaha ubuzima bw’abandi, ushizemwo n’abagize umuryango wawe.

«Twiyuhagire ibintu vyose bihumanya umubiri.»—2 Abakorinto 7:1.

Niwitwararike umutekano wawe n’uw’abandi. Kugira wirinde impanuka, nugume uraba ko muhira iwawe atavyoteza amasanganya. Niwiyubare igihe uriko uratwara umuduga kandi ugume usuzuma ko umuduga wawe umeze neza. Ntiwemere ko abandi bagukwegera mu bikorwa vyotuma hagira abakomereka canke abapfa.

«Niwubaka inzu nshasha, utegerezwa kuyikikuza agahome hejuru kugira umuntu ntahave akoroka avuye kuri yo, bigatuma wagirwa n’amaraso.»— Gusubira mu vyagezwe 22:8.a

Nufate neza abandi. Turerekana ko twubaha ubuzima mu gufata neza abantu bo mu moko yose, ibihugu vyose n’imico kama yose. Nakare, ukwinuba abandi hamwe n’urwanko ni vyo bituma haba ubukozi bw’ikibi bwinshi hamwe n’intambara nyinshi kw’isi.

«Mwamirire kure inzigo yose, ishavu, uburake, ugukankama, ugutukana n’ibintu vyose bibabaza abandi. Mugabo mugirire neza bagenzi banyu.»—Abanyefeso 4:​31, 32.

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA

Ivyabona vya Yehova barigisha abandi kwitwararika amagara. Programa yacu yo kwigisha Bibiliya yarafashije abantu benshi guheba ingeso zonona zari zarabiziziye.

Ku mashantiye yacu y’ubwubatsi, turisunga amategeko akomeye yo kwirinda impanuka. Abitanga mu gufasha kwubaka ibibanza dusengeramwo hamwe n’izindi nyubakwa zikoreshwa ku bw’igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya, baramenyerezwa kwirinda impanuka. Inyubakwa zacu zama zisuzumwa kugira zigume zihuje n’amategeko yo kwirinda impanuka y’aho ziri.

Turafasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Muri aya mezi 12 aheze, twarafashije mu turere turenga 200 twashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka hirya no hino kw’isi, dusohora amahera yababa imiliyoni 12 z’amadolari yatanzwe n’abavyishakiye kugira ngo dufashe abashikiwe n’ivyago.

Igihe ikiza Ebola catera muri Afrika y’uburengero (mu 2014) no muri Kongo Kinshasa (mu 2018), twarigishije abantu ingene bokwirinda gukwiragiza iyo ndwara yica. Twararungitse abaduserukira gushikiriza abantu ikiganiro cavuga ngo «Kugamburuka birarokora ubuzima.» Ku miryango y’ibibanza dusengeramwo twarahashize ivyo gukarabiramwo, twongera turashimika ku kamaro ko gukaraba hamwe n’ibindi twokora kugira twirinde gukwiragiza indwara.

Muri Sierra Leone, hari iradiyo yashikirije itangazo ryo gukeza Ivyabona vya Yehova kubera bafasha Ivyabona n’abatari Ivyabona bo mu kibano kwirinda ikiza Ebola.

Ivyabona vya Yehova batonze umurongo barindiriye bitonze gukaraba imbere y’uko binjira mu Ngoro y’Ubwami.

Ivyo gukarabiramwo biri imbere y’Ingoro y’Ubwami igihe ikiza ca Ebola catera muri Liberiya mu 2014

a Mu karere k’ibihugu vy’Abarabu ka kera, ico kintu ciza casabwa carerekana ko umuntu yitwararika umutekano w’abo mu muryango wiwe hamwe n’uw’abandi.

Óscar Serpas.

MENYA N’IBINDI

Uwahoze ari mu kagwi k’inkozi z’ikibi yitwa Óscar Serpas yarigeze kuba atubaha ubuzima bwiwe n’ubw’abandi. Raba ingene Ivyabona vya Yehova bamufashije guhinduka. Raba kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Nariko ndiyimbira icobo.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika