ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 37
  • Yezu Amara Intuntu Umupfakazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Amara Intuntu Umupfakazi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu azura umwana w’umupfakazi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 37

Ikigabane ca 37

Yezu Amara Intuntu Umupfakazi

INYUMA gatoyi y’aho Yezu akirije umushumba w’umugabisha w’ingabo, avaho agenda i Nayini, igisagara kiri ku birometero nka 30 amaja mu bumanuko bushira uburengero bwa Kaperinawumu. Abigishwa biwe hamwe n’ishengero rinini baramuherekeza. Ni nk’amaja ku mugoroba igihe begereza imbibe za Nayini. Bahahuriye n’umurongo w’abagiye ku maziko. Bajanye ikiziga c’umusore kugifuba inyuma y’igisagara.

Ukuntu nyina w’uwapfuye amerewe kurababaje bidasanzwe, kubera ko ari umupfakazi, kandi uwo akaba yari umwana w’ikinege. Aho umugabo wiwe apfiriye, uwo mupfakazi yari gushobora guhumurizwa n’uko afise akana. Ivyizigiro vyiwe, ivyipfuzo vyiwe n’imigambi yiwe vyari bihagaze kuri kazoza k’uwo mwana. Ariko ubu nta n’umwe ari buronkereko uruhoza. Intuntu yiwe ni nini igihe abantu bo mu gisagara bamuherekeje ku maziko.

Yezu akubise ijisho nya mugore, umutima wiwe uterwa ikigongwe n’umubabaro ukomeye uwo mugore arimwo. Nuko amubwirana ikibabarwe, yamara afise ugushikama gutanga umwizero, ati: “Nta co urira.” Uburyo avyifashemwo n’ivyo agize bikwegera amaso ya rya shengero ry’abantu. Nuko, yegereye hanyuma agakora ku nderuzo nya muvyimba utwaweko, abareruzi bahagarara umudakoma. Bose bategerezwa kuba bibaza ico agomba agire.

Ego niko abaherekeje Yezu baramaze kumubona akiza abantu benshi indwara ku gitangaro. Ariko bisa n’uko batarigera bamubona azura umuntu mu bapfuye. Mbega yoshobora kugira ikintu mwene ico? Yezu ategeka nya muvyimba ati: “Muhungu, ndakubariye nti Vyuka.” Wa muntu aravyuka! Atangura kuvuga, hanyuma Yezu amuha nyina wiwe.

Abantu babonye yuko nya musore vy’ukuri ari muzima, batangura kuvuga bati: “Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge.” Abandi baravuga bati: “Imana igendeye abantu bayo.” Iyo nkuru yerekeye ico kintu Yezu agize ntiteba gukwira i Yudaya hose no mu gihugu cose kiri mu micungararo yaho.

Yohani Umubatiji aracari mw’ibohero, akaba ashaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ibikorwa Yezu ashoboye kurangura. Abigishwa ba Yohani bamubwira ivyerekeye ivyo bitangaro. None avyishurako iki? Luka 7:11-18.

▪ Ni ibiki biriko biraba igihe Yezu yegereza Nayini?

▪ Yezu yamerewe gute ku vyo abonye, hanyuma agira iki?

▪ Yezu akoze igitangaro abantu bavyakira gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika