ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 37 rup. 94-rup. 95 ing. 2
  • Yezu azura umwana w’umupfakazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu azura umwana w’umupfakazi
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Amara Intuntu Umupfakazi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 37 rup. 94-rup. 95 ing. 2
Yezu n’intumwa ziwe bahuye n’abagiye ku maziko y’umwana w’umupfakazi

IKIGABANE CA 37

Yezu azura umwana w’umupfakazi

LUKA 7:11-17

  • AZURA UMUHUNGU W’I NAYINI

Inyuma gato y’aho Yezu akirije umushumba w’intwazangabo, arava i Kaperinawumu akaja i Nayini, igisagara kiri ku bilometero birenga 32 mu bumanuko bushira uburengero bwa Kaperinawumu. Yezu ntiyijana. Ari kumwe n’abigishwa biwe hamwe n’isinzi rinini ry’abantu. Birashoboka ko bashika ku rubibe rwa Nayini bugorovye. Bahahurira n’umugwi munini w’Abayuda bagiye ku maziko. Batwaye ikiziga c’umusore kugifuba inyuma y’igisagara.

Nyina w’uwo musore ni we atuntuye kurusha abandi. Ni umupfakazi, none n’umwana w’ikinege yari afise yapfuye. Igihe yapfakara, yasigaranye n’umwana wiwe yikundira. Iyumvire ukuntu yamukunda cane, narirya ari we yari azeyeko uburaro n’uburamuko. None ehe na we nyene arapfuye. None ni nde asigaranye azomufasha akongera akamumara irungu?

Yezu abonye ingene uwo mugore atuntuye cane be n’amagorwa arimwo, biramutera ikigongwe. N’ikibabarwe cinshi ariko mu buryo buhumuriza uwo mugore, Yezu amubwira ati: “Reka kurira.” Ariko ntagarukiriza aho. Aregera maze agakora ku nderuzo itwaye ikiziga. (Luka 7:13, 14) Ukuntu yifata n’ivyo akora bituma abo bantu bahagarika urugendo. Benshi bashobora kuba bibaza ico ashatse kuvuga n’ico agira akore.

Yezu ahaye uwo mwana yazutse nyina wiwe; isinzi ririko riravyitegereza ryumiwe

None abafadikanije urugendo na Yezu bobo bibaza iki? Baramaze kumubona akora ibikorwa vy’akumiza yongera akiza ingwara z’ubwoko bwose. Birashoboka ko batarigera bamubona azura umuntu. None Yezu yoshobora kuzura umuntu naho ikintu nk’ico cigeze kuba kera? (1 Abami 17:17-23; 2 Abami 4:32-37) Yezu aca avuga ati: “Musore, ndabikubwiye: Haguruka!” (Luka 7:14) Emwe biba nk’uko abivuze. Wa musore aricara hama agatangura kuvuga! Yezu aramushikiriza nyina maze uwo mugore akanezerwa cane. Arasubiye kuronka uwumumara irungu.

Abantu babonye uwo muhungu asubiye kuba muzima, baraninahaza Yehova we mutanzi w’ubuzima. Bamwe bavuga bati: “Umuhanuzi akomeye yahagurukijwe muri twebwe.” Abandi baratahura insobanuro y’ico kintu gitangaje Yezu akoze, bakavuga bati: “Imana yitayeho abantu bayo.” (Luka 7:16) Mu kanya isase iyo nkuru irakwira igihugu cose, kumbure igashika n’i Nazareti mu gisagara Yezu yakuriyemwo, nko ku bilometero 10 uvuye ng’aho. Iyo nkuru irashika no mu bumanuko i Yudaya.

Yohani umubatizi aracari mu mvuto, kandi arashashaye kumenya ibintu Yezu akora. Abigishwa biwe baramubwira ibijanye n’ivyo bitangaro. None avyakira gute?

  • Yezu ahura na bande igihe yegereje i Nayini?

  • Ibintu Yezu abona bituma yiyumva gute, kandi aca akora iki?

  • Abantu bavuga iki babonye ivyo Yezu agize?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika