ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • we rup. 3-6
  • “Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”
  • Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Hariho Icizigiro Kitari Umugani
  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Iyo Uwo Wakunda Apfuye
we rup. 3-6

“Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”

UMUGABO umwe w’i New York (REZUB) yigana ibi: “Umuhungu wanje Jonathan yari yagendeye abagenzi ahantu ku birometero bikeyi. Umukenyezi wanje Valentina ntiyashaka ko asohoka ngo ajeyo. Nantaryo yāma ahagaritswe umutima n’uruja n’uruza. Ariko uyo muhungu yarakunda ubuhinga bwa elegitoronike, kandi abagenzi biwe bari bafise italiye, aho yashobora kumenyera utuntu n’utundi ngirakimazi. Nari i muhira muri Manhattan yo mu Burengero i New York. Umukenyezi wanje yari yagiye gusūra umuryango w’ab’iwabo i Puerto Rico. ‘Jonathan vuba ahava agaruka,’ ni ko nīyumvīra. Maze agakengeri ko ku rugi karavuga. ‘Uwo ategerezwa kuba ari we.’ Ntiyari we. Bari abapolisi n’abafasha b’abaganga. ‘Iyi peremi woshobora kumenya nyeneyo?’ mbibazwa n’umukuru wa nya bapolisi. ‘Egome, iyo ni iy’umuhungu wanje Jonathan.’ ‘Hariho inkuru mbi tukuzaniye. Habaye isanganya, kandi . . . umuhungu wawe, . . . umuhungu wawe yishwe.’ Imvūmūko ya mbere naciye ngira yari, ‘Ntibishobora kuba ari ivy’ukuri!’ Iyo nkuru y’agacavutu yaraduteye igisebe mu mutima n’ubu kikaba kitarakira, naho haheze imyaka.”

Hariho sebibondo umwe w’i Barcelona (Esupanye) yanditse ibi: “Muri Esupanye mu myaka y’1960, twari tugize urugo rurimwo agahimbare. Hāri María umukenyezi wanje, n’abana bacu batatu, ari bo David, Paquito, na Isabel, bafise imyaka y’amavuka 13, 11, n’9 uko bakurikiranijwe.

“Umusi uri izina, muri Ntwarante 1963, Paquito avuye kw ishure aza i muhira anihagira ngo aramenetse umutwe bikomeye. Twarajumaniwe twibaza icari kibitumye—ariko si mu kanya kanini. Haciye amasaha atatu yari apfuye. Ivirirana ryo mu bwonko ryari rinunuje ubuzima bwiwe.

“Ubu haheze imyaka irenga 30 urupfu rwa Paquito rushitse. Naho haheze ico gihe, umubabaro ushika kure uvuye kuri ukwo kubura twarawugumanye gushika n’uyu musi. Nta buryo buriho bw’uko abavyeyi bashobora kubura umwana hanyuma ntibiyumvemwo ko babuze ikintu bari bifitiye—ata kurāba igihe kihaciye uko kingana canke uko abandi bana bafise boba bangana.”

Ivyo vyashitse bibiri vy’aho abavyeyi bābuze abana, biratanga ikirorezo c’ukuntu ico gisebe gishika umuntu kure kandi kikamumaramwo igihe kirekire iyo umwana apfuye. Ese ukuntu amajambo y’umudogoteri umwe ari ay’ukuri, uwanditse atya: “Urupfu rw’umwana mu bisanzwe ni agacamutima kandi rurakanyura kuruta urw’umuntu akuze, kubera ko umwana ari we muntu wa nyuma abo mu rugo biteze ko apfa. . . . Ugupfisha umwana uwo ari we wese kuba ari uguhomba imigambi-ndoto yo muri kazoza, ukuronka incuti [umukwe, umukazana, abuzukuru], bikaba ari ibintu . . . baba batararonka.” Ukwo kwiyumvamwo rwose ukubura, birashobora kandi gushikira umukenyezi yabuze ikibondo bivuye ku gukorora imbanyi.

Hari umukenyezi yabuze uwiwe asigura ati: “Umunega wanje Russell, yari yakoze bwa mufasha w’abavūzi ku kibanza c’indwano co muri Pasifīke mu gihe c’Intambara ya II y’Isi Yose. Yari yabonye yongera ararokoka ugutana mu mitwe guteye ubwoba. Yaragarutse muri Reta Zunze Ubumwe, asubira kugira ubuzima butekanye kuruta. Mu nyuma yarakoze bwa mukozi mugenwa w’Ijambo ry’Imana. Aho agereye mu myaka 60 atangura guserura ibimenyetso vy’uko arwaye umutima. Yaragerageje kugira ubuzima burimwo ibikenurwa. Maze, umusi umwe, muri Mukakaro 1988, aterwa n’ububabare bwinshi bwo mu mutima hanyuma arapfa. Ukumubura kwari kubabaje bimwe bibi. Sinigeze mbere nshobora no kumuha agasaga. Ntiyari umunega wanje vyonyene. Ni we yari umugenzi wanje mwiza kuruta bose. Twari twamaranye imyaka 40 dusangiye ubuzima. Ico gihe vyasa n’uko ntegerezwa guhanga ubunyakamwe budasanzwe.”

Ivyo ni ibintu bikeyi gusa vy’agacamutima mu bishika ku bihumbi, biza mu miryango kw isi yose buri musi. Nk’uko abantu batuntuye benshi bobikubwira, iyo urupfu ruguhitaniye umwana, umunega, umukenyezi, umuvyeyi, umugenzi, mu vy’ukuri ni kimwe umwanditsi mukirisu Paulo yīta “[u]mumenja w’imperēra.” Kenshi imvūmūko ya mbere yo mu bwumbire umuntu agira iyo yumvise iyo nkuru iteye akoba, ishobora kuba uguhakana, ngo “Ntibishobora kuba ivy’ukuri! Sindavyemera.” Hariho n’izindi mvūmūko usanga kenshi zikurikira, nk’uko tuja kubibona.—1 Ab’i Korinto 15:25, 26.

Ariko rero, imbere y’uko twihweza inyiyumvo z’intuntu, reka twishure ibibazo bimwe bimwe bihambaye. Urupfu rwoba ari ryo herezo ry’uwo muntu? Hoba hariho icizigiro c’uko dushobora kuzosubira kubona abo twakunda?

Hariho Icizigiro Kitari Umugani

Paulo umwanditsi wa Bibiliya yaratanze icizigiro c’ugutabarwa uwo “mumenja w’imperēra,” ari we rupfu. Yanditse ibikurikira: “Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.” “Umwansi wa nyuma azokurwaho ni urupfu.” (1 Ab’i Korinto 15:26, The New English Bible) Ni kuki ivyo Paulo yashoboye kuvyemera adakēkeranya? Kubera ko yari yīgishijwe n’uwari yavyuwe mu bapfuye, Yezu Kirisitu. (Ivyakozwe n’intumwa 9:3-19) Iyo kandi ni yo mpamvu Paulo yubahutse kwandika ibi: “Nk’uk’urupfu rwazanywe n’umuntu [Adamu], n’ukuzuka kw’abapfuye kwazanywe n’umuntu [Yezu Kirisitu]. Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.”—1 Ab’i Korinto 15:21, 22.

Yezu yaratuntujwe rwose igihe yahwana n’umupfakazi w’i Nayini akabona n’umuhungu wiwe yapfuye. Inkuru ya Bibiliya itubwira iti: “[Yezu] ashitse hafi y’irembo ry’igisagara [Nayini], hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ikinege, kandi nyina yar’umupfakazi: abantu benshi bo mur’ico gisagara bari kumwe na we. Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira. Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka. Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina. Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’[umumenyeshakazoza] ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’Imana igendeye abantu bayo.” Urabonye ukuntu Yezu yatewe akagongwe gushika aho azura umuhungu w’uwo mupfakazi! Ihe ishusho y’ico ivyo bibūra kuri kazoza!—Luka 7:12-16.

Aho, imbere y’abavyibonera, Yezu yarakoze izuka ry’intibagirwa. Cari ikimenyamenya c’izuka yari yaravuze igihe gitoyi imbere y’uko ico gishikiragihe kiba, ari kwo gusubizwa ubuzima kw isi-butaka irongōwe n’“ijuru risha.” Ico gihe Yezu yari yavuze ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo.”—Ivyahishuriwe Yohana 21:1, 3, 4; Yohana 5:28, 29; 2 Petero 3:13.

Mu bandi biboneye ivy’izuka, hari Petero, ari kumwe n’abandi bo muri bamwe 12 bāherekeza Yezu mu ngendo ziwe. Vy’ukuri, barumvīse uwazuwe Yezu avugira iruhande y’Ikiyaga c’i Galilaya. Iyo nkuru itubwira iti: “Yesu arababarira, ati Ni muze murye. Ariko mu bigishwa ntihāgira ūtinyuka kumubaza, at’Uri nde? Kuko bāri bamenye kw’ar’Umwami Yesu. Yesu araza, yābīra [umukate], arawubaha, n’ifi n’uko. Ubgo bgar’ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.”—Yohana 21:12-14.

Ni yo mpamvu yatumye Petero yubahuka kwandika n’injijuko ishitse, atya: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo.”—1 Petero 1:3.

Intumwa Paulo yaraseruye icizigiro afise kirimwo umwishimiro igihe yavuga ati: “Nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’[abamenyeshakazoza]; mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Ivyakozwe n’intumwa 24:14, 15.

Ni co gituma hariho amamiliyoni bashobora kugira icizigiro ntamazinda c’ukuzobona abo bākunda basubiye kuba bazima kw isi-butaka, ibintu vyahindutse rwose. Bizoba vyabaye gute? Ibindi bintu ido n’ido vyerekeye icizigiro gishingiye kuri Bibiliya bivuga ivy’abo twabuze tubakunda biraja kwihwezwa mu gice ca nyuma c’aka gatabu, gifise umutwe uvuga ngo “Icizigiro Ntakēkeranywa ku Bapfuye.”

Ariko reka tubanze twihweze ibibazo woba ufise niba utuntuye kubera ukubura uwo wakunda: Gutuntura gutyo vyoba ari ibisanzwe? Noshobora kubaho gute mfise intuntu? Abandi bogira iki ngo bamfashe ndayitsinde? Noshobora gute gufasha abandi batuntuye? Na cane cane, Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye icizigiro ntakēkeranywa ku bapfuye? Noba nzokwigera nsubira kubona abo nakunda? Kandi hazoba ari hehe?

Ibibazo vy’Ukuzirikana

  • Ni imvūmūko nyabaki yo mu bwumbire umuntu agira iyo uwo yakunda apfuye?

  • Yezu yakoreye iki umupfakazi w’i Nayini?

  • Ni umuhango ki Yezu yatanze werekeye abapfuye?

  • Ni kuki Petero na Paulo bāshoboye kwemera badakāka ko hobayeho izuka?

  • Ni ibibazo ibihe bikwiriye inyishu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika