ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/3 rup. 23
  • Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • “Ntibishobora Kuba Ivy’Ukuri!”
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Yezu azura umwana w’umupfakazi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Amara Intuntu Umupfakazi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/3 rup. 23

Niwiyegereze Imana

Uwushobora gusubiza umuntu ubuzima

Luka 7:11-15

WOBA warabuze incuti ishika ihitanywe n’urupfu? Nimba ari ukwo, warashikiwe na kimwe mu bintu bitera intuntu kuruta ibindi mu buzima. Umuremyi wacu aratahura intuntu ufise. N’ikiruta ivyo, arashobora gukuraho ingaruka ziterwa n’urupfu. Muri Bibiliya, yaraturonkeje inkuru zerekeye abantu batandukanye bazuwe muri kahise, kugira ngo atwereke ko atari Umutanzi w’ubuzima gusa ariko kandi ko ashobora no kubusubiza umuntu. Reka turimbure imwe mu nkuru zerekeye abantu Imana yashoboje Umwana wayo Yezu Kristu kuzura. Inkuru yerekeye ico gitangaro ivugwa muri Luka 7:11-15.

Hari mu mwaka wa 31 G.C., Yezu akaba yari yafashe urugendo aja mu gisagara c’i Galilaya citwa Nayini. (Umurongo wa 11) Bishoboka ko bwagira buhwibire igihe yashika ku ntango y’ico gisagara. Bibiliya itwiganira iti: “Yegereye irembo ry’igisagara, erega, ehe abantu bari basohokanye umupfu, akaba yari we mwana w’ikinege nyina yari afise. Bitayeko, yari umupfakazi. Isinzi ritari rito rivuye mu gisagara na ryo nyene ryari kumwe na we”. (Umurongo wa 12) Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu uwo muvyeyi w’umupfakazi yari afise intuntu? Bivuye ku rupfu rw’umwana wiwe w’ikinege, yari asubiriye ubugira kabiri kubura umuntu yahora amufasha akongera akamukingira.

Yezu yibanze kuri uwo muvyeyi yari yishwe n’intuntu, uwushobora kuba yariko agendera hafi y’inderuzo yari itwaye ikiziga c’umuhungu wiwe. Iyo nkuru ivuga iti: “Umukama ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe, amubwira ati: ‘Reka kurira’”. (Umurongo wa 13) Yezu yarababajwe cane n’ukuntu uwo mupfakazi yari yishwe n’intimba. Yezu ashobora kumbure kuba yariko yiyumvira ibijanye na nyina wiwe, uwo bishoboka ko yari amaze gupfakara ico gihe, yari yegereje kwicwa n’intuntu kubera ivyoshikiye Yezu.

Yezu yaregereye umugwi w’abo bantu, mugabo atari kugira ngo afatanye na bo urugendo. Abigiranye ikimenyetso c’umuntu afise ububasha, ‘yarakoze ku nderuzo’ maze atuma uwo mugwi w’abantu uhagarara. Maze avuganye ijwi ry’umuntu yahawe ubushobozi ku rupfu, yavuze ati: “‘Musore, ndabikubwiye: Haguruka!’. Hanyuma wa muntu yari yapfuye aricara, atangura kuvuga, araheza amuha nyina”. (Umurongo wa 14 n’uwa 15) Igihe uwo musore yapfa ntiyari akiri uwa nyina. Igihe rero Yezu “[y]amuha nyina”, baciye basubira kugira umuryango. Intuntu uwo mupfakazi yari afise mu mutima nta nkeka ko yaciye isubirirwa n’amosozi y’umunezero mwinshi.

Umutima wawe, woba ushashaye kugira umunezero nk’uyo uvuye ku gusubira kubonana n’uwawe yari yarapfuye? Numenye udakeka ko Imana igufitiye impuhwe. Ikibabarwe Yezu yagiriye wa mupfakazi yari yishwe n’intuntu carerekanye impuhwe Imana ubwayo ifise, kubera yuko Yezu yagaragaza neza na neza kamere za Se. (Yohani 14:9) Bibiliya iratwigisha yuko Imana ishashaye gusubiza ubuzima abapfuye bari mu bo yibuka. (Yobu 14:14, 15) Ijambo ryayo Bibiliya riraduha icizigiro ciza cane, ni ukuvuga icizigiro co kuzobaho mw’Iparadizo ng’aha kw’isi maze tukibonera ukuzuka kw’abacu bapfuye. (Luka 23:43; Yohani 5:28, 29) Ubona gute wize vyinshi ku bijanye n’umwe ashobora gusubiza umuntu ubuzima, ukiga n’ukuntu wogira icizigiro nk’ico?

[Ifoto ku rup. 23]

“Wa muntu yari yapfuye aricara, atangura kuvuga, araheza amuha nyina”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika