ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 72
  • Yezu Atuma Bamwe 70

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Atuma Bamwe 70
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 72

Ikigabane ca 72

Yezu Atuma Bamwe 70

NI MU gatasi k’umwaka wa 32 G.C., hakaba haheze imyaka itatu yuzuye kuva Yezu abatijwe. We hamwe n’abigishwa biwe baherutse kuja ku Misi Mikuru y’Amahema i Yeruzalemu, kandi biboneka yuko bakiri mu micungararo yaho. Kukaba nkako, Yezu amara umwanya munini wo mu mezi atandatu asigaye y’igikorwa ciwe ari i Yudaya canke hakurya y’Uruzi Yorodani mu ntara y’i Pereya. Ako karere na ko nyene karakeneye guheturwa.

Ego niko, inyuma ya Pasika yo mu 30 G.C., Yezu yamaze amezi nk’umunani avuga inkuru nziza i Yudaya. Mugabo inyuma y’aho Abayuda bageragereje kumwicirayo kuri Pasika yo mu 31 G.C., umwaka n’igice vyakurikiye Yezu yabimaze ariko yigisha asa n’uwubasha canecane i Galilaya gusa. Muri ico gihe, yaratunganije ishirahamwe rinini ryamenyerejwe neza ry’abamamaji, kikaba ari ikintu atari afise imbere yaho. Ni co gituma ubu yanzika isekeza rya nyuma ry’ugushinga intahe cane i Yudaya.

Iryo sekeza Yezu aryanzika mu gucagura abigishwa 70 akabatuma babiribabiri. Gutyo haboneka imigwi 35 yose hamwe y’abamamaji b’Ubwami bo gukora muri ako karere. Abo baba baragenda mu bisagara no mu bibanza hose aho bisa n’uko na Yezu ari ho ategekanya kuja aherekejwe n’intumwa ziwe.

Aho gutegeka abo 70 kuja ku masinagogi, Yezu ababwira kwinjira mu mazu ya beneyo, abasigurira ati: “Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’Amahoro abe mur’iyi nzu. Ni yaba irimw’umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we.” Ubutumwa bagiye gushikiriza ni ubuhe? Yezu avuga ati: “Mubabgire mut’Ubgami bg’Imana burabēgereye.” Ku biraba igikorwa c’abo 70, igitabu kimwe (Matthew Henry’s Commentary) kivuga ibi: “Nka kumwe Shebuja wabo yabigira, aho bagendeye hose, bigisha bava ku nzu baja ku yindi.”

Amategeko Yezu yahaye abo 70 arasa n’ayo yahaye bamwe 12 igihe yabatuma mw’isekeza ry’ukwamamaza inkuru nziza i Galilaya umwaka nk’umwe imbere yaho. Abo 70 ntababurira gusa ku vy’uko bazorwanywa, abategura kugira ngo bashikirize ubutumwa ku bo basanzeho, mugabo arabaha ububasha bwo gukiza abarwaye. Gutyo, Yezu niyahashika inyuma yaho gatoyi, abenshi bazoba bashashaye guhwana n’uwo Shebuja w’abo bigishwa bashoboye gukora ivyo bintu vy’igitangaza.

Ico gikorwa co kwamamaza kigirwa na bamwe 70 hamwe n’ico Yezu akurikizako, bimara igihe gisa na kigufi. Bidatevye ya migwi 35 y’abamamaji b’Ubwami itangura kugaruka kuri Yezu. Bamubwirana umunezero bati: “Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw izina ryawe.” Raporo y’umurimo nziza gutyo itegerezwa kuba yarashimishije Yezu rwose, kuko asubizayo ati: ‘Nabonye Satani amaze gukoroka nk’umuravyo avuye mw’ijuru. Ehe mbahaye ububasha bwo gukandagira inzoka na sikorupiyo.’

Yezu arazi ko inyuma y’ivuka ry’Ubwami bw’Imana mu gihe c’iherezo, Shetani n’amadayimoni yiwe bobwirijwe kujugunywa hanze y’ijuru. Ariko ubu ukwo kujugunywa kw’amadayimoni ataboneka kuranguwe n’abantu buntu, ni ikindi gihinyuza c’inyongera cerekana ko ico kintu kizoba. Nuko rero Yezu avuga ivy’ugukoroka kwa Shetani avuye mw’ijuru nk’ikintu kitazobura kuba. Ni co gituma ivy’uko abo 70 bahawe ububasha bwo gukandagira inzoka n’amasikorupiyo ari ivyo mu buryo bw’ikigereranyo. Yamara Yezu avuga ati: “Ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.”

Yezu umunezero uramusya, agashemeza Se icese kubera akoresha abo basuku biwe baciye bugufi muri ubwo buryo bw’ububasha. Ahindukirira abigishwa biwe, ababwira ati: “Hahirwa amaso abona ivyo mubona. Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, nbibāvyumva.” Luka 10:1-24; Matayo 10:1-42; Ivyahishuriwe 12:7-12.

▪ Yezu yamamaje inkuru nziza hehe mu myaka itatu ya mbere y’igikorwa ciwe, kandi ni akarere akahe yahetuye mu mezi atandatu yiwe ya nyuma?

▪ Bamwe 70 Yezu yabarungitse kurondera abantu hehe?

▪ Ni kuki Yezu yavuze yuko abonye Shetani yamaze gukoroka ava mw’ijuru?

▪ Ni mu buryo ki bamwe 70 bashobora gukandagira inzoka n’amasikorupiyo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika