ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sp rup. 13-18
  • Amademo Arabesha ngo Abapfuye Bariho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amademo Arabesha ngo Abapfuye Bariho
  • Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amadini y’Ikinyoma
  • Banyamuragura
  • Inkuru Zitari Iz’Ukuri
  • Imibono-ndoto, Inzozi, Hamwe n’Amajwi
  • Basokuruza Bacu Bari Hehe?
    Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
  • Woba ufise impwemu idapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
    Be maso!—2015
  • Ico Bibiliya Ivuga ku Bugingo
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Ibindi
Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
sp rup. 13-18

Amademo Arabesha ngo Abapfuye Bariho

Bibiliya ivuga ko Shetani ‘azimiza abari kw isi bose.’ (Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Shetani n’amademo yiwe ntibashaka ko twemera Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. Baragerageza kwemeza abantu ko hariho ahantu abapfuye baba, mu karere k’ibinyabuzima-mpwemu. Reka turabe uburyo babigenza.

Amadini y’Ikinyoma

Amadini menshi yigisha ko buri muntu afise ubugingo (âme) buja kuba mu karere k’ibinyabuzima-mpwemu iyo umubiri upfuye. Avuga ko umubiri upfa, ariko ubugingo budapfa. Bitayeko, aremeza ko bidashoboka yuko ubugingo bupfa, ko ari mudahwera.

Yamara ibintu nk’ivyo Ijambo ry’Imana ntirivyigisha. Bibiliya yerekana ko ubugingo ari bwo muntu, ko atari ikintu kiri muri we. Akarorero, Bibiliya mu kwigana ukuntu Adamu yaremwe, ivuga iti: “[Kandi Yehova, NW] Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru [impemu z’ubuzima], umuntu aca aba [ubugingo burimwo ubuzima].” (Itanguriro 2:7) Adamu rero ntiyahawe ubugingo; ni we yari ubugingo.

Ibikōko na vyo nyene vyitwa ubugingo.—Itanguriro 1:20, 21, 24, 30, NW.

Kubera ko iryo jambo ubugingo muri Bibiliya risigura umuntu we nyene, ntitwotangazwa n’ukwumva ko ubugingo (âme) bushobora gupfa, kandi burapfa koko. Raba ibivugwa n’Ivyanditswe:

“Ubugingo bukora icaha—ni bwo nyene buzopfa.”—Ezekiyeli 18:4, NW.

“Maze [Samusoni] aravuga ati: ‘Reka [ubugingo bwanje bupfe hamwe, NW] n’Abafilisitiya.’ ”—Abacamanza 16:30.

“Mbega ivyemerwa ni ugukora ivyiza kw isabato canke ni ugukora ibibi? Gukiza [canke kwica ubugingo, NW]?”—Mariko 3:4.

Hariho ibindi Vyanditswe vyerekana ko ubugingo bushobora gusangangurwa (Itanguriro 17:14, NW), gutemagurwa n’inkota (Yosuwa 10:37, NW), kunigwa (Yobu 7:15, NW), no gusoma nturi (Yona 2:5). Urumvise rero ko ubugingo bupfa.

Nk’igihe wosoma Bibiliya kuva ku ntango gushika ku mpera, ntiwogenda utoye namba iyi mvugo ngo “ubugingo mudahwera.” Ubugingo-muntu si ikinyabuzima-mpwemu. Inyigisho y’ubugingo mudahwera si inyigisho yo muri Bibiliya. Ni inyigisho ya Shetani n’amademo yiwe. Yehova aranka ibinyoma vyose vyo mu vy’idini.—Imigani 6:16-19; 1 Timoteyo 4:1, 2.

Banyamuragura

Ubundi buryo Shetani akoresha mu kuzimiza abantu, ni banyamuragura. Nyamuragura ni umuntu ashoboye ubwiwe kwiyumvira ibivuzwe n’ababa ahantu h’impwemu. Abantu isinzi, gushiramwo na banyamuragura nyene, bazi ko ayo majambo aba avuye ku mizimu y’abapfuye. Mugabo nk’uko twasomye muri Bibiliya, ivyo ntibishoboka.—Umusiguzi 9:5, 6, 10.

Ayo majambo none avugwa na bande? N’amademo yo nyene ubwayo! Amademo arafise ububasha bw’ukwihweza umuntu igihe akiriho; arazi ukuntu umuntu yahora avuga, ukuntu yasa, ivyo yagize, n’ivyo yari azi. Kuri yo rero ntibigoye kwigana umuntu yapfuye.—1 Samweli 28:3-19.

Inkuru Zitari Iz’Ukuri

Ubundi buryo Shetani akoresha mu gutsimbataza ikinyoma cerekeye ivy’abapfuye, ni inkuru zitari iz’ukuri. Inkuru mwen’izo zirakunda gutuma abantu baheba ukuri kwo muri Bibiliya.—2 Timoteyo 4:4.

Muri Afirika hariho urukurukuru ngo rw’abantu babonetse kandi baramaze gusandaba. Turavye uburorero, ukuboneka mwen’uko kubera kure y’aho bahora baba. Ariko na wewe nyene niwibaze: ‘Ubwo bisa n’ibiranga ukwiyumvīra kuroranye ko igihe umuntu yoba afise ububasha bw’ukugaruka avuye mu bāmaze gusandaba, yoshikira ahantu kure y’abiwe n’abakunzi?’

Bitayeko, ubwo ntibishoboka ko uwabonetse yoba gusa ari umuntu asa n’uwasandavye? Akarorero, hariho abakozi-bagenwa b’abakirisu babiri bāriko bamamaza inkuru nziza ku mirambi, babona umuntu w’umutama umwe, uno amara amasaha atari make abakurikira. Bamubajije basanga uyo muntu yiyumvīra ko umwe muri abo bakozi-bagenwa ari mwenewabo yari amaze imyaka apfuye. Birumvikana yari yihenze, ariko yaranse kwemera ko yihenze. Ibaze inkuru uyo mutama yabwiye abagenzi biwe n’ababanyi mu nyuma!

Imibono-ndoto, Inzozi, Hamwe n’Amajwi

Nta gukeka urazi ko abantu bahora babona, bumva canke barota ibintu bitangaje. Ibintu bidasanzwe ben’ivyo birakunda gutera ubwoba abo bishikiye. Marein, uwabaye muri Afirika yo mu Burengero, yaja arumva ijwi rya inakuru yari yarasandavye rimuhamagara mw ijoro. Marein yaca akoma induru kubera ubwoba, akavyura abari mu nzu bose. Amaherezo yararwaye ibisazi.

Abapfuye none iyo baba bariho koko, ubona vyumvikana ko botera ubwoba abo bakunda? Biragaragara ko ata vyo bogira. Amademo ni yo yene ayo majwi akora ikibi.

Amajwi asa n’ay’ugufasha umuntu canke kumuruhurira umubabaro yo bite? Akarorero, umukenyezi umwe, Gbassay, aturuka muri Sierra Leone yari arwaye. Yarose abonekerwa na se yari yarasandavye. Uyo se yamubwiye kuja kwaha ibabi ry’igiti kimwe, arivugutire mu mazi hanyuma anywe. Yarabujijwe kubibwira umuntu n’umwe ivyo atarabishitsa. Yarabigize aca arakira.

Hariho uwundi mukenyezi yavuze ko igihe umunega wiwe yari yasandavye, yamubonekeye umusi umwe mw ijoro. Yavuze ko yari mwiza rwose kandi ko yari yambaye neza igitangaza.

Amajwi hamwe n’imibono-ndoto ben’ivyo bisa n’uko ari vyiza kandi ko biri n’ico vyofasha umuntu. Vyoba biva ku Mana? Oyaye si yo biva. Yehova ni ya “Mana y’ukuri.” (Zaburi 31:5) Ntiyokwigera yemera kutudendereza canke kuduhenda. Amademo ni yo abigira.

Ariko none amademo meza arabaho? Oyaye. Naho hari igihe asa n’uko afasha umuntu, yose ni mabi. Igihe umwe Mucokoranyi yavugana na Eva, yasa n’umukunzi. (Itanguriro 3:1) Ariko uno vyamugendeye gute mu nyuma amaze kumwumviriza akagira n’ivyo amubariye? Yarapfuye.

Urazi ko bikunda gushika ko umuntu mubi yigira umukunzi w’abo agomba guhenda canke gusahura. “Amenyo yera ni yo akurya,” uko ni ko umugani wo muri Afirika uvuga. Ijambo ry’Imana na ryo rivuga, ngo “[Shetani] yigira umumarayika w’umuco.”—2 Ab’i Korinto 11:14.

Imana mu kuvugana n’abantu ntigikoresha inzozi, imibono-ndoto, canke amajwi avuye ahaba ibinyabuzima-mpwemu. Irabarongōra ikabereka n’ukuntu bogira ibintu ikoresheje Bibiliya, na yo Bibiliya ikaba ishobora gutuma umuntu aronka “ibimukwiye vyose ngo akore igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 3:17.

Igihe rero Yehova atubūrira ngo twirinde akadenderezo k’umwe Mucokoranyi, abitumwa n’uko adukunda. Arazi ko amademo ari abansi batugeramiye.

[Ifoto ku rup. 13]

Abantu, ibikōko, ifi, n’inyoni—vyose ni ubugingo

[Abo dukesha ifoto]

Bivuye ku mafoto amwe amwe yafashwe na IRIS-EXPORT MEXICHROME

[Ifoto ku rup. 14]

Bibiliya yerekana ko ubugingo atari mudahwera

[Ifoto ku rup. 15]

Amademo arigira koko imizimu y’abapfuye

[Ifoto ku rup. 16]

Hari abibaza ko babonye abantu bagarutse bavuye mu bapfuye

[Ifoto ku rup. 17]

Amademo arazimiza abantu akoresheje inzozi, imibono-ndoto hamwe n’amajwi

[Ifoto ku rup. 18]

Shetani yavuze ko Eva atopfuye. Eva yaravyemeye, ariko amaherezo yarapfuye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika