Ikigabane c’Indwi
Mu Rugo Mwoba Mufise Umwana w’Umugarariji?
1, 2. (a) Ni ikigereranirizo ikihe Yezu yatanze kugira ngo ashire ahabona uguhemuka kw’indongozi z’idini y’Abayuda? (b) Ni iciyumviro ikihe cerekeye imiyabaga dushobora kwigira ku kigereranirizo ca Yezu?
IMISI mikeyi imbere y’uko Yezu apfa, yabajije umugwi w’indongozi z’idini y’Abayuda ikibazo gikangura ubwenge. Yavuze ati: “Mugira ngw iki? Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri: aragenda abarira umukuru, ati Genda, mwana wanje, uyu musi uje gukora mu ruzabibu. Aramwishura, at’Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda. Aja ku wa kabiri, amubgira kuno. Aramwishura, ati Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo. None mur’abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba?” Izo ndongozi z’Abayuda baramwishura bati: “N’uwa mbere.”—Matayo 21:28-31.
2 Ngaha Yezu yariko arashira ahabona uguhemuka kw’izo ndongozi z’Abayuda. Bari bameze nka wa mwana wa kabiri kubera yuko basezeranye gukora ivyo Imana igomba maze ntibashitsa isezerano ryabo. Mugabo abavyeyi benshi batahura yuko ico kigereranirizo ca Yezu cari gishingiye ku kuntu yari azi neza ubuzima bwo mu rugo. Nk’uko Yezu yavyerekanye neza, kenshi biragoye kumenya ivyo abakiri bato biyumvira canke ivyo bazokora. Uwukiri muto ashobora guteza ingorane nyinshi igihe akiri umuyabaga, ariko amaze kugera mu bigero akaba umuntu w’umwizigirwa kandi yubahwa. Ico ni ikintu dukwiye kwamiza ku muzirikanyi igihe tuganira ingorane y’ubugarariji bw’imiyabaga.
UMUGARARIJI NI IKI?
3. Ni kubera iki abavyeyi badakwiye kwihutira kuvuga yuko umwana wabo ari umugarariji?
3 Rimwe na rimwe, urashobora kwumva ivyerekeye abana b’imiyabaga bagarariza abavyeyi babo bimwe vyeruye. Ushobora mbere no kuba wewe ubwawe uzi urugo rurimwo umuyabaga asa n’aho yananiranye. Yamara ntivyama vyoroshe kumenya nimba umwana vy’ukuri ari umugarariji. Bitayeko, birashobora kugora gutahura igituma mu rugo rumwe abana bamwebamwe bagarariza, mugabo abandi ntibagararize. None abavyeyi bokora iki mu gihe bicuze yuko umwe mu bana babo ashobora kuba ariko aratsimbataza agatima ko gucika umugarariji katwa? Kugira ngo ivyo tuvyishure, dutegerezwa kubanza kuganira ivyerekeye ico ari co umugarariji.
4-6. (a) Umugarariji ni iki? (b) Ni igiki abavyeyi bakwiye kugumiza ku muzirikanyi mu gihe umuyabaga wabo rimwe na rimwe agambarara?
4 Tubivuze mu buryo butomoye, umugarariji ni umuntu atubaha ubukuru canke aburwanya kandi akabuhigisha, akabigira nkana kandi adahengeshanya. Ego ni ko, ‘ubupfu buri mu mutima w’umwana.’ (Imigani 22:15) Abana bose rero ntihabura igihe banka kwumvira ubukuru bw’abavyeyi canke ubw’abandi. Ivyo ni ko biri na canecane mu gihe co gukura ku mubiri no mu kanyengetera citwa ubuyabaga. Ihinduka mu buzima bw’umuntu uwo ari we wese rituma ashikirwa n’imikazo, ukaba rero uzi ko mu kiringo c’ubuyabaga haba amahinduka menshi. Umuhungu wawe canke umukobwa wawe w’umuyabaga aba ariko arava mu bwana aja mu nzira imushikana mu bigero. Kubera iyo mvo, mu myaka y’ubuyabaga hari abavyeyi n’abana bigora kwumvikana. Akenshi abavyeyi batabizi, baragerageza gutuma abana batarengana ningoga ikiringo kiri hagati y’ubwana n’ukugera mu bigero, mu gihe imiyabaga bashaka kuharengana ningoga.
5 Umuyabaga w’umugarariji aratera ibitugu indero y’abavyeyi. Ariko rero, niwibuke yuko ibikorwa bikeyi biranga ukugambarara bidatuma umuntu aba umugarariji. Ku vyerekeye ibintu vy’impwemu, abana bamwebamwe bashobora kubanza kugaragaza ko bashimishwa buhoro n’ukuri kwa Bibiliya canke ko kutabashimisha na mba, mugabo bashobora kuba atari abagarariji. Muvyeyi, ntiwihutire kuvuga yuko umwana wawe ari umugarariji.
6 Mbega mu myaka y’ubuyabaga abakiri bato bose boba bagambararira abavyeyi? Ihibambewe. Kukaba nkako, ivyo twibonera bisa n’ivyerekana yuko abana bakeya b’imiyabaga ari bo gusa bagarariza bikomeye. Ariko none, twovuga iki ku vyerekeye umwana w’umugarariji w’ikomvyo kandi adahengeshanya? Ni ibiki bishobora gutera ubugarariji mwene ubwo?
IBITERA UBUGARARIJI
7. Ibintu birangwamwo ivyiyumviro vya Shetani bishobora gute kwosha umwana akagarariza?
7 Ikintu nyamukuru gitera ubugarariji ni ibintu birangwamwo ivyiyumviro vya Shetani. “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Isi iri mu bubasha bwa Shetani yaratsimbataje imico kama yonona, Abakirisu bategerezwa kurwanya. (Yohana 17:15) Myinshi muri iyo mico kama, irushirije kutaranga urupfasoni kandi yuzuye utwosho tubi twinshi muri iki gihe kuruta muri kahise. (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Nimba abavyeyi batigisha abana babo, ntibabagabishe, ntibanabakingire, abakiri bato barashobora kurengerwa bitagoranye n’“[i]mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.” (Abanyefeso 2:2) Muri ivyo harimwo n’akosho k’urunganwe. Bibiliya igira iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Muri ubwo buryo nyene, uwuguma agendana n’abuzuye agatima k’ino si, karashobora na we nyene kumwosha. Abakiri bato barakeneye kwama nantaryo bafashwa kugira ngo batahure yuko ukugamburukira ingingo ngenderwako zishimwa n’Imana ari wo mushinge w’uburyo bwiza kuruta bwo kubaho.—Yesaya 48:17, 18.
8. Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma umwana agarariza?
8 Ikindi gitera ubugarariji gishobora kuba ari ukuntu ibintu vyifashe i muhira. Nk’akarorero, nimba umuvyeyi umwe ari imborerwa, anywa ibiyayura umutwe canke akaba abangamiye uwundi muvyeyi, ukuntu uwo muyabaga abona ubuzima kurashobora kwononekara. Mbere no mu ngo zimeze nk’izitekanye, ubugarariji burashobora kwaduka igihe umwana abona ko abavyeyi biwe batamwitwararika. Ariko rero, ubugarariji bw’imiyabaga ntibwama nantaryo buterwa n’utwosho two hanze. Abana bamwebamwe baratera akagere indero ya kivyeyi, naho baba bafise abavyeyi bakurikiza ingingo ngenderwako zishimwa n’Imana kandi babakingira bihagije isi ibakikuje. Kubera iki? Kumbure kubera iyindi nkomoko y’ingorane zacu, ni ukuvuga agasembwa ka muntu. Paulo yavuze ati: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.” (Abaroma 5:12) Adamu yari umugarariji w’umwikunzi kandi uruvyaro rwiwe rwose yarusigiye iragi ribi. Urwaruka rumwerumwe ruhitamwo kugarariza nk’uko nyene basokuruza babo babigize.
ELI UWAREKERANA IBINTU BE NA REHOBOWAMU UWATWAZA UMUKAZO
9. Ni ibintu ibihe, birengeje urugero mu kurera umwana vyoshobora gutuma agarariza?
9 Ikindi kintu gituma imiyabaga igarariza, ni igihe abavyeyi babona ivy’ukurera abana mu buryo butarimwo uburimbane. (Ab’i Kolosayi 3:21) Abavyeyi bamwebamwe b’abitwararitsi bararenza urugero mu kuzitira no mu gutoza indero abana babo. Abandi bararekerana ibintu, ntibatange inyobozo zokingiye umuyabaga wabo ataraca uruma. Ntivyama vyoroshe gushira uburimbane hagati y’ivyo bintu bibiri. Kandi abana batandukanye bakenera ibintu bitandukanye. Umwe ashobora kuba akeneye gucungerwa kuruta uwundi. Naho ari ukwo, uturorero tubiri two muri Bibiliya turaza kudufasha kwerekana ingeramizi zo kurenza urugero haba mu kuzitira abana canke mu kurekerana ibintu.
10. Naho nyene Eli yari umuherezi mukuru ashobora kuba yari umwizerwa, ni kubera iki atari umuvyeyi mwiza?
10 Eli, umuherezi mukuru wa Isirayeli ya kera, yari sebibondo. Yasukuye imyaka 40, akaba ata nkeka ko yari azi neza Ivyagezwe vy’Imana. Eli ategerezwa kuba yarangura neza ibikorwa vyiwe vy’ubuherezi bisanzwe, kandi ashobora mbere no kuba yarigisha yitonze Ivyagezwe vy’Imana abahungu biwe ari bo Hofuni na Finehasi. Ariko rero, Eli yararekerana cane abahungu biwe. Hofuni na Finehasi basukura bwa baherezi bemewe, mugabo “bār’abanyangeso mbi,” bitwararika gusa guhaza ivyipfuzo vyabo n’inambu zabo z’ubuhumbu. Yamara rero, igihe bakorera ibikorwa vy’agaterasoni ahantu heranda, Eli ntiyatinyutse kubabogoza ngo abakure mu mabanga yabo. Ico yagira gusa, yarabakangira bidashemeye. Kubera ukwo kurekerana ibintu kwiwe, Eli yarateye iteka abahungu biwe abarutisha Imana. Ingaruka yabaye iy’uko abahungu biwe bagararije ugusenga Yehova kudahumanye, bituma inzu ya Eli yose ishikirwa n’ivyago.—1 Samweli 2:12-17, 22-25, 29; 3:13, 14; 4:11-22.
11. Abavyeyi bashobora kwigira iki ku karorero kabi ka Eli?
11 Igihe ivyo bintu vyaba, abana ba Eli bari bamaze kugera mu bigero, mugabo iyo nkuru irashimika ku ngeramizi zo kudahana. (Gereranya n’Imigani 29:21.) Abavyeyi bamwebamwe bashobora kwitiranya urukundo no kurekerana ibintu, bakananirwa gushinga no gukomeza amategeko atomoye, adahindagurika kandi ategereka. Barafata minenerwe ivyo gutanga igihano kiranga urukundo, mbere n’igihe ingingo ngenderwako z’Imana zirenzweko. Bivuye ku kurekerana ibintu mwene ukwo, impera n’imperuka abana babo bohava batera ibitugu ubukuru bw’abavyeyi babo canke ubundi bukuru ubwo ari bwo bwose.—Gereranya n’Umusiguzi 8:11.
12. Mu vy’ugukoresha ubukuru, ni ikosa irihe Rehobowamu yakoze?
12 Rehobowamu ni akarorero k’ukuntu umuntu yorenza urugero mu bundi buryo mu vy’ugukoresha ubukuru. Yabaye umwami wa nyuma w’ubwami bwa Isirayeli bwunze ubumwe, mugabo ntiyari umwami mwiza. Rehobowamu yari yararazwe igihugu carimwo abantu batari banezerewe kubera imitwaro bari bararemetswe na se Salomo. Mbega Rehobowamu yoba yaragaragaje ko atahura ibintu? Oya. Igihe intumwa zamusaba gukuraho zimwe mu ngingo zabahahaza, yaranse kwemera inama nziza yagiriwe n’abahanuzi biwe b’inararibonye, maze agera yuko umutwaro wari ku bantu wongerezwa. Ubwibone bwiwe bwatumye imiryango cumi yo mu buraruko igarariza, maze ubwo bwami bwigaburamwo kubiri.—1 Abami 12:1-21; 2 Ngoma 10:19.
13. Abavyeyi bashobora gute kwirinda ikosa Rehobowamu yakoze?
13 Abavyeyi barashobora kwigira ivyigwa bihambaye ku nkuru yo muri Bibiliya yerekeye Rehobowamu. Barakeneye “[k]uronder[a] Uhoraho” mw’isengesho no gusuzuma bisunze ingingo ngenderwako za Bibiliya uburyo bokoresha mu kurera abana. (Zaburi 105:4) Mu Musiguzi 7:7 havuga hati: “[“Agahahazo,” NW] g[a]hindura umunyabwenge igipfu.” Gushingira abana b’imiyabaga ingingo ngenderwako mwazirikanye neza birabaha akaryo ko gukura bakingiwe ivyobagirira nabi. Mugabo, abana ntibakwiye kuba ahantu basabwa amananiza kandi bazitiwe gushika naho babura umwidegemvyo ubereye. Igihe abavyeyi bihatira gushira uburimbane hagati y’umwidegemvyo ubereye n’uturimbi ntarengwa dushingwa mu buryo butomoye, abenshi mu miyabaga ni gake bazogira impengamiro yo kugarariza.
KUBARONSA IBINTU NYAMUKURU BAKENEYE BIRASHOBORA GUKINGA UBUGARARIJI
Bisa n’uko abana bazokura bakaba abatekanye kuruta, mu gihe abavyeyi babo babafasha guhangana n’ingorane barimwo z’ubuyabaga
14, 15. Abavyeyi bakwiye gufata gute ikura ry’umwana wabo?
14 Naho nyene abavyeyi bagira umunezero igihe babona umwana wabo w’umuyabaga atera imbere akava mu bwana akaba umuntu akuze, barashobora kwumva bahagaritse umutima igihe uwo mwana atanguye kureka kubisunga muri twose akagana ku kwigenga kubereye. Muri ico kiringo c’ihinduka, ntibibatangaze nimba rimwe na rimwe umwana wanyu w’umuyabaga ari intakonywa canke atabumvira. Muramize mu muzirikanyi yuko intumbero y’abavyeyi b’Abakirisu ikwiye kuba iyo kurera umwana akazoba Umukirisu ahumuye, atekanye kandi w’umwizigirwa.—Gereranya na 1 Ab’i Korinto 13:11; Abanyefeso 4:13, 14.
15 Naho bishobora kuba bigoye gute, abavyeyi barakwiye guheba akamenyero ko kuvyakira nabi igihe cose umwana wabo abasavye umwidegemvyo urushirije. Mu buryo bubereye, umwana arakeneye gukura ari umuntu yigenga. Kukaba nkako, abana b’imiyabaga bamwebamwe batangura gutsimbataza inyifato y’abakuze igihe baba bakiri bato. Nk’akarorero, ku vyerekeye Umwami Yosiya, Bibiliya ivuga iti: “Akir’umwana [afise imyaka nka 15], yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi.” Uwo muyabaga yibonekeje biragaragara yuko yari umuntu w’umwizigirwa.—2 Ngoma 34:1-3.
16. Ni igiki abana bakwiye gutahura uko barushiriza guhabwa umwidegemvyo?
16 Ariko rero, umwidegemvyo utuma umuntu agira ico abazwa. Kubera ico, nimureke uwo muntu ariko aragera mu bigero ashikirwe n’ingaruka z’ingingo zimwezimwe afata be n’ibikorwa bimwebimwe akora. Ingingo ngenderwako ivuga yuko “ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura,” irakora ku miyabaga no ku bantu bakuze. (Ab’i Galatiya 6:7) Abana ntibashobora gukingirwa ibihe vyose. Ariko none, bite ho iyo umwana wanyu ashaka gukora ikintu kitemewe namba? Kubera uri umuvyeyi nyamuvyeyi, utegerezwa kuvuga uti: “Oya.” Kandi naho ushobora gusigura ibituma, nta kintu gikwiye gutuma oya yawe ihinduka egome. (Gereranya na Matayo 5:37.) Ariko rero, nugerageze kuvuga “Oya” wiyoroheje no mu buryo butegereka, kubera yuko “ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake.”—Imigani 15:1.
17. Umuvyeyi akwiye kuronsa umuyabaga ibintu bimwebimwe ibihe akenera?
17 Abakiri bato barakeneye umutekano uva ku gutozwa indero kudahindagurika, naho nyene batama bahuta baremera uturimbi be n’amategeko bashirirwaho. Biratesha umutwe mu gihe amategeko yama ahindagurika, bivuye ku kuntu umuvyeyi aba yiyumva muri ico gihe. Ikindi kandi, mu gihe imiyabaga baronka indemesho n’imfashanyo bakeneye kugira batsinde isoni canke ntibabe bakibona ko ataco bamaze, boshobora kuzoba abantu batekaniwe kuruta. Imiyabaga kandi irabishima iyo bizigirwa babikwiriye.—Gereranya na Yesaya 35:3, 4; Luka 16:10; 19:17.
18. Ni ibintu ibihe biremesha bikunda kuba ku miyabaga?
18 Abavyeyi barashobora guhumurizwa no kumenya yuko igihe mu rugo harangwa amahoro, itekane n’urukundo, akenshi abana basagamba. (Abanyefeso 4:31, 32; Yakobo 3:17, 18) Abana benshi b’imiyabaga ntibabaye babi ngo ni uko bakuriye mu ngo zirangwamwo ibintu bibi. Hariho abakuriye mu ngo zirangwamwo akaborerwe, ubukazi canke akandi kosho konona, bageze mu bigero baba abantu beza cane. Kubera ico, niwatunganya ibintu ku buryo urugo ruba ahantu abana b’imiyabaga bawe bumva batekaniwe kandi bakamenya yuko bazohagaragarizwa urukundo, ikibabarwe kandi bazokwitwararikwa, mbere naho ivyo wobigira unabashiriraho uturimbi tubereye wongera ubahana mu buryo bujanye n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, biboneka cane yuko bageze mu bigero bazoba abantu uzokwishimira.—Gereranya n’Imigani 27:11.
IGIHE ABANA BAGUYE MU NGORANE
19. Naho abavyeyi bakwiye gutoza umwana indero akwiye kwamana, ni ibanga irihe ryega umwana?
19 Nta wokeka yuko gushitsa neza ibanga rya kivyeyi bizana akunguko. Mu Migani 22:6 havuga hati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” Ariko none, twovuga iki ku bana bagira ingorane zikomeye naho boba bafise abavyeyi beza? Mbega ivyo birashoboka? Egome. Amajambo y’uwo mugani ategerezwa gutahurwa hisunzwe n’iyindi mirongo ishimika kw’ibanga ryega umwana ryo ‘kwumvira’ abavyeyi no kubagamburukira. (Imigani 1:8) Kugira ngo habe umwumvikano mu rugo, umuvyeyi n’umwana bompi bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Mu gihe abavyeyi n’abana badakorera hamwe, hazobaho ingorane.
20. Igihe abana bakoze ikosa bivuye ku kutiyumvira, abavyeyi bovyifatamwo mu buhe buryo buranga ubukerebutsi?
20 Abavyeyi bakwiye kuvyifatamwo gute igihe umuyabaga akoze ikosa maze akagwa mu ngorane? Aho rero ni ho canecane uwo muyabaga aba akeneye gufashwa. Mu gihe abo bavyeyi bibuka yuko uwo muyabaga atazi utuntu n’utundi, bizorushiriza kuborohera kwirinda impengamiro yo gushangashirwa. Paulo yahanuye abari bahumuye mw’ishengero ati: “Umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza.” (Ab’i Galatiya 6:1) Abavyeyi barashobora kubigenza gutyo nyene mu gihe batorera umuti ivy’uwukiri muto akoze ikosa bivuye ku kutiyumvira. Mu gihe abo bavyeyi basigurira uyo muyabaga mu buryo butomoye igituma ingendo yiwe ari mbi be n’ukuntu ashobora kwirinda gusubira gukora iryo kosa, barakwiye gutomora yuko nya ngendo ari yo mbi, ko uwo muyabaga atari we mubi.—Gereranya na Yuda 22, 23.
21. Mu gukurikiza akarorero k’ishengero rya gikirisu, abavyeyi bakwiye gukora iki mu gihe abana babo bakoze icaha gikomeye?
21 Bite ho nimba uwo muyabaga yarananiranye bimwe bikomeye? Muri ico gihe uwo mwana aba akeneye imfashanyo idasanzwe n’ubuyobozi buranga ubukerebutsi. Igihe uwo mu bagize ishengero akoze icaha gikomeye, aremeshwa kwigaya no kwegera abakurambere ngo bamufashe. (Yakobo 5:14-16) Iyo yigaye, abo bakurambere baramufasha kugira ngo akire mu buryo bw’impwemu. Mu rugo abavyeyi ni bo bajejwe ibanga ryo gufasha umuyabaga aba yakoze ikosa, naho iyo ngorane bashobora gukenera kuyiyaga n’abakurambere. Mu vy’ukuri, ntibakwiye na rimwe kugerageza guhisha inama y’abakurambere ivyaha bikomeye umwe mu bana babo yakoze.
22. Mu kwigana Yehova, abavyeyi bazogerageza kuzigama inyifato iyihe umwana wabo aramutse akoze ikosa rikomeye?
22 Birababaza igihe ubona abana bawe bwite bari mu ngorane ikomeye. Kubera yuko abavyeyi baba bataye umutwe, bashobora kwumva bashaka gukarira uwo mwana agararije, mugabo ivyo nta kindi vyokora atari ukumushavuza. Nimwamize mu muzirikanyi yuko kazoza k’uwo akiri muto gashobora kuzova ku kuntu afatwa muri ico gihe kigoye. Nimwibuke kandi yuko Yehova yari yiteguye guharira abasavyi biwe igihe bakevya bakava mu nzira igororotse, mu gihe gusa bigaye. Nimwumvirize amajambo aranga urukundo yavuze: “Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.” (Yesaya 1:18) Ese ukuntu ari akarorero keza ku bavyeyi!
23. Abavyeyi bakwiye gukora iki igihe umwe mu bana babo akoze icaha gikomeye, kandi n’igiki bakwiye kwirinda?
23 Kubera ico, nimugerageze kuremesha uwo yigira akagaramaruganda kugira ahindure ingendo yiwe. Nimuronderere impanuro ibereye ku bavyeyi baciye uruma no ku bakurambere b’ishengero baciye uruma. (Imigani 11:14) Nimugerageze kutagira ibintu mubitewe n’agashavu ngo musange mwavuze canke mwakoze ivyotuma umwana wanyu bimugora kubahindukirira. Nimwirinde uburake n’ubushangashirwe. (Ab’i Kolosayi 3:8) Ntimwihutire kumuheba. (1 Ab’i Korinto 13:4, 7) Naho mwanka ikibi, nimwirinde kudadaza no kubera umururazi umwana wanyu. Igihambaye kuruta, abavyeyi bakwiye kwihatira kuba akarorero keza no kuguma bizera Imana bimwe bikomeye.
UKO MWOVYIFATAMWO HARI UMUGARARIJI W’INTAGONDWA
24. Ni ibintu bibabaje ibihe rimwerimwe usanga bivyuka mu rugo rw’Abakirisu, kandi umuvyeyi akwiye kuvyifatamwo gute?
24 Mu bihe bimwebimwe biragaragara yuko umuyabaga yafashe ingingo ntabanduka yo kugarariza no gutera akagere ingingo ngenderwako za gikirisu. Murakwiye rero guca muhindura mukibanda ku kuzigama ubuzima bwo mu rugo bw’abana basigaye canke ku kubunagura. Nimwiyubare ntimukoreshe inguvu zanyu zose kuri uwo mugarariji, ngo musange mwirengagije abandi bana. Aho kugerageza guhisha iyo ngorane abasigaye mu rugo, nimuyiyage na bo mu buryo bubereye kandi buremesha.—Gereranya n’Imigani 20:18.
25. (a) Mu gukurikiza akarorero k’ishengero rya gikirisu, abavyeyi bashobora gukora iki nimba umwana abaye umugarariji w’intagondwa? (b) Ni igiki abavyeyi bakwiye kwamiza mu muzirikanyi igihe umwe mu bana babo agararije?
25 Intumwa Yohani yavuze ivy’umuntu aba umugarariji w’intigaya ati: “Ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze.” (2 Yohana 10) Abavyeyi bashobora kwumva yuko bikenewe ko bavyifatamwo mu buryo busa n’ubwo ku biraba umwana wabo bwite nimba ageze mu bigero kandi akaba yabaye umugarariji bimwe vyeruye. Naho igikorwa mwene ico gishobora kuba kigoye kandi kibabaje, rimwe na rimwe birakenewe kugira ngo abasigaye mu rugo bakingirwe. Urugo rwanyu rurakeneye ko murukingira kandi mukabandanya kurucungera. Gutyo rero, nimubandanye gushiraho uturimbi dutomoye yamara tutarenza urugero mu vy’inyifato runtu. Nimuseruranire akari ku mutima n’abo bana bandi. Nimwitwararike kumenya ukuntu bakora kw’ishure no mw’ishengero. Nimubamenyeshe kandi yuko mutanka wa mwana w’umugarariji naho nyene mudashigikiye ibikorwa vyiwe. Ikibi uwo mwana yakoze abe ari co mwanka ariko ntimwanke uwo mwana ubwiwe. Igihe abahungu babiri ba Yakobo bakwegera uwo muryango ibara bivuye ku bikorwa vyabo biranga ubunyamaswa, Yakobo yavumye uburake bwabo bw’inkazi ntiyavumye abo bahungu ubwabo.—Itanguriro 34:1-31; 49:5-7.
26. Abavyeyi bigora uko bashoboye, boshobora guhumurizwa n’iki mu gihe umwe mu bana babo agararije?
26 Mushobora kwiyumvamwo ko ari mwebwe mubazwa ivyashitse mu rugo rwanyu. Mugabo nimba mwarakoze ivyo mushoboye vyose mwifashishije n’isengesho, mugakurikiza impanuro ya Yehova uko mushoboye kwose, ntivyumvikana ukuntu mwogira ico mwiyagiriza. Nimuhumurizwe no kumenya ko ata muntu n’umwe ashobora kuba umuvyeyi atunganye, ahubwo ko mwagerageje kuba abavyeyi beza mubikuye ku mutima. (Gereranya n’Ivyakozwe 20:26.) Gutunga mu rugo umugarariji yeruye ni ikintu gica umutima. Mugabo ivyo biramutse bibashikiye, muramenye yuko Imana ibitahura be n’uko itazokwigera iheba abasavyi bayo b’abizigirwa. (Zaburi 27:10) Nimwiyemeze rero gutuma urugo rwanyu rubera abandi bana basigaye ubwugamo burangwamwo umutekano n’ukwubaha Imana.
27. Abavyeyi bafise umwana yagararije bashobora kwama nantaryo bizigiye iki bisunze wa mugani w’umwana w’igishushungwe?
27 Bitayeko, ntimukwiye kwigera mutakaza icizigiro. Utwigoro mwagize kera mu kumutoza indero ibereye, impera n’imperuka turashobora gukora ku mutima nya mwana yataye inzira maze bigatuma yigarura. (Umusiguzi 11:6) Ingo zitari nke z’Abakirisu zarashikiwe na mwene ivyo bintu vyagushikiye, kandi zimwezimwe zarabonye abana bazo b’abagarariji bagaruka, nk’uko vyagendeye wa muvyeyi avugwa muri wa mugani wa Yezu w’umwana w’igishushungwe. (Luka 15:11-32) Ibintu nk’ivyo nyene vyoshobora kubashikira.