ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 20 rup. 147-rup. 149 ing. 3
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gucira inzira neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 20 rup. 147-rup. 149 ing. 3

ICIGWA CA 20

Kwinjiza Neza Ivyanditswe

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nutegure imizirikanyi y’abakwumviriza imbere yo gusoma icanditswe.

Ni Kuki Bihambaye?

Kwinjiza neza icanditswe birashobora gufasha abakwumviriza gutahura ico nya canditswe kivuga.

IVYANDITSWE biratanga ishingiro ry’inyigisho itangirwa ku makoraniro yacu y’ishengero. Vyongeye, ivyanditswe vya Bibiliya ni vyo bishimikwako mu vyo tuvuga mu busuku bwo mu ndimiro. Ariko rero kugira ivyo bigire ikintu kinini bifasha mu kiyago tuba turimwo, ku ruhande rumwe bivana n’uko biba vyinjijwe neza.

Si ugupfa kuvuga gusa nya canditswe no gusaba umuntu ngo agisome muri kumwe. Igihe winjiza icanditswe, niwihatire gushitsa intumbero zibiri: (1) Nutume arindirana igishika ivyo kigiye kuvuga, kandi (2) ushimike ku mvo ituma nya canditswe gikoreshwa. Izo ntumbero ushobora kuzishikako mu buryo bwinshi.

Nubaze Ikibazo. Ivyo biraba kirumara rwose kuruta iyo uwukwumviriza adashoka abona inyishu iyo ari yo. Niwihatire kuvuga nya kibazo mu buryo butuma abantu biyumvira. Yezu ivyo yarabigize. Igihe Abafarizayo bamwegera mu rusengero hanyuma bakamucaca icese ngo bumve ukuntu atahura Ivyanditswe, Yezu yababajije ati: “Mbe, Kristu mukeka ko ari nde? Ni mwene nde?” Bamwishura bati: “Ni mwene Dawudi.” Maze Yezu abaza ati: “Vyogenda bite se, ko aho Dawudi [yahumekerwa], yise Kristu Umukama?” Maze avuze ivyo, atangura gusubiramwo amajambo yo muri Zaburi 110:1. Abafarizayo baciye banuma. Ariko rero, ishengero ry’abantu ryumviriza Yezu riryohewe.—Mat. 22:41-46, UB.

Iyo uri mu busuku bwo mu ndimiro, woshobora gukoresha ibibazo vy’intangamarara mwene ibi: “Wewe nanje turafise amazina. None Imana yoba ifise izina ryayo? Turashobora kuronka inyishu muri Yesaya 12:2.” “Hoba hazokwigera haba intwaro imwe iganza abantu bose? Raba ukuntu ivyo vyishurwa muri Daniyeli 2:44.” “Bibiliya yoba vy’ukuri ivuga ivy’ukuntu ibintu vyifashe muri iki gihe? Gereranya ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-5 n’ibintu ukunze kubona.” “Mbega amarushwa n’urupfu vyoba bizokwigera bihera? Inyishu Bibiliya itanga turashobora kuyisanga mu Vyahishuriwe 21:4, 5.”

Mu nsiguro, ukoresheje ibibazo witonze kugira ngo winjize ivyanditswe, urashobora gutuma abakwumviriza bihweza mu bundi buryo bushasha ivyanditswe, na birya bamenyereye gusoma. Ariko boba bazobigira? Ivyo bishobora kuvana n’uko ibibazo uvyura vyoba canke bitoba ari ibibaraje ishinga. N’iyo nya kintu coba ari igishimishije ku bumviriza, imizirikanyi yabo ishobora gutakara igihe uriko urasoma nya vyanditswe baba bamaze kwumva kenshi. Kugira ngo ivyo ubikinge ntibishike, birakenewe ko uzirikana ico kintu bimwe bihagije, kugira ngo insiguro ushikiriza ibe iyikwegera.

Nuvuge Ingorane Kanaka. Ushobora kuvuga ingorane kanaka hanyuma ugaca werekana icanditswe gifise ico kiyivugako. Ntutume abumviriza bitega ibirenze ivyo baja kuronka. Kenshi icanditswe usanga gitanga igice c’inyishu gusa. Ariko rero, igihe ugisoma, woshobora gusaba abumviriza kurimbura ubuyobozi gitanga bwotuma bamenya uko bifata muri iyo ngorane.

Mu buryo nk’ubwo nyene, woshobora kuvuga ingingo ngenderwako igenga ukwigenza nk’uko Imana ishaka, hanyuma ugaca ukoresha inkuru yo muri Bibiliya kugira ngo werekane ubukerebutsi buri mu kuyikurikiza. Iyo icanditswe kinaka kirimwo ibintu bibiri (canke kumbure birenga) bitomoye kandi bijanye n’ikintu kiriko kirihwezwa, abashikirizansiguro bamwebamwe barasaba abumviriza gukurikira ngo babibone. Mu gihe ingorane ibonetse nk’iyigoye birenze urugero ku bumviriza, urashobora kubavyurira iciyumviro mu kubaza ibibazo nka bingahe bashobora kwibaza, ugaca ureka nya canditswe hamwe n’isigurwa ryaco bigatanga inyishu.

Koresha Bibiliya nka yo Buyobozi Twisunga. Nimba umaze kubavyurira ugushimishwa n’ikiganiro cawe, ukaba kandi umaze gushikiriza iciyumviro kimwe canke bibiri ku muce kanaka w’ikibazo, ushobora kwinjiza icanditswe mu kuvuga gusa uti: “Raba ico Ijambo ry’Imana rivuga kuri iyo ngingo.” Ivyo birerekana igituma ayo mayagwa ugiye gusoma ari ayo kwizigirwa.

Yehova yarakoresheje abantu nka Yohani, Luka, Paulo na Petero, kugira bandike ibihimba vya Bibiliya. Mugabo bari abanditsi gusa; Yehova ni we Nkomoko yavyo. Canecane igihe ubwira abantu batari abatohoji b’Ivyanditswe Vyeranda, kwinjiza icanditswe mu kuvuga uti “Petero yanditse ati,” canke uti “Paulo yavuze ati,” vyoshobora kutagira ubukomezi cokimwe n’ugutangura uvuga yuko ico gisomwa ari ijambo ry’Imana. Birahambaye kuba rimwe na rimwe Yehova yabwiye Yeremiya gutangura ubutumwa bwiwe mu kuvuga ati: “Ni mwumve ijambo ry[a Yehova].” (Yer. 7:2; 17:20; 19:3; 22:2) Twaba dukoresha izina rya Yehova canke tutarikoresha mu kwinjiza ivyanditswe, imbere yo gusozera ikiganiro dushikiriza dukwiye kwihatira gushira ahabona yuko ibiri muri Bibiliya ari ijambo ryiwe.

Nurimbure Ibikikije nya Canditswe. Ukwiye kumenya ibikikije icanditswe kinaka igihe uhitamwo ukuntu ucinjiza. Hamwehamwe, uravuga buno nyene ibigikikije; ariko rero ibigikikije bishobora kugira ico bihinduye mu bundi buryo ku vyo uvuga. Nk’akarorero, mbega uburyo wotangura kuvuga amajambo ya Yobu wa mugabo yatinya Imana, ni bwo buryo nyene wotanguramwo amajambo yavuzwe n’umwe mu baje kumwirura b’ikinyoma? Igitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa canditswe na Luka, mugabo mu majambo yasubiyemwo harimwo aya Yakobo, Petero, Paulo, Filipo, Sitefano, n’abamarayika, tutibagiye Gamaliyeli be n’abandi Bayuda batari Abakirisu. None igisomwa usubiyemwo ucitirira nde? Niwibuke nk’akarorero yuko amazaburi yose atahinguwe na Dawidi, eka n’igitabu c’Imigani cose nticanditswe na Salomo. Ni ngirakamaro kandi kumenya uwo umwanditsi wa Bibiliya yariko arabwira, be n’ikibazo cariko kirihwezwa.

Nukoreshe Amakuru ya Kahise. Ivyo biraba kirumara canecane mu gihe ushobora kwerekana yuko uko ibintu vyari vyifashe igihe inkuru ya Bibiliya yandikwa vyasa n’ivyo uriko uravuga. Mu bindi bihe, amakuru ya kahise arakenerwa kugira ngo abantu batahure igisomwa kinaka. Nk’akarorero, dufate ko woba ugomba gukoresha Abaheburayo 9:12, 24 mu nsiguro ivuga ivy’incungu. Woshobora gusanga bikenewe ko imbere yo gusoma ico canditswe utanguza insobanuro nkeya zerekeye ahera cane ho mw’ihema rya kera, ico canditswe kikaba kigereranya ikibanza Yezu yinjiyemwo igihe yaduga mw’ijuru. Mugabo ntushiremwo amakuru menshi ya kahise gushika aho azimanganya igisomwa uriko urinjiza.

Kugira ngo uryohore uburyo winjiza ivyanditswe, niwihweze uko abashikirizansiguro babimenyereye bagira. Raba uburyo butandukanye bakoresha. Niwihweze ingene bererwa mu gukoresha ubwo buryo. Mu gutegura insiguro uzoshikiriza, nugenekereze ivyanditswe nyamukuru ivyo ari vyo, hanyuma uzirikane bimwe bidasanzwe ico icanditswe kimwekimwe cose gikwiye gushikako. Nuteganye uvyitondeye intangamarara ugirira kimwekimwe cose, kugira nicakoreshwa kizogire ingaruka nziza ishoboka. Mu nyuma, uraza uragirira gutyo ivyanditswe vyose ukoresha. Uko uwo muce w’insiguro yawe ugenda uratungana, uzoza urarushiriza kwitwararika Ijambo ry’Imana.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Igihe utora uburyo bwo gutuma abantu bashimishwa, nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi, be n’ico bibaza kuri ico kintu.

  • Nurabe neza yuko uzi ico icanditswe cose kibwirizwa gushikako, hanyuma ubigaragaze mu majambo ukoresha y’intangamarara.

UMWIMENYEREZO: Nutore icanditswe wibaza ko ushobora gukoresha kikagira ico kimara mu cibare wakebewe. Nuteganye (1) ikibazo canke ingorane uza kuvuga kugira ngo utume umunyamuhana arindirana igishika ivyo ugiye kumubwira, hamwe (2) n’ukuntu uza gushimika ku mvo ufise ituma usoma nya canditswe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika