ICIGWA CA 25
Gukoresha Urucacagu
ABANTU benshi iyo bumvise ko bazovuga bakoresheje urucacagu birabanka mu nda. Bumva ko borushiriza gutekanirwa ivyo baza kuvuga vyose bibaye biri ku rupapuro canke babifashe ku mutwe.
Yamara mu vy’ukuri, imisi yose twese turavuga ataho turinze kubisoma. Ivyo turabigira mu kuyaga n’abo mu rugo canke abagenzi. Turabigira igihe tugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Vyongeye turabigira igihe dutura amasengesho avuye ku mutima, twaba turi twenyene canke igihe tuyatura duserukiye umugwi w’abantu.
Igihe ushikiriza insiguro, mbega hoba hari itandukaniro hagati yo kuyishikiriza ijambo ku rindi no kuyishikiriza ufashijwe n’urucacagu? Naho kuvuga usoma ku rukaratasi yanditsweko bishobora gufasha kugira umuntu avuge vyo kandi akoreshe amajambo atoranije neza, bishikira imitima buhoro. Igihe usoma amungane atari make, mu bisanzwe uzoyasoma ukoresheje ingendo n’ijwi bitandukanye n’ukuntu uhora uvuga amajambo yizana, nk’uwuyaga. Igihe ivyiyumviro vyawe ubiherereza canecane ku rukaratasi kuruta ukubiherereza ku bakwumviriza, abenshi bashobora kudatega yompi nk’uko bobigira igihe biyumvamwo ko uriko urabazirikana koko ndetse ugahuza amayagwa yawe n’uko ivyabo vyifashe. Ku nsiguro ivyurira ingiro abantu vy’ukuri, kuyishikiriza ataho ubisoma ni co kintu kibereye rwose kuruta.
Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rigenewe kudufasha mu buzima bwa misi yose. Iyo duhuye n’abagenzi, ntiduca dusokorora agakaratasi hanyuma ngo tubasomere ivyiyumviro vyacu kugira ngo bibe ibivugitse neza. Mu murimo wo mu ndimiro, ntitugenda twitwaje insiguro yanditse ijambo ku rindi tuja gusoma, dutinya yuko twohava tugira ivyiyumviro twibagira twashaka kubwira abantu. Igihe ugira umwerekano mw’ishure w’ukuntu woshinga intahe igihe ibintu vyifashe mwene ukwo, niwimenyereze kuvuga mu buryo busanzwe, uko bishoboka kwose. Uteguye neza, uzosanga urucacagu, rwaba urwo ku mutwe canke urwo ku rukaratasi, ari rwo mu bisanzwe ruhagije kugira ngo ruze rurakwibutsa ivyiyumviro nyamukuru ushaka gushikiriza. Ariko none ushobora gute gutsimbataza umwizero ukenewe kugira ngo urukoreshe?
Tondeka Ivyiyumviro Vyawe. Kugira ngo ukoreshe urucacagu igihe uriko uravuga, urakeneye gutondeka ivyiyumviro vyawe. Ivyo ntibisobanura yuko urobanura amajambo utegekanya gukoresha. Bisigura gusa ko wiyumvira imbere y’uko uvuga.
Mu buzima bwa misi yose, umuntu w’inkwakwa ashobora gusanga avuze ibintu mu nyuma akicuza ico yabivugiye. Uwundi muntu ashobora kuvuga atagira iyo aja n’iyo ava, ajuragirika ata iciyumviro atora ikindi. Izo mpengamiro zompi zirashobora kuva mu nzira mu kuruhuka hanyuma ukiyumvira urucacagu rworoshe rw’ivy’iyumviro imbere yo gutangura kuvuga. Banza ushire neza mu bwenge intumbero ufise. Nuce urobanura intambwe ukeneye gutera kugira ngo ushikire iyo ntumbero, hanyuma uce utangura kuvuga.
Woba uriko witegurira kuja mu ndimiro? Fata umwanya, atari gusa uwo gutekera isakoshi yawe ujana mu ndimiro, ahubwo kandi wo gutondeka ivyiyumviro. Nimba uhisemwo gukoresha bumwe mu buryo bwo gushikiriza inkuru nziza buri mu Gikorwa Dukorera Ubwami, nubusome incuro nka zingahe kugira ngo ivyiyumviro nyamukuru birimwo bigutomokere neza. Nuvuge iciyumviro nyamukuru kiri mu ryungane rimwe canke abiri magufimagufi. Nuhuze uburyo kivuga na kamere yawe bwite be n’ukuntu ibintu vyifashe mu cibare ukoreramwo. Uzosanga bifasha kugira urucacagu mu bwenge. Muri ivyo hoshobora kujamwo n’iki? (1) Mu ntangamarara, woshobora gushiramwo ikintu kiraje ishinga abantu bo mu kibano iwanyu. Nusabe nya muntu agire ico abivuzeko. (2) Nushire mu muzirikanyi ikintu kirashe woshobora kumubwira kuri ico kibazo, ushizemwo icanditswe kimwe canke bibiri vyerekana ico Imana yasezeranye gukora kugira ngo itabare abantu. Nimba ubironkeye akaryo, nushimike ku vy’uko Yehova ivyo azobigira akoresheje Ubwami bwiwe, ya ntwaro yiwe yo mw’ijuru. (3) Nuremeshe nya muntu agire ico akoze ku vyo muhejeje kuganira. Ushobora kumushikiriza igisohokayandikiro hanyuma/canke ukamusaba ko mwogira inyigisho ya Bibiliya, kandi mugahana isango ritomoye ryo kuzobandanya ico kiganiro.
Urucacagu rwonyene kumbure uzokenera ku bw’ico kiyago, ni urwo wateguye mu bwenge. Nimba ushaka gutereza akajisho ku rucacagu rwanditswe imbere yuko ugendera umuntu ari bwo bwa mbere, ruzoba kumbure rurimwo utujambo dukeyi gusa two gukoresha mu ntangamarara, icanditswe kimwe canke bibiri wanditse muri make, hamwe n’akajambo kagufi ushaka kuvuga mu gusozera. Ukwitegura hamwe n’ugukoresha mwene urwo rucacagu biradukingira kujarajara, bikadufasha gusigira nya muntu ubutumwa butomoye kandi bworoshe kwibuka.
Nimba abantu bo mu cibare wamamazamwo bakunda kuvuga amajambo yo kwanka canke hakaba hakunda kuvyuka ibibazo, ushobora gusanga wofashwa no kugira ubushakashatsi kuri ico kibazo. Mu bisanzwe, ikintu gusa ukeneye ni ivyiyumviro bibiri canke bitatu vy’ishimikiro hamwe n’ivyanditswe nya vyiyumviro bishimikiyeko. Agahimba kavuga ngo “Sujets de conversation bibliques” canke imitwe mitomito yo mu ndome zivyibushe iri mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, canke agatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya vyoshobora kuguha urucacagu nyene ukeneye. Hari aho wosanga ahandi hantu amajambo yavuzwe meza woshima gushiramwo. Nugire urucacagu rugufi ku rukaratasi ushiremwo n’ayo majambo yavuzwe, hanyuma ivyo ubigumize hamwe n’ibikoresho vyawe ujana mu ndimiro. Igihe umuntu muganira avyuye ikibazo canke akavuga amajambo yo kwanka, numumenyeshe yuko ushima ko yoguha akaryo ugatanga imvo z’ivyo wemera. (1 Pet. 3:15) Nukoreshe nya rucacagu bwa shimikiro ry’inyishu utanga.
Igihe ugiye guserukira mw’isengesho umuryango wawe, umugwi wanyu w’inyigisho y’igitabu canke ishengero, na ho nyene ni ngirakamaro yuko utondeka ivyiyumviro vyawe. Dukurikije Luka 11:2-4, Yezu yahaye abigishwa biwe urucacagu rworoheje rw’isengesho riri n’ico rivuze. Igihe co kwinjira urusengero rw’i Yeruzalemu, Salomo yarasenze umwanya utari muto. Biboneka yuko yabanje kwiyumvira iryo sengesho imbere y’igihe. Ubwa mbere yashimikiye kuri Yehova no ku muhango yahaye Dawidi; akurikizako urusengero; maze yaciye ashimika ku nyifato z’ibintu zitandukanye no ku migwi y’abantu itandukanye, kimwekimwe ukwaco. (1 Abam. 8:22-53) Turashobora kwungukira kuri utwo turorero.
Nugume Woroheje Urucacagu rw’Insiguro Yawe. Urucacagu rwawe rwoba rugenewe gukoreshwa mu gutanga insiguro? Mbega rukwiye kujamwo ibingana iki?
Uribuka yuko urucacagu rugenewe kugufasha kwibuka ivyiyumviro. Ushobora kwiyumvira yuko vyoba ngirakamaro wanditse amungane makeyi kugira ngo uze kuyakoresha bwa ntangamarara. Mugabo inyuma y’ivyo, nushimike ku vyiyumviro, ntushimike ku majambo. Mu gihe ushize ivyo vyiyumviro mu nyandiko mu buryo bw’amungane, vyoba vyiza ukoresheje amungane magufimagufi. Zirya ngingo nkurunkuru nkeyi utegekanya gushikiriza zikwiye kwibonekeza bimwe bitomoye mu rucacagu rwawe. Ivyo ushobora kubishikako mu kuzandika mu ndome nkurunkuru, mu kuzicako akarongo, canke ukazishirako akamenyetso k’irindi bara. Munsi y’ingingo nkuru yose, nutondeke ivyiyumviro ushaka gukoresha igihe uriko urayishikiriza. Shiramwo ivyanditswe utegekanya gusoma. Usanga birushiriza kuba vyiza usomye nya gusoma muri Bibiliya. Nufate nka nkama ibigereranirizo ushaka gukoresha. Hari naho woba ufise amajambo abereye wosubiramwo yavuzwe n’abantu bo mw’isi. Niwandike utuntu dukwiye kugira ngo uronke amakuru y’imvaho ushikiriza. Urucacagu ruzorushiriza kworoha gukoresha igihe ibirurimwo bitondetse neza.
Bamwebamwe bakoresha incacagu zirimwo utuntu dukeyi gusa tw’ishimikiro. Urucacagu rushobora kuba rugizwe n’amajambo nyamukuru makeyi, utujambo dukeyi tw’ivyanditswe umushikirizansiguro azoshikiriza ku mutwe, hamwe n’amashusho canke amafoto bimufasha kwibuka ivyiyumviro. Akoresheje utwo tuntu dukeyi yanditse, umushikirizansiguro arashobora gushikiriza amayagwa yiwe mu rutonde rwumvikana kandi akavuga nk’uwuyaga. Iyo ni yo ntumbero y’iki cigwa.
Ku rupapuro rwa 39 gushika ku rwa 42 muri iki gitabu, uhasanga ikiganiro c’umutwe uvuga ngo “Kugira Urucacagu.” Bizogufasha cane usomye arya mayagwa igihe uzoba uriko ukorera kuri iki cigwa kivuga ngo “Gukoresha Urucacagu.”
Uburyo bwo Gukoresha Urucacagu. Ariko rero, gushika ngaha intumbero yawe si ugutegura gusa insiguro yawe mu buryo bw’urucacagu. Ni ugukoresha neza urucacagu.
Intambwe ya mbere yo mu vyerekeye ugukoresha urucacagu ni ukwitegurira gushikiriza insiguro. Raba umutwe-shimikiro, soma ingingo nkurunkuru, hanyuma wibwire isano imwimwe muri izo ngingo nkurunkuru ifitaniye n’umutwe-shimikiro. Nufate nka nkama umwanya ushobora guhabwa ingingo imwimwe yose. Ubu na ho, subira inyuma hanyuma utohoze ingingo nkuru ya mbere. Subiramwo ivyiyumviro bishikirizwa, ivyanditswe, ibigereranirizo hamwe n’uturorero uteganya gukoresha mu gushikiriza iyo ngingo. Nuheture amayagwa incuro nka zingahe gushika ico gihimba c’insiguro yawe kigutomokere mu muzirikanyi. Nubigenze gutyo kuri imwimwe mu zindi ngingo nkurunkuru. Raba ivyo wokuramwo nimba ari nkenerwa, kugira ngo uze guheza ku gihe. Nuce usubiramwo insiguro yose. Shimika ku vyiyumviro, ntushimike ku majambo. Ntufate ku mutwe iyo nsiguro.
Igihe ushikiriza iyo nsiguro, ukwiye gushobora kuguma ubonana n’abakwumviriza. Uhejeje gusoma icanditswe, ukwiye mu bisanzwe gushobora kuzirikana hamwe na bo kuri co ukoresheje Bibiliya yawe, mugabo udasubira inyuma kuraba ku two wanditse. Muri ubwo buryo, nimba ukoresheje ikigereranirizo, nukivuge nka kurya wokibwira abagenzi aho kucigana ugisoma ku two wanditse. Uko uvuga, ntuze uraraba ku two wanditse kugira ngo uhakure iryungane rimwerimwe ryose uvuga. Nuvuge ubikuye ku mutima, ni ho uzoshikira imitima y’abakwumviriza.
Igihe umaze kwifatira mu minwe ubuhinga bwo kuvuga ukoresheje urucacagu, uzoba umaze gutera intambwe ihambaye mu vyo gucika umushikirizansiguro w’icese.