Ikigabane ca 3
Uwaremye ibintu vyose
Ni nde yaremye ibintu vyose biriho?
NDAZI ikintu gitangaje cane. Urashaka kumenya ico ari co?— Irabe mu minwe. Gonda intoke. Ubu na ho tora ikintu. Iminwe yawe ishobora gukora ibintu vyinshi, kandi ikabikora neza. Woba uzi uwaremye iminwe yacu?—
Uwayiremye, ni we nyene yaremye umunwa wacu, izuru ryacu n’amaso yacu. Ni Imana, Se wa wa Mwigisha Ahambaye. Ntiduhimbawe none kubona Imana yaraduhaye amaso?— Turashobora kubona ibintu vyinshi dukoresheje amaso. Turashobora kuraba amashurwe. Turashobora kuraba ivyatsi bitoto n’ijuru risa n’ubururu. Turashobora no kubona utunyoni dutoduto dushonje, nk’utwo ubona kuri iyo shusho. Vy’ukuri, biratangaje kuba dushobora kubona ibintu nk’ivyo, si ko none?—
Ariko none, ni nde yaremye ivyo bintu? Hoba hari umuntu nkatwe yabiremye? Oya. Abantu barashobora kwubaka inzu. Mugabo nta muntu ashobora guhingura ivyatsi bimera. Abantu ntibashobora kurema akana k’inyoni, ishurwe, canke ikindi kintu gifise ubuzima. Ivyo wari ubizi?—
Imana ni yo yaremye ivyo bintu vyose. Imana yararemye ijuru n’isi. Yararemye n’abantu. Ni yo yaremye umugabo n’umugore ba mbere. Yezu wa Mwigisha Ahambaye, ni we yavyigishije.—Matayo 19:4-6.
Yezu yamenye gute yuko Imana yaremye umugabo n’umugore? Yezu yoba yarabona igihe Imana yabarema?— Egome, yarabona. Yezu yari kumwe n’Imana igihe Imana yarema umugabo n’umugore. Yezu ni we muntu wa mbere Imana yabanje kurema. Yezu yari umumarayika, akaba yaba mw’ijuru ari kumwe na Se.
Bibiliya itubwira yuko Imana yavuze iti: “Tureme umuntu” (Itanguriro 1:26). Woba uzi uwo Imana yariko irabwira?— Yariko ibwira Umwana wayo. Yariko ibwira uwahavuye aza kw’isi mu nyuma, akaba Yezu.
Ivyo none ntibiteye akanyamuneza? Iyumvire gatoyi! Igihe dutega amatwi Yezu, tuba turiko turigishwa n’uwari kumwe n’Imana igihe Imana yarema isi be n’ibindi bintu vyose. Yezu yaramenye ibintu vyinshi igihe yakorana na Se mw’ijuru. Ntibitangaje rero kubona Yezu ari we Mwigisha Ahambaye!
Woba wiyumvira yuko Imana yababazwa n’uko yibana yonyene imbere y’uko irema Umwana wayo?— Oya ntivyayibabaza. None nimba bitayibabaza, ni kubera iki yaremye ibindi bintu bifise ubuzima?— Yabiremye kubera ko ari Imana y’urukundo. Yashaka ko abandi babaho kandi bakaryoherwa n’ubuzima. Turakwiye gushimira Imana kubona yaraduhaye ubuzima.
Ibintu vyose Imana yagize birerekana urukundo rwayo. Imana yararemye izuba. Izuba riraduha umuco kandi tukaguma dususurutse. Iyaba ata zuba ririho, ibintu vyose vyobaye bikanye, kandi ntihobaye ubuzima kw’isi. Wewe ntunezerewe none kubona Imana yararemye izuba?—
Imana iratuma kandi imvura igwa. Rimwe na rimwe hari aho utokunda imvura kubera udashobora kuja hanze gukina iyo iriko iragwa. Mugabo imvura irafasha amashurwe gukura. None nitwabona amashurwe ateye igomwe, tuzoshimira nde yayaremye?— Tuzoshimira Imana. Canke, ni nde dukwiye gushimira igihe turiye ivyamwa biryoshe?— Dukwiye gushimira Imana kubera ko izuba be n’imvura vyayo ari vyo bituma ibintu bikura.
Dufate ko hari umuntu akubajije ati: ‘None Imana ni na yo yaremye ibikoko n’abantu?’. Wokwishura iki?— Woba wishuye neza uvuze uti: “Egome, Imana ni yo yaremye abantu n’ibikoko”. None wobigenza gute hoho mu gihe umuntu atemera yuko Imana ari yo vy’ukuri yaremye abantu? Bite hoho hamwe yovuga yuko umuntu yavuye mu bikoko? Urumva, Bibiliya ivyo nta vyo yigisha. Ivuga yuko Imana ari yo yaremye ibintu vyose bifise ubuzima.—Itanguriro 1:26-31.
Kubera ko inzu yubakwa n’umuntu, ni nde yaremye amashurwe, ibiti n’ibikoko?
Mugabo umuntu yoshobora kukubwira yuko atemera Imana. None uzoca uvuga iki?— Woshobora kumwereka inzu. Mubaze uti: “Ni nde yubatse iyo nzu?” Nta n’umwe atazi ko ari umuntu yayubatse. Birumvikana ko inzu atari yo yiyubatse.—Abaheburayo 3:4.
Ca ugenda umwereke ishurwe. Mubaze uti: “Ni nde yariremye?” Nta muntu nkatwe yariremye ariho. Kandi nka kurya nyene inzu itiyubatse, ni ko n’iri shurwe ritikoze. Hariho uwarikoze. Ni Imana.
Saba uwo muntu yumvirize ingene inyoni ziririmba. Ca umubaza uti: “Ni nde yaremye izo nyoni akazigisha kuririmba?” Ni Imana yaziremye. Imana ni yo yaremye ijuru n’isi hamwe n’ibintu vyose biriho! Ni yo itanga ubuzima.
Yamara, umuntu yoshobora kuvuga yuko yemera gusa ibintu ashobora kubona. Ashobora kuvuga ati: ‘Ico ntabona, sindacemera’. Usanga rero abantu bavuga yuko batemera Imana kubera ko badashobora kuyibona.
Ni vyo, ntidushobora kubona Imana. Bibiliya ivuga iti: ‘Nta muntu ashobora kubona Imana’. Nta mugabo, nta mugore canke umwana kw’isi ashobora kubona Imana. Urumva rero ko ata n’umwe akwiye kugerageza gushushanya Imana, canke gukora isanamu y’Imana. Imana mbere itubwira ngo ntiduhingure igishusho cayo. Ntivyohimbara Imana rero dutunze ibintu nk’ivyo mu nzu iwacu.—Kuvayo 20:4, 5; 33:20; Yohana 1:18.
Mugabo nimba udashobora kubona Imana, none ushobora kumenya gute ko Imana ibaho koko? Iyumvire. Mbega woshobora kubona umuyaga?— Oyaye. Nta n’umwe ashobora kubona umuyaga. Mugabo, urashobora kubona ibintu umuyaga ukora. Urashobora kubona amababi ahungabana igihe umuyaga uriko urahuhuta mu mashami y’igiti. Uremera rero yuko umuyaga uriho.
Umenya gute yuko umuyaga uriho?
N’ibintu Imana yakoze urashobora kubibona. Igihe ubonye ishurwe canke inyoni, uba ubonye ikintu Imana yaremye. Uremera rero yuko Imana iriho koko.
Umuntu yoshobora kukubaza ati: ‘Ni nde yaremye izuba n’isi?’. Bibiliya ivuga iti: ‘Ubwa mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi’ (Itanguriro 1:1). Egome, Imana ni yo yaremye ivyo bintu vyose bitangaje! Wewe uvyumva gute?—
None kubaho ntibiryoshe? Turashobora kwumva uturirimbo turyoshe tw’inyoni. Turashobora kubona amashurwe be n’ibindi bintu Imana yaremye. Turashobora no gufungura ivyo kurya Imana yaduhaye.
Ku bw’ivyo bintu vyose, turakwiye gushimira Imana. Ikiruta vyose, turakwiye kuyishimira kubera ko yaduhaye ubuzima. Nimba dushimira Imana vy’ukuri, tuzogira ico dukoze. Uti ico kintu ni igiki?— Tuzotega amatwi Imana, twongere dukore ivyo itubwira muri Bibiliya. Muri ubwo buryo, turashobora kwerekana yuko dukunda Umwe yaremye ibintu vyose.
Turakwiye kwerekana ko dushimira Imana ku bw’ibintu vyose yagize. Uti gute? Soma ibiri muri Zaburi 139:14; Yohana 4:23, 24; 1 Yohana 5:21; no mu Vyahishuriwe 4:11.