Ururirimbo 98
Tubibe imbuto z’Ubwami
Integuro icapuwe
	1. Ingo bashumba ba Yehova,
Mwebwe mwamwiyeguriye.
Ngo mukorere Databuja.
Gire nk’uko yababwiye.
Mubiba kwa kuri mu mitima
Imeze nk’ivu rimera.
Mugumye mukora mudahemuka
Muzokumva bibanezera.
2. Muri nya mbuto har’izigwa
Ku mitima y’urutare.
Naho vyoshika zikamera,
Nta kintu ziri bumare.
Har’izinyohwa kuber’umwina,
Ku bwo gukund’ivyo mw’isi.
Hari n’izigwa mw’ivu ryiza maze
Zikama vyiza kandi vyinshi.
3. Kuroranirwa mu vy’ukora
Kenshi vyovana na wewe.
Wihangany’ugakund’abantu,
Bokwumva bakwegerewe.
Ubafashije guher’ubwoba,
Boshobora gutekana.
Uzoryoherwa no kwimbur’incuro
Mirongw’itatu cank’ijana.
(Raba kandi Mat. 13:19-23; 22:37.)