ICIGWA CA 21
Igihano kigira cumi
Musa yaremereye Farawo ko atazosubira kugaruka imbere yiwe. Ariko imbere y’uko agenda, yabwiye Farawo ati: ‘Uyu musi mw’ijoro, abana bose b’imfura bo mu Misiri, kuva ku muhungu wawe gushika ku bahungu b’abashumba, baraza gupfa.’
Yehova yabwiye Abisirayeli ngo bategure imfungurwa zidasanzwe. Yababwiye ati: ‘Nimubage isuguru y’intama canke y’impene imaze umwaka, musige amaraso yayo ku bishimaryango vy’amazu yanyu. Mwotse inyama zayo, maze muzikoze umukate utagira umwambiro. Mwambare impuzu n’ibirato, mwitegurire kugenda. Muri iri joro ndabakura mu Misiri.’ Iyumvire ingene Abisirayeli baryohewe!
Nka sasita z’ijoro, umumarayika wa Yehova yaraciye ku mazu yose yo mu Misiri. Abana b’imfura bari mu mazu atariko amaraso ku bishimaryango barapfuye. Ariko nya mumarayika yararengana amazu yari asizeko amaraso. Imiryango y’Abanyamisiri yose, iy’abatunzi n’iy’abakene, yarabuze umwana. Ariko mu Bisirayeli nta mwana n’umwe yapfuye.
N’umuhungu wa Farawo yarapfuye. Farawo ntiyari agishobora kuvyihanganira. Ubwo nyene yaciye abwira Musa na Aroni ati: ‘Nimugende muve ng’aha. Nimuje gusenga Imana yanyu. Tora ibitungwa vyanyu mugende!’
Ukwezi kwariko kuraka igihe Abisirayeli bava mu Misiri. Bagenda bisunze imiryango bakomokamwo. Abo Bisirayeli bari bagizwe n’abagabo 600.000 hamwe n’abagore n’abana benshi. Hari n’abandi bantu benshi bajanye na bo kugira basenge Yehova. Abisirayeli bari bagiye bava mu buja!
Kugira bibuke ukuntu Yehova yabakuye mu buja, buri mwaka bogiye barategura izo mfungurwa zidasanzwe. Izo mfungurwa zitwa Pasika.
«Iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose.»—Abaroma 9:17