ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 8
  • Kwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwihangana
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Kwitwararika abandi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Kwumirako
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 8

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

Yezu aja kuraba mwenewabo Yakobo aho akorera ivyo kubaza. Yakobo aratangara amubonye.

Yoh. 7:​3-5; 1 Kor. 15:​3, 4, 7

ICIGWA CA 8

Kwihangana

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo rurihangana.»—1 Kor. 13:4.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu aja kuraba mwenewabo Yakobo aho akorera ivyo kubaza. Yakobo aratangara amubonye.

IVIDEWO: Yezu afasha mwenewabo abigiranye ukwihangana

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 7:​3-5 na 1 Abakorinto 15:​3, 4, 7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Mu ntango, benewabo na Yezu bakiriye gute ubutumwa yashikiriza?

  2. Ni igiki cerekana ko Yezu ataciye aheba gufasha mwenewabo Yakobo?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye kwihangana kubera ko abantu bamwebamwe bisaba igihe kinini gusumba abandi kugira bemere inkuru nziza.

Niwigane Yezu

3. Nugerageze uburyo butandukanye. Umuntu adashotse yemera kwiga Bibiliya, ntumugobere. Akaryo keza kabonetse, nukoreshe amavidewo canke ibiganiro mu kumufasha gutahura ukuntu twigisha abantu Bibiliya n’akamaro vyomugirira.

4. Ntugereranye umuntu n’uwundi. Nta muntu asa n’uwundi. Bishitse umwe mu bagize umuryango canke uwo usubiye kugendera akagonanwa kwiga Bibiliya canke kwemera inyigisho kanaka yo muri Bibiliya, niwiyumvire icoba kibituma. Ubwo ntiyoba akunda cane inyigisho kanaka yo mw’idini arimwo? Ubwo incuti canke ababanyi ntiboba bariko baramuremera? Numuhe umwanya wo kuzirikana ivyo wamubwiye no kubona agaciro k’ivyo Bibiliya ivuga.

5. Nushire mw’isengesho uwashimishijwe. Nusabe Yehova agufashe kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kwigengesera. Numusabe aguhe ubukerebutsi kugira umenye igihe co guhagarika kugendera umuntu adashimishwa.—1 Kor. 9:26.

NURABE KANDI

Mrk. 4:​26-28; 1 Kor. 3:​5-9; 2 Pet. 3:9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika