ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 7
  • Kwumirako

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwumirako
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Pawulo yakoze
  • Twigira iki kuri Pawulo?
  • Niwigane Pawulo
  • Kwicisha bugufi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Kwitwararika abandi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Kwihangana
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 7

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

Intumwa Pawulo ariko arabwira inkuru nziza umugwi w’abantu mw’ishure.

Ivyak. 19:​8-10

ICIGWA CA 7

Kwumirako

Icanditswe c’ishimikiro: «Babandanya kwigisha no kumenyesha inkuru nziza.»—Ivyakozwe 5:42.

Ivyo Pawulo yakoze

Intumwa Pawulo ariko arabwira inkuru nziza umugwi w’abantu mw’ishure.

IVIDEWO: Pawulo yumirako i Efeso

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 19:​8-10. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Aho guca aheba igihe bamwebamwe bamurwanya, Pawulo yumiyeko gute mu gufasha abari bashimishijwe?

  2. Ni kangahe Pawulo yasubira kuja kwigisha abashimishijwe, kandi yabigize igihe kingana gute?

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Turakeneye gutanga umwanya no kwihata kugira ngo dufashe neza abo twaganiriye, dutanguze n’inyigisho za Bibiliya.

Niwigane Pawulo

3. Nugendere uwo muntu ku mwanya umworohereza. Niwibaze uti: “Vyoba vyiza ndamurondeye ryari? Ni ryari yoronka umwanya ngo tuganire, kandi twoyagira hehe?” Numukurikirane naho uwo umwanya wiwe utoba ukworohereza.

4. Nimuhane isango. Igihe cose muhejeje kuganira, nimuhane isango ry’aho uzogarukira ngo muganire. Niwitwararike kudata isango.

5. Nugumane icizigiro. Ntiwihutire kwibwira ko umuntu aboneka gake muhira canke afatirwa cane yoba adashimishwa. (1 Kor. 13:​4, 7) Ahubwo riho, gerageza kuguma umurondera ariko urabe neza ntukoreshe nabi umwanya wawe.—1 Kor. 9:26.

NURABE KANDI

Ivyak. 10:42; 1 Kor. 9:​22, 23; 2 Kor. 4:1; Gal. 6:9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika