52 MARIKO
«Amfasha mu gikorwa c’Imana»
N’IGIHE Yohani Mariko yari akiri muto yaragaragaje umutima rugabo. Igihe kimwe abantu bitwaje ibirwanisho baraje gufata Yezu Kristu, baramuboha, baramujana. Intumwa ziwe zose zaciye zihunga. Ariko Bibiliya iravuga «umusore umwe» yagize umutima rugabo arakurikira Yezu. Abo bantu baramubonye, bashaka kumufata. Yaciye ata impuzu y’ilino yari yambaye «ahunga ari gusa», ni ukuvuga ari nk’aho ata co yambaye. Injili ya Mariko ni yo yonyene ivuga ico kintu cabaye. Ku bw’ivyo, benshi biyumvira ko uwo musore atavugwa izina yari Mariko nyene.
Mariko yaba i Yeruzalemu, bikaba bishoboka ko yabana na nyina wiwe. Biboneka ko nyina wiwe yari atunze. Inyuma y’urupfu rwa Yezu ishengero ryakoranira mu nzu ya nyina wa Mariko. Ni co gituma igihe umumarayika yakura intumwa Petero mw’ibohero mw’ijoro, Petero yaciye aja kwa nyina wa Mariko. Nta gukeka ko Mariko yari azi intumwa za Yezu hamwe n’abigishwa biwe batari bake. Ashobora kuba yarabigiyeko kamere y’umutima rugabo.
Nko mu 46 inyuma ya Kristu, Barunaba incuti ya Mariko yaraje i Yeruzalemu ari kumwe n’intumwa Pawulo. Barunaba na Pawulo baciye bipfuza kumenyereza Mariko kugira azoze arafasha abavukanyi. Barajanye na we igihe basubira i Antiyokiya. Haheze nk’umwaka, Pawulo na Barunaba barasavye Yohani Mariko ko bojana mu rugendo rw’ubumisiyonari. Yaremeye kujana n’abo bamisiyonari b’abanyamwete kugira aze ‘arabafasha udukorwa.’
Kugira ingendo muri ico gihe ntivyari vyoroshe kandi vyarimwo akaga. Pawulo yahavuye avuga ko igihe yaba ari mu ngendo akenshi yaja «mu kaga k’inzuzi, mu kaga k’abambuzi, . . . mu kaga mu gisagara, mu kaga mu gahinga, mu kaga mu kiyaga.» (2 Kor. 11:26) Mariko yabwirizwa gukora ikintu cose Pawulo na Barunaba baba bamusavye gukora. Yoba yararengewe n’ibikorwa? Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko iratubwira ko igihe Pawulo na Barunaba bari bageze i Pamfiliya, Mariko yabataye asubira iwabo i Yeruzalemu. Biboneka ko ico kintu cababaje abo bagabo babiri, ariko canecane Pawulo.
Haciye igihe, Pawulo na Barunaba barateguye urundi rugendo. Barunaba yaripfuje ko bosubira kujana na Mariko ariko Pawulo yaravyanse. Pawulo ashobora kuba yabonye ko Mariko atari umwizigirwa. Ivyo vyatumye Pawulo na Barunaba «[bashavuranira], barashwana bimwe bikaze.» Barunaba yaciye ajana na Mariko i Shipure, aba ari ho babandaniriza igikorwa co kwamamaza. Pawulo na we yaciye arondera uwundi bajana, baja kwamamaza mu kandi karere.
Ico kintu cabaye gitegerezwa kuba carababaje cane Mariko. Yari yarababaje Pawulo, umuntu yubaha cane, yongera atuma Pawulo na Barunaba bacanamwo kandi bari abagenzi. None ivyo vyoba vyaratumye Mariko ashavurira Pawulo canke acika intege ku buryo adasubira gukorera Yehova? Habe namba!
Mariko yaratakaje agateka kadasanzwe ariko ntiyaciye acika intege
Mariko yarabandanije gufasha abavukanyi. Nko mu 60-61 inyuma ya Kristu, Pawulo yari apfungiwe i Roma. Mw’ikete yanditse, yaravuze ko yari kumwe na Mariko. Yavuze ko Mariko ‘yamuhojeje cane.’ Hagati y’umwaka wa 62 n’uwa 64 inyuma ya Kristu, mw’ikete intumwa Petero yanditse, na we nyene yaravuze Mariko. Biboneka ko Mariko yari yagize urugendo rurerure aja i Babiloni gufasha umutama Petero no kumuremesha. Petero yise Mariko ‘umuhungu wiwe.’ Biboneka ko Mariko yaremesheje cane Petero. Nta gukeka ko iyo ntumwa yiganiye Mariko ibintu vyinshi vyabaye mu myaka yamaranye na Yezu Kristu. Igihe Mariko yandika Injili yiwe, ashobora kuba yari i Roma. Yaravuze ibintu vyinshi Petero yiboneye, bikaba bishoboka ko ari Petero nyene yabimubwiye.
Mariko avugwa ari bwo bwa nyuma muri Bibiliya mw’ikete Pawulo yandikiye Timoteyo. N’ico gihe Pawulo yari mw’ibohero. Yabwiye Timoteyo ngo aze kumuraba azananye na Mariko. Uti kubera iki? Pawulo yavuze ati: «Kuko amfasha mu gikorwa c’Imana.» Timoteyo na Mariko bari bashashaye kuja kuraba Pawulo kugira bamuremeshe imbere y’uko apfa. Naho Mariko yashikiwe n’ingorane zitari nke mu gikorwa yakoreye Yehova, yagumye afasha abavukanyi. Yehova yarakunda cane uwo mugabo w’umutima rugabo.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya
Ikibazo co kuganirako:
Mariko yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni igiki cerekana ko iwabo na Mariko bari batunze? (w10 15/3 6 ing. 6–7 ing. 1)
2. Ni ibiki Mariko ashobora kuba ‘yarafasha’ Barunaba na Pawulo? (Ivyak. 13:5; w10 15/3 7 ing. 5)
3. Ni uturere utuhe Mariko yagendagenzemwo? (w10 15/3 8 ing. 6-8) A
Ifoto A: Ibisagara bimwebimwe Mariko ashobora kuba yaragiyemwo
4. Tanga akarorero kerekana ko bimwe mu vyo Mariko yanditse mu Njili yiwe ashobora kuba yabibwiwe na Petero. (w08 1/2 26 ing. 1)
Rondera ivyigwa wohakura
Nta na hamwe havuga ko Mariko yabaye intumwa canke umuhanuzi. Ariko yarakoreye abandi yicishije bugufi. Tweho twokorera abandi gute?
Vyarashitse Mariko aramara igihe yatakaje agateka ko gukorana na Pawulo, ariko yagumye ari intahemuka. Ni icigwa ikihe twomwigirako bishitse tugatakaza agateka? B
Ifoto B
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Mariko?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Kubera iki ushima kuba Mariko yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Ni ibiki Injili ya Mariko yisangije?
Nukoreshe akarorero ka Mariko mu kwigisha abana bawe akamaro ko kwumirako.