ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/11 rup. 3-5
  • Impumurizo ku Bahahazwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impumurizo ku Bahahazwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwihweji wa Kera w’Ivy’Agahahazo
  • Agahahazo Vuba Kazorangira
  • Nuhumurize abatuntuye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Impumurizo Nyakuri Ishobora Kuva Hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ni nde ashobora gukiza abariko baratakamba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • ‘Duhoze abagandaye bose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/11 rup. 3-5

Impumurizo ku Bahahazwa

WOBA warabonye ko mu gihe cose umaze hariho amajambo yagiye arasubirwamwo mu mitwe y’amakuru? Woba uruhijwe n’ugusoma amajambo nk’intambara, ubukozi bw’ikibi, ikiza, inzara, hamwe n’ubucumukure? Ariko rero, hariho ijambo ryabuze mu makuru bimwe vyibonekeje. Yamara, ni ijambo ryerekana ikintu ubwoko-muntu bukeneye bimwe bibi. Nya jambo ni “impumurizo.”

“Guhumuriza” bisigura “guha inkomezi n’icizigiro,” “kuremurura [umuntu] intuntu canke umudugararo.” N’umuvurungano wose isi imaze gucamwo muri iki kinjana ca 20, icizigiro hamwe no kuremururwa intuntu birakenewe bimwe bibabaje. Ni ko, bamwebamwe muri twebwe muri iki gihe barafise ibihumurizo vy’umubiri gusumba uko basogokuruza bacu boba barigeze kwiyumvira. Ivyo ahanini tubikesha iterambere ry’ivya siyansi. Mugabo siyansi hamwe n’ubuhinga ntivyaduhumurije mu buryo bw’ugukûra ku bwoko-muntu intuma zose z’ubucumukure. Izo ntuma ni nyabaki?

Harashize ibinjana n’ibindi, umugabo munyarwevu Salomo yaravuze intuma nyamukuru y’ubucumukure igihe yagira ati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Siyansi hamwe n’ubuhinga ntivyashoboye guhindura impengamiro umuntu afise y’ugushaka kuganza mugenziwe. Muri iki kinjana ca 20, ivyo vyashikanye ku ntwaro z’agahotoro zihahaza mu bihugu bitari bike hamwe no ku ntambara z’agacavutu hagati y’ibihugu.

Kuva mu 1914, abantu barenga imiliyoni ijana barishwe vyandurutse ku ntambara. Iyumvire isimbwamutima ry’abantu rizanwa n’ico gitigiri—amamiliyoni y’ingo ziriragurika zikeneye guhumurizwa. Vyongeye intambara zirashikana ku bundi bwoko bw’ubucumukure uretse ugupfa nabi. Mu mpera y’indwano ya kabiri y’isi yose, hǎri impunzi zirenga imiliyoni 12 mu Bulaya. Mu myaka ya vuba cane, abarenga umuliyoni umwe n’igice barayanyaze bava mu turere tw’intambara muri Aziya yo mu bumanuko bushira uburasirazuba. Irwanantambara mu bihugu vya Balkans ryaromoye abarenga imiliyoni zibiri, barayanyaga bata izabo—henshi bagahunga ivyitwa “ugutyorora ubwoko.”

Ni ngombwa impunzi zibe zikeneye impumurizo, na canecane abo bomorwa bagakurwa mu zabo ata kindi bafise atari utwo bashoboye guhungana gusa, batazi iyo bari buje canke ico kazoza kababikiye bo hamwe n’ingo zabo. Abantu mwen’abo bari mu ngwampōrero z’agahahazo ziteye ikigongwe rwose birushirije barakeneye impumurizo.

Mu mihingo y’isi ifise agahengwe k’amahoro, amamiliyoni babayeho mu gisa n’ukujakarira urunkwekwe rw’ivy’ubutunzi rw’iyi si. Ni ko, bamwebamwe barafise umukimba w’ibitungano vy’umubiri. Ariko rero, benshi ni abaca ku giti no kw ibuye barondera ikibabeshaho imisi yose. Benshi barondera uburaro bwiza. Ibitigiri biguma vyongerekana ntibagira aho bisumamwo. “Isi,” bibūrwa n’intashankuru yo muri Afirika, “iriko ija ku bukene bw’akazi butari bwigere bubaho, abantu barenga umuliyoni 1, 3 biyongeyeko na bo bakazoba birukanga mu vy’ukurondera akazi mu mwaka w’2020.” Urumva neza ko abahahajwe mu vy’ubutunzi bakeneye “inkomezi n’icizigiro”—impumurizo.

Ku bw’urwo rwifato rw’ibintu ruhebuza, bamwe bahindukirira ivy’ukuba inkozi z’ibibi. Birumvikana, ivyo nta kindi bigira atari ukuzanira amagume abo bihitana, ibitigiri vy’ubukozi bw’ikibi burengeje na vyo bigasongera isibe. Umutwe mukuru umwe w’intashankuru The Star yo muri Johannesburg muri Afirika y’Epfo, usomwa ngo: “Umusi wo mu buzima bw’ ‘igihugu kirushirije kuba kigandaguzi mw isi.’ ” Nya gihimbu cavuga ivy’umusi waranze ibiba i Johannesburg n’imicungararo yaho. Kuri uyo musi umwe, abantu bane baragandaguwe, bandi umunani na bo imiduga yabo irasahagurwa. Hǎratanzwe raporo y’amasenyuranzugi cumi n’indwi mu kigwati kimwe c’ababayabaye. Vyongeye, hǎriho n’igitigiri c’ubwambuzi bw’abitwaza ibirwanisho. Nk’uko iyo ntashankuru yavyerekanye, abapolisi bavuze ko uwo musi wo wari “mitende.” Birumvikana, incuti z’abahitanwa n’ubugandaguzi, abasenyurirwako inzugi hamwe n’abasahurwa imiduga, bariyumvamwo ko bahahajwe bimwe bibabaje. Barakeneye uruhozo n’icizigiro—barakeneye impumurizo.

Mu bihugu bimwebimwe, hariho abavyeyi bagurisha abana babo mu vy’ubumaraya. Mu gihugu kimwe co muri Aziya, aho ingenderakuraba zisendanishiriza ziri ku “matembēra y’ivy’ukwimara inambu y’umubiri,” kivugwa ko gifise imiliyoni zibiri z’abamaraya, benshi muri bo bakaba bǎzanywe canke bǎnyahuwe ari abana. Hoba hariho abanaka bandi bahahajwe gusumba izo ngwampōrero ziteye ikigongwe? Ikinyamakuru Time caravuze ivy’urwo rudandaza rw’ubuyobe, gitanga raporo ku nama yagizwe mu 1991 n’amashirahamwe y’abakenyezi bo muri Aziya yo mu bumanuko bushira uburasirazuba. Aho vyagererejwe ko “imiliyoni 30 z’abagore kw isi yose bari bagurishijwe kuva hagati y’imyaka y’1970.”

Mugabo rero, abana kugirango bakorerwe amabi ntibarinda gusa kugurishwa mu vy’ubumaraya. Hari igitigiri kiguma congerekana c’abagirirwa nabi ku mubiri canke mbere bagasambanywa ku nguvu n’abavyeyi hamwe n’incuti mu mihira yabo bwite. Abana mwen’abo barashobora kugira inkovu zo mu mutima mu gihe kirekire. Ni ivyumvikana neza ko bakeneye impumurizo kubera bacibwako n’agahahazo bimwe biteye umubabaro.

Umwihweji wa Kera w’Ivy’Agahahazo

Umwami Salomo yarababajwe n’ukuntu agahahazo kagirirwa umuntu kangana. Yanditse ati: “Ndasubira nitegereza ivy’agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’eh’amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ububasha bgari ku ruhande rw’ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.”—Umusiguzi 4:1.

Niba uwo Mwami munyarwevu yarabonye ko abahahazwa bafise inkenero yeruye y’umuhumuriji hakaba haciye imyaka 3 000, muri iki gihe ho yovuze iki? Naho ari ukwo, Salomo yari azi ko ata muntu munyamakemwa, na we nyene arimwo, yoshoboye gutanga impumurizo ikenewe n’ubwoko-muntu. Hari hakenewe umuntu ahambaye kuruta yokuraho ububasha bw’abahahaza abandi. Umuntu nk’uwo yoba ariho?

Muri Bibiliya, Zaburi ya 72 iragamba ivyerekeye umuhumuriji ruheta w’abantu bose. Iyo zaburi yanditswe na se wa Salomo, Umwami Dawidi. Akajambo k’umutwe kayo gasomwa ngo: ‘Ibiraba Salomo.’ (NW) Biboneka ko yanditswe n’Umwami Dawidi ageze mu zabukuru ku biraba Uworazwe intebe-bwami yiwe. Uwo, nk’uko nya zaburi ivyerekana, yozanye indemururo ikuraho agahahazo bimwe vyamaho. “Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho. Azoganza uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kiyaga kindi, . . . ugashitsa ku mpera y’isi.”—Zaburi 72:7, 8.

Bisa n’uko igihe Dawidi yandika ayo majambo yariko yiyumvira ivy’umuhungu wiwe Salomo. Mugabo Salomo yarabonye ko vyari birengeye ubushobozi bwiwe gusukurira ubwoko-muntu mu buryo budondowe muri iyo zaburi. Yari gushobora gushitsa nya majambo yo muri iyo zaburi mu buryo ngerezahafi gusa kandi ku neza y’ihanga ry’Abisirayeli, atari ku nyungu y’isi yose. Ni ibidaseswa, iyo zaburi menyeshakazoza yahumetswe n’Imana yadomye urutoke ku munaka ahambaye birushirije agéreranijwe na Salomo. Uwo yari nde? Ntiyobaye uwundi atari Yezu Kirisitu.

Igihe umumarayika yamenyesha ivuka rya Yezu, yavuze ati: “Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi.” (Luka 1:32) Bigeretseko, Yezu yivuze ko ari “ūruta Salomo.” (Luka 11:31) Kuva kw izuka rya Yezu akaja iburyo bw’Imana, yibereye mw ijuru, aho ashobora kurangurira ya majambo ya Zaburi ya 72. Vyongeye kandi yararonse ubushobozi n’ubukuru bivuye ku Mana kugirango avune umugogo w’abahahaji ba kimuntu. (Zaburi 2:7-9; Daniyeli 2:44) Nuko rero, Yezu ni we w’ugushitsa nya majambo ya Zaburi ya 72.

Agahahazo Vuba Kazorangira

None ivyo bisobanura iki? Bisa n’uko umwidegemvyo wo kuva mu bwoko bwose bw’agahahazo ka kimuntu vuba ugiye kuba ikitarumugani. Ubucumukure n’agahahazo bitari bwigere bibaho vyibonewe mu kiringo c’iki kinjana ca 20, vyari vyaravuzwe imbere y’igihe na Yezu ko vyobaye ari igihimba c’ikimenyetso codomye iharama kw ‘iherezo ry’urunkwekwe rw’ibintu.’ (Matayo 24:3) Mu bindi bintu, yavuze imbere y’igihe ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.” (Matayo 24:7) Iyo mboneko y’ikimenyeshakazoza yatanguye ishitswa ryayo nko mu gihe intambara ya mbere y’isi yose yaduka mu 1914. “[Kubera ko] ubugarariji buzogwira,” ni ko Yezu yongeyeko, “urukundo rw’abenshi ruzotimba.” (Matayo 24:12) Ubwankamateka hamwe n’iburarukundo vyimbutse iyaruka ry’inkorakibi kandi ry’irinyagahahazo. Kubera ivyo, igihe ni ngombwa kibe kiri hafi c’aho Yezu Kirisitu ahaguruka mu vyo abantu bagira, nk’Umwami mushasha w’isi. (Matayo 24:32-34) None ivyo bizosigura iki ku bantu bahahajwe bafise ukwizera muri Yezu Kirisitu kandi bamufata nk’Umuhumuriji w’ubwoko-muntu yagennywe n’Imana?

Ku nyishu y’ico kibazo, reka dusome amajambo yongeweko ya Zaburi ya 72, akaba ashitswa muri Kirisitu Yezu: “Kukw azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe.” (Zaburi 72:12-14) Gutyo, Umwami yagennywe n’Imana, Yezu Kirisitu azoraba neza yuko ata n’uwa kirazira yirirwa aracumukura kubera agahahazo. Arafise ubushobozi bwo kurangiza ubwoko bwose bw’akarenganyo.

‘Ivyo ni igitangaza,’ ni ko umuntu yovuga, ‘mugabo ubu ho bite? Ni impumurizo nyabaki iriho kuri abo bacumukura ubu?’ Kukaba nkako, hariho koko impumurizo ku bahahazwa. Ibihimbu bibiri birangiza muri iki kinyamakuru birerekana ingene amamiliyoni bamaze kuba bararonka impumurizo biciye mu gutsimbataza ubucudike bwa somambike bagirana n’Imana y’ukuri Yehova, hamwe n’Umwana mukundwa wayo, Yezu Kirisitu. Ubucudike mwen’ubwo burashobora kuduhumuriza muri ibi bihe vy’agahahazo, kandi bugashobora gushikana umuntu ku buzima budashira butagiramwo agahahazo. Yezu mw izambo yatuye Imana yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.”—Yohana 17:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika