ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/3 rup. 17-22
  • “Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urusengero Rwasubijwe Umutamana
  • Ubuherezi na Kizigenza
  • Ca Gihugu
  • Iryo Yerekwa Ryorangutse ryari?
  • Iryo Yerekwa Ryerekeza Cane Kuri Iki Gihe Cacu
  • “Rwa Rusengero” na “Kizigenza” Muri Iki Gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 2
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Umuhezagiro Yehova Aha “Igihugu” Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ingene Yehova adufasha kurangura igikorwa cacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/3 rup. 17-22

“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!

“Mwana w’umuntu, . . . ushire umutima ku vyo ngira nkwereke vyose; . . . ivyo ubona vyose ubimenyeshe ab’inzu ya Isirayeli.”—EZEKIYELI 40:4.

1. Igisata catoranijwe n’Imana cari kimerewe gute mu 593 B.G.C.?

HARI mu mwaka w’593 B.G.C., umwaka ugira 14 Abisirayeli bari mu bunyagano. Ku Bayuda baba i Babiloni, igihugu cabo c’amavukiro bakunda gitegerezwa kuba casa n’ikiri kure cane koko. Igihe abenshi muri bo baherukira kubona Yeruzalemu, hari mu mbeya z’umuriro, uruzitiro rwaho rukomeye rukaba rwari rwasanganguwe, inyubakwa zaco z’akaroruhore zabaye umusaka. Urusengero rwa Yehova—urwari rwahoze ari ubwiza busharije ico gisagara, ihuriro ry’ivy’ugusenga gutyoroye ry’isi iyo iva ikagera—rwari rusigaye ari ishingwe. Ico gihe Abisirayeli bari bagisigaje igihe kinini mu bunyagano. Imbere y’uko ca gihe co guhabuzwa cari carasezeranywe kigera, hociye imyaka 56.—Yeremiya 29:10.

2. Ni kuki Ezekiyeli ategerezwa kuba yaratuntuye igihe yibuka ivy’urusengero rw’Imana rw’i Yeruzalemu?

2 Bitegerezwa kuba vyarababaje umuhanuzi w’umwizerwa Ezekiyeli kwiyumvira ingene ku birometero amajana urusengero rw’Imana rwari umusaka, ingene hari hacitse ikindiro ry’inyamaswa. (Yeremiya 9:11) Se wiwe bwite Buzi yari yarakoreyeyo ari umuherezi. (Ezekiyeli 1:3) Ezekiyeli yari kuba yaragize ako gateka nyene, ariko yari yarajanywe mu bunyagano mu 617 B.G.C igihe yari akiri muto, ari kumwe n’abakuru b’i Yeruzalemu. Ubu ho Ezekiyeli yari afise imyaka nka 50 y’amavuka, kumbure yari azi ko atosubiye kubona Yeruzalemu canke ngo agire uruhara na rutoyi mu vy’ukwongera kwubaka urusengero rwaho. Niwiyumvire rero, ukuntu bitegerezwa kuba vyari bihambaye kuri Ezekiyeli kwerekwa ivy’urusengero ruriko ubuninahazwa!

3. (a) Ivyo Ezekiyeli yeretswe vy’urusengero vyari bifise iyihe ntumbero? (b) Ni ibintu nyamukuru bine ibihe vyari bigize ibintu vyeretswe?

3 Iryo yerekwa rirerire, iryuzuye ibigabane icenda vy’igitabu ca Ezekiyeli, ryarahaye Abayuda bari mu bunyagano umuhango ukomeza ukwizera. Ugusenga gutyoroye kwosubijwe umutamana! Mu binjana n’ibindi kuva ico gihe, gushika mbere no mu gihe turimwo, iryo yerekwa ryamye ari isoko ry’indemesho ku bakunda Yehova. Uti gute? Reka tubanze twihweze ico iryo yerekwa menyeshakazoza ryasobanura kuri abo Bayuda bari mu bunyagano. Ryari rigizwe n’ibihimba bikurubikuru bine: urusengero, ubuherezi, kizigenza hamwe na nya gihugu.

Urusengero Rwasubijwe Umutamana

4. Ezekiyeli ajanwa he mu ntango z’ukwerekwa kwiwe, akahabona iki, kandi ni nde amutembereza?

4 Ubwa mbere, Ezekiyeli ajanywe ahantu hakirurutse, “ku musozi muremure cane.” Kuri uwo musozi uri amaja mu bumanuko hari urusengero amahero, rumeze nk’igisagara gikikijwe n’ibihome. Umumarayika ‘asa n’icuma c’umujumbu’ atembereje uwo muhanuzi muri iyo nyubakwa yose. (Ezekiyeli 40:2, 3) Uko iryo yerekwa ribandanya, ni ko Ezekiyeli yitegereza uwo mumarayika ariko aragera yitonze amarembo atandatu y’urwo rusengero, agizwe n’abirabiri arabana, dushizemwo n’ivyumba vy’abashibamyi, intangaro, ikirimba, ivyumba vy’uburiro, uruhimbi no mu rusengero hamwe n’Ahera be n’Ahera cane harwo.

5. (a) Yehova yasubirije umutima mu nda Ezekiyeli gute? (b) Ya “mivyimba y’abami babo” yategerezwa gukurwa mu rusengero yari iki, kandi ni kuki ivyo vyari bihambaye?

5 Maze, Yehova ubwiwe araseruka muri iryo yerekwa. Yinjira muri urwo rusengero hanyuma agasubiriza umutima mu nda Ezekiyeli yuko we [Yehova] azorucumbikamwo. Ariko Yehova asaba ko inzu yiwe yohumanurwa, mu kuvuga ati: “Noneho ni bankūre imbere ubgo bumaka bgabo, n’imivyimba y’abami babo, babinshire kure, mbone kuba hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira.” (Ezekiyeli 43:2-4, 7, 9) Bigaragara ko iyo “mivyimba y’abami babo” yerekeza ku bigirwamana. Abategetsi b’abagarariji ba Yeruzalemu be n’abanyagihugu barahumanishije urusengero rw’Imana ibigirwamana, kandi nkako barihinguriye abami babo. (Gereranya na Amosi 5:26.) Abo aho kuba ari imana nzima canke abami bazima, vyari ibintu ibitagira ubuzima, ibintu vy’umwanda mu nyonga za Yehova. Vyategerezwa gukurwaho.—Abalewi 26:30; Yeremiya 16:18.

6. Ugupimwa kw’urusengero kwasobanura iki?

6 Ico gihimba c’iri yerekwa cashaka kuvuga iki? Carakuye amazinda abari mu bunyagano yuko ugusenga gutyoroye kwosubijwe umutamana ku rusengero rw’Imana mu buryo bwuzuye. Ikindi, ugupimwa kw’urwo rusengero kwaratanze icemeza kivuye ku Mana c’uko iryo yerekwa ryorangutse ata kabuza. (Gereranya na Yeremiya 31:39, 40; Zekariya 2:2-8.) Ugusenga ibigirwamana kwose kwokuweho. Yehova yosubiriye guhezagira inzu yiwe.

Ubuherezi na Kizigenza

7. Ni ibiki bimenyeshwa ku biraba Abalewi n’Abaherezi?

7 Ubuherezi na bwo nyene bwategerezwa guhumanurwa, ni ukuvuga ko bwokuwemwo inkamba. Abalewi bokangiriwe kubera bihaye ivy’ugusenga ibigirwamana, mu gihe abahungu b’abaherezi ba Sadoki bokejwe kandi bagahabwa impera kubera ko bagumye badahumanye.a Ariko, iyo migwi yose bogize ibibanza mu murimo wo mu nzu y’Imana yasubijwe umutamana—bikaba bitokekwa ko vyobaye bivuye ku kuba umuntu wese muri bo ari umwizerwa. Ikindi, Yehova yavumereye ati: “Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.” (Ezekiyeli 44:10-16, 23) Gutyo ubuherezi bwosubiriye gukora umurimo wo mu nzu y’Imana, kandi abaherezi bohawe impera kubera ukwihangana bogize badahemuka.

8. (a) Ba kizigenza bo muri Isirayeli ya kera bari ba nde? (b) Ni mu buryo ki kizigenza yerekanywe mu vyo Ezekiyeli yeretswe yakora ashirutse ubute mu gusenga gutyoroye?

8 Iryo yerekwa ryerekeza kandi ku witwa kizigenza. Kuva mu misi ya Musa, iryo hanga ryari ryaragize ba kizigenza. Ijambo ry’Igiheburayo rihindurwa ngo kizigenza ari ryo na·siʼʹ, rishobora kwerekeza ku wari umutwe w’urugo, w’umuryango, canke mbere w’ihanga. Mu vyeretswe Ezekiyeli, abatware ba Isirayeli uko bari bagize umugwi barakangiriwe kubera ko bacinyiza abanyagihugu, kandi bingingwa kutagira nkunzi no kutarenganya. Naho atari uwo mu mugwi w’abaherezi, uwo kizigenza arakora ashirutse ubute mu buryo bwibonekeje mu gusenga gutyoroye. Arinjira akongera agasohoka mu ntangaro ari kumwe n’imiryango itari iy’abaherezi, akavyagira mu rubaraza rwo kw’Irembo ryo mu Buseruko, agatanga ibimazi bimwebimwe kugira ngo abantu babishikane. (Ezekiyeli 44:2, 3; 45:8-12, 17) Iryo yerekwa rero ryarakuye amakenga abantu ba Ezekiyeli yuko iryo hanga ryasubijwe umutamana ryohezagiwe mu kuronswa indongozi z’intangakarorero, ari bo bagabo bofashe mu mugongo ubuherezi mu kwungunganya igisata c’Imana no mu kuba intangakarorero nziza mu vy’impwemu.

Ca Gihugu

9. (a) Igihugu categerezwa kugaburwa gute, ariko ni bande batoronse intoranwa? (b) Ya “ntererano yera” yari iki, kandi yarimwo iki?

9 Amaherezo, ivyo Ezekiyeli yeretswe vyarimwo n’incamake y’ivyerekeye igihugu ca Isirayeli. Cogabuwe, umuryango wose ukaronka umugabane wawo. Uwo kizigenza na we nyene yoronse intoranwa. Ariko abaherezi nta mugabane bohawe, kubera yuko Yehova yavuze ati: “Umugabane wabo ni jewe.” (Ezekiyeli 44:10, 28; Guharūra 18:20) Iryo yerekwa ryerekanye yuko umugabane w’ishamvu w’uwo kizigenza wobaye uri mu mpande zompi z’akarere kadasanzwe kitwa intererano yera. Iryo ryari ishamvu rimeze nk’ikwadarato rigabuwemwo ibice bitatu—ico haruguru c’Abalewi bihanye, ico hagati c’abaherezi n’ico hepfo c’igisagara hamwe n’isi ndimwa yaco iri ku mpande zompi. Urusengero rwa Yehova rwobaye ruherereye mu gice cakebewe abaherezi, hagati muri ya ntererano imeze bwa kwadarato.—Ezekiyeli 45:1-7.

10. Bwa buhanuzi bwerekeye igaburwa ry’igihugu bwari buvuze iki ku Bayuda bari mu bunyagano?

10 Ese ukuntu ivyo vyose bitegerezwa kuba vyararemesheje izo nyagano! Umuryango wose warasubirijwe umutima mu nda yuko uzoronka ishamvu muri ico gihugu. (Gereranya na Mika 4:4.) Ugusenga kw’ukuri kwogizeyo ikibanza co hejuru, ikibanza gikuru. Kandi urabona yuko mu vyeretswe Ezekiyeli, wa wundi kizigenza, cokimwe n’abaherezi, yobaye mw’ishamvu abanyagihugu batanze bwa ntererano. (Ezekiyeli 45:16) Nuko rero, muri ico gihugu casubijwe umutamana, abantu botanze intererano ku bw’igikorwa c’abo Yehova yogenye ngo babe imboneza, bakabashigikira mu gukurikiza ubuyobozi babaha. Muri ivyo vyose, ico gihugu kigereranya ukwungunganya, ugufashanya n’umutekano.

11, 12. (a) Mu buryo menyeshakazoza Yehova yasubirije gute umutima mu nda abasavyi biwe ko azohezagira igihugu cabo c’amavukiro casubijwe umutamana? (b) Vya biti vyari ku nkengera z’uruzi vyagereranya iki?

11 Mbega Yehova yohezagiye igihugu cabo? Nya buhanuzi burishura ico kibazo mu gushikiriza indondoro ishika ku mutima. Hari umugezi utemba uva mu rusengero, kandi uko utemba ni ko uguma waguka, ugacika uruzi rwuzuye igihe rwisesa mu Kiyaga c’Umunyu. Muri ico kiyaga, usubira kuvyura amazi atarimwo ubuzima, hanyuma uburovyi na bwo bugasagamba muri ako gace ko kw’isesero. Ku nkengera z’urwo ruzi, hari ibiti vyinshi vyama ivyamwa umwaka wose, bikaba imfungurwa kandi bigakiza.—Ezekiyeli 47:1-12.

12 Kuri abo bantu bari mu bunyagano, uwo muhango warasamiriza ukongera ukemeza ubuhanuzi bakunda cane bw’ivy’ugusubizwa umutamana bwari bwaravuzwe imbere yaho. Ntibwari ubwa mbere abahanuzi Yehova yahumekera badondora mu buryo bw’iparadizo Isirayeli yasubijwe umutamana kandi yongeye kubamwo abantu. Ubuhanuzi bwerekeye uturere twabaye umusaka twongera gusubirana, bwari bwagiye burisubiramwo kenshi. (Yesaya 35:1, 6, 7; 51:3; Ezekiyeli 36:35; 37:1-14) Abantu bokwiteze rero yuko imigisha ntangabuzima ya Yehova isesekara nk’uruzi ruva ku rusengero rwasubiye gushingwa. Ico vyovuyemwo ni uko ihanga ryari ryarapfuye mu buryo bw’impwemu ryosubiye kuba rizima. Igisata casubijwe umutamana cohezagiwe mu kuronka abagabo bibonekeje, bakomeye mu vy’impwemu—abantu b’abagororotsi kandi bashikamye nk’ibiti biri kuri za nkengera z’uruzi [Ezekiyeli] yeretswe, abagabo bobaye aba mbere mu vy’ugusubira kwubaka igihugu cari cabaye umusaka. Yesaya na we nyene yari yaranditse ivyerekeye “ibiti [bininibinini] vy’ukugororoka,” bakaba bari “[abokwubatse] ahār’imisaka kera.”—Yesaya 61:3, 4.

Iryo Yerekwa Ryorangutse ryari?

13. (a) Ni mu buryo ki Yehova yahezagiye igisata ciwe casubijwe umutamana mu kubaha “ibiti bininibinini vy’ukugororoka”? (b) Ubuhanuzi bwerekeye Ikiyaga c’Umunyu bwarangutse gute?

13 Abari mu bunyagano bagarutse boba basanze uwo muhango wabaye amasigaracicaro? Oya namba! Amasigarira yasubijwe umutamana yarasubiye mu gihugu cabo c’amavukiro bakunda, mu 537 B.G.C. Haciye igihe, bahagarikiwe n’ivyo “biti [bininibinini] vy’ukugororoka”—nka wa muherezi Ezira, abahanuzi Hagayi na Zekariya hamwe n’Umuherezi Mukuru Yosuwa—ahantu hari hamaze igihe kirekire ari umusaka harongeye kwubakwa. Ba kizigenza, nk’akorero Nehemiya na Zerubabeli, baraganjije muri ico gihugu batagira nkunzi kandi batarenganya. Urusengero rwa Yehova rwarongeye gushingwa, be n’ivyo yatunganije ku bw’ubuzima—ni ukuvuga imihezagiro yo kubaho umuntu yisunga isezerano ryiwe—vyarasubiriye kwisuka. (Gusubira mu Vyagezwe 30:19; Yesaya 48:17-20) Umwe muri iyo mihezagiro bwari ubumenyi. Ubuherezi bwari bwasubijwe ku mirimo, kandi abaherezi barigishije abantu mu Vyagezwe. (Malaki 2:7) Ico vyavuyemwo ni uko abantu basubiriye kugira agatege mu vy’impwemu bongera basubira kuba abakozi bimbuka ba Yehova, nk’uko vyagereranywa na ca Kiyaga c’Umunyu cakiza kandi kigatuma uburovyi bwimbuka.

14. Ni kuki hategerezwa kuba iranguka ry’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli rirengeye ivyabaye inyuma y’aho Abayuda bagarukiye bavuye mu bunyagano i Babiloni?

14 Ivyo bintu vyashitse vyoba ari vyo vyonyene vyari bigize iranguka ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe? Oya; hari ikintu gihambaye kuruta cerekanwa. Ihweze ibi: Urusengero Ezekiyeli yabonye ntirwashoboye vy’ukuri kwubakwa nk’uko vyavuzwe. Ni vyo, Abayuda barafatanye uburemere ivyo bintu vyeretswe, eka mbere barakurikiza ido n’ido ry’ibintu bimwebimwe muri vyo ataco bahinduye.b Ariko, urwo rusengero rweretswe rwose uko rungana rwari runini cane ku buryo rutokwiye no ku Musozi Moriya, aho urusengero rwa kera rwari. Ikindi, urusengero Ezekiyeli yabonye ntirwari muri ico gisagara ariko rwari kure, mu rindi shamvu, mu gihe urusengero rwa kwabiri rwubatswe ahari hubatswe urwa mbere, mu gisagara ca Yeruzalemu. (Ezira 1:1, 2) Uretse ivyo, nta ruzi buzi rwigeze rutemba ruva mu rusengero rw’i Yeruzalemu. Urumva rero ko Isirayeli ya kera yabonye iranguka ritoyi gusa ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe. Ivyo vyerekana yuko hategerezwa kuba hari iranguka rihambaye kuruta ry’iryo yerekwa, rikaba iranguka ryo mu buryo bw’impwemu.

15. (a) Urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwa Yehova rwatanguye gukora ryari? (b) Ni igiki cerekana yuko ivyo Ezekiyeli yeretswe bitarangutse igihe Yezu yari kw’isi?

15 Biratomotse yuko dutegerezwa kwitega yuko iranguka nyamukuru ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe ribera mu rusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu vy’impwemu, ari vyo intumwa Paulo atubwira mu buryo buramvuye mu gitabu c’Abaheburayo. Urwo rusengero rwatanguye gukora igihe Yezu Kirisitu yasigwa ngo abe Umuherezi Mukuru warwo mu 29 G.C. Ariko ivyo Ezekiyeli yeretswe vyoba vyararangutse mu gihe ca Yezu? Biboneka ko bitarangutse muri ico gihe. Yezu we Muherezi Mukuru, yararanguye ico Umusi w’Impongano wasobanura mu vy’ubuhanuzi biciye ku kubatizwa kwiwe, ku rupfu rwiwe rw’inkuka no ku kwinjira kwiwe Ahera Cane, ari ryo juru ubwaryo. (Abaheburayo 9:24) Birateye amatsiko kubona ata na kimwe mu vyeretswe Ezekiyeli kivuga na gatoyi ivyerekeye umuherezi mukuru canke ivy’Umusi w’Impongano. Urumva rero ko bisa n’ibidashoboka yuko iryo yerekwa ryerekeza ku kinjana ca mbere G.C. Ivyo none vyerekeye ikiringo ikihe?

16. Aho ivyo Ezekiyeli yeretswe yavyerekewe hatwibutsa ubundi buhanuzi ubuhe, kandi ivyo bidufasha gute gutahura igihe iranguka rihambaye ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe rizoberako?

16 Kugira turonke inyishu, reka dusubire inyuma kuri iryo yerekwa ubwaryo. Ezekiyeli yanditse ati: “Mur’ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjanye mu gihugu c’i Bgisirayeli, antereka ku musozi muremure cane, urikw icubatswe nk’igisagara aherekeye i bumanuko.” (Ezekiyeli 40:2) Aho iryo yerekwa ryagiriwe, ku “musozi muremure,” hatwibutsa ibiri muri Mika 4:1, ahavuga hati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’iyindi mirambi; kand’amoko azosendanisha aja kuri wo.” Ubwo buhanuzi bworangutse ryari? Muri Mika 4:5 herekana yuko ivyo vyotanguye igihe amahanga yobaye akiri mu vy’ugusenga imana z’ibinyoma. Kukaba nkako, mu gihe cacu bwite, “mu misi y’iherezo,” ni ho ugusenga gutyoroye kwadugijwe hejuru, gusubizwa mu kibanza kibereye cakwo mu buzima bw’abasavyi b’Imana.

17. Ubuhanuzi bwo muri Malaki 3:1-5 budufasha gute kumenya igihe urusengero Ezekiyeli yeretswe rwahumanuriwe?

17 Ni igiki catumye ukwo gusubizwa mu kibanza gushoboka? Niwibuke ko mu vyeretswe Ezekiyeli hari ikintu gihambaye kuruta kiba, aho Yehova aza ku rusengero kandi agashimika ku vy’uko inzu yiwe ihumanurwa igakurwamwo ugusenga ibigirwamana. Ni ryari urusengero rw’Imana rwo mu vy’impwemu rwahumanuwe? Muri Malaki 3:1-5, Yehova amenyesha igihe ‘yoshitse mu rusengero rwiwe,’ aherekejwe n’‘intumwa yiwe y’isezerano,’ Yezu Kirisitu. Yobaye azanywe n’iki? “[Azoba] ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.” Ukwo kuvugutira ubutare kwatanguye mu gihe ca ya ntambara ya mbere y’isi yose. Vyavuyemwo iki? Yehova yaracumbitse mu nzu yiwe yongera arahezagira igihugu co mu buryo bw’impwemu c’igisata ciwe kuva mu 1919 kubandanya. (Yesaya 66:8) Dushobora gutahura rero yuko ubuhanuzi bwerekeye urusengero rwabonywe na Ezekiyeli buranguka mu buryo buhambaye mu misi y’iherezo.

18. Ivyeretswe vy’urusengero bizoranguka ubwa nyuma ryari?

18 Cokimwe n’ubundi buhanuzi bw’ivy’ugusubizwa umutamana, ivyo Ezekiyeli yeretswe birafise irindi ranguka, iranguka rya nyuma, muri Paradizo. Ni muri ico gihe gusa abantu bafise umutima ugororotse bazoronka inyungu zuzuye zituruka ku vyatunganijwe n’Imana vyerekeye urusengero. Kirisitu ico gihe azokoresha agaciro k’inkuka y’incungu yatanze, ari kumwe na ba bandi 144 000 bagize ubuherezi bwiwe bwo mw’ijuru. Abantu bose bagamburuka bari munsi y’ubutware bwa Kirisitu bazoshikanwa ku kutagira agasembwa. (Ivyahishuriwe 20:5, 6) Ariko rero, Iparadizo ntishobora kuba ari co kiringo gikuru ivyo Ezekiyeli yeretswe bizorangukirako. Kuki?

Iryo Yerekwa Ryerekeza Cane Kuri Iki Gihe Cacu

19, 20. Ni kuki iranguka rikuru ry’iryo yerekwa ritegerezwa kuba muri iki gihe ntiribe mw’iparadizo?

19 Ezekiyeli yabonye urusengero rwategerezwa guhumanurwa rugakurwamwo ugusenga ibigirwamana n’ubusambanyi bwo mu vy’impwemu. (Ezekiyeli 43:7-9) Nta gukeka, ivyo ntibishobora kuba vyerekeye ugusenga Yehova kugirirwa mw’Iparadizo. Si ivyo gusa, abaherezi bo muri iryo yerekwa bagereranya umugwi w’abaherezi basizwe mu gihe bakiri kw’isi, si mu gihe bazoba bamaze kuzukira ubuzima bwo mw’ijuru canke mu gihe ca ya Milenari. Kubera iki? Urabona ko abaherezi bavugwa yuko bakorera ku kirimba. Ibiganiro vyo mu nomero z’imbere y’iyi z’Umunara w’Inderetsi zarerekanye yuko ico kirimba kigereranya impagararo imeze ukwayo yo mu vy’impwemu y’abaherezi-vyegera ba Kirisitu mu gihe baba bakiri kw’isi.c Urabona kandi ko iryo yerekwa rishimika ku kuba abaherezi ari abanyagasembwa. Babwirwa gutanga ibimazi ku bw’ibicumuro vyabo bwite. Baraburirwa ku vyerekeye ingeramizi yoba ihari mu gihe badatyoroye—mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu. Urumva rero ko batagereranya abasizwe bazutse, abo intumwa Paulo yanditse ivyabo ati: “Inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora.” (1 Ab’i Korinto 15:52; Ezekiyeli 44:21, 22, 25, 27) Abaherezi bo muri iryo yerekwa baja mu bantu kandi bakabakorera bari kumwe. Ivyo ntibizoba ukwo muri Paradizo, igihe umugwi w’abaherezi uzoba uri mw’ijuru. Ni co gituma iryo yerekwa ritanga indondoro nziza y’uburyo abasizwe bakora bafatanije cane n’“ishengero ryinshi” riri kw’isi muri iki gihe.—Ivyahishuriwe 7:9; Ezekiyeli 42:14.

20 Ivyo Ezekiyeli yeretswe rero vyerekeye urusengero vyerekana ingaruka nziza ziva kw’ihumanura ryo mu vy’impwemu ririko riraranguka muri iki gihe. Mugabo ivyo bisobanura iki kuri wewe? Ivyo si ubupfindo bugoye gutahura bwo mu vya tewolojiya. Iri yerekwa rirafise ikintu kinini risana n’ukuntu wewe ku musi ku musi usenga Imana y’ukuri imwe rudende, Yehova. Mu kiganiro cacu gikurikira turabibona.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivyo bishobora kuba vyarashitse Ezekiyeli ku mutima, kuko bivugwa ko ubwiwe yari uwo mu muryango w’abaherezi wa Sadoki.

b Nk’akarorero, ya Mishina ya kera yerekana yuko muri rwa rusengero rwasubira kwubakwa, ca gicaniro, ya miryango ifise inzugi zibirizibiri be na vya bikoni vyubatswe ngo bihuze n’ivyo Ezekiyeli yari yeretswe.

c Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1996, urupapuro 23; n’uwo ku wa 1 Kigarama 1972 (mu Congereza), urupapuro rw’718.

Woba Wibuka?

◻ Iranguka rya mbere ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero n’ubuherezi ryari irihe?

◻ Ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye igaburwa ry’igihugu vyatanguye kuranguka ryari?

◻ Ni bande bakoze nka ba kizigenza b’intahemuka mu vy’ugusubiza umutamana Isirayeli ya kera, kandi ni bande bakoze nk’“ibiti bininibinini vy’ukugororoka”?

◻ Ni kuki iranguka rihambaye ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe vy’urusengero ritegerezwa kuba mu misi y’iherezo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika