ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/3 rup. 22-27
  • “Rwa Rusengero” na “Kizigenza” Muri Iki Gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Rwa Rusengero” na “Kizigenza” Muri Iki Gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Rwa Rusengero na Wewe
  • Abaherezi b’Abizerwa
  • Kizigenza Ni Nde?
  • Igihugu c’Abasavyi b’Imana Muri Iki Gihe
  • “Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 2
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Umuhezagiro Yehova Aha “Igihugu” Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ingene Yehova adufasha kurangura igikorwa cacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/3 rup. 22-27

“Rwa Rusengero” na “Kizigenza” Muri Iki Gihe

“Kandi [kizigenza] iy’ashikayo, agendehagati yabo, bavuyeyo bavireyo rimwe.”—EZEKIYELI 46:10.

1, 2. Ni ukuri ngenderwako ukuhe kudufasha gutahura nyinshi mu nsobanuro z’ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero?

ABARABI bamwebamwe b’Abayuda ba kera ntibaraba ryiza igitabu ca Ezekiyeli. Nk’uko Talimudi ibivuga, bamwe muri bo mbere biyumvira gukura ico gitabu mu bigize Ivyanditswe Vyeranda. Icabagora canecane ni ivyeretswe vyerekeye urusengero kandi bakaba bavuga yuko ata muntu ashobora kubitahura. Izindi ncabwenge mu vya Bibiliya zirashushwa umutwe n’ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero rwa Yehova. Kuri twebwe ho bite?

2 Kuva aho ugusenga gutyoroye gusubirijwe umutamana, Yehova yarahezagiye igisata ciwe mu kubaha ugutahura ibintu vy’impwemu, dushizemwo n’ugutahura ico ari co urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana—rukaba ari ivyo Imana yatunganije bimeze nk’urusengero, ku bw’ugusenga gutyoroye.a Ukwo kuri ngenderwako kuradufasha gutahura nyinshi mu nsiguro z’ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero. Reka twihweze twitonze vya bintu bine vyari bigize iryo yerekwa—urusengero, ubuherezi, kizigenza hamwe n’igihugu. Muri iki gihe ivyo bisobanura iki?

Rwa Rusengero na Wewe

3. Twigira iki kuri ca gisenge kiri hejuru cane be na twa dusaruro turi ku bwinjiriro bw’urusengero?

3 Dufate yuko turiko turagendagenda turatira ijisho urwo rusengero Ezekiyeli yeretswe. Twegere hanyuma tuduge intambwe ndwi tuja kuri rimwe muri ya marembo amahero. Igihe turi muri ubwo bwinjiriro, turarangamiza dufise akoba. Igisenge caho kimanitse hejuru yacu ku metero 30 zirenga! Aho rero twibukijwe yuko ingingo ngenderwako zisabwa kugira umuntu yinjire mu bintu Yehova yatunganije ku bw’ukumusenga ziri hejuru. Imishwarara y’umuco ituruka mu madirisha imurikira ku dusaruro turi ku gihome dushushanya ibisanda, bino bikaba bikoreshwa mu Vyanditswe mu kugereranya ubugororotsi. (Zaburi 92:12; Ezekiyeli 40:14, 16, 22) Ico kibanza ceranda ni ic’abagororotsi mu vy’ukwigenza runtu no mu vy’impwemu. Mu buryo bujanye n’ivyo, dushaka kuguma turi abagororotsi kugira ngo ugusenga kwacu kwemerwe na Yehova.—Zaburi 11:7.

4. Ni bande bankiwe kwinjira mu rusengero, kandi ivyo bitwigisha iki?

4 Ku mpande zose z’iyo nzira, hariho ivyumba bitatu vy’abarinzi. Abarinzi boba baza kutwemerera kwinjira imbere muri urwo rusengero? Yehova abwira Ezekiyeli yuko ata munyamahanga “atakebge mu mutima” ashobora kuvyinjiramwo. (Ezekiyeli 40:10; 44:9) Ivyo bisobanura iki? Abantu bonyene Imana yemerera kuba abasavyi bayo ni abakunda ivyagezwe vyayo kandi bakavyisunga. (Yeremiya 4:4; Abaroma 2:29) Abantu nk’abo irabakira mw’ihema ryayo ryo mu vy’impwemu, ari yo nzu yayo yo gusengeramwo. (Zaburi 15:1-5) Kuva igihe ugusenga gutyoroye gusubirijwe umutamana mu 1919, ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi ryagiye rishigikira ryongera ritomora buhorobuhoro amategeko yiwe y’ivy’ukwigenza runtu. Abanka n’ibigirankana kugamburuka ntibari bacemererwa kwifatanya n’igisata ciwe. Muri iki gihe, umugenzo ushingiye kuri Bibiliya wo guca abakora ikibi batihana waratumye ugusenga kwacu kuguma kutandujwe kandi gutyoroye.—1 Ab’i Korinto 5:13.

5. (a) Ivyo Ezekiyeli yeretswe n’ivyo Yohani yeretswe biri mu Vyahishuriwe 7:9-15, bifitaniye irihe sano? (b) Mu vyeretswe Ezekiyeli ni ba nde bagereranywa na ya miryango 12 yasengera mu ntangaro?

5 Iyo nzira iserukira mu ntangaro, aho abantu basengera kandi bagashemereza Yehova. Ivyo bitwibutsa ivyo intumwa Yohani yeretswe vyerekeye “ishengero ryinshi” basenga Yehova “mu rusengero [rwiwe] ku murango no mw ijoro.” Muri ivyo vyeretswe vyompi harabonekamwo ibisanda. Mu vyeretswe Ezekiyeli, ivyo bisanda bisaruwe ku bihome vy’ubwinjiriro. Mu vyeretswe Yohani, bene gusenga bafise ibisandasanda, bikaba bigereranya umunezero bafise mu gushemeza Yehova no mu kwakira Yezu bwa Mwami wabo. (Ivyahishuriwe 7:9-15) Mu majambo ajanye n’ivyo Ezekiyeli yeretswe, ya miryango 12 ya Isirayeli igereranya “izindi ntama.” (Yohana 10:16; gereranya na Luka 22:28-30.) Nawe woba uri umwe muri abo baronkera umunezero mu gushemeza Yehova biciye mu kwamamaza Ubwami bwiwe?

6. Vya vyumba vy’uburiro vyari mu ntangaro vyari ivy’iki, kandi ivyo bishobora kutwibutsa akahe gateka abo mu zindi ntama bafise?

6 Uko turatira ijisho mu ntangaro, tubona vya vyumba 30 vy’uburiro abanyagihugu bariramwo ku mugabane w’ivyo baba bashikanye bavyishakiye. (Ezekiyeli 40:17) Muri iki gihe, abo mu zindi ntama ntibashikana ibimazi vy’ibitungwa, ariko ntibaza imbokoboko mu ngoro yo mu buryo bw’impwemu. (Gereranya na Kuvayo 23:15.) Intumwa Paulo yanditse ati: “[Biciye kuri Yezu] na ntaryo twame duha Imana ikimazi co [gushemeza] . . . , ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo. Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.” (Abaheburayo 13:15, 16; Hoseya 14:2) Gushikanira Yehova ibimazi bene ivyo ni agateka gakomeye.—Imigani 3:9, 27.

7. Ugupimwa kw’urusengero kudukura amakenga ku biki?

7 Ezekiyeli aritegereza igihe umumarayika apima urwo rusengero yeretswe. (Ezekiyeli 40:3) N’intumwa Yohani yabwiwe ati: “Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.” (Ivyahishuriwe 11:1) Iryo pima risobanura iki? Muri ivyo vyeretswe vyompi, biboneka yuko iryo pima ryari icemezo, ni ukuvuga ikimenyetso c’uko ata kintu na kimwe gishobora kubuza Yehova kurangura imigambi yiwe mu vyerekeye ugusenga gutyoroye. No muri iki gihe nyene, turashobora kudakeka yuko ata kintu na kimwe gishobora kubuza ugusubiza umutamana ugusenga gutyoroye, naho mbere kwoba ari ukurwanywa bimwe bikaze n’intwaro nyabubasha.

8. Ni bande baca mu marembo bakinjira mu kirimba, kandi ayo marembo atwibutsa iki?

8 Uko duca mu ntangaro, turabona yuko hariho amarembo atatu yinjira mu kirimba; amarembo y’imbere akaba abangabanganye n’amarembo y’inyuma kandi akanganangana na yo. (Ezekiyeli 40:6, 20, 23, 24, 27) Abaherezi bonyene ni bo bashobora kwinjirayo. Amarembo y’imbere atwibutsa yuko abasizwe canecane bategerezwa gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana n’amategeko yayo, ariko izo ngingo ngenderwako n’ayo mategeko nyene birayobora Abakirisu b’ukuri bose. Ariko, ni igikorwa ikihe abaherezi barangura kandi ivyo bikaba bisobanura iki muri iki gihe?

Abaherezi b’Abizerwa

9, 10. Nk’uko vyagereranijwe na wa mugwi w’abaherezi wo mu vyeretswe Ezekiyeli, ba ‘bami bakaba n’abaherezi’ bacishijwe ubwenge mu vy’impwemu gute?

9 Mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu, abaherezi bakora akazi gakomeye mu rusengero. Kubaga ibitungwa vy’inkuka, kubihereza ku gicaniro no kugaburira abandi baherezi be n’abanyagihugu kari akazi gasaba inguvu. Ariko bari bafise ikindi gikorwa gihambaye. Yehova yaratanze ibwirizwa ryerekeye abaherezi agira ati: “Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ivyera babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.”—Ezekiyeli 44:23; Malaki 2:7.

10 Woba ukenguruka igikorwa gikomeye be n’umurimo uranga ukwicisha bugufi abasizwe uko bari umugwi, “abami n’abaherezi,” bakoze ku bw’ugusenga gutyoroye? (1 Petero 2:9) Nk’uko abaherezi b’Abalewi bo mu bihe vya kera babigira, barabaye imboneza mu gutanga inyigisho zo mu vy’impwemu, barafasha abantu gutahura icera cemerwa mu nyonga z’Imana n’ikitari icera. (Matayo 24:45) Iyo nyigisho itangwa biciye ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya no ku makoraniro be n’amateraniro ya gikirisu, yarafashije abantu amamiliyoni gusubira kwunga ubucuti n’Imana.—2 Ab’i Korinto 5:20.

11. (a) Ivyo Ezekiyeli yeretswe vyashimitse gute ku vy’uko abaherezi babwirizwa kuba batanduye? (b) Mu misi y’iherezo, abasizwe batyorowe gute mu buryo bw’impwemu?

11 Ariko rero, abaherezi ntibategerezwa kwigisha gusa abandi kuba abadahumanye; bategerezwa ubwabo kuba badahumanye. Ni co gituma Ezekiyeli yabonye imbere y’igihe igikorwa co gukura inkamba mu baherezi bo muri Isirayeli cariko kirakorwa. (Ezekiyeli 44:10-16) N’inkuru y’ivyabaye yerekana yuko mu 1918 Yehova yavyagiye ‘bwa wukura inkamba’ ziri mu rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu, arasuzuma wa mugwi w’abaherezi basizwe. (Malaki 3:1-5) Ababonywe ko badahumanye mu vy’impwemu, canke bihanye bakava mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’uburyo ubwo ari bwo bwose baremerewe kubandanya agateka batewe ko gukorera mu rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu. Naho ari ukwo, cokimwe n’uwundi uwo ari we wese, abasizwe barashobora gucika abahumanye—mu buryo bw’impwemu canke mu vy’ukwigenza runtu. (Ezekiyeli 44:22, 25-27) Kugira ngo bagume ‘batandujwe n’isi’ bategerejwe kwihata cane.—Yakobo 1:27; gereranya na Mariko 7:20-23.

12. Ni kuki dukwiye gukenguruka igikorwa abasizwe bakora?

12 Umwe wese muri twebwe arashobora kwibaza ati, ‘Noba nkenguruka akarorero katanzwe n’abasizwe mu myaka n’iyindi bamaze mu murimo bakorana ukwizerwa? Noba nigana ukwizera kwabo?’ Ni vyiza ko abo mw’ishengero ryinshi bibuka yuko batazokwama bari kumwe n’abasizwe ngaha kw’isi. Ku vyerekeye abaherezi bo mu vyeretswe Ezekiyeli, Yehova yavuze ati: “Ntihaze hagire uwundi mugabane [w’itongo] bagira [muri Isirayeli]: umugabane wabo ni jewe.” (Ezekiyeli 44:28) Abasizwe na bo nyene nta kibanza co kubamwo ibihe bidashira bafise ngaha kw’isi. Intoranwa yabo ni iyo mw’ijuru, kandi abagize ishengero ryinshi babona ko kubashigikira no kubaremesha mu gihe bakiri ngaha kw’isi ari agateka.—Matayo 25:34-40; 1 Petero 1:3, 4.

Kizigenza Ni Nde?

13, 14. (a) Ni kuki kizigenza ategerezwa kuba ari uwo mu zindi ntama? (b) Uwo kizigenza agereranya ba nde?

13 Ubu havyutse ikibazo gishimishije. None kizigenza we agereranya nde? Kubera yuko avugwa nk’umuntu umwe akongera akavuga bwa mugwi, dushobora kwibaza ko agereranya umugwi w’abantu. (Ezekiyeli 44:3; 45:8, 9) Ariko agereranya ba nde? Nta gukeka ko atagereranya abasizwe. Muri vya bintu vyeretswe, afadikanije cane igikorwa n’abaherezi ariko atari umuherezi. Mu buryo butandukanye na wa mugwi w’abaherezi, atorana mu gihugu kandi kubera ico, kazoza kiwe akiteze ngaha kw’isi ntakiteze mw’ijuru. (Ezekiyeli 48:21) Hanyuma, muri Ezekiyeli 46:10 havuga hati: “Kandi kizigenza iy’ashikayo [mu ntangaro yo mu rusengero], agende hagati yabo [imiryango itari iy’abaherezi], bavuyeyo bavireyo rimwe.” Ntiyinjira mu kirimba ariko asengera mu ntangaro, yinjirana n’abanyagihugu mu rusengero akongera agasohokana na bo. Biribonekeza neza ko ivyo bintu vyerekana ko kizigenza ari muri rya shengero ryinshi rigize izindi ntama.

14 Biragaragara yuko uwo kizigenza hari amabanga ajejwe mu gisata c’Imana. Mu ntangaro, avyagiye mu rubaraza rw’Irembo ryo mu Buseruko. (Ezekiyeli 44:2, 3) Ivyo vyoba vyerekana ikibanza c’ubucungezi, igisa n’icari gifiswe n’abakurambere bo muri Isirayeli, abavyagira kw’irembo ry’igisagara, bagaca urubanza. (Rusi 4:1-12; Imigani 22:22) Mu zindi ntama ni bande bafise amabanga y’ubucungezi muri iki gihe? Ni abakurambere bafise icizigiro c’isi bagenywe n’impwemu yera. (Ivyakozwe 20:28) Uwo mugwi wa kizigenza rero uriko urahumanurwa kugira ngo uzokore umurimo wo gutwara mu bihe bizoza mw’isi nshasha.

15. (a) Ivyo Ezekiyeli yeretswe bitomora gute ubucuti buri hagati y’abakurambere bo mw’ishengero rinini na wa mugwi w’abaherezi basizwe? (b) Ni ubuyobozi ubuhe abasizwe bafashe mw’ishirahamwe ry’Imana ryo kw’isi?

15 Ariko none ni ubucuti ubuhe buri hagati ya wa mugwi w’abaherezi basizwe hamwe n’abakurambere mwene abo bo mw’ishengero ryinshi bakora igikorwa c’abacungezi? Ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekana yuko abo bakurambere bo mu bagize ishengero ryinshi bafise uruhara rwo gushigikira no kuba ibisongerezi, mu gihe abasizwe ari bo bayobora mu vy’impwemu. Ivyo bigirwa gute? Niwibuke yuko abaherezi bo muri ivyo bintu vyeretswe bashinzwe ibanga ryo kwigisha abanyagihugu mu bintu vy’impwemu. Babwiwe kandi gukora bwa bacamanza mu miburano. Vyongeye, Abalewi bahawe ‘ibibanza vy’ubucungezi’ mu marembo y’urusengero. (Ezekiyeli 44:11, 23, 24) Birumvikana, kizigenza yategerezwa kworohera imirimo n’uburongozi vy’abaherezi vyo mu buryo bw’impwemu. Birakwiriye rero kuba mu bihe vya none abasizwe barongoye ivy’ugusenga gutyoroye. Nk’akarorero, abagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova bacaguwe muri bo. Abo bakurambere basizwe b’abizerwa bamaze imyaka mirongo bamenyereza uwo mugwi wa kizigenza uriko uratsimbatara, bagategura abaraririye kuzoba bari muri uwo mugwi ku bw’umusi bazoba bashinzwe ubutware bwuzuye, mw’isi nshasha y’Imana igiye kuza.

16. Nk’uko muri Yesaya 32:1, 2 habivuga, abakurambere bose bategerezwa gukora gute?

16 Ariko none abo baraririye kuzoba mu bagize uwo mugwi wa kizigenza bazoshingwa amabanga ahambaye, ni abakurambere bameze bate? Ubuhanuzi dusanga muri Yesaya 32:1, 2 buvuga buti: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye. Kandi mur’abo, uw’ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse; kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” Ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe, mu gihe abakurambere b’Abakirisu—abasizwe n’abo mu zindi ntama—bakora kugira bakingire umukuku ‘ibirura,’ nk’ukurwanywa n’ukudendebukirwa.

17. Abungere b’Abakirisu bakwiye kwibona gute, kandi umukuku ukwiye kubabona gute?

17 Amajambo “umuganwa” na ‘kizigenza,’ akaba afise insobanuro imwe mu Giheburayo, ntakoreshwa bwa mazina y’icubahiro agenewe guhayagiza abantu. Ahubwo, adondora amabanga abo bagabo barangura mu vy’ukubungabunga intama z’Imana. Yehova atanga imburizi ikomeye ati: “Birahāgije, yemwe ba [kizigenza] b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye.” (Ezekiyeli 45:9) Ni vyiza ko muri iki gihe abakurambere bose bashira ku mutima impanuro nk’iyo. (1 Petero 5:2, 3) Umukuku na wo uraheza ukemera icese yuko Yezu yatanze abungere bwa ‘bantu b’ingabirano.’ (Abanyefeso 4:8, NW) Kamere basabwa zanditswe mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9) Ni co gituma Abakirisu bakurikira uburongozi bw’abakurambere.—Abaheburayo 13:7.

18. Ni amabanga amwamwe ayahe wa mugwi uraririye kuba kizigenza ujejwe muri iki gihe, kandi uzoba ufise ayahe mabanga muri kazoza?

18 Mu bihe vya Bibiliya ba kizigenza bamwebamwe bari bafise ubutware bukomeye cane, abandi bakagira ubudakomeye. Muri iki gihe, abakurambere bo mw’ishengero ryinshi barangura amabanga menshi atandukanye. Bamwe bakorera ishengero rimwe; abandi bagakorera amashengero menshi ari abacungezi b’ingenzi; abandi bagasukurira igihugu cose bari muri Komite z’Amashami; abandi na bo bagasahiriza mu buryo burashe Komite zinyuranye z’Inama Nyobozi. Mw’isi nshasha, Yezu azogena “abaganwa [kw’isi y]ose” kugira barongore abasenga Yehova bazoba bari kw’isi. (Zaburi 45:16) Nta gukeka ko Yezu azorobanura benshi muri abo bakurambere b’abizerwa bo muri iki gihe. Kubera ko abo bagabo ubu bariko baratera intambwe, muri kazoza azohitamwo gushinga benshi amabanga mbere ahambaye kuruta, igihe azohishura uruhara umugwi wa kizigenza uzoba ufise mw’isi nshasha.

Igihugu c’Abasavyi b’Imana Muri Iki Gihe

19. Ca gihugu Ezekiyeli yerekwa kigereranya iki?

19 Ivyo Ezekiyeli yeretswe biradondora kandi igihugu ca Isirayeli casubijwe umutamana. Uwo muce w’iryo yerekwa ugereranya iki? Ubundi buhanuzi bw’ugusubiza umutamana bwamenyesheje imbere y’igihe yuko igihugu, ni ukuvuga Isirayeli, cobaye iparadizo imeze nka Edeni. (Ezekiyeli 36:34, 35) Muri iki gihe, turafise “igihugu” casubijwe umutamana, kandi hari ukuntu na co nyene kimeze nka Edeni. Muri ubwo buryo nyene, kenshi twama tuvuga ivyerekeye iparadizo yacu yo mu vy’impwemu. Hari Umunara w’Inderetsi wavuze yuko “igihugu” cacu ari “akarere k’ugukoreramwo” k’igisata catowe n’Imana.b Aho umusuku wa Yehova yoba ari hose, aba ari muri ico gihugu casubijwe umutamana uko yihata gushigikira ugusenga kw’ukuri mu kugera intambwe mu za Kirisitu Yezu.—1 Petero 2:21.

20. Ni ingingo ngenderwako iyihe dushobora kwigira kuri ‘ya ntererano yera’ Ezekiyeli yerekwa, kandi iyo ngingo dukwiye kuyishira mu ngiro gute?

20 Twovuga iki ku vyerekeye rya shamvu ryitwa “umugabane wera w’ishikanwa”? Iyo yari intererano abanyagihugu batanga kugira bafashe ubuherezi n’ico gisagara. N’“abantu bose bo mu gihugu” na bo nyene babwirizwa gutanga intererano y’ishamvu ku bwa kizigenza. Ivyo bisobanura iki muri iki gihe? Birumvikana ko bidasobanura yuko igisata c’Imana gikwiye kuremerezwa umugwi w’abakuru b’idini bahembwa umushahara. (2 Ab’i Tesalonike 3:8) Ahubwo, imfashanyo ihabwa abakurambere ubwa mbere na mbere ni imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu. Harimwo gufasha mu gikorwa kiba kiriko kirakorwa no mu kwerekana agatima ko gufashanya be no kubumvira. Yamara, nk’uko vyari biri mu misi ya Ezekiyeli, iyo ntererano ihabwa ‘Yehova,’ ntihabwa umuntu n’umwe.—Ezekiyeli 45:1, 7, 16.

21. Dushobora kwigira iki kw’igaburwa rya ca gihugu Ezekiyeli yerekwa?

21 Kizigenza n’abaherezi si bo bonyene bafise ibibanza bakebewe muri ico gihugu casubijwe umutamana. Igaburwa ry’ico gihugu ryerekana yuko umuryango umwumwe wose muri ya yindi 12 warazwe ahantu ntabanduka. (Ezekiyeli 47:13, 22, 23) Abo mw’ishengero ryinshi rero ntibafise gusa ikibanza mw’iparadizo yo mu vy’impwemu muri iki gihe, ariko kandi bazokeberwa ishamvu igihe bazoragwa ikibanza mu karere ko kw’isi k’Ubwami bw’Imana.

22. (a) Igisagara Ezekiyeli yeretswe kigereranya iki? (b) Dushobora kwigira iki ku vy’uko ico gisagara gifise amarembo ku mpande zose?

22 Mu kurangiza, ca gisagara kivugwa muri ivyo bintu vyeretswe kigereranya iki? Si igisagara co mw’ijuru kubera yuko kiri hagati y’ishamvu “ry’abantu” (ritagizwe inyegu). (Ezekiyeli 48:15-17) Ni co gituma gitegerezwa kuba ari ikintu co kw’isi. None, igisagara ni iki? Ubwo ntigitanga iciyumviro c’uko abantu bahurikira hamwe ari umugwi maze bakagira ikintu gitunganijwe kandi cungunganijwe? Ni vyo. Kubera ivyo, ico gisagara biboneka yuko kigereranya uburongozi bwo kw’isi bugira ico bwunguye abazoba bose bagize ca kibano kigororotse co kw’isi. Buzokora mu buryo bwuzuye muri ya ‘si nshasha’ igiye kuza. (2 Petero 3:13) Amarembo y’ico gisagara ari ku mpande zose, rimwerimwe rikahaba ku bw’umuryango wose, agereranya neza umugaragaro. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana ntibari mu muhari ukorera mu kinyegero, mu rwihisho. Abavukanyi bajejwe amabanga bakwiye kuba abantu bashikirika; ingingo zibayobora zirazwi na bose. Ivy’uko abantu baturuka mu miryango yose barima iryo shamvu rifasha ca gisagara, bitwibutsa yuko izindi ntama zishigikira, eka mbere no mu buryo bw’umubiri, intunganyo z’ivy’uburongozi zigirirwa igisata c’Imana kw’isi iyo iva ikagera.—Ezekiyeli 48:19, 30-34.

23. Twihweza iki mu kiganiro gikurikira?

23 Tuvuge iki none ku vyerekeye rwa ruzi rutemba ruva mu rusengero? Ico ivyo bigereranya muri iki gihe kubandanya gushika no muri kazoza, ni co gishikirizwa mu kiganiro kigira gatatu kikaba n’ica nyuma c’uru rukurikirane.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Révélation: le grand dénouement est proche!, urupapuro rwa 64, ingingo ya 22, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1995, urupapuro rwa 27.

Ivyiyumviro Twosubiramwo

◻ Rwa rusengero Ezekiyeli yeretswe rugereranya iki?

◻ Ba baherezi bakorera mu rusengero bagereranya ba nde?

◻ Umugwi wa kizigenza ni uwuhe, kandi amwamwe mu mabanga ujejwe ni ayahe?

◻ Ca gihugu Ezekiyeli yerekwa ni iki, kandi ni mu buryo ki cagaburiwe ya miryango 12?

◻ Ca gisagara kigereranya iki?

[Diagram/Ikarata ku rup. 25]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Igaburwa ry’igihugu nkuko ridondorwa mu vyeretswe Ezekiyeli

YA MIRYANGO CUMI N’IBIRI

Ikiyaga Kinini

Ikiyaga c’i Galilaya

Uruzi Yorodani

Ikiyaga c’Umunyu

DANI

ASHERI

NAFUTALI

MANASE

EFURAYIMU

REYUBENI

YUDA

KIZIGENZA

BENYAMINI

SIMEYONI

ISAKARI

ZEBULONI

GADI

[Diagram]

IYAGURWA RY’INTERERANO YERA

A. “Yehova Ubwiwe Ariyo” (Yehova- Shammah); B. isi ndimwa y’ico gisagara

Umugabane w’Abalewi

Urusengero rwa Yehova

Umugabane w’Abaherezi

B A B

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika