Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 2
TURI mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka wa 609 B.G.C. Umwami w’i Babiloni yatanguye kwugariza ubwa nyuma igisagara ca Yeruzalemu. Gushika ubu, ubutumwa Ezekiyeli ashikiriza abajanywe inyagano i Babiloni bwibanda ku ciyumviro kimwe, ico na co kikaba ari ugutemba no gusangangurwa kw’igisagara bakunda cane ari co Yeruzalemu. Ubu na ho, ubutumwa buri mu buhanuzi Ezekiyeli ashikiriza butandukira ibijanye n’urubanza ruzocirirwa amahanga yonezererewe ivyago vyari gushikira abasavyi b’Imana. Yeruzalemu itemvye, haheze amazi 18 yugarijwe, ubutumwa Ezekiyeli ashikiriza buca butandukira ikindi ciyumviro gishasha, ico na co kikaba ari ikijanye n’ugusubizwa umutamana guhimbaye kw’ugusenga kw’ukuri.
Muri Ezekiyeli 25:1–48:35 havugwamwo ubuhanuzi bwerekeye amahanga yari akikuje Isirayeli be n’ubwerekeye ukurokorwa kw’abasavyi b’Imanaa. Uretse ibiri muri Ezekiyeli 29:17-20, izo nkuru ziganwa hisunzwe ukuntu ibivugwamwo vyagiye birakurikirana be n’ico inkuru iba iriko irashikirizwa yerekeye. Ariko iyo mirongo ine yoyo ntiri muri urwo rutonde rw’ukuntu ibintu vyagiye birakurikirana. Bwa gice c’Ivyanditswe vyahumetswe, igitabu ca Ezekiyeli kirimwo ubutumwa ‘buzima kandi bufise ubu[basha]’.—Abaheburayo 4:12.
‘IKI GIHUGU KIZOHINDUKA NKA RYA TONGO RYO MURI EDENI’
Kubera yuko Yehova abona imbere y’igihe ingene amahanga akikuje Yeruzalemu azovyifatamwo imaze gutemba, aratuma Ezekiyeli kuvuga ibizoshikira Amoni, Mowabu, Edomu, Ubufilisitiya, Tiro be na Sidoni. Misiri igiye gusahurwa. “Farawo umwami wa Egiputa, n’ishengero ryiwe” bagereranywa n’igiti c’isederi kizocibwa n’“inkota y’umwami w’i Babuloni”.—Ezekiyeli 31:2, 3, 12; 32:11, 12.
Amezi nk’atandatu aheze Yeruzalemu isanganguwe mu mwaka wa 607 B.G.C., umuntu yacitse kw’icumu araza kuri Ezekiyeli maze akamubwira ivyashitse ati: “Igisagara caratsinzwe”. Ururimi rw’uwo muhanuzi “ntirwari rukigobge” ngo areke kugira ico abwiye abajanywe inyagano (Ezekiyeli 33:21, 22). Arashikiriza ubuhanuzi bujanye n’uko Abisirayeli bazosubira mu gihugu cabo. Yehova ‘azobaha umwungere umwe, ni we musavyi wiwe Dawidi’ (Ezekiyeli 34:23). Edomu izoba umusaka, ariko igihugu kiri hirya yayo, ni ukuvuga igihugu c’Ubuyuda, kizoba “nka rya tongo ry[o] muri Edeni” (Ezekiyeli 36:35). Yehova asezeranira abantu bazoba bagarukanywe muri ico gihugu, kubakingira igitero ca “Gogi”.—Ezekiyeli 38:2.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
29:8-12—Ni ryari Misiri yamaze imyaka 40 ari umusaka? Inyuma y’aho Yeruzalemu isanganguriwe mu 607 B.G.C., amasigarira y’Abayuda barahunze baja mu Misiri naho umuhanuzi Yeremiya yari yababujije kujayo (Yeremiya 24:1, 8-10; 42:7-22). Ariko Misiri ntiyababereye ubuhungiro kuko Nebukadinezari yaciye aja kuyitera kandi akayitsinda. Imyaka 40 Misiri yamaze ari umusaka ishobora kuba yatanguranye n’ukwo gutsindwa. Naho inkuru zo mw’isi zidatanga ivyemeza ko Misiri yabaye umusaka, turashobora kwemera tudakeka ko ivyo vyabaye kubera yuko Yehova yama ashitsa ubuhanuzi bwiwe.—Yesaya 55:11.
29:18—Ni mu buryo ubuhe ‘imitwe yose yatobotse ubuhanza, n’ibitugu vyose bikamyoka’? Ukwugariza igisagara ca Tiro cari i musozi, kwari gukomeye cane kandi gukaze ku buryo imitwe y’ingabo za Nebukadinezari yatobotse ubuhanza kubera inkofero bari bambaye zabavunguye imishatsi, ibitugu vyabo na vyo bikamyoka kubera gutwara ibikoresho vyo kwubaka iminara n’inzitiro.—Ezekiyeli 26:7-12.
Ivyigwa tuhigira:
29:19, 20. Kubera yuko abantu b’i Tiro bahungiye mu gisagara cabo kigizwe n’izinga bahunganye bwinshi mu butunzi bwabo, Umwami Nebukadinezari yakuye iminyago mikeya cane i Tiro. Naho Nebukadinezari yari umutware w’umupagani yikakisha kandi w’ubwikunzi, Yehova yaramushumbushije kubera igikorwa yakoze, mu kumuha Misiri ngo ibe “ingororano z’ingabo ziwe”. Wumva none natwe tudakwiye kwigana Imana y’ukuri mu kuriha amakori intwaro ku bw’ibikorwa zikora twungukirako? Zaba ingeso z’abakuru b’izo ntwaro canke ingene ayo makori akoreshwa, ntibidukurako iryo banga.—Abaroma 13:4-7.
33:7-9. Umugwi w’inderetsi wo muri kino gihe, ni ukuvuga amasigarira y’abasizwe, be na bagenzi babo, ntibakwiye kwigera bareka kwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami be no kuburira abantu ibijanye n’“amarushwa ahambaye” yegereje.—Matayo 24:21.
33:10-20. Ukurokorwa kwacu gushingiye ku guhindukira tukava mu nzira zitabereye maze tugakora duhuza n’ivyo Imana idusaba. Mu vy’ukuri, inzira ya Yehova ni yo ‘iroranye’.
36:20, 21. Kubera yuko Abisirayeli bari babayeho mu buryo butandukanye n’uko bari basanzwe bazwi, ni ukuvuga “abantu [ba Yehova]”, baratukishije izina ry’Imana mu mahanga. Ntidukwiye kwigera tuba abasavyi ba Yehova bo kw’izina gusa.
36:25, 37, 38. Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu twinovora muri kino gihe yuzuyemwo “umukuku w’abantu beranda” (NW). Ku bw’ivyo rero, dukwiye kwihata kugira ngo igume ityoroye.
38:1-23. Ese ukuntu bidusubiriza umutima mu nda kumenya ko Yehova azorokora abasavyi biwe muri ca gitero ca Gogi wo mu gihugu c’i Magogi! Gogi ni izina ryahawe “umutware w’iyi si”, ni ukuvuga Shetani wa Mubesheranyi, inyuma yaho yirukaniwe mw’ijuru. Igihugu c’i Magogi cerekeza ku micungararo y’isi aho Shetani be n’amadayimoni yiwe bashizwe.—Yohana 12:31; Ivyahishuriwe 12:7-12.
“USHIRE UMUTIMA KU VYO NGIRA NKWEREKE VYOSE”
Uyu ni umwaka ugira 14 igisagara ca Yeruzalemu gitsinzwe (Ezekiyeli 40:1). Abisirayeli baracasigaje imyaka 56 mu bunyagano (Yeremiya 29:10). Ubu Ezekiyeli yegereje imyaka 50 y’amavuka. Ari nko mu ndoto, arajanwa mu gihugu ca Isirayeli maze akabwirwa ati: “Mwana w’umuntu, urakanura manini, wumvishe amatwi yawe, ushire umutima ku vyo ngira nkwereke vyose” (Ezekiyeli 40:2-4). Ese ukuntu Ezekiyeli ategerezwa kuba anezerezwa cane no kwerekwa urusengero rushasha!
Urusengero rwiza igitangaza Ezekiyeli abona rugizwe n’amarembo 6, ivyumba vy’uburiro 30, Ahera, Ahera Cane, igicaniro c’ikibazano be n’igicaniro co kwoserezako ibimazi. Hari umugezi w’amazi “yiburuka” ava mu rusengero ucika uruzi (Ezekiyeli 47:1). Ezekiyeli arerekwa kandi ingene imiryango y’Abisirayeli igabangana igihugu, umugabane wa buri muryango ukava i Burasirazuba ugana i Burengerazuba, hakaba n’ikibanza kigenewe ivy’intwaro kiri hagati y’umugabane wa Yuda be n’uwa Benyamini. “Ahēra h’Uhoraho” be n’“igisagara” citwa ngo Uhoraho ni ho aba canke Yehova-shama (umurongo wa 35 akajambo k’epfo muri Bibiliya Les Saintes Écritures Traduction du monde nouveau avec notes et références), biri muri ico kibanza.—Ezekiyeli 48:9, 10, 15, 35.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
40:3–47:12—Urusengero Ezekiyeli yeretswe rugereranya iki? Urwo rusengero amahanga Ezekiyeli yeretswe ntirwigeze mu vy’ukuri rwubakwa. Rwagereranya urusengero rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga indinganizo zimeze nk’urusengero zijanye n’ugusenga gutyoroye muri kino gihe cacu (Ezekiyeli 40:2; Mika 4:1; Abaheburayo 8:2; 9:23, 24). Iryo yerekwa ry’urusengero riranguka mu kiringo c’“imisi y’iherezo”, igihe umugwi w’abaherezi utyororwa (2 Timoteyo 3:1; Ezekiyeli 44:10-16; Malaki 3:1-3). Ariko rero rizogira iranguka rya nyuma mw’Iparadizo. Urwo rusengero Ezekiyeli yeretswe rwarahaye Abayuda bari mu bunyagano icizigiro c’uko ugusenga gutyoroye kwosubijweho be n’uko umuryango umwumwe wose w’Abayuda woronse umwandu mu gihugu.
40:3–43:17—Kugera urusengero bifise insobanuro nyabaki? Kugera urusengero ni icerekana ko umugambi wa Yehova werekeye ugusenga gutyoroye uzoranguka ata kabuza.
43:2-4, 7, 9—“Imivyimba y’abami babo” yategerezwa gukurwa mu rusengero yari iyihe? Iyo mivyimba biboneka ko yerekeza ku bigirwamana. Abatware b’i Yeruzalemu be n’abantu baba muri ico gisagara bari barahumanije urusengero rw’Imana mu kurushiramwo ibigirwamana. Ivyo bigirwamana babigize nk’abami babo.
43:13-20—Igicaniro Ezekiyeli yabonye mw’iyerekwa kigereranya iki? Ico gicaniro kigereranya ivyo Imana igomba ku bijanye n’inkuka y’incungu ya Yezu Kristu. Biciye kuri iyo ndinganizo, Imana ibona ko abasizwe bagororotse, abagize “ishengero ryinshi” na bo bakaba abadahumanye be n’abatyoroye mu nyonga zayo (Ivyahishuriwe 7:9-14; Abaroma 5:1, 2). Ni co kumbure gituma “igikarabiro citwa ikiyaga” cari mu rusengero rwubatswe na Salomo, ico kikaba cari igikarabiro amahanga abaherezi bakarabamwo, kitaboneka mu rusengero Ezekiyeli yeretswe.—1 Abami 7:23-26.
44:10-16—Umugwi w’abaherezi ugereranya nde? Uwo mugwi w’abaherezi ugereranya umugwi w’abakirisu basizwe bo muri kino gihe cacu. Ugutyororwa kwabo kwabaye mu 1918 igihe Yehova yavyagira mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu nk’‘uwuvuguta’, akongera ‘akamara inkamba’ (Malaki 3:1-5). Abatari bahumanye canke abigaye, bari bashoboye kubandanya uduteka twabo tw’umurimo. Inyuma y’aho, bategerezwa gukora cane kugira ngo bagume ‘batandujwe n’ivy’isi’, gutyo bakabera akarorero “ishengero ryinshi”, irigereranywa n’imiryango itari iy’abaherezi.—Yakobo 1:27; Ivyahishuriwe 7:9, 10.
45:1; 47:13–48:29—“Igihugu” be n’igabanganywa ryaco bigereranya iki? Ico gihugu kigereranya icibare abasavyi b’Imana bakoreramwo. Aho umusavyi wa Yehova yoba ari hose, aba ari mu gihugu casubijwe umutamana igihe cose uwo musavyi w’Imana aba ashigikiye ugusenga kw’ukuri. Kugabanganya ico gihugu bizogira iranguka rya nyuma mw’isi nshasha igihe umuntu wese w’intahemuka azoronka ikibanza abamwo.—Yesaya 65:17, 21.
45:7, 16—Kuba abantu batanga ishikanwa rigenewe abaherezi na segaba, bigereranya iki? Mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, ivyo vyerekeza canecane ku kurushigikira mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga gushigikira indinganizo rugereranya be no kugaragaza agatima ko gusenyera ku mugozi umwe.
47:1-5—Amazi y’uruzi Ezekiyeli yeretswe agereranya iki? Ayo mazi agereranya indinganizo zo mu buryo bw’impwemu Yehova yashizeho zerekeye ubuzima, izo zikaba zirimwo inkuka y’incungu ya Kristu Yezu be n’ubumenyi dusanga muri Bibiliya bwerekeye Imana (Yeremiya 2:13; Yohana 4:7-26; Abanyefeso 5:25-27). Urwo ruzi ruguma ruba runini kugira ngo ruhuze n’ivyo abantu bashasha baguma bisukira mu gusenga kw’ukuri bakeneye (Yesaya 60:22). Urwo ruzi ruzotemba amazi y’ubuzima menshi cane mu kiringo c’ingoma y’imyaka igihumbi, kandi amazi yarwo azoba arimwo no gutahura ibintu vyinshi kuruta, biciye ku “bitabo” bizozingururwa ico gihe.—Ivyahishuriwe 20:12; 22:1, 2.
47:12—Ibiti vyama ibiribwa bigereranya iki? Ivyo biti bigereranya indinganizo zo mu buryo bw’impwemu Imana yashizeho kugira ngo abantu baze basubire kuba abatagira agasembwa.
48:15-19, 30-35—Igisagara Ezekiyeli yeretswe kigereranya iki? Ico gisagara citwa “Yehova-shama” kiri mu gihugu c’“abantu”, ivyo bikaba vyerekana ko gitegerezwa kuba kigereranya ikintu co kw’isi. Bisa n’uko ico gisagara kigereranya ubutware buzoba buri kw’isi, ubwo abazoba bagize “isi nsha” igororotse bazokwungukirako (2 Petero 3:13). Kuba ico gisagara gifise amarembo impande zose vyerekana ko kucinjiramwo vyoroshe. Abacungezi bayobora abasavyi b’Imana bakwiye kuba ari abantu begereka.
Ivyigwa tuhigira:
40:14, 16, 22, 26. Impome zishushanijweko ibigazi ku rubaraza rw’ikirimba c’urusengero zerekana ko abantu bafise inyifato runtu igororotse ari bo gusa bemererwa kwinjira (Zaburi 92:12). Ivyo bitwereka yuko ugusenga kwacu kwemerwa na Yehova mu gihe gusa tugororoka.
44:23. Ese ukuntu dukenguruka ibikorwa birangurwa n’umugwi w’abaherezi wo muri kino gihe! “Umushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” araja imbere mu gutanga imfungurwa zo mu vy’impwemu ziza ku gihe, izidufasha kubona itandukaniro riri hagati y’ibihumanye n’ibidahumanye mu nyonga za Yehova.—Matayo 24:45.
47:9, 11. Ubumenyi, uwo ukaba ari umuce uhambaye cane wa ya mazi y’ikigereranyo, bwarakoze kandi burabandanya gukora igikorwa ciza cane co kuvura abantu muri iki gihe. Aho ari ho hose abantu babwakirira, burabaha ubuzima mu buryo bw’impwemu (Yohana 17:3). Ariko rero, abanka kwakira ayo mazi atanga ubuzima ‘bazoheberwa umunyu’, ni ukuvuga ko bazosangangurwa ubutagisubira kubaho. Ese ukuntu bihambaye cane ko ‘tugira umwete wo kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’!—2 Timoteyo 2:15.
“Nzokwubahiriza izina ryanje rikuru”
Umwami wa nyuma wo mu muryango wa Dawidi amaze gukurwa ku ngoma, Imana y’ukuri yararetse haraca igihe kirekire imbere yuko “nyenevyo” ashikira ingoma y’ubwami. Ariko rero, Imana ntiyahevye isezerano yari yaragiraniye na Dawidi (Ezekiyeli 21:27; 2 Samweli 7:11-16). Ubuhanuzi bwa Ezekiyeli buravuga ibijanye n’“umusavyi wanje Dawidi”, uwobaye “umwungere” n’“umwami” (Ezekiyeli 34:23, 24; 37:22, 24, 25). Uwo si uwundi atari Yezu Kristu mu bubasha bw’Ubwami (Ivyahishuriwe 11:15). Yehova ‘azokwubahiriza izina ryiwe rikuru’, ni ukuvuga ko azorigira ryeranda, biciye ku Bwami buyobowe na Mesiya.—Ezekiyeli 36:23.
Ubu bwa vuba, abantu bose batukisha izina ry’Imana bagiye kurandurwa. Ariko abaninahaza iryo zina mu buzima bwabo mu gusenga Yehova mu buryo yemera bazoronka ubuzima budahera. Nimuze rero twungukire bimwe bishitse kuri ayo mazi y’ubuzima ariko atemba ari menshi muri kino gihe cacu, kandi ugusenga kw’ukuri tukugire ishingiro ry’ubuzima bwacu.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba wipfuza kumenya ibivugwa muri Ezekiyeli 1:1–24:27, nurabe “Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1”, biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2007.
[Ifoto ku rup. 8, 9]
Urusengero rwiza igitangaza Ezekiyeli yeretswe
[Ifoto ku rup. 10]
Uruzi rw’ubuzima Ezekiyeli yeretswe rugereranya iki?
[Abo dukesha ifoto]
Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.