Umuhezagiro Yehova Aha “Igihugu” Cacu
“Ikintu cose kizima [kizobona] uko kibaho ah’urwo ruzi ruzoshika hose.”—EZEKIYELI 47:9.
1, 2. (a) Amazi ahambaye ku rugero rungana iki? (b) Ya mazi Ezekiyeli yerekwa agereranya iki?
AMAZI ni ikinyobwa gitangaje. Ibifise umubiri vyose ubuzima bwavyo ni yo bibukesha. Ata mazi nta muntu n’umwe muri twebwe yoshobora kubaho igihe kirekire. No mu vy’isuku ni yo twikorako, kubera yuko amazi ashobora gukuraho imyanda no kuyoza. Ni co gituma rero twiyuhagira, tumesura ivyambarwa vyacu, tukanasukura ibifungurwa dufungura. Kugira gutyo birashobora gukiza ubuzima bwacu.
2 Bibiliya ikoresha amazi mu kugereranya ivyo Yehova yatunganije mu vy’impwemu ku bw’ubuzima. (Yeremiya 2:13; Yohana 4:7-15) Izo ntunganyo zirimwo ihumanurwa ry’igisata ciwe biciye ku nkuka y’incungu ya Kirisitu be n’ubumenyi bwerekeye Imana dusanga mw’Ijambo ryayo. (Abanyefeso 5:25-27) Mu vyo Ezekiyeli yeretswe vy’urusengero, rwa ruzi rw’igitangaro rwatemba ruva mu rusengero rugereranya iyo mihezagiro itanga ubuzima. Ariko ni ryari urwo ruzi rutemba, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe?
Uruzi Rutemba mu Gihugu Casubijwe Umutamana
3. Ni ibiki Ezekiyeli yabonye, nk’uko vyanditswe muri Ezekiyeli 47:2-12?
3 Kubera ko igisata ca Ezekiyeli cari mu bunyagano i Babiloni, nta kindi bari bakeneye atari intunganyo za Yehova. Ese ukuntu rero vyaremesheje Ezekiyeli aho aboneye akagezi kadudubiza gatemba kava muri urwo rusengero yeretswe! Umumarayika apima uwo mugezi nko ku matambwe igihumbi. Uwo mugezi uguma wuzura, amazi akabanza kurenga ibirenge, agahava agashika ku mavi, hanyuma mu rukenyerero gushika aho ruba uruzi umuntu yojabuka yoga. Urwo ruzi ruzana ubuzima n’ugusagamba. (Ezekiyeli 47:2-11) Ezekiyeli abwirwa ati: “Kandi ku nkombe z’urwo ruzi, hakurya no hakuno, hazomera igiti cose cama ibiribga.” (Ezekiyeli 47:12a) Igihe urwo ruzi rwisheshe mu Kiyaga c’Umunyu—akaba ari amazi atagiramwo igifise ubuzima—ibifise ubuzima biranyagara! Amafi aba agasenga. Uburovyi burasagamba.
4, 5. Ni gute ubuhanuzi bwa Yoweli bwerekeye uruzi busa n’ubwa Ezekiyeli, kandi ni kuki ivyo bifise ico bivuze?
4 Ubwo buhanuzi bw’akaroruhore bushobora kuba bwaribukije ba Bayuda b’inyagano ubundi buhanuzi bwari bwaranditswe ibinjana n’ibindi imbere yaho, ubwagira buti: “Isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.”a (Yoweli 3:18) Cokimwe n’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli, ubuhanuzi bwa Yoweli bwavuga imbere y’igihe yuko hariho uruzi rwotemvye ruva mu ngoro y’Imana, ari rwo rusengero, nya ruzi rugatuma akarere kagadutse gasubira gutotahara.
5 Haraheze igihe kirekire Umunara w’Inderetsi uvuga yuko ubuhanuzi bwa Yoweli buriko buraranguka muri iki gihe turimwo.b Nta gukeka rero yuko n’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli busa n’ubwo buriko buraranguka. Muri iki gihe, muri ca gihugu casubijwe umutamana c’igisata c’Imana harasesekayemwo vy’ukuri imihezagiro ya Yehova nk’uko vyari biri muri Isirayeli ya kera.
Imihezagiro Isesekara Bimwe Bikomeye
6. Kwa kumijagira amaraso ku gicaniro Ezekiyeli yeretswe gutegerezwa kuba kwibukije iki Abayuda?
6 Imihezagiro ihundwa igisata c’Imana casubijwe umutamana ikomoka he? Urabona yuko ayo mazi atemba ava mu rusengero rw’Imana. No muri iki gihe nyene, imihezagiro ituruka kuri Yehova iciye ku rusengero rwiwe ruhambaye rwo mu vy’impwemu—ari yo ndinganizo yagize ku bw’ugusenga gutyoroye. Hari ikintu gihambaye ivyo Ezekiyeli yeretswe vyongerako. Mu kirimba, uwo mugezi utemba uca iruhande y’igicaniro, mu bumanuko nyene bwaco. (Ezekiyeli 47:1) Ico gicaniro kiri hagati na hagati nyene y’urwo rusengero Ezekiyeli yeretswe. Yehova adondorera Ezekiyeli ido n’ido ryaco kandi agategeka yuko amaraso y’inkuka yomijagirwa kuri co. (Ezekiyeli 43:13-18, 20) Ico gicaniro cari gifise insobanuro ihambaye ku Bisirayeli bose. Hari haciye igihe kirekire isezerano bagiranye na Yehova ryemejwe ca gihe Musa yamijagira amaraso ku gicaniro, ku mucamo w’Umusozi Sinayi. (Kuvayo 24:4-8) Kwa kumijagira amaraso ku gicaniro Ezekiyeli yeretswe gushobora kuba kwarabibukije yuko baramutse basubiye mu gihugu cabo casubijwe umutamana, imihezagiro ya Yehova yosesekaye mu gihe gusa boba bubahiriza isezerano bagiranye na we.—Gusubira mu Vyagezwe 28:1-14.
7. Ca gicaniro c’ikigereranyo gifise insobanuro iyihe muri iki gihe ku Bakirisu?
7 Igisata c’Imana na co nyene muri iki gihe kirahezagirwa biciye kw’isezerano—rikaba ari isezerano ryiza kuruta, ari ryo sezerano rishasha. (Yeremiya 31:31-34) Na ryo nyene ryemewe biciye ku maraso, amaraso ya Yezu Kirisitu. (Abaheburayo 9:15-20) Muri iki gihe, twaba turi mu basizwe bari muri iryo sezerano canke tukaba turi abo mu “zindi ntama” baryungukirako, dusanga ico gicaniro c’ikigereranyo gifise ico kivuze kinini. Kigereranya ukugomba kw’Imana ku bijanye n’inkuka ya Kirisitu. (Yohana 10:16; Abaheburayo 10:10) Nk’uko nyene ca gicaniro c’ikigereranyo cari hagati na hagati nyene y’urusengero rwo mu vy’impwemu, inkuka y’incungu ya Kirisitu ni ikintu nyamukuru mu vy’ugusenga gutyoroye. Ni ryo shingiro y’ukubabarirwa ivyaha vyacu, kandi kubera ico ikaba n’ishingiro ry’ivyizigiro vyacu vya kazoza vyose. (1 Yohana 2:2) Muri ubwo buryo turihata kubaho twisunga ivyagezwe bijanye na rya sezerano rishasha, ari vyo ‘vyagezwe na Kristo.’ (Ab’i Galatiya 6:2) Igihe cose ivyo tuzoba tubikora, tuzokwungukira ku vyo Yehova yatunganije ku bw’ubuzima.
8. (a) Ni igiki cari kibuze mu kirimba ca rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa? (b) Abaherezi bo muri urwo rusengero bashobora gukoresha iki mu kwisukura?
8 Inyungu imwe muri mwene izo ni uguhagarara umuntu atyorotse imbere ya Yehova. Muri rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa, mu kirimba hari ikintu kibuzeyo cari icibonekeje mu rugo rw’ihema no mu rusengero rwa Salomo—na co ni ikigarigari kinini cari ico abaherezi bakarabiramwo, icahavuye citwa ikiyaga. (Kuvayo 30:18-21; 2 Ngoma 4:2-6) Abaherezi bo mu rusengero Ezekiyeli yeretswe bokoresheje iki mu kwisukura? Bokoresheje uwo mugezi w’igitangaro utemba ugaca mu kirimba! Ni vyo, Yehova yobahezagiye mu kubaha uburyo bwo guhagarara batyoroye, ari beranda.
9. Muri iki gihe abo mu basizwe be n’abo mw’ishengero rinini bashobora kugira impagararo ityoroye gute?
9 No muri iki gihe, abasizwe barahezagiwe mu gushobora guhagarara batyorotse imbere ya Yehova. Yehova ababona ko ari beranda, akabita abagororotsi. (Abaroma 5:1, 2) Twovuga iki kw’“ishengero rinini,” irigereranywa n’imiryango itari iy’abaherezi? Basengera mu ntangaro, kandi uwo mugezi nyene uraca muri ico gice c’urwo rusengero Ezekiyeli yeretswe. Ese ukuntu rero bibereye kuba intumwa Yohani yabonye rya shengero ryinshi bambaye amakanzu yera kandi amesuye, mu gihe basengera mu rugo rw’urwo rusengero rwo mu vy’impwemu! (Ivyahishuriwe 7:9-14) Uko iyi si yononekaye yoba yarabafashe kwose, bashobora guhera amazinda yuko igihe bagaragaza ukwizera inkuka y’incungu ya Kirisitu, Yehova ababona ko batyoroye kandi badahumanye. Bagaragaza ukwizera gute? Mu kugera ikirenge mu ca Yezu, bizigiye mu buryo bwuzuye iyo nkuka y’incungu.—1 Petero 2:21.
10, 11. Ikintu gihambaye kimwe kiranga ya mazi y’ikigereranyo ni ikihe, kandi ivyo bijanye gute n’ukwuzura gutangaje kwa rwa ruzi?
10 Nk’uko twamaze kubivuga, hariho ikindi kintu ngirakimazi kiranga ayo mazi y’ikigereranyo—ni ubumenyi. Muri Isirayeli yasubijwe umutamana, Yehova yarahezagiye igisata ciwe mu kugiha amabwirizwa ashingiye ku Vyanditswe biciye ku baherezi. (Ezekiyeli 44:23) Mu buryo busa n’ubwo, Yehova yarahezagiye igisata ciwe muri iki gihe mu kugiha amabwirizwa akwiye yerekeye Ijambo ryiwe ry’ukuri, biciye ku “bami n’abaherezi.” (1 Petero 2:9) Ubumenyi bwerekeye Yehova Imana, ubwerekeye imigambi afitiye umuryango w’abantu, na canecane ubwerekeye Yezu Kirisitu n’Ubwami bwa Mesiya, bwarasesekaye mu mugezi uguma wiyongera muri iyi misi y’iherezo. Ese ukuntu ari agahore kuronka iryo segenya ry’ibintu vyo mu buryo bw’impwemu vyeza umutima biguma vyongerekana!—Daniyeli 12:4.
11 Nk’uko nyene rwa ruzi wa mumarayika yapima rwaguma rurushiriza kwuzura, ni na ko imihezagiro itanga ubuzima isesekara iva kuri Yehova yongerekanye mu buryo butangaje kugira ngo ikwire abantu basendanisha baza mu gihugu cacu co mu buryo bw’impwemu gihezagiwe. Ubundi buhanuzi bw’ivy’ugusubiza umutamana bwari bwarabivuze ngo: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe [Yehova] nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.” (Yesaya 60:22) Ayo majambo yararangutse: abantu amamiliyoni barasidukanye n’iyonka kugira bifatanye natwe mu gusenga gutyoroye! Yehova yatumye abamwitura bose baronka “amazi” menshi. (Ivyahishuriwe 22:17) Araraba ko ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi rikwiragiza kw’isi yose Amabibiliya be n’ibisohokayandikiro bisigura Bibiliya, mu ndimi amajana n’amajana. Muri ubwo buryo nyene, amakoraniro y’Abakirisu n’amateraniro vyaratunganijwe kw’isi yose kugira ngo abantu bose baronswe ya mazi y’umusarara yerekeye ukuri. Izo ntunganyo zimarira iki abantu?
Ya Mazi Azana Ubuzima
12. (a) Ni kuki vya biti Ezekiyeli yerekwa bishobora kwama ivyamwa kurya? (b) Ivyo biti vyama cane bigereranya iki mu misi y’iherezo?
12 Rwa ruzi Ezekiyeli yerekwa rwatuma ibintu bigira ubuzima n’amagara. Aho Ezekiyeli amenyeye ivya vya biti vyomeze ku nkombe y’urwo ruzi, abwirwa ibi: “Ibibabi vyavyo nta ho bizokabirana, kandi n’ivyo vyama nta ho bizobura. . . . ivyo vyama bizoba ivyo kurya, n’ibibabi vyavyo bizoba umuti wo kuvūra.” Ni kuki ivyo biti vyama muri ubwo buryo butangaje? “Kukw amazi abitunga ava ahēra h’urusengero.” (Ezekiyeli 47:12b) Ivyo biti vy’ikigereranyo bigereranya intunganyo zose Imana yagize kugira itume umuryango w’abantu uba uwutagira agasembwa, yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu. Kw’isi muri iki gihe, amasigarira y’abasizwe araja imbere mu vy’ukugaburira no kuvura abantu mu buryo bw’impwemu. Igihe ba bandi 144 000 bose bazoba bamaze kuronka impera yabo y’ijuru, inyungu zituruka ku murimo wabo w’ubuherezi bazorangura mu gufadikanya na Kirisitu kuganza zizobandanya no muri kazoza, amaherezo zitume urupfu rwakwezwe na Adamu rutsindwa ubutakigaruka.—Ivyahishuriwe 5:9, 10; 21:2-4.
13. Ni ugukiza ukuhe kwarangutse mu gihe turimwo?
13 Rwa ruzi Ezekiyeli yerekwa rwaratemba gushika mu Kiyaga c’Umunyu ahatagira igifise ubuzima, maze rugakiza ico rushikiriye cose. Ico kiyaga kigereranya imero y’ugupfa mu vy’impwemu. Ariko ibifise ubuzima biranyagara ‘aho urwo ruzi rwiyongereye kabiri rushika hose.’ (Ezekiyeli 47:9) Muri ubwo buryo nyene mu misi y’iherezo, abantu barasubiye kuba bazima mu buryo bw’impwemu aho ayo mazi ntangabuzima yinjiye hose. Aba mbere basubijwe ubuzima gutyo ni ya masigarira y’abasizwe, ivyo bikaba vyabaye mu 1919. Barazukurutse basubira kuba bazima mu vy’impwemu, bava mu mero y’ukuba nk’abapfuye, y’ukuba ataco bakora. (Ezekiyeli 37:1-14; Ivyahishuriwe 11:3, 7-12) Kuva ico gihe ayo mazi ntangabuzima yarashikiriye abandi bari barapfuye mu vy’impwemu, kandi abo barabaye bazima maze bagira ishengero ryinshi ry’izindi ntama ridasiba kwiyongera, bakaba ari abakunda kandi bagakorera Yehova. Ubu bwa vuba, iyo ntunganyo izoshikira n’amasinzi y’abazoba bazutse.
14. Bwa burovyi busagamvye ku nkengera z’Ikiyaga c’Umunyu bugereranya neza iki muri iki gihe?
14 Ugusasagara mu vy’impwemu kuvamwo umwimbu. Ivyo vyerekanwa n’uburovyi busagamba ku nkengera z’ico kiyaga cahoze ari ikitabazwamwo ibifise ubuzima. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Nzobagira abaroba abantu.” (Matayo 4:19) Mu misi y’iherezo, igikorwa c’uburovyi catanguriye ku gutororokanya abari basigaye mu basizwe, ariko ntibwahagarariye aho. Ya mazi ntangabuzima ava mu rusengero rwo mu vy’impwemu rwa Yehova, dushizemwo n’umuhezagiro w’ubumenyi nyakuri, yaragize ico akora ku bantu baturuka mu mahanga yose. Ahantu hose urwo ruzi rwashitse, rwatumye haba ubuzima bwo mu vy’impwemu.
15. Ni igiki cerekana yuko atari umuntu wese azokwemera ivyo Yehova yatunganije ku bw’ubuzima, kandi amaherezo abo bashikirwa n’iki?
15 Birumvikana, muri iki gihe si bose bakira neza ubwo butumwa bw’ubuzima; eka mbere no mu bazozurwa mu gihe ca ya Ntwaro ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi si bose bazobwakira neza. (Yesaya 65:20; Ivyahishuriwe 21:8) Wa mumarayika atangaza yuko hari ibice vy’ico kiyaga bitakize. Ivyo bibanza vyuzuye ibishanga, ata gifise ubuzima kibarizwamwo, ‘vyahebewe umunyu.’ (Ezekiyeli 47:11) Tugarutse ku bantu bo muri iki gihe, abahabwa amazi ntangabuzima ya Yehova bose ntibayakira. (Yesaya 6:10) Kuri Harumagedoni, abazoba barahisemwo kuguma batagira ubuzima kandi barwaye mu vy’impwemu bose bazoheberwa umunyu, ni ukuvuga ko bazosangangurwa bakurweho ibihe bidashira. (Ivyahishuriwe 19:11-21) Ariko rero, abamye banywa ayo mazi badahemuka barashobora kwizigira kuzorokoka bakabona iranguka rya nyuma ry’ubu buhanuzi.
Rwa Ruzi Rutembera mw’Iparadizo
16. Ivyo Ezekiyeli yeretswe vy’urusengero bizoranguka ubwa nyuma ryari kandi gute?
16 Nk’uko biri ku bundi buhanuzi bw’ugusubiza umutamana, iranguka rya nyuma ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe vy’urusengero riba mu gihe ca ya Milenari. Ico gihe wa mugwi w’abaherezi ntuzoba ukiri ngaha kw’isi. “Bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza [mw’ijuru], iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuriwe 20:6) Abo baherezi bo mw’ijuru bazofadikanya na Kirisitu mu gutanga inyungu zuzuye ziva ku nkuka y’incugu ya Kirisitu. Muri ubwo buryo, abantu b’abagororotsi bazokizwa, basubizwe ku kutagira agasembwa.—Yohana 3:17.
17, 18. (a) Uruzi rutanga ubuzima rudondowe gute mu Vyahishuriwe 22:1, 2, kandi ivyo bintu vyeretswe bitangura gukora ryari? (b) Mw’Iparadizo, ni kuki rwa ruzi rutemba amazi y’ubuzima ruzoba runini cane kuruta?
17 Rwa ruzi Ezekiyeli yabona, ico gihe ni nk’aho ruzotemba rufise amazi y’ubuzima menshi kuruta. Ico ni co gihe nyamukuru ubuhanuzi bwanditse mu Vyahishuriwe 22:1, 2 buzoja mu ngiro. Bugira buti: “Anyereka uruzi rw’amazi y’ubu[zima], rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi. Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe-rimwe uk’ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ivyo kuvūra amahanga.”
18 Mu gihe ca ya Milenari, indwara zose—izo ku mubiri, izo mu mutwe n’izo guhahamuka—zizokizwa. Ivyo bigereranywa neza na kwa “kuvūra amahanga” hakoreshejwe vya biti vy’ikigereranyo. Bivuye ku vyatunganijwe bizotangwa na Kirisitu hamwe na ba bandi 144 000, “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.” (Yesaya 33:24) Hanyuma urwo ruzi ruzokwinjira mu gihe carwo c’ukwaguka bimwe birushirije. Bizoba bikenewe ko rwaguka kandi rukuzura kugira ngo rushobore guhaza amamiliyoni, kumbure amamiliyaridi, y’abantu bazozuka bakanywa kuri ayo mazi y’umusarara y’ubuzima. Urwo ruzi rwarakijije Ikiyaga c’Umunyu, aho amazi yarwo atembera hose rugatuma haba ibifise ubuzima. Mw’Iparadizo, abagabo n’abagore bazoba bazima mu buryo bwuzuye, bakizwe urupfu barazwe rwakwezwe na Adamu mu gihe bazoba bagaragaje ko bizera ivyiza bashikanyweko bituruka ku ncungu. Mu Vyahishuriwe 20:12 hamenyesha imbere y’igihe yuko “ibitabo” bizozingururwa muri iyo misi, bitange ukundi gutahura abazozuka na bo nyene bazokwungukirako. Ikibabaje, no mw’Iparadizo nyene hari bamwebamwe bazokwanka gukizwa. Abo bagarariji ni ba bandi ‘bazohabwa umunyu’ w’ugusangangurwa bakurweho ibihe bidashira.—Ivyahishuriwe 20:15.
19. (a) Rya gaburwa ry’igihugu rizoranguka gute mw’iparadizo? (b) Ni akaranga akahe ca gisagara kigereranya mw’Iparadizo? (c) Ukuba ca gisagara giherereye kure gatoyi y’urusengero bisobanura iki?
19 Kandi ico gihe, rya gaburwa ry’igihugu Ezekiyeli yeretswe rizogira iranguka rya nyuma. Mu vyeretswe Ezekiyeli, yabonye igihugu kigabuwe neza; muri ubwo buryo nyene, Umukirisu w’umwizerwa wese arashobora kwizigira adakeka yuko mw’Iparadizo azoharonka umugabane, ari yo ntoranwa. Bisa n’uko icipfuzo umuntu agira co kugira inzu yiwe bwite abamwo kandi akayibungabunga kizoranguka ata muvurungano. (Yesaya 65:21; 1 Ab’i Korinto 14:33) Igisagara Ezekiyeli yabonye kigereranya mu buryo bubereye indinganizo yo mu vy’ugutwara Yehova ategekaniriza isi nshasha. Umugwi w’abaherezi ugizwe n’abasizwe ntuzoba ukiri kumwe n’abantu. Ivyo Ezekiyeli yeretswe na vyo nyene biravyerekana mu kudondora ico gisagara kiri mw’ishamvu ry’‘abantu’ riri kure gatoyi ya rwa rusengero. (Ezekiyeli 48:15) Ariko rero, mu gihe ba bandi 144 000 bazoba baganza kumwe na Yezu mw’ijuru, uwo Mwami ntazoba abuze abamuserukira kw’isi. Abatwarwa biwe b’abantu bazokwungukira cane ku burongozi n’ubuyobozi burangwa urukundo bwa wa mugwi wa kizigenza. Ariko rero, icicaro nyakuri c’iyo ntwaro ntikizoba kiri kw’isi, ariko kizoba kiri mw’ijuru. Umuntu wese azoba ari kw’isi, tutibagiye na wa mugwi wa kizigenza, azokwiyorohereza Ubwami bwa Mesiya.—Daniyeli 2:44; 7:14, 18, 22.
20, 21. (a) Ni kuki izina ry’ico gisagara rikwiriye? (b) Ukuba dutahuye ico ivyo Ezekiyeli yeretswe bisobanura, bituma twibaza ibihe bibazo?
20 Raba amajambo ya nyuma y’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli agira ati: “Uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng[o Yehova] ni ho aba.” (Ezekiyeli 48:35) Ico gisagara ntikizoba kibereyeho guha abantu ububasha canke ubukuru; vyongeye ntikizoba kibereyeho gushigikira ivyo abantu bagomba. Ni igisagara ca Yehova, kikaba kizokwama gihuje n’uko abona ibintu be n’inzira ziwe ziranga urukundo kandi zitegereka. (Yakobo 3:17) Ivyo biradukura amazinda mu buryo bweza umutima yuko Yehova azohezagira ikibano ciwe c’abantu c’“isi nsha” gitunganijwe neza, gushika mu bihe bidashira bizoza.—2 Petero 3:13.
21 None ntitwezwa umutima n’ico cizigiro kiri imbere yacu? Mu buryo bubereye rero, umwe wese muri twebwe yoba agize neza yibajije ati: ‘Nakira gute imihezagiro y’agatangaza yahishuwe mu vyeretswe Ezekiyeli? Noba nshigikira ntahemuka igikorwa kiriko kirakorwa n’abacungezi banyarukundo, dushizemwo n’abo mu masigarira y’abasizwe be n’abaraririye kuba abagize umugwi wa kizigenza? Ugusenga kw’ukuri noba narakugize ryo shingiro ry’ubuzima bwanje? Noba nungukira bimwe vyuzuye kuri ya mazi y’ubuzima atemba ari umurengera muri iki gihe?’ Ese umwe wese muri twebwe yobandanya gukora ivyo no kunezererwa ivyo Yehova yatunganije mu bihe bihoraho vyose!
[Utujambo tw’epfo]
a Uwo ni umugezi ushobora kuba werekeza ku mugezi wa Kidironi uhera mu bumanuko bushira uburengero bwa Yeruzalemu ugashika ku Kiyaga c’Umunyu. Aho utembera canecane haramara umwaka hatagira amazi kandi hagadutse.
b Raba inomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) yo ku wa 1 Rusama 1881, n’iyo ku wa 1 Nyakanga 1981 (mu Gifaransa).
Wokwishura Gute?
◻ Ya mazi atemba ava mu rusengero agereranya iki?
◻ Ni ugukiza ukuhe Yehova yaranguye biciye kuri rwa ruzi rw’ikigereranyo, kandi ni kuki urwo ruzi rwarushirije kwuzura?
◻ Vya biti vyo ku nkengera za rwa ruzi bigereranya iki?
◻ Ca gisagara kizoba kigereranya iki muri ya Nganji y’Imilenari, kandi ni kuki izina ry’ico gisagara ribereye?
[Amafoto ku rup. 31]
Rwa ruzi rw’ubuzima rugereranya ivyo Imana yatunganije ngo haboneke ubukiriro