‘Mana, Nurungike Se Umuco Wawe’
“N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre.”—ZABURI 43:3.
1. Yehova ahishura gute imigambi yiwe?
YEHOVA aritwararika cane uburyo amenyesha imigambi yiwe abasavyi biwe. Aho guhishura ukuri kwose icarimwe mu mushwarara utera ivyezeri, atumurikira buhorobuhoro. Urugendo tugira mu nzira y’ubuzima bwacu rwoshobora kugereranywa n’urugendo rurerure ingenzi ifashe. Irutangura hakiri kare cane mu gitondo kandi itabona neza. Mu gihe izuba ritanguye guseruka bukebuke ibuheramaso, ya ngenzi irashobora gutandukanya ibintu bikeyi mu bimukikije. Ibisigaye abibona ivyijiji. Ariko uko izuba ribandanya guseruka, arashobora kubona vyinshi mbere akabona kure kuruta. Ni na kwo bigenda ku muco w’ivy’impwemu Imana itanga. Iraduha uburyo bwo gutahura ibintu bikebike vyerekeye ukuri. Umwana w’Imana Yezu Kirisitu, yaratanze umuco wo mu vy’impwemu mu buryo nk’ubwo nyene. Nimuze turimbure ukuntu Yehova yamurikiye abantu biwe mu bihe vya kera hamwe n’ukuntu abigira muri iki gihe.
2. Yehova yatanga umuco gute mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu?
2 Abanditse Zaburi ya 43 bisa n’uko bari abahungu ba Kora. Kubera bari Abalewi, bari baratewe agateka ko kwigisha abantu Ivyagezwe vy’Imana. (Malaki 2:7) Birumvikana ko Yehova yari we Mwigisha wabo Ahambaye kandi ni we bahanga amaso ngo ababere Soko ry’ubukerebutsi bwose. (Yesaya 30:20) Abanditsi ba Zaburi basenze bagira bati: “Mana, . . . n’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre.” (Zaburi 43:1, 3) Igihe cose Abisirayeli bagumye ari abizerwa kuri we, Yehova yarabigisha inzira ziwe. Inyuma y’ibinjana n’ibindi, Yehova yarabagiriye ubutoni mu kubaha umuco n’ukuri vy’igitangaza. Ivyo Imana yabigize igihe yarungika Umwana wiwe Yezu Kirisitu kw’isi.
3. Ni mu buryo ki Abayuda bageragejwe n’inyigisho ya Yezu?
3 Igihe Umwana w’Imana Yezu Kirisitu yari umuntu, yari “umuco w’isi.” (Yohana 8:12) Yigisha abantu “vyinshi mu migani,” bikaba vyari ibintu bishasha. (Mariko 4:2) Yabwiye Ponsiyo Pilato ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si.” (Yohana 18:36) Ico cari iciyumviro gishasha ku muntu w’Umuroma kandi nta nkeka cari gishasha no ku Bayuda biratira igihugu, kuko biyumvira yuko Mesiya yocinyije Inganji y’Abaroma hanyuma agasubiza Isirayeli ubuninahazwa yahorana. Yezu yariko aragaragaza umuco uva kuri Yehova, ariko amajambo yiwe ntiyahimbaye abategetsi b’Abayuda, bo “bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.” (Yohana 12:42, 43) Abantu benshi bahisemwo gukurikira imigenzo y’abantu kuruta kwemera umuco n’ukuri vyo mu buryo bw’impwemu biva ku Mana.—Zaburi 43:3; Matayo 13:15.
4. Tuzi gute yuko abigishwa ba Yezu bobandanije gukura mu vy’ugutahura?
4 Mugabo, abagabo n’abagore bakeyi b’imitima itunganye barakiranye umunezero ukuri Yezu yigisha. Bagumye batera imbere mu gutahura kwabo imigambi y’Imana. Mugabo mu gihe iherezo ry’ubuzima bwo kw’isi bw’Umwigisha wabo ryari ryegereje, bari bagifise vyinshi vyo kwiga. Yezu yababwiye ati: “Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.” (Yohana 16:12) Egome, abigishwa bobandanije gukura mu vy’ugutahura ukuri kw’Imana.
Umuco Ubandanya Gukayangana
5. Ni ikibazo ikihe cavyutse mu kinjana ca mbere, kandi ni ba nde bari bajejwe ibanga ryo kugitunganya?
5 Inyuma y’urupfu n’izuka vya Yezu, umuco uva ku Mana warakayanganye cane kuruta ubwa mbere. Mw’iyerekwa rya Petero, Yehova yarahishuye yuko kuva ico gihe Abanyamahanga batakebwe bocitse abayoboke ba Kirisitu. (Ivyakozwe 10:9-17) Ivyo vyari ibihishuwe! Naho ari uko, mu nyuma haravyutse ikibazo: Yehova yoba yasaba ko abo Banyamahanga bakebwa bamaze kuba Abakirisu? Ico kibazo nticari cishuwe muri iryo yerekwa, kandi ico kibazo caracitse ishingiro ry’ibihari mu Bakirisu. Categerezwa gutunganywa kugira ngo ubumwe bwabo bw’agaciro ntibuhungabane. Ni co gituma i Yeruzalemu “intumwa n’abakuru bakorani[ye] hamwe kuja inama y’iryo jambo.”—Ivyakozwe 15:1, 2, 6.
6. Intumwa hamwe n’abakuru babigenjeje gute igihe barimbura ikibazo co gukebwa?
6 None abari muri iyo nama boshoboye gute kumenya ivyo Imana igomba ku Banyamahanga bizeye? Yehova ntiyarungitse umumarayika kugira ahagarikire ibiganiro, eka ntiyanagiriye ubuntu abari aho ngo baronke iyerekwa. Mugabo, intumwa hamwe n’abakuru ntibarekewe ngaho ata kiyobora. Bararimbuye intahe yashinzwe n’Abakirisu bamwebamwe b’Abayuda babonye ukuntu Imana yatanguye gufata abantu b’abanyamahanga, igasuka impwemu yera ku Banyamahanga batakebwe. Barashakashatse kandi mu Vyanditswe kugira ngo bibayobore. Ico vyavuyemwo ni uko umwigishwa Yakobo yasavye ko hogirwa ibishingiye ku canditswe. Bazirikanye kuri ico kimenyamenya, ivyo Imana igomba vyaratomotse. Abo mu mahanga ntibari bategerejwe gukebwa kugira ngo babone kwemerwa na Yehova. Intumwa hamwe n’izo nararibonye ntibatevye gushira mu nyandiko iyo ngingo kugira ngo ishobore kuyobora Abakirisu bagenzi babo.—Ivyakozwe 15:12-29; 16:4.
7. Ni mu buryo ki Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bateye imbere?
7 Atari nka ba barongozi b’idini y’Abayuda bumira ku migenzo y’abasekuruza babo, Abayuda benshi b’Abakirisu baranezerewe igihe baronka ukwo gutahura gushasha kudasanzwe kwerekeye umugambi w’Imana ku biraba abantu b’abanyamahanga, naho nyene kuvyemera vyabasaba guhindura ukwo babona ibintu ku biraba Abanyamahanga muri rusangi. Yehova yarahezagiye agatima kabo ko kwicisha bugufi, hanyuma “amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.”—Ivyakozwe 15:31; 16:5.
8. (a) Tuzi gute yuko umuco mwinshi wari gushobora kwitegwa ikinjana ca mbere kimaze guhera? (b) Ni ibibazo ibihe bitera kuzirikana tuja kurimbura?
8 Umuco wo mu vy’impwemu warabandanije gukayangana mu kinjana ca mbere cose. Ariko Yehova ntiyahishuriye Abakirisu ba mbere umuce wose w’imigambi yiwe. Intumwa Paulo yabwiye abo basangiye ukwizera bo mu kinjana ca mbere ati: “Ubu turābira mu cirore [“c’ubutare,” NW] ivyijiji.” (1 Ab’i Korinto 13:12) Mwene ico cirore ntikibona neza. Ubwa mbere rero, ugutahura umuco wo mu vy’impwemu kwobaye gutoyi. Inyuma y’ugupfa kw’intumwa, umuco warabaye mukeyi igihe gitoyi ariko muri ibi bihe vya vuba ubumenyi bwo mu Vyanditswe bwabaye umurengera. (Daniyeli 12:4) None Yehova amurikira abantu biwe gute muri iki gihe? Kandi dukwiye kuvyakira gute igihe yaguye ugutahura kwacu kw’Ivyanditswe?
Nya Muco Ugenda Urushiriza Gukayangana Buhorobuhoro
9. Ni uburyo ubuhe ntangere kandi kirumara bwo kwiga Bibiliya bwakoreshejwe n’Abatohoji ba Bibiliya ba mbere?
9 Mu bihe vya none, ikibengebenge c’umuco ca mbere nyaco catanguye kuboneka mu gice ca kane ca nyuma c’ikinjana ca 19, igihe umugwi mutoyi w’abagabo n’abagore b’Abakirisu batangura gutohoza Ivyanditswe babigiranye ubwira bwinshi. Baratoye uburyo ngirakimazi bwo gutohoza Bibiliya. Umuntu yaravyura ikibazo; uwo mugwi maze waca wihweza Ivyanditswe vyose bihuye na co. Igihe umurongo umwe wa Bibiliya ubonetse nk’uwuvuguruza uwundi, abo Bakirisu b’ukuri barihata kugira ngo bayihuze uko ari ibiri. Atari nka ba barongozi b’amadini bo muri iyi misi, Abatohoji ba Bibiliya (nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe) bari biyemeje kureka ngo Ivyanditswe Vyeranda bibe ari vyo bibayobora, atari imigenzo canke ibinyegezwa vyashizweho n’abantu. Bamaze kurimbura ibimenyamenya vyose bihari vyo mu Vyanditswe, barandika ivyo bashitseko. Muri ubwo buryo, ugutahura kwabo kw’inyigisho nyinshi z’ishimikiro za Bibiliya kwaratomotse neza.
10. Charles Taze Russell yanditse ibitabu ibihe vyo kwifashisha mu kwiga Bibiliya?
10 Uwibonekeje muri abo Batohoji ba Bibiliya yari Charles Taze Russell. Yaranditse urukurikirane rw’ibitabu bitandatu vyo kwifashisha mu kwiga Bibiliya bifise umutwe uvuga ngo Études des Écritures. Umuvukanyi Russell yari agabiye kwandika imbumbe y’indwi, iyosiguye ibitabu vya Bibiliya vya Ezekiyeli be n’Ivyahishuriwe. Yavuze ati: “Igihe cose nzoronka insobanuro, nzokwandika Imbumbe y’Indwi.” Mugabo yongeyeko ati: “Umukama niyaha izo nsobanuro uwundi muntu, azoshobora kuyandika.”
11. Ni isano irihe riri hagati y’igihe n’ugutahura kwacu imigambi y’Imana?
11 Ayo majambo yavuzwe na C. T. Russell arerekana ikintu nyamukuru gifasha ubushobozi bwacu bwo gutahura ivyanditswe bimwebimwe vya Bibiliya: ico na co ni igihe. Umuvukanyi Russell yari azi neza yuko atoshoboye guhata umuco ngo ukayanganire ku gitabu c’Ivyahishuriwe, nk’uko nyene ingenzi idashobora gutuma izuba riseruka igihe caryo kitaragera.
Vyarahishuwe, Ariko mu Gihe Imana Yashinze
12. (a) Ni ryari ubuhanuzi bwa Bibiliya butahurika neza kuruta? (b) Ni uturorero utuhe twerekana ko ubushobozi tugira bwo gutahura ubuhanuzi bw’Imana buva ku ngengabihe ya Yehova? (Raba akajambo kepfo.)
12 Nk’uko nyene intumwa zatahuye ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya inyuma gusa y’urupfu n’izuka vya Yezu, n’Abakirisu muri iki gihe batahura neza ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ido n’ido igihe bumaze kuranguka gusa. (Luka 24:15, 27; Ivyakozwe 1:15-21; 4:26, 27) Ivyahishuriwe ni igitabu c’ubuhanuzi, ni co gituma dukwiye kwitega kugitahura neza bimwe bitomotse uko ivyo bintu kidondora bibaye. Nk’akarorero, C. T. Russell ntiyari gushobora gutahura neza insobanuro ya ca gikoko c’ikigereranyo gisa n’agahama kivugwa mu Vyahishuriwe 17:9-11 kubera amashirahamwe ico gikoko kigereranya ari yo Umuhari w’Amahanga hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu atariho, akaba yagiye kubaho inyuma y’urupfu rwiwe.a
13. Ni ibiki rimwe na rimwe bishika igihe umuco urasiwe ku kibazo kanaka cerekeye Bibiliya?
13 Ca gihe Abakirisu ba mbere bamenya yuko Abanyamahanga bashobora gucika abizeye bagenzi babo, iryo hinduka ryabazanye ku kibazo gishasha c’ivy’uko vyoba bikenewe ko abantu b’abanyamahanga bakebwa. Ivyo vyatumye za ntumwa be n’inararibonye basubira gusuzuma ico kibazo co gukebwa. Uko ni kwo nyene biri muri iki gihe. Umushwarara ukayangana w’umuco ku kiganiro kimwe ca Bibiliya rimwe na rimwe uratuma abasavyi b’Imana basizwe, ni ukuvuga wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” basubira gusuzuma ibibazo bijanye na co, nk’uko akarorero gakurikira gaherutse kuboneka kavyerekana.—Matayo 24:45, NW.
14-16. Ni mu buryo ki ihindurwa ry’ukuntu tubona ibintu ku vyerekeye urusengero rwo mu vy’impwemu ryagize ico rihinduye ku kuntu dutahura Ezekiyeli ikigabane ca 40 gushika ku ca 48?
14 Mu 1971 harasohowe insobanuro y’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli mu gitabu “Les nations sauront que je suis Jéhovah”—Comment? Ikigabane kimwe c’ico gitabu cavuga mu ncamake ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero. (Ezekiyeli, ikigabane ca 40-48) Ico gihe, hari hashimikiwe ku kuntu ivyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye urusengero vyorangutse mw’isi nshasha.—2 Petero 3:13.
15 Ariko rero, ibiganiro bibiri vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Kigarama 1972 vyaragize ico bihinduye ku kuntu twatahura iyerekwa rya Ezekiyeli. Vyihweza urusengero rw’ivy’impwemu ruhambaye rudondorwa n’intumwa Paulo mu Baheburayo ikigabane c’10. Uwo Munara w’Inderetsi wasiguye yuko Ahera hamwe n’ikigo c’imbere y’urusengero rwo mu vy’impwemu bijanye n’ukuntu abasizwe bameze igihe bari kw’isi. Igihe Ezekiyeli ikigabane ca 40 gushika ku ca 48 casubirwamwo haheze imyaka, vyaratahuwe yuko nk’uko urusengero rwo mu vy’impwemu ruriko rurakora muri iki gihe, ari ko n’urusengero Ezekiyeli yabonye mu vyo yeretswe rutegerezwa na rwo nyene kuba rukora muri iki gihe. Mu buryo ki?
16 Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, abaherezi babonwa baca mu bigo vy’urusengero igihe bakorera abatari mu miryango y’abaherezi. Biraboneka ko abo baherezi bagereranya “ubuherezi bwa cami,” ni ukuvuga abasavyi ba Yehova basizwe. (1 Petero 2:9, NW) Ariko rero, ntibazoba bakorera mu bigo vyo kw’isi vy’urusengero mu kiringo c’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. (Ivyahishuriwe 20:4) Mu gice kinini c’ico kiringo, nikitaba ari ico kiringo cose, abasizwe bazoba bakorera Imana Ahera Cane h’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana, “mw’ijuru ubgaho.” (Abaheburayo 9:24) Kubera abaherezi babonwa bariko bagira uruja n’uruza mu bigo vy’urusengero Ezekiyeli yeretswe, ivyo bintu yeretswe bitegerezwa kuba biriko biraranguka muri iki gihe, mu gihe bamwe mu basizwe bakiri kw’isi. Dukurikije ivyo, inomero y’ikinyamakuru co ku wa 1 Ntwarante 1999 caratanze uburyo bwo kubona ibintu bubogoye kuri ico kibazo. Gutyo rero, gushika kw’iherezo ry’ikinjana ca 20, umuco wo mu vy’impwemu wararasiwe ku buhanuzi bwa Ezekiyeli.
Nugire Umutima Ukunze wo Guhindura Uburyo Ubona Ibintu
17. Ni ibintu ibihe wahinduye mu kuntu ubwawe wabona ibintu kuva aho umenyeye ukuri, kandi vyagize ico bikwunguye gute?
17 Umuntu wese yipfuza gushika ku kumenya ukuri ategerezwa kugira umutima ukunze wo ‘gufata mpiri ivyiyumvirwa mu mutima vyose, ngo abigomōrere Kristo.’ (2 Ab’i Korinto 10:5) Ivyo nantaryo ntivyama vyoroshe, na canecane igihe uburyo tubona ibintu bwashinze imizi bimwe bikomeye. Nk’akarorero, imbere y’uko wiga ukuri kw’Imana, ushobora kuba waranezererwa guhimbaza imisi mikuru imwimwe y’idini uri kumwe n’umuryango wawe. Umaze gutangura kwiga Bibiliya, warabonye yuko iyo misi mikuru wahimbaza ikomoka mu bapagani. Ubwa mbere, ushobora kuba waragonanwa gukurikiza ivyo wize. Ariko rero amaherezo, urukundo ukunda Imana rwaragaragaye yuko rukomeye gusumba inyiyumvo zo mu vy’idini, hanyuma urahagarika kuja mu misi mikuru idahimbara Imana. Yehova none ntiyahezagiye ingingo wafashe?—Gereranya n’Abaheburayo 11:25.
18. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe ukuntu dutahura ukuri kwa Bibiliya gutomowe?
18 Nantaryo turaronkera ivyiza mu gukora ibintu nk’uko Imana ibishaka. (Yesaya 48:17, 18) Nuko rero mu gihe ukuntu tubona igisomwa ca Bibiliya gutomowe, nimuze tube tunezererwa ko ukuri gutera kuja imbere! Mu vy’ukuri, ukubandanya tumurikirwa biremeza yuko turi mu nzira igororotse. Ni “inzira y’abagororotsi” imwe “imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.” (Imigani 4:18) Ego ni ko, ubu hariho imice imwimwe y’imigambi y’Imana tubona “ivyijiji.” Ariko igihe cashinzwe c’Imana nicashika, tuzobona ukuri mu bwiza bwakwo bwose, ikirenge cacu gikire gusa kuba cagumye gihagaze gishikamye mu “nzira.” Mu kurindira, nitwigine ukuri Yehova yashize ku mugaragaro, turindiriye ukumurikirwa ku kuri kutaratahurwa bimwe bitomoye.
19. Uburyo bumwe bwo kwerekanamwo ko dukunda ukuri ni ubuhe?
19 Dushobora gute kwerekana urukundo dufitiye umuco mu buryo ngirakimazi? Uburyo bumwe ni mu gusoma Ijambo ry’Imana ubudahorereza, ku musi ku musi nimba bishoboka. Woba uriko ukurikira porogarama yo gusoma Bibiliya idahorereza? Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! na vyo nyene biraduha imfungurwa umurengera nziza z’ivy’impwemu zo kwinovora. Nurimbure kandi ibitabu, udutabu, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vyateguwe ku neza yacu. Mbega bite hoho ku vyerekeye raporo ziremesha z’igikorwa co kwamamaza Ubwami zisohorwa mu gitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah?
20. Ni isano irihe riri hagati y’umuco hamwe n’ukuri biva kuri Yehova n’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu?
20 Egome, Yehova mu buryo bw’igitangaza yarishuye isengesho ryerekanywe muri Zaburi 43:3. Ku mpera z’uwo murongo, tuhasoma ibi: “Umuco wawe n’ukuri kwawe, . . . binjane ku murwa wawe wera, no mu mahema yawe.” Woba urindirana igishika gusenga Yehova uri kumwe n’abandi isinzi? Inyigisho yo mu vy’impwemu itangwa ku makoraniro yacu ni uburyo buhambaye Yehova amurikiramwo muri iki gihe. Ni igiki twogira none kugira ngo dukomeze cane ugukenguruka dufitiye amakoraniro ya gikirisu? Turagusavye ngo urimbure iki kibazo mu kiganiro gikurikira biciye mw’isengesho.
[Akajambo k’epfo]
a Inyuma y’urupfu rwa C. T. Russell, igisohokayandikiro ciswe imbumbe y’indwi ya Études des Écritures categuwe mu kugerageza gusigura ibitabu vya Ezekiyeli n’Ivyahishuriwe. Igice kimwe c’iyo mbumbe cari gishimikiye ku nsasanuro Russell yagize kuri ivyo bitabu vya Bibiliya. Ariko rero, igihe co guhishura insobanuro y’ubwo buhanuzi nticaribwashike kandi muri rusangi, insobanuro zashikirijwe muri iyo mbumbe Études des Écritures ntizari zitomoye. Mu myaka yakurikiye, ubuntu tudakwiriye bwa Yehova hamwe n’ibiba kw’isi vyaratumye Abakirisu batahura insobanuro y’ivyo bitabu vy’ubuhanuzi mu buryo butomoye kuruta.
Woshobora Kuvyishura?
• Ni kuki Yehova ahishura imigambi yiwe buhorobuhoro?
• Intumwa n’inararibonye b’i Yeruzalemu batunganije gute ikibazo co gukebwa?
• Ni uburyo ubuhe bwo kwiga Bibiliya abatohoji ba Bibiliya ba kare bafashe, kandi ni kuki bwari ntangere?
• Niwerekane ukuntu umuco wo mu vy’impwemu uhishurwa mu gihe kibereye Imana yashinze.
[Ifoto ku rup. 10]
Charles Taze Russell yari azi yuko umuco wokayanganiye ku gitabu c’Ivyahishuriwe mu gihe kibereye Imana yashinze