“Ni muhūmure, jewe naranesheje isi”!
UMUSI w’urupfu rwa Yezu, ni ukuvuga umusi ugira 14 w’ukwezi kw’Abayuda kwitwa Nisani, watanguye ku wa Kane igenekerezo rya 31 Ntwarante mu 33 G.C., izuba rirenze. Kuri uwo mugoroba, Yezu n’intumwa ziwe barahuriye hamwe mu nzu imwe y’i Yeruzalemu mu cumba co hejuru, kugira bahimbaze Pasika. Kubera ko Yezu yariko yitegurira “kuva mw isi ngw aje kwa Se,” yarerekanye yuko yakunze intumwa ziwe gushika kw’iherezo. (Yohana 13:1) Gute? Mu kubigisha ivyigwa vyiza cane, gutyo aba abateguye ku vyari biraririye gushika.
Uko ijoro ryabandanya kwiterera, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ni muhūmure, jewe naranesheje isi.” (Yohana 16:33) Yashaka kwerekana iki mu kuvuga ayo majambo akomeye? Ku ruhande rumwe, yashaka kuvuga ibi: ‘Ikibi kiri mw’isi nticatumye mba umuntu arakara canke ngo gituma nihora. Sinaretse ngo isi intsindagire mw’iforoma yayo. Ivyo ni ko bishobora kumera no kuri mwebwe.’ Ivyo Yezu yigishije intumwa ziwe b’abizerwa muri ayo masaha ya nyuma y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi vyobafashije nk’ukwo nyene bakanesha isi.
Ni nde yohakana ko ububi bwuzuye mw’isi muri iki gihe? Twifata gute imbere y’akarenganyo n’ibikorwa vy’ubukazi bw’ubupfu? Vyoba bituma turakara canke bitwosha kwihora? Ivy’inyifato runtu bidukikije bitera bitituka bigira ico bikoze gute kuri twebwe? Ikigeretse kuri ivyo, twebwe abantu turafise udusembwa be n’impengamiro zo gukora icaha, tukaba rero dutegerezwa kurwana n’ibintu bibiri, ni ukuvuga iyi si mbi idukikije be n’impengamiro mbi ziri muri twebwe. Twoba koko dushobora kwizigira ko tuzotahukana intsinzi tudafashijwe n’Imana? Dushobora gute kuronka imfashanyo yayo? Ni kamere izihe dukwiye gutsimbataza zodufasha kurwanya impengamiro z’umubiri? Kugira turonke inyishu, reka tugaruke ku vyo Yezu yigishije abigishwa biwe yakunda cane ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe bwo ng’aha kw’isi.
Ubwibone tubutsindishe ukwicisha bugufi
Nk’akarorero, rimbura ingorane ziterwa n’ubwibone canke ukwishira hejuru. Ku vyerekeye ubwibone, Bibiliya ivuga iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.” (Imigani 16:18) Ivyanditswe biduhanura kandi biti: “Umuntu ni yiyumvira kw ar’agakomeye, kand’ata co amaze, arībesha.” (Ab’i Galatiya 6:3) Vyemere, ubwibone buronona kandi burahenda. Tuba tugaragaje ubukerebutsi twanse “ubwibone n’amanyama.”—Imigani 8:13.
Hoba hari ingorane none intumwa za Yezu zari zifise mu bijanye n’amanyama be n’ubwibone? N’imiburiburi igihe kimwe, barahaririye hagati yabo ku bijanye n’uwari mukuru. (Mariko 9:33-37) Ikindi gihe, Yakobo na Yohani barasavye ibibanza vy’imbere mu Bwami. (Mariko 10:35-45) Yezu yaripfuje gufasha abigishwa biwe kwikuramwo ako gatima. Ku bw’ivyo, igihe bariko barafungura imfungurwa za Pasika, yarahagurutse, akenyera umutamana wiwe, maze atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe. Ntiyacishije ku ruhande mu bijanye n’icigwa yashaka ko bamenya. Yavuze ati: “Ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.” (Yohana 13:14) Ubwibone butegerezwa gusubirirwa na kamere ihushanye na bwo ari yo y’ukwicisha bugufi.
Yamara rero, ntivyoroshe gutsinda ubwibone. Bumaze kwira, Yezu yamaze gutaramura Yuda Isikariyoti, uwagira amugure, ibihari bikaze vyaradutse muri izo ntumwa 11. Barondera kumenya iki? Uwaboneka ko ari mukuru muri bo! Aho kubakankamira, Yezu yarongeye gushimika abigiranye ukwihangana ku kamaro ko gukorera abandi. Yavuze ati: “Abami b’amahanga bayatwaza amanyama, n’abafise ububasha bgo kuyaganza bitwa ba rutungaboro. Ariko mwebge s’uko: mugab’umukuru muri mwebge abe nk’umuto, n’ūganza abe nk’ūbakorera.” Mu kubibutsa akarorero kiwe, yongeyeko ati: “Jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera.”—Luka 22:24-27.
Intumwa zoba zaratahuye ico yashaka kuzigisha? Biboneka ko zagitahuye. Hashize imyaka, intumwa Petero yanditse iti: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima.” (1 Petero 3:8) Ese ukuntu bihambaye ko natwe ubwibone tubutsindisha ukwicisha bugufi! Tuba tugaragaje ubukerebutsi igihe tutisutse mu vyo gukurikirana kuba ba rurangiranwa, kuba agakomeye canke kugira ikibanza kiri hejuru. Bibiliya ivuga iti: “Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.” (Yakobo 4:6) Mu buryo nk’ubwo nyene, hari umugani wa kera uranga ubukerebutsi uvuga uti: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima].”—Imigani 22:4.
Twotsinda gute urwanko?
Rimbura ikindi kintu ciraye mw’isi, na co kikaba ari urwanko. Rwaba ruterwa n’ubwoba, ukutamenya, ukubara abandi uko batari, agahahazo, akarenganyo, ukwiratira igihugu, ukwiratira ubwoko canke ibara ry’urukoba, urwanko ruboneka ko rurangwa hose. (2 Timoteyo 3:1-4) Urwanko rwari rwiraye no mu gihe ca Yezu. Abatozakori barankwa urunuka mu kibano c’Abayuda. Abayuda n’Abasamariya ntibacana uwaka. (Yohana 4:9) Abanyamahanga na bo nyene baranenwa n’Abayuda. Ariko rero, hogeze aho uburyo bwo gusenga bwatangujwe na Yezu bushiramwo abantu bo mu mahanga yose. (Ivyakozwe 10:34, 35; Ab’i Galatiya 3:28) Ku bw’ivyo, yarahaye abigishwa biwe abigiranye urukundo ikintu gishasha.
Yezu yavuze ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.” Babwirizwa kwiga kugaragaza urwo rukundo kubera ko yabandanije ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:34, 35) Ico cagezwe cari gisha kubera yuko casaba ko umuntu akora ibirengeye gukunda ‘mugenzi we nk’uko yikunda.’ (Abalewi 19:18) Mu buhe buryo? Yezu yarabitomoye ati: “Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze. Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe.” (Yohana 15:12, 13) Umwe wese yategerezwa kugira umutima ukunze wo guheba ubuzima bwiwe ku bwa mugenzi we no ku bw’abandi.
Abantu b’abanyagasembwa bashobora gute kurandurana n’imizi mu buzima bwabo urwanko rurondera kugirira nabi abandi? Ni mu kurusubiriza urukundo ruranga ukwitanga. Ivyo ni vyo nyene abantu b’inziraburyarya amamiliyoni bakuriye mu moko atandukanye, mu mico kama itandukanye, mu madini atandukanye be no mu mice y’ivya potilike itandukanye bariko barakora. Ubu bariko bashirwa mu kibano kimwe cunze ubumwe kandi kitagiramwo urwanko, ni ukuvuga ikivukano c’Ivyabona vya Yehova gikwiye kw’isi yose. Baragumiza ku mutima aya majambo intumwa Yohani yanditse ahumekewe ati: “Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubu[zima] budashira ngo bugume muri we.” (1 Yohana 3:15) Abakirisu b’ukuri ntibanka gusa gufata ibirwanisho ngo baje mu ntambara n’imwe, ariko kandi barihatira cane kugaragarizanya urukundo.
Ni inyifato yo mu mutima iyihe none dukwiye kugira ku bo tudasangiye ukwemera boshobora kuba bagaragaza ko batwanka? Igihe Yezu yari amanitswe ku giti, yasengeye abari bamumanitse ati: “Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.” (Luka 23:34) Igihe abantu buzuye urwanko bicisha amabuye umwigishwa Sitefano, amajambo yiwe ya nyuma yabaye aya: “Mwami, ntubaharūrekw iki caha.” (Ivyakozwe 7:60) Yezu na Sitefano baripfurije ineza mbere n’ababanka. Nta rwanko rwari mu mitima yabo. Bibiliya idukebura iti: “Tugirire neza bose.”—Ab’i Galatiya 6:10.
‘Umwitsa w’ibihe vyose’
Yezu n’intumwa ziwe 11 b’abizerwa bakiriko barabandanya ikoraniro ryabo, yabamenyesheje yuko vuba atosubiye kubana na bo mu buryo bw’umubiri. (Yohana 14:28; 16:28) Ariko yabasubirije umutima mu nda ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi [m]witsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira.” (Yohana 14:16) Umwitsa yabasezeraniye yari impwemu yera y’Imana. Yobigishije ibintu bihambaye vyo mu Vyanditswe ikongera ikabibutsa ivyo Yezu yari yarabigishije mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi.—Yohana 14:26.
Impwemu yera ishobora kudufasha gute muri iki gihe? Urabona, Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Abagabo bakoreshejwe mu gushikiriza ubuhanuzi canke mu kwandika Bibiliya ‘bari barongowe n’impwemu yera.’ (2 Petero 1:20, 21; 2 Timoteyo 3:16) Twize Ivyanditswe tukongera tugashira mu ngiro ivyo twiga, biratuma tugira ubumenyi, ubukerebutsi, ugutahura, uguca mu kajisho, ugutegera be n’ubushobozi bwo kwiyumvira. None ntiwumva ko turushiriza gutegurwa neza kugira duhangane n’imikazo iterwa n’iyi si mbi?
Impwemu yera iradufasha no mu bundi buryo. Impwemu yera y’Imana ni inguvu y’ububasha ituma umuntu akora iciza, ikaba ituma aboshwa na yo bagaragaza kamere zishimwa n’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo [im]pwemu yama ni urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, [“ukumera neza,” NW], kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.” None izo si zo kamere nyene dukeneye kugira dutsinde impengamiro z’umubiri ku bijanye n’ubushegabo, ugutongana, ishari, uburake n’ibindi bene ivyo?—Ab’i Galatiya 5:19-23.
Twihetse ku mpwemu y’Imana, turashobora kandi kuronka “ubushobozi buhebuje” kugira twihanganire ikintu cose cotubuza amahoro canke coducumukuza. (2 Ab’i Korinto 4:7) Naho impwemu yera itodukurako ibigeragezo canke inyosha mbi, nta gukeka ko ishobora kudufasha kuvyihanganira. (1 Ab’i Korinto 10:13) Intumwa Paulo yanditse ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.” (Ab’i Filipi 4:13) Imana iratanga inkomezi nk’izo biciye ku mpwemu yera yayo. Ese ukuntu dukenguruka kubera impwemu yera! Iyo mpwemu isezeranirwa ‘abakunda Yezu kandi bakitondera ivyagezwe vyiwe.’—Yohana 14:15.
“Mugume mu rukundo rwanje”
Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe ari umuntu nkatwe, Yezu yabwiye kandi intumwa ziwe ati: “Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ūnkunda azokundwa na Data.” (Yohana 14:21) Yabahimirije ati: “Ni mugume mu rukundo rwanje.” (Yohana 15:9) Kuguma mu rukundo rwa Se n’urw’Umwana bidufasha gute mu rugamba turwana n’impengamiro zo gukora icaha ziri muri twebwe be n’isi mbi idukikije?
Ubwo none, twoba vy’ukuri twoshobora gucungera impengamiro mbi niba ata kintu gikomeye kidusunikira kubikora? Hari imvo yoza iruta icipfuzo dufise co kugiriranira ubucuti bwiza na Yehova Imana be n’Umwana wiwe? Hari umusore yitwa Ernestoa yarwanye bimwe bikomeye kugira ngo avavanure n’ubuzima burangwamwo ubuhumbu yari afise kuva mu ntango y’ubuyabaga, asigura ati: “Narashaka guhimbara Imana, kandi naramenye yuko Bibiliya itemera uburyo nari mbayeho. Ni co gituma nafashe ingingo yo guhinduka, ngahuza ubuzima bwanje n’inyobozo z’Imana. Ku musi ku musi, nategerezwa kurwana n’ivyiyumviro bitameze neza, ivyiyumviro vyononekaye vyaguma bisegenyuka mu muzirikanyi wanje. Nari niyemeje gutahukana intsinzi muri urwo rugamba, kandi naguma nsenga Imana ndayisaba imfashanyo. Hashize imyaka ibiri, icari kigoye cane nari maze kukinesha naho n’ubu mbandanya kuguma niyubara.”
Ku vyerekeye urugamba turwana n’isi idukikije, rimbura isengesho ryo gusozera Yezu yatuye imbere y’uko bava i Yeruzalemu muri ca cumba co hejuru. Yezu yasenze Se asabira abigishwa ati: “Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi. S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” (Yohana 17:15, 16) Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda! Yehova aritwararika abo akunda akongera akabakomeza mu gihe baguma bitandukanije n’isi.
‘Mugire ukwizera’
Kwitondera amabwirizwa ya Yezu birashobora koko kudufasha gutahukana intsinzi mu rugamba turwana n’isi mbi be n’impengamiro zacu zo gukora icaha. Naho ugutsinda nk’ukwo guhambaye, ntigushobora gukuraho isi canke icaha twarazwe. Ariko ntidukwiye kwumva twihebuye.
Bibiliya ivuga iti: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17) Yezu yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo akize “ūmwizera wese” icaha n’urupfu. (Yohana 3:16) Uko turushiriza kumenya Imana be n’imigambi yayo, nimuze rero tugumize ku mutima iyi nkeburo Yezu yatanze: “Mwizere Imana, nanje munyizere.”—Yohana 14:1.
[Akajambo k’epfo]
a Iri ni irindi zina ryakoreshejwe.
[Ifoto ku rup. 6, 7]
Yezu yahimirije intumwa ziwe ati: “Ni mugume mu rukundo rwanje”
[Ifoto ku rup. 7]
Vuba abantu bagiye vy’ukuri gukurwako icaha n’ingaruka zaco