Nutsimbataze agatima ko gutanga
NTA n’umwe avukana agatima ko gutanga. Impengamiro umwana avukana ni iyo guhaza ivyo ashaka be n’ivyo akeneye, ntiyiteho mbere n’inyungu za bene kubimuronsa. Ariko rero, impera n’imperuka umwana aramenya yuko atari we wenyene afise ivyo akeneye. Ategerezwa kwiyumvira abandi, vyongeye ategerezwa kwiga kudahabwa gusa ariko kandi gutanga no gusangira n’abandi. Agatima ko gutanga gategerezwa gutsimbatazwa.
Abantu bose batanga, naho boba batanga cane, ntibaba bafise agatima ko gutanga. Bamwe bashobora gutanga babitumwe n’imvo kanaka kugira ngo bashire imbere inyungu zabo bwite. Abandi boshobora gutanga kugira gusa bashimwe n’abantu. Ariko rero, gutanga kugirwa n’abakirisu nyakuri ntikumeze gutyo. Ni ibiki none biranga ugutanga kuremeshwa mw’Ijambo ry’Imana? Ukurimbura mu ncamake ugutanga kwagizwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere biraza kwishura ico kibazo.
Uburorero bw’ugutanga kwa gikirisu
Ugutanga kwa gikirisu, nk’uko kudondorwa muri Bibiliya, mu bisanzwe kwari ‘ugusangira ivyo bafise n’abandi’ bari bafise ivyo bakeneye koko (Abahebreyi 13:16, UB; Abaroma 15:26). Ntivyategerezwa kugirwa ku kagobero. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe” (2 Ab’i Korinto 9:7). Gutanga kandi ntivyategerezwa kugirwa kugira umuntu yiyerekane. Ananiya na Safira bashatse kwiyerekana ko batanze maze barahabonera.—Ivyakozwe 5:1-10.
Ugutanga cabaye ikintu gikenewe cane igihe Abayuda benshi be n’abahindukiriye idini yabo bari baje bava mu mihingo ya kure batororokanira i Yeruzalemu kugira ngo bahimbaze umusi mukuru wa Pentekoti mu 33 G.C. Aho ni ho abayoboke ba Yezu ‘bujurijwe impwemu yera, batangura kuvuga izindi ndimi’. Hari ishengero rinini ryabakikuje maze rirumviriza insiguro ikabura Petero yariko arashikiriza yerekeye Yezu Kirisitu. Mu nyuma, abo bantu barabonye ukuntu Petero na Yohani bakiza umugabo w’ikimuga ku muryango w’urusengero, kandi barumvise Petero yongera kuvuga ivyerekeye Yezu be n’uko kwigaya bikenewe. Abantu ibihumbi barigaye hanyuma barabatizwa bacika abayoboke ba Kirisitu.—Ivyakozwe, ikigabane ca 2 n’ica 3.
Abantu bari baherutse guhindukirira ubukirisu, bipfuje kwigumira i Yeruzalemu kugira ngo bahabwe n’intumwa za Yezu izindi nyigisho. Ariko none, intumwa zashoboye gute kwitwararika ivyo abo bashitsi bose bari bakeneye? Inkuru yo muri Bibiliya itubwira iti: “Abāri bafise amashamvu bose cank’amazu bā[rabigurish]a, bakazana ibiguzi vy’ivyo bagu[rishij]e, bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye” (Ivyakozwe 4:33-35). Mu vy’ukuri, ishengero ryaheruka gushingwa ry’i Yeruzalemu ryari rifise agatima ko gutanga!
Mu nyuma, ayandi mashengero yaragaragaje agatima ko gutanga nk’ako. Nk’akarorero, abakirisu b’i Makedoniya, naho ubwabo bari bakenye, baraterereye ibirengeye ubushobozi bwabo vyo gufasha abavukanyi babo bakenye b’i Yudaya (Abaroma 15:26; 2 Ab’i Korinto 8:1-7). Ishengero ry’i Filipi ryari ryibonekeje mu vyo gushigikira ubusuku bwa Paulo (Ab’i Filipi 4:15, 16). Ishengero ry’i Yeruzalemu ubwaryo ryaraha ku musi ku musi ibifungurwa abapfakazi bakenye, kandi intumwa zaragenye abagabo indwi bakwije ibisabwa kugira barabe yuko ata bapfakazi babikwiriye birengagijwe.—Ivyakozwe 6:1-6.
Amashengero ya gikirisu yo mu ntango yarihutira kugira ico akoze mbere no mu gihe baba babona ko himirije ibihe vy’ivyago. Nk’akarorero, igihe umumenyeshakazoza Agabo yabura ivy’ukuza kw’ikigoyi gihambaye, abigishwa bo mw’ishengero ry’i Siriya h’i Antiyokiya, “umuntu wese nk’ukw atunze, ba[ra]shin[ze] kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara” (Ivyakozwe 11:28, 29). Ese ukuntu ari agatima keza bagaragaje mu kubona imbere y’igihe ivyo abandi bakeneye!
Ni igiki casunikiye abo bakirisu bo mu ntango kuba abatanzi ba cane kandi bakundana bigeze iyo hose? Nkako, umuntu aronka gute agatima ko gutanga? Turashobora kwigira vyinshi ku kurimbura muri make akarorero k’Umwami Dawidi.
Dawidi ashigikira yivuye inyuma ugusenga kw’ukuri
Hari hashize nk’imyaka hafi 500 isandugu y’isezerano, ni ukuvuga isandugu nyeranda yagereranya ukuhaba kwa Yehova, itagira ikibanza kanuni igumamwo. Yabikwa mw’ihema, ari yo taberenakulo, yaza irimurwa mu gihe ca kwa kuyerera kw’Abisirayeli mu bugaragwa no gushika aho binjiriye mu Gihugu c’Isezerano. Umwami Dawidi yaripfuza cane gukura iyo sandugu aho yabikwa mw’ihema hanyuma akubakira Yehova inzu ibereye yoshizwemwo iyo sandugu nyeranda. Dawidi ariko abwira umumenyeshakazoza Natani, yavuze ati: “Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’isezerano ry’Uhoraho iba mw ihema gusa”.—1 Ngoma 17:1.
Ariko rero, Dawidi yari yahoze ari umunyentambara. Ni co gituma Yehova yavumereye yuko umuhungu wiwe Salomo ari we yokwubatse urusengero rwo gushinguramwo isandugu y’isezerano mu gihe c’ingoma irangwa amahoro (1 Ngoma 22:7-10). Ariko rero, ivyo ntivyanigiye mu menshi agatima ko gutanga ka Dawidi. Yarungunganije umugwi munini w’abantu, atangura gutanga ibikoresho vyokoreshejwe mw’iyubakwa ry’urwo rusengero. Mu nyuma yabwiye Salomo ati: “Niteguriye ingoro y’Uhoraho italanto z’izahabu ibihumbi ijana, n’iz’ifeza ibihumbi igihumbi, niteguriye n’imiringa n’ivyuma bitogerwa, kukw ar’isinzi; kandi niteguye n’ibiti n’amabuye” (1 Ngoma 22:14). Ivyo Dawidi ntivyamumaze akanyota, yaciye atanga mu butunzi bwiwe bwite izahabu n’ifeza muri iki gihe bifise agaciro k’amadolari y’Abanyamerika arenga 1.200.000.000 (amafaranga y’amarundi arenga 1.200.000.000.000). Vyongeye, abaganwa na bo nyene baratanze batitangiriye itama (1 Ngoma 29:3-9). Dawidi yarerekanye koko agatima ko gutanga cane!
Ni igiki catumye Dawidi atanga atitangiriye itama bigeze iyo hose? Yaratahuye yuko ivyo yari yararonse vyose be n’ivyo yari yarashitseko vyose vyari vyavuye ku muhezagiro wa Yehova. Yiyemereye icese mw’isengesho ati: “Ewe Uhoraho Mana yacu, ibi bintu vyose twiteguye kukwubakishiriza ingoro y’izina ryawe ryera, biva mu kuboko kwawe, kandi vyose n’ivyawe. Kandi Mana yanje, nzi yuk’usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze” (1 Ngoma 29:16, 17). Dawidi yaraha agaciro ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yarabonye yuko akeneye gusukurira Imana n’“umutima utunganye kand’ukunze”, kandi yararonkeye umunezero muri ukwo kuyisukurira (1 Ngoma 28:9). Izo kamere nyene ni zo zatumye abakirisu bo mu ntango bagaragaza agatima ko gutanga.
Yehova, wa Mutanzi kaminuza
Yehova ni we turabirako akarorero keza ko gutanga. Arakundana kandi akitwararikana cane ku buryo bw’uko “atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya” (Matayo 5:45). Ni we aronsa abantu bose “ubu[zima], no guhumeka, n’ibindi vyose” (Ivyakozwe 17:25). Nkako, nk’uko umwigishwa Yakobo avyerekana, “gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico”.—Yakobo 1:17.
Ingabirano iruta izindi zose Yehova yaduhaye, ni iy’uko yarungitse “Umwana w[iwe] w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Nta n’umwe ashobora kwivugisha yuko akwiriye ingabirano nk’iyo, “[kubera ko] bose bakoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23, 24; 1 Yohana 4:9, 10). Incungu ya Kirisitu ni ryo shimikiro be n’umuhora vy’‘ingabire nziza itovugwa’ Imana itanga, ni ukuvuga ‘ubuntu bw’Imana burushirije’ (2 Ab’i Korinto 9:14, 15). Kubera yuko Paulo yakenguruka ingabirano y’Imana, “gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana” yabigize co gikorwa ciwe mu buzima (Ivyakozwe 20:24). Yaratahura yuko Imana ishaka ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri”.—1 Timoteyo 2:4.
Muri iki gihe, ivyo biriko birarangurwa biciye ku gikorwa kinini co kwamamaza no kwigisha ubu cakwiragiye mu bihugu 234 vyo kw’isi. Yezu yarabuye iryo kwiragira igihe yavuga ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bubere ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Emwe, “ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose” (Mariko 13:10). Mu mwaka uheze, abamamaji b’inkuru nziza barenga imiliyoni zitandatu bamaze amasaha 1.202.381.302 bakora ico gikorwa, bongera bararongora n’inyigisho za Bibiliya zirenga 5.300.000. Kubera ko ubuzima bugeramiwe, iyo nyigisho irahambaye cane.—Abaroma 10:13-15; 1 Ab’i Korinto 1:21.
Ibisohokayandikiro amamiliyoni, ushizemwo Amabibiliya, ibitabu be n’udutabu, biracapurwa uko umwaka utashe kugira ngo abanyotewe ukuri kwa Bibiliya basahirizwe. Vyongeye, amakopi arenga umuliyaridi y’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! arahingurwa. Uko abantu bumviriza inkuru nziza, ni ko harushiriza kwubakwa Ingoro z’Ubwami be n’Ingoro z’amateraniro z’Ivyabona vya Yehova nyinshi, zikaba zikoreshwa bwa bibanza nyamukuru bitangirwamwo inyigisho ishingiye kuri Bibiliya. Amateraniro y’umuzunguruko be n’amateraniro adasanzwe y’umusi umwe, hamwe n’amahwaniro y’intara araringanizwa uko umwaka utashe. Ukumenyerezwa kw’abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi, abakurambere be n’abakozi b’ishengero ni ikintu na co nyene kiguma kigirwa. Turakengurukira Yehova kuba yarashizeho izo ntunganyo zose biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Matayo 24:45-47, NW). Ese ukuntu dushima kugaragaza ko tumukurira ubwatsi!
Nugaragaze ko ukurira ubwatsi Yehova
Nk’uko vyagenze kuri rya yubaka ry’urusengero be na kwa kuronsa abakene bo mu mashengero y’abakirisu bo mu ntango ivyo bari bakeneye, amahera yose akoreshwa kuri ivyo bintu ava ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko ata n’umwe ashobora gutungisha Yehova, we Nyene ibintu vyose (1 Ngoma 29:14; Hagayi 2:8). Intererano rero ni ikimenyamenya c’urukundo dukunda Yehova be n’icipfuzo dufise co guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Paulo avuga ko ubwo buryo bwo guserura ubutanzi bwa cane ‘bwerekana ugushimira Imana’ (2 Ab’i Korinto 9:8-13). Yehova araremesha ugutanga mwene ukwo kubera ko kwerekana yuko tumufitiye agatima kagororotse be n’umutima mwiza. Abantu b’inda nziza kandi biheka kuri Yehova azobahezagira kandi bazosagamba mu buryo bw’impwemu (Gusubira mu vyagezwe 11:13-15; Imigani 3:9, 10; 11:25). Yezu yaradukuye amazinda yuko bivamwo agahimbare, mu kuvuga ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare,” NW], kuruta guhabga”.—Ivyakozwe 20:35.
Abakirisu bafise agatima ko gutanga ntibaca barindira gushika igihe bikenewe. Ahubwo, bararondera uturyo two ‘kugirira neza bose, cane-cane abo basangiye ukwemera’ (Abagalati 6:10, UB). Paulo mu kuremesha ugutanga kwa cane gushimwa n’Imana, yanditse ati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana” (Abaheburayo 13:16). Gukoresha ivyo dufise, ni ukuvuga umwanya wacu, inkomezi zacu be n’amahera yacu, kugira ngo dufashe abandi twongere turemeshe ugusenga gutyoroye birahimbara rwose Yehova Imana. Mu vy’ukuri, arakunda agatima ko gutanga.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 28, 29]
Uburyo butandukanye bamwebamwe bahitamwo gutanga
INTERERANO KU BW’IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE
Abenshi barashira ku ruhande amahera, canke bakabika igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose—Matayo 24:14.”
Ku kwezi ku kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera ibihugu arimwo. Izo mfashanyo z’amahera zitangwa n’abavyishakiye zishobora no guca zirungikwa kuri Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, bakazicisha ku Biro vy’Umunyamabanga akaba n’Umushingwabigega, kuri 25 Columbia Heights, Brooklyn, New York 11201-2483, canke ku biro vy’ishami rikorera mu gihugu iwanyu. Amasheki birashobora gushingwa ko ashikirizwa “Watch Tower.” Ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ibindi bintu vy’agaciro na vyo nyene birashobora gutangwa. Ikete rigufi rivuga yuko ivyo bintu ari ingabirano rikwiye kujana n’izo ntererano.
INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA
Amahera arashobora gutangwa hishimikijwe indinganizo idasanzwe, ku buryo hamwe nyene kuyatanga yoyasaba, ayo mahera yatanze yoyasubizwa. Kugira ngo umenye vyinshi kuri ico kibazo, turakwinginze uvugane n’Ibiro vy’Umunyamabanga akaba n’Umushingwabigega ukoresheje aderese yerekanywe aho hejuru.
KURINGANIZA IVYO GUTANGA BIVUYE KU MUTIMA W’URUKUNDO
Uretse ingabirano z’amahera be n’ugutanga amahera yoshobora gusubizwa, hariho ubundi buryo buteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Muri ubwo buryo harimwo ubukurikira:
Soransi: Birashobora gufatwa ko ishirahamwe Watch Tower Society riba ari ryo ryakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse canke ahawe pansiyo.
Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse birashobora kubikishirizwa canke gushingwa ko bizohabwa ishirahamwe Watch Tower Society nyene vyo niyapfa, hisunzwe ibisabwa n’ibanki y’aho umuntu aba.
Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene birashobora guhabwa ishirahamwe Watch Tower Society bwa ngabirano.
Itongo canke inzu: Itongo canke inzu canke vyompi ari ibishobora kugurishwa, birashobora gutangwa bwa ntererano haba mu kubigaba canke, mu gihe ari aho umuntu aba, nyene kubitanga agasigirwa aho aba arabaye, agashobora kubandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho. Imbere y’uko ugira amasezerano yo gushikiriza ico ari co cose muri ivyo, urabanza ubivugane n’ibiro vy’ishami biri mu gihugu iwanyu.
Ukuza uraronka amahera ku yo watanzeko ingabirano: Muri iyo ndinganizo, umuntu araha ishirahamwe Watch Tower Society amahera canke inzandiko zemeza ko ayafise ahantu. Nyene gutanga na we, canke umuntu yagenywe na we, araronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Mu mwaka vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agendera kuri iyo ndinganizo, hari aho akurwako ikori yahora ayatangako.
Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa ishirahamwe Watch Tower Society biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko, canke bigashobora kwitwa ko ishirahamwe Watch Tower Society ari ryo rigabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Imbitso iteza imbere ishirahamwe ry’ivy’idini irashobora gutuma umuntu akurwako amakori amwamwe.
Ubwo buryo bwo “gutanga bivuye ku mutima w’urukundo” busaba ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga bivuye ku mutima w’urukundo, harateguwe agatabu mu Congereza be no mu Gisupanyoli kerekeye ugutanga kwo gushigikira umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide). Ako gatabu kanditswe ngo kishure ibibazo vyinshi twagiye turabazwa ku biraba ingabirano, ivyete vy’iragi be n’imbitso. Karimwo kandi ayandi makuru y’ingirakamaro ku bijanye n’ugutegekanya ivyo gutanga itongo, amahera canke gutegekanya ibijanye n’amakori. Karamenyesha abantu ivyerekeye uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa haba ubu canke biciye ku kubiraga. Abantu benshi, bamaze gusoma ako gatabu no kubiganira n’abahanuzwajambo babo mu vy’amategeko canke mu vy’amakori hamwe n’ibiro birungikwako izo ntererano, barashoboye gusahiriza Ivyabona vya Yehova kw’isi yose, kandi kubera ukubigenza gutyo, muri ico gihe nyene barahungukiye rwose mu bijanye no kuriha amakori. Ako gatabu umuntu arashobora kukaronka mu kugasaba ivyo biro.
Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, wobiganira n’ibiro, haba mu kwandika ikete canke mu guterefona kuri aderese ishizwe aho hepfo canke ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu iwanyu.
Ivyabona vya Yehova
B.P. 2150 Bujumbura
Telefone: (257) 241110
[Ifoto ku rup. 26]
Ni igiki catumye abakirisu bo mu ntango baba abatanzi ba cane?