Dukorere Imana ‘duhuje umutima n’inama’
ABAYUDA hamwe n’abinjiye idini ryabo bakoraniye aho intumwa za Yezu Kristu ziri. Ni ku musi mukuru wa Pentekoti, abo bashitsi na bo bakaba baje i Yeruzalemu bavuye kure cane nk’i Roma mu Burengero be n’i Paritiya mu Buseruko. Muri iryo sinzi ry’abantu hariko humvikana indimi zitandukanye. Yamara, intumwa za Yezu ziriko zivugana n’iryo sinzi ry’abantu, ni Abanyagalilaya. Bamwe muri abo bashitsi bazazaniwe babaza bati: “Bishoboka gute ngo tube turiko turumva, umwe wese muri twebwe, ururimi rwiwe bwite yavukiyemwo?”—Ibik. 2:8.
Intumwa Petero arahaguruka maze agasigura icatumye haba ico gitangaro bariko baribonera. Ico bivamwo ntigiteba kwibonekeza. Abashasha ibihumbi barabatizwa! (Ibik. 2:41) Naho abagize ishengero bagwira ningoga na ningoga, baguma bunze ubumwe. Umwanditsi wa Bibiliya Luka avuga ati: “Abantu indiri bari bemeye bari bahuje umutima n’inama.”—Ibik. 4:32.
Abantu ibihumbi babatijwe ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C. baripfuje kuguma i Yeruzalemu igihe ciyongereye kugira ngo bige n’ibindi vyinshi ku vyerekeye ukwizera bari baherutse kuronka. Ariko rero ntibari baje bafise iciyumviro co kuhamara ico gihe. Ku bw’ivyo, haragizwe intunganyo y’igihe gito yo kwegeranya amahera. Abizera bamwebamwe baragurishije n’umutima ukunze ivyo bari batunze, maze ibivuyemwo babizanira intumwa kugira ngo zibigaburire abari babikenye. (Ibik. 2:42-47) Mbega agatima karanga urukundo n’ubutanzi bwa cane!
Abakirisu b’ukuri bamye nantaryo bagaragaza mwene ako gatima karanga urukundo n’ubutanzi bwa cane. Muri iki gihe, abagize ishengero rya gikirisu barabandanya gukorera Yehova bunze ubumwe, “bahuje umutima n’inama.” Umukirisu umwe wese ku giti ciwe, araterera umwanya wiwe, inguvu ziwe be n’uburyo bwiwe atitangiriye itama kugira ngo yamamaze inkuru nziza yongere ateze imbere ivyungura Ubwami bw’Imana.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Uburyo butandukanye bamwebamwe bahitamwo gutanga.”
[Ifoto ku rup. 6]
UBURYO BUTANDUKANYE BAMWEBAMWE BAHITAMWO GUTANGA
INTERERANO KU BW’IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE
Abenshi barashira ku ruhande amahera, canke bakabika igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.”
Ku kwezi ku kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye ibihugu akukira. Izo ntererano z’amahera zitangwa n’abavyishakiye, zoshobora no kurungikwa ata handi ziriwe ziraca kuri aderese ikurikira: Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., Attention Treasurer’s Office, 25 Columbia Heights, Brooklyn, New York 11201- 2483, canke na ho zikarungikwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye igihugu ubamwo. Amasheki arungikwa kuri iyo aderese akwiye kuba yanditsweko yuko amahera yohabwa “Watchtower.” Ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ibindi bintu vy’agaciro na vyo nyene vyoshobora gutangwa. Ivyo bintu vyoba bitanzweko intererano bikwiye guherekezwa n’ikete rigufi rivuga yuko ari ingabirano.
INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA
Amahera yoshobora kurungikirwa ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, kugira riyakoreshe mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ariko rero, ayo mahera yoshobora gusubizwa mu gihe nyene kuyatanga abisavye. Ushaka kumenya vyinshi kuri ico kibazo, turakwinginze ubaze mu kwandikira Ibiro vy’Umushingwabigega ukoresheje aderese yamaze gutangwa.
KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE
Uretse ingabirano z’amahera, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Muri ubwo buryo harimwo ubu bukurikira:
Soransi: Izina Watch Tower and Tract Society of Pennsylvania ryoshobora gutangwa ngo iryo shirahamwe ribe ari ryo ryakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse canke ahawe pansiyo.
Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birashobora kubikishirizwa ishirahamwe Watch Tower and Tract Society of Pennsylvania canke bigashingwa yuko bizohabwa iryo shirahamwe nyene vyo niyapfa, hisunzwe ibisabwa n’ibanki y’aho umuntu aba.
Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa ishirahamwe Watch Tower bwa ngabirano.
Itongo canke inzu: Itongo canke inzu, kibure vyompi uko ari bibiri, mu gihe ari ibishobora kugurishwa, birashobora gutangwa bwa ntererano mu kubigaba. Mu gihe ari aho umuntu aba, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, agashobora kubandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho. Imbere yo kugira amasezerano yo gushikiriza ico ari co cose muri ivyo, urabanza ubivugane n’ibiro vy’ishami vyo mu gihugu ubamwo.
Ukuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Muri iyo ndinganizo, umuntu araha urwego kanaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova amahera canke inzandiko zemeza ko ayafise ahantu. Nyene gutanga na we, canke umuntu yagenywe na we, araronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa ikori yahora ayatangako.
Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko, canke bigashobora kwitwa ko ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ari ryo rigabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Imbitso iteza imbere ishirahamwe ry’ivy’idini irashobora gutuma umuntu akurwako amakori amwamwe.
Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza be no mu gisupanyoli kerekeye ugutanga kwo gushigikira umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide). Ako gatabu kateguwe kugira gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa haba ubu canke biciye ku kubiraga ishirahamwe. Abantu benshi, bamaze gusoma ako gatabu no kubiganira n’abahanuzwajambo babo mu vy’amategeko canke mu vy’amakori, barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kuhungukira rwose mu bijanye no kuriha amakori. Ako gatabu umuntu arashobora kukaronka mu kugasaba ku biro biraba ivy’ukuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye.
Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, wobiganira n’ibiro biraba ivy’ukuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye, mu kwandika ikete ukoresheje iyo aderese ishizwe aho hepfo canke mu guterefona ibiro vy’ishami bikorera mu gihugu canyu ukoresheje izo nomero zerekanywe.
Ivyabona vya Yehova
B.P. 2150 Bujumbura
Telefone: (257) 22241110