‘Ijwi ryavyo ryumvikanye mw’isi yose’
“Muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era”.—MATAYO 28:19.
1, 2. (a) Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abigishwa biwe? (b) Ni kubera iki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashoboye kurangura vyinshi cane?
GATOYI imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarashinze igikorwa abigishwa biwe. Yababwiye ati: “Muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era’ (Matayo 28:19). Ese ukuntu cari igikorwa gihambaye!
2 Iyumvire gatoyi! Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., abigishwa nka 120 barashungururiweko impwemu yera hanyuma batangura kurangura ico gikorwa mu kubwira abandi ko Yezu ari we Mesiya abantu bari bamaze igihe kirekire barindiriye, umwe vyociyeko kugira baronke ubukiriro (Ivyakozwe 2:1-36). Uwo mugwi mutoyi gutyo woshikiriye gute “abantu bo mu mahanga yose”? Ku bantu, ntivyari gushoboka, ariko “ku Mana vyose birashoboka” (Matayo 19:26). Abakirisu bo mu ntango bari bashigikiwe n’impwemu yera ya Yehova, kandi barabona ko ibintu vyihutirwa (Zekariya 4:6; 2 Timoteyo 4:2). Ku bw’ivyo, mu myaka mirongo gusa, intumwa Paulo yarashoboye kuvuga yuko inkuru nziza yariko iravugwa “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru”.—Ab’i Kolosayi 1:23.
3. Ni igiki catwikiriye “uburo” butyoroye bwa gikirisu?
3 Mu gice kinini c’ikinjana ca mbere cose, ugusenga kw’ukuri kwarabandanije gukwiragira. Ariko rero, Yezu yari yarabuye yuko hoshitse igihe Shetani akabiba “urwamfu” hanyuma “uburo” nyakuri bwa gikirisu bukamara ibinjana vyinshi butwikiriwe gushika igihe c’igenya. Ivyo vyararangutse inyuma y’urupfu rw’intumwa.—Matayo 13:24-39.
Iyongerekana ryihuta muri iki gihe
4, 5. Kuva mu 1919, ni igikorwa ikihe abakirisu basizwe batanguye gukora, kandi ni kubera iki ico cari igikorwa gihambaye?
4 Mu 1919, cari igihe c’uko uburo butyoroye bwa gikirisu butandukanywa n’urwamfu. Abakirisu basizwe bari bazi yuko bari bakijejwe igikorwa gihambaye Yezu yatanze. Baremera bashikamye yuko babayeho mu “misi y’iherezo” kandi bari bazi ubuhanuzi bwa Yezu buvuga ngo: “Ubu butumwa bgiza bg’Ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (2 Timoteyo 3:1; Matayo 24:14). Ni vyo, bari bazi yuko hariho igikorwa kinini co gukora.
5 Ariko rero, cokimwe n’abigishwa bo mu 33 G.C., abo bakirisu basizwe bari bafise igikorwa amahero. Bari ibihumbi bikeyi gusa baba mu bihugu bikeyi vyonyene. Bari gushobora gute kwamamaza inkuru nziza “mw isi yose”? Ibuka yuko ababa kw’isi bari bariyongereye bava ku miliyoni 300 mu gihe hatwara ba Kayisari bashika nko ku miliyaridi 2 inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose. Kandi mu kinjana ca 20 cose, bobandanije kwiyongera ningoga na ningoga.
6. Inkuru nziza yari imaze gukwiragira ku rugero rungana iki mu myaka ya 1930?
6 Naho ari ukwo, abasavyi ba Yehova basizwe, cokimwe n’abavukanyi babo bo mu kinjana ca mbere, baratanguye igikorwa bari bashinzwe bizeye Yehova bimwe vyuzuye, kandi impwemu yiwe yari kumwe na bo. Hagati y’imyaka ya 1930, abamamazanjili bashika nka 56.000 bari bamaze kuvuga ukuri kwa Bibiliya mu bihugu bishika 115. Hari hamaze gukorwa igikorwa kinini, mugabo hari hagisigaye gukorwa vyinshi.
7. (a) Ni ikindi gikorwa kitoroshe ikihe abakirisu basizwe bagize? (b) Bifashijwemwo n’“izindi ntama”, igikorwa co gutororokanya abantu cateye imbere gute gushika muri kino gihe?
7 Maze rero, ugutahura kurushirije kuba ukwimbitse akaranga ka rya “shengero ryinshi” rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9 kwatumye abo bakirisu b’abanyamwete bagira ikindi gikorwa kitoroshe, gutuma kandi bagira icizigiro c’uko boronse ikibafasha. Ishengero ata woshobora kuriharura ry’“izindi ntama”, ni ukuvuga abizera bafise icizigiro co kuba kw’isi, bategerezwa gutororokanywa “mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” (Yohana 10:16). Abo ‘boranguriye Yehova umurimo mweranda ku murango no mw’ijoro’ (Ivyahishuriwe 7:15, NW). Ivyo bisobanura ko bofashije mu gikorwa c’ukwamamaza no kwigisha (Yesaya 61:5). Ku bw’ivyo, abakirisu basizwe barahimbawe no kubona igitigiri c’abamamaji carongerekanye, kiva ku bihumbi mirongo gishika ku mamiliyoni. Mu mwaka wa 2003, igitigiri c’agaheta gishasha c’abantu 6.429.351 baragize uruhara mu gikorwa co kwamamaza, benshi muri bo bakaba ari abo mw’ishengero ryinshia. Abakirisu basizwe barakura ubwatsi ku bw’iyo mfashanyo, abo mu zindi ntama na bo barakura ubwatsi ku bw’agateka batewe ko gushigikira abavukanyi babo basizwe.—Matayo 25:34-40.
8. Ivyabona vya Yehova bifashe gute mu mikazo y’akaburarugero yabaye mu gihe ca ya ntambara igira kabiri y’isi yose?
8 Igihe umugwi w’uburo wasubira kuja ahabona, Shetani yarawuteje intambara ikaze (Ivyahishuriwe 12:17). Igihe ishengero ryinshi ryatangura kuboneka, yavyakiriye gute? Yagize ubukazi bw’akaburarugero! Twoba twokeka none ko ari we yari inyuma y’igitero cagizwe kw’isi yose ku gusenga kw’ukuri cabaye mu ntambara ya kabiri y’isi yose? Ku mpande zompi z’ayo matati, abakirisu baragiye mu mukazo ukomeye. Abavukanyi n’abavukanyikazi benshi bakundwa baracumukujwe n’ibigeragezo biteye ubwoba, bamwebamwe barapfa bazira ukwizera kwabo. Naho ari ukwo, barasubiyemwo amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Imana izompa gushima ijambo ryayo, Imana ni yo nizigiye, sinzotinya; Non’abantu boshobora kuntwara iki?” (Zaburi 56:4; Matayo 10:28). Abakirisu basizwe be n’izindi ntama, bakomejwe n’impwemu ya Yehova, bose hamwe barahagaze bashikamye (2 Ab’i Korinto 4:7). Ico vyavuyemwo, ni uko ‘ijambo ry’Imana ryabandanije gukura’ (Ivyakozwe 6:7, NW). Mu 1939, igihe intambara yaduka, abakirisu b’abizerwa 72.475 ni bo batanze raporo ko bagize uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ariko rero, raporo idakwiye yo mu 1945, umwaka intambara yarangira, yarerekanye yuko Ivyabona b’abanyamwete 156.299 bariko bakwiragiza inkuru nziza. Mbega ukuntu Shetani yatsinzwe!
9. Ni amashure mashasha ayahe yatangajwe mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose?
9 Biribonekeza ko umuvurungano w’intambara igira kabiri y’isi yose utatumye abasavyi ba Yehova bakekeranya yuko igikorwa c’ukwamamaza coranguwe. Kukaba nkako, mu 1943, igihe intambara yari ishushe, haratangajwe amashure abiri mashasha. Rimwe, iryitwa ubu Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, ryari rigiye kugirwa mu mashengero yose kugira ngo rimenyereze Ivyabona umwumwe ukwiwe kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Irindi, ni ukuvuga Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, ryari rigenewe kumenyereza abamisiyonari boshikanye igikorwa c’ukwamamaza mu bihugu vyo mu mahanga. Egome, igihe amaherezo intambara yarangira, abakirisu b’ukuri bari biteguriye ico gikorwa ciyongereye.
10. Umwete w’abasavyi ba Yehova wagaragaye gute mu mwaka w’umurimo wa 2003?
10 Kandi ese ukuntu bakoze igikorwa c’akaroruhore! Bivuye ku kumenyerezwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, bose abato n’abakuze, abavyeyi n’abana, eka mbere n’abafise amagara make baragize uruhara mw’irangurwa ry’igikorwa gihambaye Yezu yatanze kandi n’ubu barabandanya (Zaburi 148:12, 13; Yoweli 2:28, 29). Mu mwaka wa 2003, dufatiye ku ncahagati yo ku kwezi ku kwezi, abantu 825.185 barerekanye ko babona yuko ibintu vyihutirwa mu kugira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi, haba ari mu gihe gito canke kibandanya. Muri uwo mwaka nyene, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha 1.234.796.477 babwira abandi inkuru nziza y’Ubwami. Nta gukeka ko Yehova ahimbarwa n’umwete w’abo basavyi biwe!
Mu ndimiro zo mu mahanga
11, 12. Ni uburorero ubuhe bwerekana ibintu vyiza vyagizwe n’abamisiyonari?
11 Uko imyaka yagiye irengana, abasohotse Ishure ry’i Gileyadi ushizeko n’abasohotse Ishure rimenyereza abasuku muri iyi myaka ya vuba, baragize ibintu vyiza vy’igitangaza. Muri Berezile nk’akarorero, hari abamamaji badashika na 400 igihe abamisiyonari ba mbere na mbere bahashika mu 1945. Abo bamisiyonari be n’ababakurikiye barakoze cane bari kumwe n’abavukanyi babo b’abanyamwete b’Abanyaberezile, kandi Yehova yarahezagiye rwose utwigoro twabo. Ese ukuntu biteye akanyamuneza ku muntu wese yibuka iyo misi yo mu ntango, kubona Berezile yatanze raporo y’igitigiri c’agaheta gishasha c’abamamaji 607.362 mu 2003!
12 Rimbura Ubuyapani. Imbere y’intambara ya kabiri y’isi yose, hari abamamaji b’Ubwami nk’ijana muri ico gihugu. Mu gihe c’intambara, harabaye uruhamo rukaze rwatumye ico gitigiri kigabanuka, kandi mu mpera z’iyo ntambara, Ivyabona bakeyi gusa ni bo bari bakiri bazima mu vy’impwemu no mu vy’umubiri (Imigani 14:32). Ivyo Vyabona b’intadohoka bakeyi bibonekeje nta gukeka ko bahimbawe no kwakira mu 1949 abamisiyonari 13 bamenyerejwe kw’Ishure ry’i Gileyadi, kandi abo bamisiyonari ntibatevye gukunda abavukanyi babo b’Abayapani barangwa igishika n’ubwakiranyi. Mu 2003, haciye imyaka irenga 50, Ubuyapani bwatanze raporo y’igitigiri c’agaheta c’abamamaji 217.508! Yehova koko yarahezagiye cane abasavyi biwe bo muri ico gihugu. No mu bindi bihugu vyinshi, haravayo amaraporo nk’ayo. Abashoboye kwamamaza mu bihugu vyo mu mahanga, baragize ico baterera kiboneka mw’ikwiragizwa ry’inkuru nziza ku buryo bw’uko mu 2003, yumvikanye mu bihugu, mu mazinga be no mu vyibare biri hirya no hino kw’isi bishika 235. Vyemere, ishengero ryinshi ririko riva mu “mahanga yose”.
“Bo mu . . . miryango yose n’amoko yose n’indimi zose”
13, 14. Ni mu buhe buryo Yehova yerekanye agaciro ko kwamamaza inkuru nziza mu “ndimi zose”?
13 Igitangaro ca mbere kivugwa ko cakozwe abigishwa bamaze gusigwa impwemu yera kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., cari ic’uko bavuze mu ndimi mu kuvugisha amasinzi y’abantu yari akoranye. Ababumvise bose bashobora kuba bavuga ururimi rwakoreshwa mu bihugu vyinshi, kumbure kikaba cari ikigiriki. Kubera yuko bari “abantu bubaha Imana”, bashobora kuba kandi baratahura ivyagirirwa ku rusengero hakoreshejwe igiheburayo. Mugabo, ivyiyumviro vyabo vyarakwegerewe vy’ukuri igihe bumva inkuru nziza mu rurimi kavukire rwabo.—Ivyakozwe 2:5, 7-12.
14 No muri iki gihe, indimi nyinshi ziriko zirakoreshwa mu gikorwa co kwamamaza. Ishengero ryinshi ryari ryarabuwe ko ritovuye mu mahanga gusa, ariko kandi ko ryovuye mu “miryango yose n’amoko yose n’indimi zose”. Mu buryo buhuje n’ivyo, Yehova yarabuye abicishije kuri Zekariya ati: “Abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi [zose], bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23, ni twe tubihiritse.). Naho Ivyabona vya Yehova batagifise ingabirano yo kuvuga izindi ndimi, barazi agaciro ko kwigisha mu ndimi abantu bavuga.
15, 16. Abamisiyonari be n’abandi bishinze gute igikorwa kitoroshe c’ukwamamaza mu ndimi z’aho bakorera?
15 Ego ni ko, muri iki gihe hariho indimi usanga zikoreshwa cane henshi, nk’icongereza, igifaransa n’igisupanyoli. Ariko rero, abavuye mu gihugu cabo c’amavukiro kugira ngo basukurire mu kindi gihugu, baragerageza kwiga indimi zaho kugira batume inkuru nziza irushiriza gushikira “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” (Ivyakozwe 13:48, NW). Ivyo bishobora kuba ibitoroshe. Igihe abavukanyi bo mu gihugu ca Tuvalu co muri Pasifike yo mu Bumanuko bari bakeneye ibisohokayandikiro mu rurimi rwabo, umwe mu bamisiyonari yarishinze ico gikorwa. Kubera ko ata nyizamvugo yari ihari, yatanguye kugira icegeranyo c’amajambo yo mu gituvalu. Mu nyuma, igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isib carasohowe mu gituvalu. Igihe abamisiyonari bashika i Curaçao, nta gisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya be n’inyizamvugo vyo mu rurimi rwaho rw’igipapiyamento vyari bihari. Hariho kandi ukudahuza rwose ku kuntu urwo rurimi rukwiye kwandikwa. Mugabo, hashize imyaka ibiri abamisiyonari ba mbere bashitse, agapapuro ka mbere k’inkuru nziza ka gikirisu gashingiye kuri Bibiliya karasohowe muri urwo rurimi. Muri kino gihe, igipapiyamento ni rumwe mu ndimi 133 Umunara w’Inderetsi usohokeramwo rimwe n’icongereza.
16 Muri Namibiya, abamisiyonari ba mbere na mbere ntibashobora kuronka Icabona wo muri ico gihugu abafasha kugira ubuhinduzi. Vyongeye, ururimi rumwe rwo muri ico gihugu, ari rwo nama ntirwari rufise amajambo aserura ivyiyumviro dukunda gukoresha, nk’akarorero imvugo ngo “kitagira agasembwa”. Umumisiyonari umwe avuga ati: “Mu guhindura, ahanini nakoresha abigisha bo mu mashure baba bariko baratohoza Bibiliya. Kubera ko bari bafise ubumenyi bukeyi bwerekeye ukuri, nategerezwa kwicarana na bo kugira niyemeze neza yuko iryungane rimwerimwe ryose ritagiramwo agakosa”. Naho ibintu vyari vyifashe ukwo, agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo La vie dans un monde nouveau (Ubuzima mw’isi nshasha) karahinduwe mu ndimi zine zo muri Namibiya. Muri iki gihe, Umunara w’Inderetsi urasohorwa ubudahorereza mu gikwanyama no mu kindonga.
17, 18. Ni igikorwa kitoroshe ikihe kiriko kirangurwa muri Megizike no mu bindi bihugu?
17 Muri Megizike, ururimi nyamukuru ni igisupanyoli. Ariko rero, imbere y’uko imvukira zo muri Esupanye zishika, havugwayo indimi nyinshi, kandi izitari nke ziracakoreshwa. Ku bw’ivyo, ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova ubu bihingurwa mu ndimi indwi zo muri Megizike be no mu rurimi rw’ibimenyetso rw’ikinyamegizike. Igikorwa dukorera Ubwami co mu kimaya ni co cabaye igisohokayandikiro ca mbere kiriko itariki gisohorwa mu rurimi rw’Abahindi bo muri Amerika. Nkako, ibihumbi bitari bike vy’Abamaya, Abaziteki be n’abandi bari mu bamamaji b’Ubwami 572.530 bo muri Megizike.
18 Mu bihe vya vuba, abantu amamiliyoni barahungiye mu bihugu vyo mu mahanga baba impunzi canke barimukirayo bitumwe n’imvo z’ivy’ubutunzi. Ico vyavuyemwo, ibihugu vyinshi ubu birafise ari bwo bwa mbere indimiro zagutse zikoresha ururimi rwo mu mahanga. Ivyabona vya Yehova barishinze ico gikorwa kitoroshe. Nk’akarorero, mu Butaliyano hari amashengero n’imigwi bikoresha indimi 22 uretse igitaliyano. Kugira abavukanyi bafashwe kwamamaza ku bantu bavuga izindi ndimi, haherutse kuringanizwa ivyigwa vyo kwigisha indimi 16, harimwo n’ururimi rw’ibimenyetso rw’igitaliyano. Mu bindi bihugu vyinshi, Ivyabona vya Yehova bariko bagira utwigoro nk’utwo nyene kugira bashikire abantu benshi baje kuhagerera bavuye mu bindi bihugu. Ni vyo, bifashijwemwo na Yehova, ishengero ryinshi ririko vy’ukuri riva mu migwi myinshi cane y’indimi.
“Mw isi yose”
19, 20. Ni amajambo ya Paulo ayahe ariko ararangurwa mu buryo bwibonekeje muri kino gihe? Sigura.
19 Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yanditse ati: “Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi” (Abaroma 10:18). Niba ivyo ari ukwo vyari biri mu kinjana ca mbere, hari akantu muri iki gihe cacu! Abantu amamiliyoni, kumbure kuruta ikindi gihe ico ari co cose cigeze kubaho muri kahise, bariko bavuga ngo: “Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca”.—Zaburi 34:1.
20 Vyongeye, igikorwa ntikiriko kigenda gisubira inyuma. Igitigiri c’abamamaji b’Ubwami kiguma congerekana. Umwanya bamara mu ndimiro urushiriza kwiyongera. Haragirwa amasubirayo amamiliyoni hakarongorwa n’inyigisho za Bibiliya ibihumbi amajana. Kandi ugushimishwa kurabandanya kwigaragaza. Mu mwaka uheze, igitigiri c’agaheta gishasha c’abantu 16.097.622 baritavye ihimbazwa ry’Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Biribonekeza ko hakiriho vyinshi vyo gukora. Ese twobandanya kwigana ukutadohoka gushikamye kw’abavukanyi bacu bihanganiye uruhamo rukaze! Kandi ese twogaragaza umwete nk’umwe wa ba bavukanyi bacu bose bitanga mu murimo wa Yehova kuva mu 1919! Nimuze twese tubandanye gusasirira icitabirizo c’umwanditsi wa Zaburi kigira giti: “Igihumeka cose nigishemeze Ya. Shemeze Ya, mwa bantu!”.—Zaburi 150:6, NW.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba raporo y’umwaka iri ku rupapuro rwa 18 gushika ku rupapuro rwa 21 rw’iki kinyamakuru.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora kubisigura?
• Ni igikorwa ikihe abavukanyi batanguye gukora mu 1919, kandi ni kubera iki cari igikorwa kitoroshe?
• Ni bande bakorakoranijwe kugira bashigikire igikorwa co kwamamaza?
• Ni ibintu ibihe abamisiyonari be n’abandi basukurira mu bindi bihugu baranguye?
• Ni ikimenyamenya ikihe ushobora kuvuga cerekana ko Yehova ariko arahezagira igikorwa c’abasavyi biwe muri kino gihe?
[Igicapo ku rup. 18-21]
RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE W’2003
(See bound volume)
[Amafoto ku rup. 14, 15]
Umuvurungano w’intambara ya kabiri y’isi yose ntiwatumye abakirisu bakekeranya yuko inkuru nziza yokwamamajwe
[Abo dukesha ifoto]
Iturika ry’ibombe: U.S. Navy photo; izindi: U.S. Coast Guard photo
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Ishengero ryinshi ryovuye mu moko yose n’indimi zose