ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 14-19
  • Abaninahaza Imana barahezagirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abaninahaza Imana barahezagirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane ya kera
  • Ingorane zihanze ugusenga kwacu muri iki gihe
  • Twemere ko dutsinzwe canke twivune umwansi?
  • Tuninahaze Imana bwa bamamaji b’Ubwami
  • ‘Urugi rwuguruye’ rw’umurimo
  • Woba uzokwerekana ubuninahazwa bw’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Rwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
    Urwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 14-19

Abaninahaza Imana barahezagirwa

‘Mwami, . . . bazokwikubita imbere, bagusenge kandi bazoninahaza izina ryawe’.—Zaburi 86:9.

1. Ni kubera iki twebwe dushobora kuninahaza Imana kurusha ibiremwa bidafise ubuzima?

YEHOVA arabereye gushemezwa n’ivyo yaremye vyose. Mu gihe ibiremwa vyiwe bitagira ubuzima bimuninahaza ata jambo bivuze, tweho abantu turafise ubushobozi bwo kwiyumvira, gutegera, gukenguruka no gusenga Imana. Ni twebwe rero umwanditsi wa Zaburi abwira ati: “Yemwe abari mw isi yose, muvugirize Imana impundu: Muririmbe mwerekana icubahiro c’izina ryayo, muhimbaze ishimwe ryayo”.—Zaburi 66:1, 2.

2. Ni bande bitabiriye itegeko ryo guhimbaza canke kuninahaza izina ry’Imana, kandi kubera iki?

2 Abantu benshi baranka kwemera yuko Imana ibaho canke bakanka kuyininahaza. Ariko rero, mu bihugu 235, Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu baragaragaza yuko babona ‘kamere zitaboneka’ z’Imana biciye mu bintu yaremye bakanagaragaza yuko ‘bumvise’ intahe ivyaremwe bishinga ata jambo bivuze (Abaroma 1:20; Zaburi 19:2, 3). Mu kwiga Bibiliya, baramenye kandi Yehova bongera baramukunda. Muri Zaburi 86:9, 10 habuye ibi: “Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: kandi bazo[ninahaza] izina ryawe, kuk’uhambaye, kand’ukora ibitangaza: ni wewe Mana wenyene”.

3. Ni mu buryo ki “ishengero ryinshi” rirangura ‘umurimo mweranda ku murango no mw’ijoro’?

3 Muri ubwo buryo nyene, mu Vyahishuriwe 7:9, 15 havuga yuko “ishengero ryinshi” ry’abasavyi b’Imana “[‘bayirangurira umurimo mweranda’, NW] mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro”. Ivyo ntibishaka kuvuga yuko Imana isaba abasavyi bayo kuyishemeza bataruhuka, mugabo abasavyi bayo bagize ishirahamwe rikwiye kw’isi yose. Mu gihe rero buba bwije mu bihugu bimwebimwe, abasavyi b’Imana bo mu yindi mihingo y’isi baba bariko bashinga intahe. Ni co gituma bishobora kuvugwa yuko izuba ritigera rirenga ku baninahaza Yehova. Vuba “igihumeka cose” kizoshira ijwi ryaco hejuru mu gushemeza Yehova (Zaburi 150:6). Mugabo none, mu gihe tukirindiriye ico gihe, twokora iki ubwacu kugira ngo tuninahaze Imana? Ni ingorane izihe twoshobora guhangana? Kandi ni imihezagiro iyihe irindiriye abaninahaza Imana? Kugira ngo twishure ivyo bibazo, nimuze turimbure inkuru yo muri Bibiliya yerekeye umuryango w’Abisirayeli ukomoka kuri Gadi.

Ingorane ya kera

4. Ni ingorane iyihe yari ihanze umuryango wa Gadi?

4 Imbere y’uko abo mu muryango w’Abisirayeli ukomoka kuri Gadi binjira mu Gihugu c’Isezerano, basavye yuko bokwemererwa kuja kuba mu gihugu c’amaragiriro co mu Buseruko bwa Yorodani (Guharūra 32:1-5). Kuba muri ico gihugu vyari gusobanura guhangana n’ingorane zikomakomeye. Imiryango yo mu Buseruko yokingiwe n’Ikiyaya ca Yorodani, kikaba cari intambamyi yari ihasanzwe yashobora kuzibira igitero ca gisirikare (Yosuwa 3:13-17). Ariko rero, ku vyerekeye intara zo mu Buseruko bwa Yorodani, igitabu kimwe (The Historical Geography of the Holy Land) c’uwitwa George Adam Smith, kivuga giti: “[Izo ntara] zose ziragenda zigashika iyo n’iyo ziramvuye kw’itaba ryo muri Arabiya, ata na kimwe gisa n’ikizitangira. Ivyo vyatumye mu myaka n’iyindi abantu b’abimukira b’abashonji baza barinjira muri izo ntara, bamwebamwe muri abo bakahashwara ku mwaka ku mwaka barondera amaragiriro”.

5. Yakobo yaremesheje abokomotse kuri Gadi kuvyifatamwo gute baramutse batewe?

5 Umuryango wa Gadi wohanganye gute n’uwo mukazo udahera? Ibinjana nka bingahe imbere y’aho, mu buhanuzi sekuruza wabo Yakobo yatangaje ari ku mpfiro, yavuze ati: “Gadi, igitero kizomutera, ariko na we azogihindukirana, agice ibitsi” (Itanguriro 49:19). Umuntu agisoma ayo majambo, yohava abona ko umenga aravuna umutima. Ariko mu vy’ukuri, yategeka Abagadi kwivuna umwansi. Yakobo yarabakuye amazinda yuko baramutse babigize, bene kubatera bosubiye inyuma bimwe vy’akamaramaza, Abagadi babaciye ibitsi canke babateye babaturutse inyuma.

Ingorane zihanze ugusenga kwacu muri iki gihe

6, 7. Ni mu buryo ki ukuntu ivy’abakirisu vyifashe muri kino gihe bimeze nk’uko ivya wa muryango wa Gadi vyari vyifashe?

6 Cokimwe na wa muryango wa Gadi, abakirisu muri kino gihe barashikirwa n’imikazo be n’ingorane bituruka kuri uru runkwekwe rwa Shetani; nta burinzi bwo ku gitangaro turonka budukingira kunyinyana n’ivyo bintu (Yobu 1:10-12). Benshi muri twebwe bategerezwa guhangana n’imikazo yo kwiga, kuronka icobabeshaho be no kurera abana. Ico tutokwirengagiza kandi ni imikazo ishikira umwumwe ku giti ciwe canke yo mu mubiri. Bamwe bategerezwa kwihanganira ‘ihwa mu mubiri’ mu buryo bw’ubumuga bukomeye canke indwara idakira (2 Ab’i Korinto 12:7-10). Abandi barabuzwa amahoro n’ukwiyumvamwo ko ata co bamaze. “Imisi mibi” yo mu butama yoshobora gutuma abakirisu bageze mu zabukuru badasukurira Yehova bafise ingoga nk’izo bari bafise kera.—Umusiguzi 12:1.

7 Intumwa Paulo na we aratwibutsa yuko “tunigana . . . n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru” (Abanyefeso 6:12). Twama nantaryo duhangana n’“impwemu y’iyi si”, iyo na yo ikaba ari agatima k’ubugarariji be n’ukwononekara mu vy’inyifato runtu karemeshwa na Shetani be n’amadayimoni yiwe (1 Ab’i Korinto 2:12; Abanyefeso 2:2, 3). Cokimwe na Loti yatinya Imana, na twebwe uyu musi twoshobora kubabazwa n’ibintu vy’ubushegabo abantu badukikije bavuga kandi bagakora (2 Petero 2:7). Turahangana kandi n’ibitero Shetani adutera imbonankubone. Shetani ariko arateza intambara amasigarira y’abasizwe, “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:17). “Izindi ntama” za Yezu zirashikirwa n’ibitero vya Shetani biza mu buryo bw’ukubuzwa be no mu buryo bw’uruhamo.—Yohana 10:16.

Twemere ko dutsinzwe canke twivune umwansi?

8. Dukwiye gukora iki ku bitero vya Shetani, kandi kubera iki?

8 Dukwiye gukora iki ku bitero vya Shetani? Nka kumwe kwa wa muryango wa kera wa Gadi, dutegerezwa kuba abakomeye mu buryo bw’impwemu maze tukivuna umwansi twisunze uburongozi bw’Imana. Ikibabaje ni uko bamwebamwe batanguye kugondozwa n’imikazo yo mu buzima, barafata minenegwe amabanga bajejwe yo mu vy’impwemu (Matayo 13:20-22). Icabona umwe yavuze ibi ku vyerekeye igituma igitigiri c’abitaba amakoraniro mw’ishengero akukira cari cagabanutse: “Abavukanyi vy’ukuri bariko bararuha. Bose bararuhijwe n’imikazo”. Kukaba nkako, abantu muri iki gihe barafise imvo nyinshi zo kuruha. Biroroshe rero ko umuntu abona ko gusenga Imana ari nk’uwundi mukazo, akabona ko ari ibanga riremereye. Mugabo none, ukubona ibintu gutyo kwoba ari kwiza canke kubereye?

9. Kwishirako ingǒgo ya Kirisitu bishikana gute ku kuruhurirwa?

9 Rimbura ivyo Yezu yabwiye isinzi ry’abantu bo mu gihe ciwe na bo nyene bari baruhijwe n’imikazo yo mu buzima. Yavuze ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura”. Yezu yoba yashaka kuvuga yuko umuntu yoronse ukuruhurirwa mu kugabanya umurimo arangurira Imana? Ahubwo yavuze ati: “[“Nimwishireko ingǒgo”, NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu”. Ingǒgo ni ikintu gikoze mu giti canke mu cuma gishoboza umuntu canke igikoko gutwara umuzigo uremereye. None ni kubera iki umuntu yokwipfuza kwishirako iyo ngǒgo? Ntidusanzwe none ‘turemerewe’? Egome dusanzwe turemerewe, mugabo mu gisomwa co mu kigiriki hoshobora gusomwa kandi uku: “Nimuze munsi y’ingôgo yanje hamwe nanje”. Iyumvire gatoyi iki kintu: Yezu adusaba ko yodufasha gutwara umuzigo wacu! Ntibikenewe ko tuwutwara dukoresheje inkomezi zacu bwite.—Matayo 9:36; 11:28, 29, NW, akajambo k’epfo; 2 Ab’i Korinto 4:7.

10. Ni ibiki biva mu twigoro tugira two kuninahaza Imana?

10 Igihe twishizeko ingǒgo yo kuba umwigishwa, tuba turiko turarwanya Shetani. “Murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga”. Ukwo ni ko muri Yakobo 4:7 hasezerana. Ivyo ntibishaka kuvuga ko kumurwanya ari ikintu coroshe. Gusukurira Imana bisaba akigoro gakomeye (Luka 13:24). Mugabo Bibiliya itanga uyu muhango muri Zaburi 126:5: “Ababiba barira bazokwimbura banezerewe”. Ego cane, Imana dusukurira si iyidakenguruka. “I[r]aha impēra abayirondera” kandi igahezagira abayininahaza.—Abaheburayo 11:6.

Tuninahaze Imana bwa bamamaji b’Ubwami

11. Ubusuku bwo mu ndimiro budufasha gute kurwanya ibitero vya Shetani?

11 Yezu yategetse ati: “Ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa”. Igikorwa co kwamamaza ni bwo buryo nyamukuru bwo gushikanira Imana “ikimazi co gukenguruka” (Matayo 28:19; Abaheburayo 13:15). Kwambara ‘inkweto z’ivy’ubutumwa bwiza bw’amahoro’, ni umuce ntahara w’“ibirwanishwa [vyacu] vyose”, ivyo bikaba ari vyo bidufasha kurwanya ibitero vya Shetani (Abanyefeso 6:11-15). Gushemeza Imana mu busuku bwo mu ndimiro ni uburyo bwiza bwo kubungabunga ukwizera kwacu (2 Ab’i Korinto 4:13). Biradufasha kurinda umuzirikanyi wacu ivyiyumviro bibi (Ab’i Filipi 4:8). Kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro bituma twifatanya mu buryo buremesha n’abo dusangiye ugusenga.

12, 13. Kugira uruhara ubudahorereza mu busuku bwo mu ndimiro bishobora gute kugirira akamaro ingo? Bitangire akarorero.

12 Igikorwa co kwamamaza kirashobora kandi kuba igikorwa ciza abo mu rugo bokorera hamwe. Ego ni ko, abakiri bato barakeneye ukwisamaza kuri ku burimbane. Ariko rero, umwanya abagize urugo bamara bari mu busuku bwo mu ndimiro si ngombwa ngo ube uwubarambira. Abavyeyi barashobora gutuma urushiriza kuba uwuhimbaye mu kumenyereza abana babo kuba kirumara mu busuku. None abakiri bato ntusanga bakunda cane ibintu bashoboye gukora neza? Mu gihe abavyeyi bagaragaje uburimbane, ntibasabe abana ivyo badashoboye, barashobora kubafasha kuronkera umunezero mu busuku.—Itanguriro 33:13, 14.

13 Ikindi kandi, urugo rushemereza Yehova hamwe ruratsimbataza ubucuti bwa hafi. Rimbura nk’akarorero ivy’umuvukanyikazi umwe yatawe n’umugabo wiwe atizeye akamusigarana abana batanu. Ivyo vyatumye ahangana n’ingorane yo gukora akazi no kuronsa abana biwe ivy’umubiri. Yoba none yararuha rwose gushika n’aho yirengagiza ineza yo mu vy’impwemu y’abana biwe? Avuga ati: “Nariga Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya ndabigiranye umwete kandi nkagerageza gushira mu ngiro ivyo naba nasomye. Narajana abana ku makoraniro no mu busuku bw’inzu ku nzu ubudahorereza. Utwigoro nagize twavuyemwo iki? Abo bana bose uko ari batanu barabatijwe”. Na wewe nyene ugize uruhara mu busuku, birashobora kugufasha mu twigoro ugira two kurera abana ‘ubahana, ubahanura, uk’Umwami wacu agomba’.—Abanyefeso 6:4.

14. (a) Abakiri bato bashobora gute kuninahaza Imana kw’ishure? (b) Ni igiki cofasha urwaruka ‘kudaterwa isoni n’ubutumwa bwiza’?

14 Mwebwe mukiri bato, nimba muba mu gihugu aho amategeko abirekura, mwoba muninahaza Imana mu gushinga intahe kw’ishure, canke mwoba mureka ugutinya abantu kukababuza kuyishinga (Imigani 29:25)? Icabona w’imyaka 13 y’amavuka wo mu gihugu ca Porto Rico yanditse ati: “Sinigeze ngira ubuyega bwo kwamamaza kw’ishure kubera nzi yuko ukwo ari ukuri. Mw’ishure, nama nantaryo nkiriza ukuboko hanyuma nkavuga ivyo nize muri Bibiliya. Iyo ata vyigwa dufise, ndaja mu bubiko bw’ibitabu maze ngasoma igitabu Les jeunes s’interrogent”a. Yehova yoba yarahezagiye utwigoro twiwe? Avuga ati: “Rimwe na rimwe, abo twigana barambaza ibibazo eka bakanansaba ngo ndabaronse ico gitabu”. Nimba wari usanzwe ugonanwa gushinga intahe muri mwene ubwo buryo, hari aho woba ukeneye kumenya neza “ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose”, mu kwiyigisha ubigiranye umwete (Abaroma 12:2). Niwajijuka yuko ivyo wiga ari ukuri, ntuzosubira guterwa isoni n’‘ubutumwa bwiza’.—Abaroma 1:16.

‘Urugi rwuguruye’ rw’umurimo

15, 16. Ni “urugi runini ruja mu bikorwa” uruhe abakirisu bamwebamwe binjiyemwo, kandi ni imihezagiro iyihe yavuyemwo?

15 Intumwa Paulo yanditse yuko yugururiwe “urugi runini ruja mu bikorwa” (1 Ab’i Korinto 16:9). Uko ivyawe vyifashe kwoba kwokwemerera kwinjira mu rugi rujana mu bikorwa? Nk’akarorero, kwinjira mu busuku bw’ubutsimvyi busanzwe canke bwo gufasha bisaba kumara amasaba 70 canke 50 ku kwezi mu gikorwa co kwamamaza. Mu bisanzwe, abatsimvyi barashimwa n’abakirisu bagenzi babo kubera umurimo barangura ari abizerwa. Mugabo, kuba bamara umwanya mwinshi mu busuku ntibituma babona yuko bari hejuru y’abavukanyi n’abavukanyikazi babo. Ahubwo riho, baratsimbataza agatima karemeshejwe na Yezu igihe yavuga ati: “Tur’abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa”.—Luka 17:10.

16 Gukora igikorwa c’ubutsimvyi bisaba ko umuntu aba yigumya, akaringaniza neza ivyiwe kandi akemera kugira ivyo ahevye. Ariko rero, uravye imihezagiro ivamwo, utwo twigoro si utw’impfagusa. Umutsimvyi umwe akiri muto yitwa Tamika avuga ati: “Kuba uwushoboye kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri, ni umuhezagiro nyawo”. Abandanya ati: “Iyo uri umutsimvyi, urakoresha cane Bibiliya. Ubu, iyo ndiko mva ku nzu nja ku yindi, ndashobora kwiyumvira ivyanditswe bibereye ku munyamuhana umwumwe wese” (2 Timoteyo 2:15). Umutsimvyi yitwa Mica avuga ati: “Kubona ingene ukuri kugira ico gukoze ku buzima bw’abantu ni uwundi muhezagiro utangaje”. Uwukiri muto yitwa Matthew na we nyene aravuga ivyerekeye umunezero wo “kubona umuntu aza mu kuri. Nta wundi munezero woza uruta uwo”.

17. Umukirisu umwe yatsinze gute inyiyumvo zitabereye yari afise ku vyerekeye gukora ubutsimvyi?

17 Woba ushobora kwiyumvira ivyo kwinjira mu rugi rujana mu gikorwa c’ubutsimvyi? Hari aho woba uvyipfuza mugabo ukiyumvamwo yuko utobishobora. Umuvukanyikazi akiri muti umwe yitwa Kenyatte yiyemerera ibi: “Nari mfise inyiyumvo zitabereye ku bijane no gukora ubutsimvyi. Niyumvamwo yuko ntobishobora. Sinari nzi ingene notegura amajambo yo gutanguza ikiyago canke ingene nozirikana nkoresheje Ivyanditswe”. Ariko rero, abakurambere bamushize hamwe n’umuvukanyikazi w’umutsimvyi aciye uruma kugira ngo bakorane. Kenyatte yibuka ibi: “Gukorana na we vyari biryoshe. Ivyo vyatumye nshaka gukora ubutsimvyi”. Uronse indemesho nkeyi ukongera ukamenyerezwa mu buryo bunaka, kumbure na wewe nyene uzokwipfuza gukora ubutsimvyi.

18. Ni imihezagiro iyihe abinjira mu murimo w’ubumisiyonari boshobora kuronka?

18 Gukora ubutsimvyi vyoshobora kwugurura urugi rujana ku tundi duteka tw’umurimo. Nk’akarorero, abubakanye bamwebamwe boshobora gukwiza ibisabwa vyotuma bamenyerezwa mu gikorwa c’ubumisiyonari kugira ngo barungikwe kwamamaza mu gihugu co mu mahanga. Abamisiyonari bategerezwa kumenyera igihugu gishasha, kumbure ururimi rushasha, imico kama mishasha be n’imfungurwa nshasha. Mugabo uravye imihezagiro baronka, usanga mwene izo ngorane zisa n’aho ata co zivuze. Uwitwa Mildred, akaba ari umumisiyonari amaze igihe kirekire mu gihugu ca Mexique avuga ati: “Sinigeze nicuza ku ngingo nafashe yo kuba umumisiyonari. Ni ikintu namye nipfuza kuva nkiri akigeme”. Uti none yaharonkeye imihezagiro iyihe? Avuga ati: “Mu gihugu canje c’amavukiro, kuronka inyigisho ya Bibiliya ntivyari vyoroshe. Ngaha, nararonse abatohoji bane icarimwe igihe nari ntanguye kuja mu murimo wo mu ndimiro!”.

19, 20. Ni gute umurimo wo kuri Beteli, ukuba umwubatsi mvamakungu be na rya Shure rimenyereza abasuku vyazaniye imihezagiro abantu benshi?

19 Abari mu murimo wo kuri Beteli ku biro vy’amashami y’Ivyabona vya Yehova na bo nyene bararonka imihezagiro myinshi. Uwitwa Sven, akaba ari umuvukanyi w’umusore akorera mu Budagi, avuga ku vyerekeye igikorwa arangurira kuri Beteli ati: “Ndiyumvamwo yuko ndiko nkora ikintu gifise agaciro karamba. Nari gushobora gukoresha ubuhanga bwanje mw’isi. Mugabo vyobaye ari nk’ukubikisha amahera mw’ibanki iri mu kwugara”. Ego ni ko, gusukura uri umuntu akora avyishakiye adahembwa bisaba akigoro. Mugabo Sven avuga ati: “Iyo utashe, uba uzi yuko ikintu cose wakoze kuri uwo musi wagikoreye Yehova. Ivyo na vyo biratuma wiyumvamwo umunezero ‘utagira uko wovugwa’”.

20 Abavukanyi bamwebamwe barinovoye imihezagiro iva ku gusukura ari abubatsi mvamakungu, bakora mu gikorwa co kwubaka amashami mu bihugu bitari ivy’iwabo. Hari umugore n’umugabo bubakanye bakoreye mu bikebere umunani vyo mu bihugu vyo hanze banditse bati: “Ntiworaba ukuntu abavukanyi bo ngaha ari beza igitangaza. Kuva ngaha bizotubabaza cane: tuzoba ‘tuvunitse’ umutima ubugira umunani. Ese ukuntu twiboneye ibintu ata ko twobisigura!”. Hariho kandi rya Shure rimenyereza abasuku. Riramenyereza mu vy’impwemu abavukanyi b’abirebange bakwije ibisabwa. Umuvukanyi umwe yasohotse iryo shure yanditse ibi: “Simbona ukuntu nobakengurukira ku bw’iryo shure ryiza igitangaza. Ni irihe shirahamwe rindi ryogira akigoro gakomeye nk’ako kugira ngo rimenyereze abantu?”.

21. Ni urugamba uruhe ruhanze abakirisu bose mu murimo barangurira Imana?

21 Ego cane, inzugi nyinshi zijana mu bikorwa ziruguruye. Ariko ntiwumve, benshi muri twebwe ntibashobora gusukurira kuri Beteli canke mu gihugu co hanze. Na Yezu ubwiwe yaremanze yuko abakirisu bokwamye ibitigiri bitandukanye vy’“imbuto” bitumwe n’uko ivyabo vyobaye vyifashe mu buryo butandukanye (Matayo 13:23). Urugamba ruduhanze bwa bakirisu rero, ni ukubonera akaryo ku kuntu ivyacu biba vyifashe, ni ukuvuga kugira uruhara rwuzuye mu murimo wa Yehova uko ivyacu bidukundiye kwose. Ivyo tubigize, tuba turiko turaninahaza Yehova, kandi turashobora guhera amazinda yuko ahimbarwa rwose. Rimbura nk’akarorero ivy’uwitwa Ethel, akaba ari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru ari aho babungabungira abashaje. Arashinga intahe adahorereza ku bo babana kandi akagira uruhara mu gushinga intahe kuri telefone. Naho ashoboye bikeya, aritanga n’ubugingo bwiwe bwose mu murimo arangura.—Matayo 22:37.

22. (a) Ni mu bundi buryo ubuhe dushobora kuninahazamwo Imana? (b) Ni igihe c’akaroruhore ikihe kiturindiriye?

22 Mugabo rero, niwibuke yuko kwamamaza ari uburyo bumwe gusa tuninahazamwo Yehova. Igihe tubaye intangakarorero mu kuntu twigenza no mu kuntu tuboneka turi ku kazi, kw’ishure n’i muhira, turanezereza umutima wa Yehova (Imigani 27:11). Mu Migani 28:20 hatanga uwu muhango: “[“Umuntu w’ibikorwa biranga ubwizerwe”, NW] agira umugisha mwinshi”. Dukwiye rero “[k]ubiba nyinshi” mu murimo turangurira Imana, tuzi yuko tuzokwimbura imihezagiro myinshi (2 Ab’i Korinto 9:6). Nitwabigira gutyo, kazoba ari agateka kuri twebwe kubaho mu gihe c’akaroruhore aho “igihumeka cose” kizoninahaza Yehova rwose nk’uko nyene abikwiriye!—Zaburi 150:6.

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Ni mu buryo ubuhe abasavyi ba Yehova bamusukurira “ku murango no mw’ijoro”?

• Ni ingorane izihe umuryango wa Gadi wahanganye na zo, kandi ivyo vyigisha iki abakirisu muri iki gihe?

• Ubusuku bwo mu ndimiro budukingira gute ibitero vya Shetani?

• Ni ‘urugi rwuguruye’ uruhe bamwebamwe binjiyemwo, kandi ni imihezagiro iyihe baronse?

[Ifoto ku rup. 15]

Nka kumwe Abagadi barwanije ibitero vy’ababatera, abakirisu bategerezwa kurwanya ibitero vya Shetani

[Ifoto ku rup. 17]

Mu busuku bwo mu ndimiro, turakorana n’abantu batwubaka

[Ifoto ku rup. 18]

Gukora ubutsimvyi vyoshobora kwugurura urugi rujana ku tundi duteka tw’umurimo, harimwo:

1. Ugukora bwa mwubatsi mvamakungu

2. Umurimo wo kuri Beteli

3. Umurimo w’ubumisiyonari

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika