Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abacamanza
YEHOVA avyakira gute igihe abasavyi biwe bamuteye ibitugu maze bagatangura gusenga imana z’ikinyoma? Bite hoho igihe bagumye bamugambararira mugabo bakamutakambira ngo abafashe igihe gusa bari mu marushwa? Yehova yoba abakura muri ayo marushwa naho nyene ibintu biba vyifashe gutyo? Igitabu c’Abacamanza kirishura ivyo bibazo be n’ibindi bihambaye. Ico gitabu umuhanuzi Samweli yarangije kwandika nko mu mwaka wa 1100 B.G.C., kivuga ibintu vyabaye mu kiringo c’imyaka nka 330, uhereye ku rupfu rwa Yosuwa gushika kw’iyimikwa ry’umwami wa mbere wa Isirayeli.
Kubera ko igitabu c’Abacamanza kiri mu bigize ijambo ry’Imana, ari bwo butumwa bwayo bukomeye, kiradufitiye akamaro kanini (Abaheburayo 4:12). Inkuru zikabura zanditswe muri co ziratuma tumenya ukuntu Imana imeze. Ivyigwa tuzikuramwo birakomeza ukwizera kwacu bikongera bikadufasha gucakira “ubu[zima] nyakuri”, ari bwo buzima budahera mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana (1 Timoteyo 6:12, 19; 2 Petero 3:13). Ibikorwa Yehova akora kugira arokore abasavyi biwe birerekana ingene azokiza abasavyi biwe mu buryo buhambaye kuruta, abicishije ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu.
NI KUBERA IKI ABACAMANZA BARI BAKENEWE?
Aho abami b’igihugu c’i Kanani bamariye kuneshwa igihe Yosuwa ari indongozi, imiryango ya Isirayeli umwumwe ukwawo ica ija mu mashamvu yayo, maze ikegukira ico gihugu. Ariko rero, Abisirayeli ntibirukana ababa muri ico gihugu. Ukwo kutabirukana kurabera Abisirayeli umutego ukomeye.
Yosuwa amaze gupfa, hakurikira urunganwe ‘rutazi Uhoraho canke ngo rumenye igikorwa yakoreye Isirayeli’ (Abacamanza 2:10). Vyongeye, abantu baratangura gushingirana n’Abanyakanani no gukorera imana zabo. Ivyo bituma Yehova agabura Abisirayeli mu maboko y’abansi babo. Mugabo igihe barembejwe n’agacinyizo, Abisirayeli baratakambira Imana y’ukuri ngo ibafashe. Ahantu ibintu vyifashe gutyo mu vy’idini, mu vy’ikibano no mu vya politike ni ho havamwo inkuru y’urukurikirane rw’abacamanza Yehova ahagurutsa kugira akure abasavyi biwe mu maboko y’abansi babo.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:2, 4—Ni kubera iki umuryango w’Abayuda ari wo ucagurwa ngo ubanze kwigarurira igihugu bagenewe? Mu bisanzwe, ako gateka kari kuba ak’umuryango wa Reyubeni, umuhungu w’imfura wa Yakobo. Mugabo mu buhanuzi Yakobo yashikirije ari ku mpfiro, yabuye yuko Reyubeni atobaye akarenzo, kubera ko yari yatakaje uburenganzira bwiwe bwo kuba imfura. Simeyoni na Lewi, abari barakoranye ubushangashirwe, bari gushwiragizwa mu Bisirayeli (Itanguriro 49:3-5, 7). Gutyo rero, uwari guca aterwa ako gateka yari Yuda, umuhungu wa Yakobo agira kane. Abasimeyoni, bano bakaba barajanye n’Abayuda, baronse udutongo dutoduto twari hirya no hino mw’ishamvu nini y’Abayudaa.—Yosuwa 19:9.
1:6, 7—Ni kubera iki intoke z’ibikumu hamwe n’amano manini vy’abami baba batsinzwe vyacibwa? Umuntu yaba yaracitse intoke z’ibikumu be n’amano manini biboneka yuko ataba agishoboye kuba umusoda. Wumva none umusoda adafise intoke z’ibikumu yari gushobora gufata inkota canke icumu? Vyongeye, ugutakaza amano manini vyotumye umuntu adashobora guhagarara neza.
Ivyigwa tuhigira:
2:10-12. Dutegerezwa kugira urutonde rwo kwiyigisha Bibiliya ubudahorereza kugira ngo ‘ntitwibagire ivyo Yehova yakoze’ (Zaburi 103:2). Abavyeyi barakeneye kwinjiza ukuri kw’Ijambo ry’Imana mu mitima y’abana babo.—Gusubira mu vyagezwe 6:6-9.
2:14, 21, 22. Yehova arareka ibintu bibi bigashikira abasavyi biwe bagambarara ari n’ico ashaka gushikako, ni ukuvuga ko aba ashaka kubakangira, kubakuramwo inkamba, no gutuma bamugarukako.
YEHOVA AHAGURUTSA ABACAMANZA
Inkuru ikabura y’ivyo abacamanza bakoze itangura igihe Otiniyeli ahagarika ukuganzwa kw’Abisirayeli, abari bamaze imyaka umunani baganzwa n’umwami wo muri Mezopotamiya. Umucamanza Ehudi akoresheje ubuhinga n’umutima rugabo, arica Eguloni umwami adoshe cane w’i Mowabu. Shamugari, umuntu w’intatinya, arica ari wenyene Abafilisitiya 600 akoresheje umuhunda w’inyobozo y’inka. Baremeshejwe n’umuhanuzikazi Debora, bakongera bagafatwa mu mugongo na Yehova, Baraki hamwe n’ingabo ziwe ibihumbi cumi zifise ibirwanisho bikeya baranesha ingabo zikomeye za Sisera. Yehova arahagurutsa Gideyoni maze we hamwe n’ingabo ziwe 300 akabaha intsinzi ku Bamidiyani.
Biciye kuri Yefuta, Yehova arakura Abisirayeli mu maboko y’Abamoni. Tola, Yayiri, Ibusani, Eloni na Abudoni na bo nyene bari mu bantu 12 bacira imanza Isirayeli. Ikiringo c’Abacamanza giherana na Samusoni, uno akaba arwanya Abafilisitiya.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
4:8—Ni kubera iki Baraki yashimitse yuko umuhanuzikazi Debora yojana na we ku rugamba? Biboneka yuko Baraki yumvise atoshobora kuja kurwanya ingabo za Sisera ari wenyene. Kuba ari kumwe n’uwo muhanuzikazi vyomukuye amazinda we hamwe n’ingabo ziwe yuko Imana ibarongōye, bikongera bigatuma bashira umutima mu nda. Kuba rero Baraki yarashimitse yuko Debora ajana na we, nticari ikimenyetso c’ubugoyagoye, ahubwo cari ikimenyetso c’ukwizera gukomeye.
5:20—Ni mu buryo ubuhe inyenyeri zo kw’ijuru zatabaye Baraki? Bibiliya ntivuga nimba ukwo kwari ugufashwa n’abamarayika, ugukoragurika kw’ibivunji biva ku yindi mibumbe vyabonwa ko ari agasema n’abantu b’abanyabwenge ba Sisera, canke kumbure yuko vyari ivyo Sisera yari yabwiwe n’abaragurishanyenyeri mugabo bikaba bitashitse. Ariko rero, nta gukeka ko Imana yahaserutse mu buryo bumwe canke ubundi.
7:1-3; 8:10—Ni kubera iki Yehova yavuze yuko abantu 32.000 ba Gideyoni bari benshi kurenza urugero ku ngabo z’umwansi zishika 135.000? Ni kubera yuko Yehova yari agiye guha intsinzi Gideyoni n’abantu biwe. Imana ntiyashaka yuko biyumvira ko ubutore bwabo ari bwo bwatumye banesha Abamidiyani.
11:30, 31—Igihe Yefuta yagira isezerano, yoba yariko yiyumvira gutanga umuntu kw’ikimazi? Yefuta ntiyorose akora ikintu nk’ico, kubera ko Ivyagezwe vyatomora biti: “Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’uw’umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro” (Gusubira mu vyagezwe 18:10). Ariko rero, Yefuta yiyumvira umuntu, ntiyiyumvira igitungwa. Birashoboka rwose yuko ibitungwa bibereye gutangwako ibimazi bitagumizwa mu ngo z’Abisirayeli. Vyongeye, gutanga ikimazi c’igitungwa nticobaye ari ikintu kidasanzwe. Yefuta yari azi yuko uwari gusohoka mu nzu yiwe kumusanganira yoshoboye rwose kuba ari umukobwa wiwe. Uno yategerezwa gutangwa “kw ikimazi c’ukwoswa” mu buryo bw’uko yokweguriwe gusa umurimo wa Yehova mu bijanye n’urusengero.
Ivyigwa tuhigira:
3:10. Ubukerebutsi bw’abantu si bwo butuma umuntu bimugendera neza mu vy’impwemu, ahubwo impwemu ya Yehova ni yo ibituma.—Zaburi 127:1.
3:21. Ehudi yarakoresheje intambi yiwe neza, yongera ayikoresha n’umutima rugabo. Dutegerezwa gutsimbataza ubuhanga mu gukoresha ‘inkota y’impwemu, ari yo jambo ry’Imana’. Ivyo bisobanura yuko dutegerezwa gukoresha Ivyanditswe mu busuku bwacu dufise umutima rugabo.—Abanyefeso 6:17; 2 Timoteyo 2:15.
6:11-15; 8:1-3, 22, 23. Ukwifata ruto kwa Gideyoni kuratwigisha ivyigwa bitatu bihambaye: (1) Iyo dutewe agateka k’umurimo, dukwiye kwiyumvira ibanga rizanwa n’ako gateka, aho kuguma twiyumvira ukuvugangwa canke icubahiro dushobora guhabwa kubera ako gateka. (2) Iyo turi kumwe n’abantu basa n’abakunda guharira, kugaragaza ukwifata ruto ni yo ngendo iranga ubukerebutsi. (3) Ukwifata ruto kuraturinda kuba abahahamira ibibanza.
6:17-22, 36-40. Natwe nyene dutegerezwa kwiyubara, ‘ntitwemere ijambo ry’irihumekano ryose’. Ahubwo riho, turakeneye ‘gusuzuma amajambo y’amahumekano yose kugira ngo turabe nimba ava ku Mana’ (1 Yohana 4:1, NW). Kugira ngo umukurambere mukirisu mushasha yiyemeze neza yuko impanuro agomba gutanga ishingiye rwose kw’Ijambo ry’Imana, yoba agize ibiranga ubukerebutsi abajije umukurambere azi utuntu n’utundi kumurusha.
6:25-27. Gideyoni yarakoresheje ukwiyubara kugira ngo ntaratse abamurwanya bidakenewe. Igihe twamamaza inkuru nziza, dutegerezwa kwiyubara kugira ngo imvugo yacu ntibababaze abandi bidakenewe.
7:6. Ku bijanye no gukorera Yehova, dukwiye kumera nka za ngabo za Gideyoni 300, mu kuba maso no mu kuba abagavye.
9:8-15. Ese ukuntu ari ubupfu gukorana ubwibone no guhahamira ikibanza canke ubukuru!
11:35-37. Akarorero keza ka Yefuta nta gukeka ko kafashije cane umukobwa wiwe gutsimbataza ukwizera gukomeye be n’agatima ko kwitanga. Abavyeyi muri iki gihe barashobora guha abana babo akarorero nk’ako.
11:40. Gukeza umuntu agaragaza agatima ko kwitanga mu murimo wa Yehova biramuremesha.
13:8. Igihe abavyeyi bigisha abana babo, bakwiye gusenga Yehova bamusaba uburongozi, kandi bagakurikiza ubuyobozi atanga.—2 Timoteyo 3:16.
14:16, 17; 16:16. Kuzigiriza umuntu mu kwiyuha iryosozi no mu guhoza ikintu mu kanwa birashobora kwonona ubucuti.—Imigani 19:13; 21:19.
IBINDI VYAHA VYAKOZWE MURI ISIRAYELI
Igihimba ca nyuma c’igitabu c’Abacamanza kirimwo inkuru zibiri zihambaye. Iya mbere yerekeye umugabo yitwa Mika, uno akaba ashinga ikigirwamana mu nzu iwe maze agakoresha Umulewi kugira ngo amubere umuherezi. Abadani bamaze gusangangura igisagara c’i Layishi, canke c’i Leshemu, barubaka igisagara cabo bwite bakacita Dani. Bakoresheje ca kigirwamana ca Mika be n’umuherezi wiwe, barashinga i Dani ubundi buryo bwo gusenga. Biboneka yuko igisagara c’i Layishi cigarurirwa imbere y’uko Yosuwa apfa.—Yosuwa 19:47.
Inkuru igira kabiri, ishika inyuma gato y’urupfu rwa Yosuwa. Icaha c’ugusambanya umugore abagabo bamwebamwe bo mu gisagara c’Ababenyamini ca Gibeya bakoreye hamwe, gituma umuryango w’Ababenyamini uhakwa guherengetezwa. Abagabo 600 gusa ni bo bacika kw’icumu. Ariko rero, haragirwa intunganyo ituma abo bagabo baronka abagore, gutyo igitigiri cabo kikongerekana kigashika ku bahizi bababa 60.000 mu gihe c’ingoma ya Dawidi.—1 Ngoma 7:6-11.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
17:6; 21:25—Nimba “umuntu wese yakora ico yigombeye”, vyoba vyaratumye haba ubusimbirahamwe? Si ngombwa ngo bibe vyaratumye haba ubusimbirahamwe, kubera ko Yehova yashizeho intunganyo zihagije zo kuyobora abasavyi biwe. Yarabahaye Ivyagezwe be n’ubuherezi kugira ngo bibigishe inzira ziwe. Umuherezi mukuru akoresheje Urimu na Tumimu, yarashobora kwitura Imana ku bibazo bihambaye (Kuvayo 28:30). Igisagara cose cari gifise kandi abagabo b’inararibonye bari bashoboye gutanga impanuro nziza. Igihe Umwisirayeli akoresheje izo ntunganyo, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryararonka uburongozi bwiza. Muri ubwo buryo, ugukora “ico yigombeye” kwiwe kwaravamwo ivyiza. Ariko rero, mu gihe umuntu yaba yirengagije Ivyagezwe akagira ivyo yishakiye ku vyerekeye inyigenzo no ku vyerekeye ugusenga, vyaramukwegera akarambaraye.
20:17-48—Ni kubera iki Yehova yaretse Ababenyamini bakanesha iyindi miryango incuro zibiri, kandi abo Babenyamini bari bakwiye guhanwa? Mu kubanza akareka iyo miryango itari yahemutse igatakaza abantu benshi, Yehova yarasuzumye umwiyemezo bari bafise wo kurandurana n’imizi ikibi muri Isirayeli.
Ivyigwa tuhigira:
19:14, 15. Kubona ababa i Gibeya baranse gutanga indaro cari icerekana yuko hari ico bahajije mu vyo gukora ikibereye. Abakirisu bahimirizwa ‘gushishikara ingendo y’ubwakiranyi’.—Abaroma 12:13, NW.
Ugucungurwa kuregereje
Ubu bwa vuba, Ubwami bw’Imana burongowe na Kirisitu Yezu bugiye gusangangura isi mbi, buheze buronse ubukiriro buhambaye abagororotsi be n’abatunganye (Imigani 2:21, 22; Daniyeli 2:44). ‘Abansi ba [“Yehova”, NW] bose bazoheza bapfe, ariko abamukunda bazoba nk’izuba rirashe rirasitse’ (Abacamanza 5:31). Nimuze tugaragaze yuko turi mu bakunzi ba Yehova mu gushira mu ngiro ivyo twigiye mu gitabu c’Abacamanza.
Ukuri kw’ishimikiro kwagaragaye incuro nyinshi mu nkuru z’Abacamanza ni uku: Kugamburukira Yehova bishikana ku mihezagiro myinshi, kumugambararira na vyo bigakwega akarambaraye (Gusubira mu vyagezwe 11:26-28). Ese ukuntu bihambaye ko tuba abantu ‘bumvira tubikuye ku mutima’ ivyo Imana igomba nk’uko yabiduhishuriye!—Abaroma 6:17; 1 Yohana 2:17.
[Akajambo k’epfo]
a Abalewi ntibahawe ishamvu mu Gihugu c’Isezerano, kiretse ibisagara 48 vyari bikwiragiye muri Isirayeli.
[Ikarata ku rup. 25]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
“Uhoraho [y]abahagurukiriza abacamanza, bakabakiza bakabakūra mu maboko y’abābanyaga”.—Abacamanza 2:16
ABACAMANZA
1. Otiniyeli (Umuryango wa Manase)
2. Ehudi (Umuryango wa Yuda)
3. Shamugari (Umuryango wa Yuda)
4. Baraki (Umuryango wa Nafutali)
5. Gideyoni (Umuryango wa Isakari)
6. Tola (Umuryango wa Manase)
7. Yayiri (Umuryango wa Manase)
8. Yefuta (Umuryango wa Gadi)
9. Ibusani (Umuryango wa Asheri)
10. Eloni (Umuryango wa Zebuloni)
11. Abudoni (Umuryango wa Efurayimu)
12. Samusoni (Umuryango wa Yuda)
DANI
MANASE
NAFUTALI
ASHERI
ZEBULONI
ISAKARI
MANASE
GADI
EFURAYIMU
DANI
BENYAMINI
REYUBENI
YUDA
[Ifoto ku rup. 26]
Ni icigwa ikihe wigiye ku kuba Baraki yarashimitse yuko Debora yoja ku rugamba?