ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/2 rup. 13-19
  • Kurondera ‘imaragarita y’igiciro kinini’ muri iki gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurondera ‘imaragarita y’igiciro kinini’ muri iki gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umunezero uzanwa no kuronka ukuri
  • Ntibateshwa ngo bate
  • ‘Ibintu vyose bavyiyumvira ko ari ubuhombe’
  • Iyimbura rishika ku gihe caryo c’agaheta
  • “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana”
  • ‘Kuronka imaragarita imwe y’igiciro kinini’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bararonse “imaragarita y’agaciro kanini”
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • ‘Banza Witwararike Ubwami’
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/2 rup. 13-19

Kurondera ‘imaragarita y’igiciro kinini’ muri iki gihe

“Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube . . . icabona”.​—MATAYO 24:14.

1, 2. (a) Abayuda bo mu gihe ca Yezu babona gute Ubwami bw’Imana? (b) Yezu yakoze iki kugira ngo atume abantu batahura Ubwami mu buryo bubereye, kandi havuyemwo iki?

UBWAMI bw’Imana cari ikintu citwararikwa cane mu Bayuda igihe Yezu yaza kw’isi (Matayo 3:1, 2; 4:23-25; Yohana 1:49). Ariko rero, mu ntango benshi muri bo ntibatahura neza aho bwoshikanye mu gutegeka be n’ingene ububasha bwabwo bwonganye. Eka ntibanatahura yuko bwobaye intwaro yo mw’ijuru (Yohana 3:1-5). Mbere na bamwebamwe bacitse abayoboke ba Yezu ntibatahura neza Ubwami bw’Imana ico ari co canke ico bategerezwa gukora kugira baronke umuhezagiro wo gufatanya na Kirisitu kuganza.​—Matayo 20:20-22; Luka 19:11; Ivyakozwe 1:6.

2 Uko igihe cagiye kirarengana, Yezu abigiranye ukwihangana yarigishije abigishwa biwe ivyigwa vyinshi, harimwo na wa mugani w’imaragarita y’igiciro kinini warimbuwe mu kiganiro c’imbere y’iki, arondera kubereka akamaro ko kwita ku rutare mu kurondera Ubwami bwo mw’ijuru (Matayo 6:33; 13:45, 46; Luka 13:23, 24). Ivyo bitegerezwa kuba vyarabakoze ku mutima rwose kubera ko batatevye gucika abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami bataruha kandi b’umutima rugabo gushika mu mihingo ya kure yo mw’isi. Ivyo birashingirwa intahe cane n’igitabu c’Ivyakozwe.​—Ivyakozwe 1:8; Ab’i Kolosayi 1:23.

3. Ku biraba igihe cacu, Yezu yavuze iki ku bijanye n’Ubwami?

3 Tuvuge iki none ku biraba igihe cacu? Abantu amamiliyoni barabwirwa ivyerekeye imihezagiro izozanwa n’iparadizo yo kw’isi izoba irongowe n’Ubwami. Mu buhanuzi buhambaye Yezu yashikirije bwerekeye “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (NW), yatomoye ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:3, 14; Mariko 13:10). Yarasiguye kandi yuko ico gikorwa amahanga gitegerezwa kurangurwa naho hoba intambamyi be n’ingorane bidasanzwe, eka mbere n’uruhamo. Ariko rero, yaradukuye amazinda ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira” (Matayo 24:9-13). Ivyo vyose bisaba ko umuntu yitanga akongera agakora yivuye inyuma nka kumwe kwa wa mudandaza w’ingenzi avugwa mu mugani wa Yezu. Hoba hariho abantu muri kino gihe bafise bene ukwo kwizera n’uwo mwete mu kurondera Ubwami?

Umunezero uzanwa no kuronka ukuri

4. Ukuri kw’Ubwami gukora iki ku bantu muri iki gihe?

4 Wa mudandaza avugwa mu mugani wa Yezu yaranezerewe cane igihe yaronka ico yabona ko ari ‘imaragarita y’igiciro kinini’. Uwo munezero watumye akora ivyo ashoboye vyose kugira yironse nya maragarita (Abaheburayo 12:1). No muri iki gihe nyene, ukuri kwerekeye Imana n’Ubwami bwayo kurakwegēra abantu kukongera kugatuma bagira ico bakoze. Ivyo biratwibutsa ivyavuzwe n’umuvukanyi A. H. Macmillan, uwanditse ivy’ukuntu yarondeye Imana n’umugambi ifitiye abantu, mu gitabu kimwe (Faith on the March). Yavuze ati: “Ico naronse abantu ibihumbi n’ibihumbi baracakironka uko umwaka utashe. Kandi ni abantu nkawe nanje, kubera ko bamuka mu bihugu vyose, mu moko yose, mu mice yose y’ubuzima bakaba kandi bafise imyaka itandukanye. Ukuri ntikurobanura abantu ku butoni. Kurakwegēra abantu bose”.

5. Ni ivyiza ibihe vyashitsweko biboneka muri raporo y’umwaka w’umurimo wa 2004?

5 Ivy’uko ayo majambo ari ay’ukuri birabonekera mu kuntu ku mwaka ku mwaka abantu ibihumbi amajana b’inziraburyarya bavyurirwa umutima n’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana wo kwegurira ubuzima bwabo Yehova no gukora ivyo agomba. No mu mwaka w’umurimo wa 2004, uwatanguye muri Nyakanga 2003 ugahera muri Myandagaro 2004, ni ko vyagenze. Muri ayo mezi 12, abantu 262.416 baragereranije ukwiyegurira Yehova kwabo mu kubatizwa mu mazi bene umurango babona. Ivyo vyabereye mu bihugu 235, aho Ivyabona vya Yehova barongôra ku ndwi ku ndwi inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zishika 6.085.387 kugira ngo bafashe abantu bo mu mice yose y’ubuzima no mu mahanga menshi, mu moko menshi no mu ndimi nyinshi, kumenya ukuri gutanga ubuzima kwo mw’Ijambo ry’Imana.​—Ivyahishuriwe 7:9.

6. Ni igiki gituma habandanya kuba iyongerekana uko imyaka igenda irarengana?

6 Ni igiki catumye ivyo vyose bishoboka? Nta nkeka yuko Yehova ari we akwegera kuri we abo bantu bari mu mero nziza y’umutima (Yohana 6:65; Ivyakozwe 13:48). Ariko rero, ntitwofatira mu rwara agatima kazira ubwikunzi be n’utwigoro tudatezura twagizwe n’abitanze mu kurondera Ubwami. Igihe umuvukanyi Macmillan yari afise imyaka 79, yanditse ati: “Kuva ngitangura kumenya ivyerekeye imihango yahawe umuryango w’abantu urwaye kandi uri ku mpfiro, ukwizera mfise mu co ubwo butumwa bwo muri Bibiliya bwahishuye ntikwigeze kuyama. Ico gihe nyene naciye niyemeza kumenya ibindi vyerekeye ivyo Bibiliya yigisha kugira nshobore gufasha abandi nkanje bariko barondera ubumenyi bwerekeye Imana Mushoboravyose Yehova, be n’imigambi myiza afitiye umuryango w’abantu”.

7. Ni akarorero akahe kerekana umunezero n’umwete abaronka ukuri kwo muri Bibiliya bagira?

7 Uwo mwete urabonekera no mu basavyi ba Yehova bo muri iki gihe. Fata nk’akarorero uwitwa Daniela w’i Vienne mu gihugu ca Otirishe. Yavuze ati: “Kuva mu bwana bwanje, Imana yamye ari we mugenzi wanje somambike. Namye nantaryo nipfuza kumenya izina ryayo kubera ko nabona yuko ‘Imana’ ata karanga k’umuntu ifise. Ariko nagiye kurimenya nshikanye imyaka 17, igihe Ivyabona vya Yehova bangendera. Baransiguriye ivyo nashaka kumenya vyose ku vyerekeye Imana. Nari ngiye naronka ukuri, kandi kwari akaroruhore! Naranezerewe rwose gushika n’aho ntangura kubwira inkuru nziza umuntu wese”. Ukwo kuza arabwira inkuru nziza uwo bahuye wese ntikwatevye gutuma abo bigana bamucokora. Daniela yabandanije ati: “Ariko rero kuri jewe, vyari nko kwibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya kubera nari narize yuko Yezu yavuze ko abayoboke biwe bokwanswe bakongera bagahamwa bahorwa izina ryiwe. Narahimbawe cane nongera ndatangara”. Bidatevye, Daniela yareguriye ubuzima bwiwe Yehova, arabatizwa, aca atangura kurondera gushika kw’ihangiro ryo gukora igikorwa c’ubumisiyonari. Aho Daniela amariye kwubaka urwiwe, we hamwe n’umunega wiwe Helmut, baratanguye igikorwa co kwamamaza mu Banyafirika, mu Bashinwa, mu Banyafilipine no mu Bahindi baba i Vienne. Daniela na Helmut ubu ni abamisiyonari mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Afirika.

Ntibateshwa ngo bate

8. Ni ubuhe buryo bumwe buzana imihezagiro benshi bagaragajemwo ko bakunda Imana be n’uko badahemukira Ubwami bwayo?

8 Mu vy’ukuri, umurimo w’ubumisiyonari ni bumwe mu buryo abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bagaragazamwo ko bakunda Imana be n’uko badahemukira Ubwami bwayo. Cokimwe na wa mudandaza wo mu mugani wa Yezu, abinjira muri uwo murimo baremera kuja mu mihingo ya kure ku bw’Ubwami. Ariko ntiwumve, abo bamisiyonari ntibaja kurondera inkuru nziza y’Ubwami. Ahubwo bayishira abantu baba iyo catawe, bakabigisha bakongera bakabafasha gucika abigishwa ba Yezu Kirisitu (Matayo 28:19, 20). Mu bihugu vyinshi, usanga bategerezwa kwihanganira ingorane zidasanzwe. Mugabo ukwihangana kwabo kurahezagirwa cane.

9, 10. Ni ibintu bishwangamura umutima ibihe abamisiyonari biboneye mu mihingo ya kure, nko muri République centrafricaine?

9 Fata nk’akarorero mu gihugu ca République centrafricaine, aho abitavye Icibutso c’Urupfu rwa Kirisitu mu mwaka uheze bari 16.184, ni ukuvuga igitigiri c’abamamaji b’Ubwami bo muri ico gihugu incuro zishika ku ndwi. Kubera ko imihingo myinshi y’ico gihugu itagiramwo amatara, akenshi abantu barangurira udukorwa twabo twa misi yose hanze munsi y’igiti. N’abamisiyonari rero usanga bakora igikorwa cabo muri ubwo buryo nyene, ni ukuvuga ko barongorera inyigisho za Bibiliya hanze munsi y’igiti. Uretse ko hanze haba habona kandi hapfutse, hariho n’akandi karusho. Abanyagihugu basanganywe agatima ko gukunda Bibiliya, ari co gituma bakunda kuganira ivy’Imana. Akenshi, ababa bariko barirenganira barabona ibiriko biragirwa, bagaca baza mu nyigisho.

10 Kubera ico, igihe umumisiyonari umwe yariko arongora inyigisho ya Bibiliya hanze, hari umusore yaba hakurya y’ibarabara yaje maze avuga yuko kubera ko atari we yari yagendewe, nya mumisiyonari yomusanga aho aba maze na we nyene bakigana Bibiliya. Birumvikana ko uwo mumisiyonari yahimbawe rwose no gukora ivyo amusavye, kandi uwo musore ariko aratera imbere ningoga. Muri ico gihugu, abapolisi barakunda guhagarika Ivyabona kw’ibarabara, atari ukugira ngo babarengutse canke babace ihadabu, mugabo kugira ngo babasabe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! biba biherutse gusohoka canke kugira babashimire ku bw’ikiganiro kinaka kiba carabaryoheye bimwe bidasanzwe.

11. Naho bashikirwa n’ibigeragezo, abamisiyonari babumazemwo igihe kirekire babona gute umurimo wabo?

11 Benshi mu binjiye mu murimo w’ubumisiyonari, ubu hakaba haciye imyaka 40 canke 50, baracakorera mu ndimiro badahemuka. Ese ukuntu ako ari akarorero k’ukwizera n’ukwumira kw’ibanga kuri twese! Mu myaka 42 iheze, umugabo n’umugore bubakanye barakoreye hamwe ubumisiyonari mu bihugu bitatu. Umugabo avuga ati: “Twamye dushikirwa n’ibintu bitoroshe. Nk’akarorero, twamaze imyaka 35 tunyinyana na malariya. Yamara, ntitwigeze twicuza ku ngingo twafashe yo kuba abamisiyonari”. Umukenyezi wiwe yongerako ati: “Hamye nantaryo hariho ibintu vyinshi vyo gukenguruka. Ubusuku bwo mu ndimiro burazana umunezero, kandi biroroshe gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igihe ubona abatohoji ba Bibiliya baza ku makoraniro maze bagatangura kumenyana, ni nka kurya kw’umuryango wama ukoranira hamwe”.

‘Ibintu vyose bavyiyumvira ko ari ubuhombe’

12. Umuntu yerekana gute ko atahura koko agaciro k’Ubwami?

12 Igihe wa mudandaza w’ingenzi yaronka imaragarita y’igiciro kinini, “[yaragiye], ashōra ivy’afise vyose, arayigura” (Matayo 13:46). Ako gatima ko kwemera guheba ivyoshobora kubonwa ko bifise agaciro, ni ko karanga abatahura agaciro k’Ubwami. Kubera ko intumwa Paulo yosangiye na Kirisitu ubuninahazwa bw’Ubwami, yavuze ati: “Ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ubuhombe, kubg’ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ishano, kugira ngo ndonke Kristo”.​—Ab’i Filipi 3:8.

13. Umuntu umwe wo muri Repubulika y’Abaceke yerekanye gute ko akunda Ubwami?

13 Mu buryo nk’ubwo, benshi muri iki gihe baremera kugira amahinduka akomakomeye mu buzima bwabo kugira ngo baronke imihezagiro y’Ubwami. Nk’akarorero, muri Gitugutu 2003, hari umuyobozi w’ishure w’imyaka 60 y’amavuka wo muri Repubulika y’Abaceke yaguye ku gitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Amaze kugisoma, yaciye ubwo nyene yitura Ivyabona vya Yehova bo mu karere abamwo, abasaba ko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya. Yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu maze bidatevye atangura kwitaba amakoraniro yose. Ariko none tuvuge iki ku migambi yari afise yo kwitoza ngo abe umukuru w’igisagara no kuzokwiyamamaza kugira abe umukenguzamateka? Yahisemwo gukoresha inguvu ziwe mu kindi gikorwa, na co kikaba ari igikorwa co gusiganirwa ubuzima ari umwamamaji w’Ubwami. Yavuze ati: “Abo twigana Bibiliya narashoboye kubaha ibitabu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya”. Yaragereranije ukwiyegurira Yehova kwiwe mu kwibizwa mu mazi kw’ihwaniro ryabaye muri Mukakaro 2004.

14. (a) Inkuru nziza y’Ubwami yatumye abantu amamiliyoni bagira iki? (b) Ni ibihe bibazo bisaba kuzirikana umwumwe wese muri twebwe akwiye kwibaza?

14 Hariho n’abandi bantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bakiriye inkuru nziza y’Ubwami mu buryo nk’ubwo. Baravuye mw’isi mbi, bariyambura umuntu wabo wa kera, baritandukanya n’abagenzi bahorana, bongera baraheba ivy’isi (Yohana 15:19; Abanyefeso 4:22-24; Yakobo 4:4; 1 Yohana 2:15-17). Ni kubera iki none bagira ivyo vyose? Ni kubera yuko babona ko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana iruta kure n’iyo ikintu cose iyi si ishobora gutanga. Woba nawe ari ukwo ubona inkuru nziza y’Ubwami? Yoba ikuvyurira umutima wo guhindura ibikenewe kugira ngo ubuzima bwawe, ingingo wisunga, be n’amahangiro yawe ubihuze n’ivyo Yehova akwitezeko? Niwabigira gutyo uzoronka imihezagiro myinshi, ubu no muri kazoza.

Iyimbura rishika ku gihe caryo c’agaheta

15. Ni ibiki vyabuwe abasavyi b’Imana bokoze mu misi y’iherezo?

15 Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe”. Mu bitanze harimwo n’‘abasore baza nk’ikime’ be n’“ingabo nyinshi” z’“abagore bakwiza inkuru [“nziza”, NW]” (Zaburi 68:11; 110:3). None umwete hamwe n’ukwitanga bigirwa n’abasavyi ba Yehova, baba abagabo canke abagore, abakiri bato n’abakuze, vyavuyemwo iki muri iyi misi y’iherezo?

16. Tanga akarorero k’ingene abasavyi b’Imana bariko bararondera ukuntu bofasha abandi kwiga ivyerekeye Ubwami.

16 Hari umutsimvyi, canke umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose, wo mu Buhindi yibajije ingene abantu batumva barenga imiliyoni zibiri bo muri ico gihugu bofashwa kwiga ivyerekeye Ubwami (Yesaya 35:5). Yaciye afata ingingo yo kwiyandikisha mw’ishure ry’i Bangalore rimara igihe gito ryigisha ururimi rw’ibimenyetso. Muri iryo shure yarashoboye kubwira icizigiro c’Ubwami abatumva benshi, maze harashingwa imigwi y’inyigisho ya Bibiliya. Mu ndwi nkeya, abantu barenga cumi na babiri baratanguye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Mu nyuma, igihe nya mutsimvyi yari ku gatutu k’ubugeni, yarahuye n’umusore umwe atumva yamuka i Calcutta yari afise ibibazo vyinshi kandi yipfuza cane kumenya vyinshi kuri Yehova. Ariko rero, yari afise ingorane imwe. Nya musore yategerezwa gusubira i Calcutta, ahari urugendo rw’ibilometero nka 1.600, akaja gutangura amashure makuru, kandi nta Vyabona bazi ururimi rw’ibimenyetso bariyo. Abigiranye akigoro gakomeye, yarumvishije se wiwe ko yomureka akaja kwiga i Bangalore aho kuja kwiga i Calcutta, kugira ngo ashobore kubandanya kwiga Bibiliya. Yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu, maze haciye nk’umwaka umwe, aregurira ubuzima bwiwe Yehova. Na we nyene yariganye Bibiliya n’abantu batumva batari bake, harimwo n’umugenzi barukanye. Ubu, ibiro vy’ishami vyo mu Buhindi biriko biringaniza ivy’uko abatsimvyi bokwiga ururimi rw’ibimenyetso kugira bafashe muri iyo ndimiro.

17. Niwigane ivyo ubona ko biremesha cane muri raporo y’umwaka w’umurimo wa 2004 iri kuva ku rupapuro rwa 19 gushika ku rwa 22.

17 Kuva ku rupapuro rwa 19 gushika ku rwa 22 muri iki kinyamakuru, urahasanga raporo y’isi yose y’igikorwa co mu ndimiro Ivyabona vya Yehova baranguye mu mwaka w’umurimo wa 2004. Urafata akanya uyisuzume, maze wirabire ikimenyamenya c’ingene abasavyi ba Yehova bo hirya no hino kw’isi bariko bitwararika bimwe bikomeye kurondera ‘imaragarita y’igiciro kinini’ muri iki gihe.

“Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana”

18. Ni ibiki Yezu atashize muri wa mugani w’umudandaza w’ingenzi, kandi kubera iki?

18 Tugaruke kandi kuri wa mugani wa Yezu uvuga ivy’umudandaza w’ingenzi. Turabona yuko Yezu ata kintu na kimwe yavuze ku biraba ingene nya mudandaza yari kuronka ibimubeshaho aho amariye kugurisha ivyo yari atunze vyose. Hari abokwibaza mu buryo bwumvikana bati: ‘None uwo mudandaza yari kuronka gute imfungurwa, ivyambarwa, be n’uburaro ko ata kintu na kimwe yari asigaranye yokwikorako? Iyo maragarita y’agaciro yari kumumarira iki?’. Ivyo vyoba ari ibibazo vyumvikana twisunze ukuntu umuntu abona ibintu. Mugabo none Yezu ntiyahimirije abigishwa biwe ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:31-33)? Iciyumviro nyamukuru kiri muri uwo mugani ni uko umuntu akeneye kwibanda ku Mana n’umutima wiwe wose akongera akagirira umwete Ubwami n’umutima wiwe wose. Hoba hari icigwa twobikuramwo?

19. Ni icigwa nyamukuru ikihe twokwigira kuri wa mugani wa Yezu w’imaragarita y’igiciro kinini?

19 Twaba ari ho tukimenya ivyerekeye inkuru nziza y’akaroruhore canke twaba tumaze imyaka mirongo turondera Ubwami twongera tubwira abandi ibijanye n’imihezagiro yabwo, dutegerezwa kubandanya kwitwararika Ubwami kuruta ibindi vyose. Tubayeho mu bihe bigoye, mugabo turafise imvo zikomeye zotuma twemera yuko ico turiko turondera atari umugani be n’uko ata co twokigereranya, cokimwe na ya maragarita wa mudandaza yubura. Ibiba mw’isi be n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse biratanga ikimenyamenya kijijura c’uko tubayeho mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (Matayo 24:3, NW). Nka kumwe kwa wa mudandaza w’ingenzi, nimuze twerekane n’umutima wacu wose umwete dufitiye Ubwami bw’Imana twongere twigine agateka twatewe ko kwamamaza inkuru nziza.​—Zaburi 9:1, 2.

Woba uvyibuka?

• Uko imyaka yagiye irarengana, ni igiki caterereye agacumu k’ubumwe kw’iyongerekana ryabaye mu basavyi b’Imana b’ukuri?

• Ni agatima akahe kigaragaza mu bamisiyonari?

• Ni amahinduka ayahe abantu bagize bitumwe n’inkuru nziza y’Ubwami?

• Ni icigwa c’agaciro ikihe dushobora kwigira kuri wa mugani wa Yezu w’imaragarita y’igiciro kinini?

[Igicapo ku rup. 19-22]

RAPORO Y’UMURIMO W’UMWAKA W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE WA 2004

[Ifoto ku rup. 14]

“Ukuri . . . kurakwegēra abantu bose”.​—A. H. Macmillan

[Ifoto ku rup. 15]

Daniela na Helmut baramamaje mu ndimiro ivugwamwo indimi z’inyamahanga i Vienne

[Ifoto ku rup. 16]

Nka kumwe kwa wa mudandaza w’ingenzi, abamisiyonari muri iki gihe barahezagirwa cane

[Ifoto ku rup. 17]

“Abantu bawe bitanga babikunze”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika