Yehova arazigama abamwizigira
“Imbabazi zawe [canke, “ubuntu-mvarukundo bwawe”, “NW”] n’ukuri kwawe bize vyame binzigama”.—ZABURI 40:11.
1. Umwami Dawidi yasavye iki Yehova, kandi ivyo yasavye ariko abironswa gute?
UMWAMI DAWIDI wa Isirayeli ya kera ‘yarizigiye Yehova yihanganye’ bituma avuga yuko Yehova ‘yamuteze ugutwi, akongera akumva ugutakamba kwiwe’ (Zaburi 40:1). Yariboneye incuro n’izindi ingene Yehova yazigamye abamukunda. Dawidi rero yarashoboye gusaba ko Yehova yokwama amuzigama (Zaburi 40:11). Kubera yuko Dawidi ari muri rwa rutonde rw’abagabo n’abagore b’intahemuka basezeraniwe “ukuzuka kurushiri[je] kuba kwiza”, ubu yibereye mu bantu Yehova yibuka bazohabwa iyo mpêra (Abaheburayo 11:32-35). Gutyo, Dawidi yarategekanirijwe kazoza mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose. Izina ryiwe riranditswe mu ‘gitabo ca Yehova c’icibutso’.—Malaki 3:16.
2. Ivyanditswe bidufasha gute gutahura ico kuzigamwa na Yehova bisigura?
2 Naho abantu b’intahemuka bavugwa mu Baheburayo ikigabane ca 11 babayeho imbere y’uko Yezu Kirisitu aza kw’isi, nticabujije ko babaho bahuza n’ivyo yigishije igihe yavuga ati: “Ūkunda ubugingo bgiwe azobubura, arik’uwanka ubugingo bgiwe mur’iyi si azobuzigama gushitsa ku bu[zima] budashira” (Yohana 12:25). Biraboneka rero yuko kuzigamwa na Yehova bidasigura kudashikirwa n’imibabaro canke uruhamo. Bisigura yuko umuntu akingirwa mu buryo bw’impwemu kugira ngo ashobore kuguma afise impagararo nziza imbere y’Imana.
3. Ni igiki kitwemeza ko Yehova yazigamye Kirisitu Yezu, kandi vyavuyemwo iki?
3 Yezu ubwiwe yarahamwe bunyamaswa yongera arasigwa iceyi, kandi abansi biwe baruhiye kumwica urupfu rw’agashinyaguro kandi rubabaje bimwe bitovugwa. Ariko, ivyo ntivyerekana ko Imana itashikije umuhango yari yatanze wo gukingira Mesiya (Yesaya 42:1-6). Izuka rya Yezu ku musi ugira gatatu inyuma y’aho yiciwe urupfu rw’agashinyaguro, riremeza ko Yehova yumvise ugutakamba kwiwe nk’uko nyene yari yarumvise ugutakamba kwa Dawidi. Yehova yishuye Yezu mu kumuha inkomezi zimufasha kuguma ari intadohoka (Matayo 26:39). Kubera yuko Yezu yari yazigamwe gutyo, yarahawe ubuzima budahwera mw’ijuru, bituma abantu amamiliyoni bizera incungu bashobora kuzoronka ubuzima budahera.
4. Ni umuhango uwuhe uhabwa abakirisu basizwe be n’“izindi ntama”?
4 Turashobora kwizigira yuko Yehova agifise umutima ukunze wo kuzigama abasavyi biwe be n’uko akibishoboye, nk’uko vyari mu gihe ca Dawidi no mu gihe ca Yezu (Yakobo 1:17). Abavukanyi bakeyi ba Yezu basizwe bakiri kw’isi, barashobora kwizigira umuhango Yehova yatanze ugira uti: “Umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, [ni wo] mwabīkiwe mw ijuru, mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo” (1 Petero 1:4, 5). “Izindi ntama”, ni ukuvuga abafise icizigiro co kuba kw’isi, na bo nyene barashobora kwizigira Imana be n’umuhango yatanze biciye ku mwanditsi wa Zaburi ugira uti: “Mukunde Uhoraho, yemwe bakunzi biwe mwese: Uhoraho azigama abizigirwa”.—Yohana 10:16; Zaburi 31:23.
Barazigamwa mu buryo bw’impwemu
5, 6. (a) Abasavyi b’Imana bazigamwe gute mu bihe vya none? (b) Abasizwe bafitaniye na Yehova ubucuti bumeze gute, kandi ubwo Yehova afitaniye n’abafise icizigiro co kuba kw’isi bwobwo bumeze gute?
5 Mu bihe vya none, Yehova yaragize ivyo atunganije kugira azigame abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu. Naho atabakingira uruhamo canke ingorane be n’ivyago bishika mu buzima, yamye abaha imfashanyo be n’indemesho bakeneye kugira bazigame ubucuti bwa hafi bafitaniye na we. Umushinge bubakirako ubwo bucuti ni ukwizera ya ndinganizo yuzuye urukundo Imana yagira yo gucungura abantu. Bamwebamwe muri abo bakirisu b’intahemuka barasîzwe n’impwemu y’Imana kugira ngo bazofadikanye na Kirisitu kuganza mw’ijuru. Bitwa abagororotsi bwa bana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu, kandi aya majambo ni bo yerekezako: “Yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda. Mur’uwo ni ho dufise ugucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu”.—Ab’i Kolosayi 1:13, 14.
6 Abandi bakirisu amamiliyoni b’intahemuka barakurwa amazinda yuko bashobora kwungukira ku ndinganizo Imana yashizeho y’ugucungura abantu. Dusoma duti: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi” (Mariko 10:45). Abo bakirisu si bo bazobona harageze ko bahabwa “ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana” (Abaroma 8:21). Mu kurindira, baraha agaciro ubucuti umwe wese afitaniye n’Imana, bakongera bakihata bivuye ku mutima kugira ngo babukomeze.
7. Ni uburyo ubuhe Yehova akoresha muri iki gihe kugira ngo azigame abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu?
7 Uburyo bumwe Yehova akoresha kugira ngo azigame abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu, ni mu kubashiriraho urutonde rubandanya rwo kubigisha. Ivyo bituma baronka ubumenyi bwerekeye ukuri bugenda burushiriza kutagiramwo amakosa. Yehova kandi aguma atanga uburongozi biciye kw’Ijambo ryiwe, kw’ishirahamwe ryiwe, be no ku mpwemu yiwe yera. Biciye ku buyobozi bwa wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, abasavyi b’Imana hirya no hino kw’isi bameze nk’umuryango ukwiye kw’isi yose. Umugwi w’uwo mushumba uritwararika ivyo umuryango w’abasavyi ba Yehova ukenera mu buryo bw’impwemu, kandi iyo bikenewe urabaronsa ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri, utarinze kuraba igihugu baturukamwo canke ikibanza bafise mu kibano.—Matayo 24:45.
8. Yehova yizigiye iki ku ntahemuka ziwe, kandi abakura amazinda ku biki?
8 Nk’uko nyene Yehova atakingiye Yezu ku mubiri ngo ntashikirwe n’ibitero vy’abansi biwe, n’abakirisu bo muri iki gihe ntabakingira muri ubwo buryo. Ariko ivyo ntivyerekana na gato ko badahimbara Imana. Ahubwo vyerekana ko yizigiye yuko bazoyishigikira ku bijanye na ca kibazo c’inkoramutima kiraba ibiremwa vyose (Yobu 1:8-12; Imigani 27:11). Yehova ntazokwigera aheba intahemuka ziwe kubera yuko “Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose”.—Zaburi 37:28.
Barazigamwa n’ubuntu-mvarukundo be n’ukuri
9, 10. (a) Ukuri kwa Yehova kuzigama gute abasavyi biwe? (b) Bibiliya yerekana gute ko Yehova azigama intahemuka ziwe biciye ku buntu-mvarukundo bwiwe?
9 Mw’isengesho Dawidi yatuye ryanditswe muri Zaburi ya 40, yasavye ko yozigamwa n’ubuntu-mvarukundo bwa Yehova be n’ukuri kwiwe. Ukuri kwa Yehova be n’urukundo akunda ubugororotsi bisaba ko yerekana neza ingingo mfatirwako ziwe izo ari zo. Ababaho bisunga izo ngingo mfatirwako usanga ku rugero runini bakingirwa imikazo, ubwoba be n’ingorane bishikira abazirengagiza. Nk’akarorero, turashobora kwikingira ingorane nyinshi zibabaje tukazikingira n’abacu mu kwirinda ibiyayuramutwe, akaborerwe, ubuhumbu be n’ukuba inkazi mu buzima. Mbere n’abata inzira y’ukuri ya Yehova, nk’uko rimwe na rimwe vyashikira Dawidi, barasubirizwa umutima mu nda n’uko Imana iguma ari “ubgihisho” ku bakoze nabi bakigaya. Mwene abo bantu barashobora kwiha aka kamo: “Uzondinda amagorwa” (Zaburi 32:7). Ese ukuntu ubwo ari uburyo bwiza Imana iseruramwo ubuntu-mvarukundo!
10 Akandi karorero k’ubuntu-mvarukundo bw’Imana ni uko iburira abasavyi bayo ngo bagume bitandukanije n’iyi si mbi igiye gusangangurwa n’Imana. Dusoma duti: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi”. Twumviye iyo mburizi tukongera tugakora tuyisunga, turashobora kuzigama buzigame ubuzima bwacu ibihe bidahera, kubera yuko ico canditswe kibandanya giti: “Kand’isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira”.—1 Yohana 2:15-17.
Barazigamwe n’ubushobozi bwo kwiyumvira, ugutegera be n’ubukerebutsi
11, 12. Sigura ingene ubushobozi bwo kwiyumvira, ugutegera be n’ubukerebutsi bituzigama.
11 Ku bagomba kwemerwa n’Imana, Salomo umuhungu wa Dawidi yarahumekewe kwandika ati: “[“Ubushobozi bwo kwiyumvira”, NW] [bu]zogushibamira, ugutahura kuzokuzigama”. Yahimirije kandi ati: “Wironkere [“ubukerebutsi”, NW] . . . ntukabute, na bgo buzokuzigama, bukunde, buzokurinda”.—Imigani 2:11; 4:5, 6.
12 Turakoresha ubushobozi bwo kwiyumvira igihe tuzirikana ku vyo twiga mw’Ijambo ry’Imana. Kuzirikana biradufasha kurushiriza gutahura canke gutegera kugira ngo dushobore gushinga ibibereye kuja imbere y’ibindi. Ivyo birahambaye kubera yuko benshi muri twebwe tuzi, kumbure biciye ku vyadushikiye, yuko ingorane zivyuka iyo abantu bashinze mu buryo butaranga ubukerebutsi ibija imbere y’ibindi, bakabishinga bazi ko bitaranga ubukerebutsi canke batabizi. Isi ya Shetani idushira imbere imigambi yo kurondera itunga, kuba rurangiranwa be no kuronka ubukuru, mu gihe Yehova wewe ashimika ku migambi yo mu vy’impwemu ihambaye kuruta ivyo bindi. Kudashira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere birashobora gutuma ingo zisambuka, bigasenyura ubucuti, bikanatitura imigambi yo mu vy’impwemu. Ivyo nta handi bishikana umuntu atari ku gushikirwa n’ikintu kibabaje kiboneka mu majambo Yezu yavuze ati: “Umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru?” (Mariko 8:36). Ubukerebutsi butuma dukurikiza impanuro Yezu yatanze igira iti: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa”.—Matayo 6:33.
Akaga kari mu kwikunda
13, 14. Kwikunda bisobanura iki, kandi ni kubera iki atari vyiza?
13 Abantu bavukana agatima ko kwibabara. Ariko rero, igihe ivyipfuzo vy’umuntu be n’inyungu ziwe ari vyo bigiye imbere mu buzima, birakwega ingorane. Ku bw’ivyo, kugira ngo tuzigame ubucuti dufitaniye na Yehova, adutegeka kwirinda kuba abantu bikunda. Ijambo “kwikunda” risobanura “kurazwa ishinga gusa n’ivyipfuzo vyawe, ivyo ukeneye, canke inyungu zawe”. None ukwo nyene si ko abantu benshi bameze muri iki gihe? Ntibitangaje rero kubona Bibiliya yari yaravuze yuko “mu misi y’iherezo” y’urunkwekwe rubi rwa Shetani “abantu [bobaye] bikunda gusa”.—2 Timoteyo 3:1, 2.
14 Abakirisu baratahura yuko ari vyiza kugamburuka itegeko Bibiliya itanga ryo kwiyumvira ivy’abandi, bakabakunda nk’uko bikunda (Luka 10:27; Ab’i Filipi 2:4). Benshi bobona ko ivyo bidashoboka, ariko ivyo birahambaye nimba dushaka kuroranirwa mu mubano w’ababiranye, kugiranira ubucuti buhire mu muryango, be no kugiranira n’abandi ubugenzi bumara akanyota. Umusavyi w’ukuri wa Yehova rero ntakwiye kwigera areka ngo agatima avukana ko kwikunda kiganzire ubuzima bwiwe gushika n’aho kamubuza kwitaho ibintu bihambaye kuruta. Ibiza imbere ya vyose muri ivyo, ni ivyungura Imana asenga, Yehova.
15, 16. (a) Agatima ko kwikunda gashobora gushikana ku ki, nk’uko vyerekanwa n’akarorero ka nde? (b) Iyo umuntu yihutiye gucira abandi urubanza, mu vy’ukuri aba akoze iki?
15 Agatima ko kwikunda karashobora gushikana umuntu ku kwibona ubugororotsi, ivyo na vyo bigashobora gutuma atemera ivyiyumviro vy’abandi canke yita imbere. Birabereye kubona Bibiliya ivuga iti: “Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’akora” (Abaroma 2:1; 14:4, 10). Indongozi z’idini zo mu gihe ca Yezu zaribona ubugororotsi gushika n’aho ziyumvamwo ko zifise uburenganzira bwo gutora amakosa Yezu n’abayoboke biwe. Ukwo ni ko zigize abacamanza. Kubera yuko ziyobagije utunenge ubwazo zifise, mu vy’ukuri zari zitsindishije.
16 Yuda wa muyoboke wa Yezu yamugura, yarigize umuntu acira abandi urubanza. Ca gihe Mariya mushiki wa Lazaro yasuka kuri Yezu amavuta y’igiciro kinini i Betaniya, Yuda yaravyanse yivuye inyuma. Yaseruye akababaro afise mu kuvuga ati: “N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?”. Ariko iyo nkuru ibandanya isigura iti: “Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo” (Yohana 12:1-6). Nimuze ntitwigere tumera nka Yuda canke za ndongozi z’idini, bo bihutiye gucira abandi urubanza bagasanga baritsindishije.
17. Tanga akarorero kerekana akaga gaterwa no kwiyemera canke kwiyizigira birenze urugero.
17 Ikibabaje, abakirisu bamwebamwe bo mu ntango naho batari ibisuma nka Yuda, baraguye mu mutego w’ubwibone, bacika abihayagiza. Ku biberekeye, Yakobo yanditse ati: “Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu”. Yaciye yongerako ati: “Ukwirata kwose ben’ukwo ni kubi” (Yakobo 4:16). Kwiratira ivyo twakoze canke uduteka twatewe mu murimo wa Yehova, ni ukwitsindisha (Imigani 14:16). Turibuka ivyashikiye intumwa Petero, uwigeze kwiyizigira birenze urugero akavugana ubwishime ati: “Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza. . . . N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana”. Mu vy’ukuri, nta kintu na kimwe gikwiye gutuma twishima. Ivyo dufise vyose tubikesha gusa ubuntu-mvarukundo bwa Yehova. Kwibuka ico kintu bizoturinda kwihayagiza canke kwiyemera.—Matayo 26:33-35, 69-75.
18. Yehova abona gute ubwibone?
18 Tubwirwa duti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”. Uti kubera iki? Yehova yishura ati: “Ubgibone n’amanyama . . . ndavyanka” (Imigani 8:13; 16:18). Ntibitangaje kubona Yehova yarashegeshwe n’“umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe” (Yesaya 10:12)! Yehova yarabimuhaniye. Vuba isi ya Shetani yose, harimwo n’abatware bayo buzuye ubwishime kandi bigira agahambaye, baba ababoneka canke abataboneka, na yo nyene igiye guhanwa. Ese tutokwigera twigana ako gatima ko kwihambaza k’abansi ba Yehova!
19. Ni igiki abasavyi b’Imana biratira ariko bicishije bugufi?
19 Abakirisu b’ukuri bari n’imvo yumvikana yo kwiratira ukuba ari abasavyi ba Yehova (Yeremiya 9:24). Ariko kandi bari n’impamvu yo kuguma bicishije bugufi. Uti kubera iki? Kubera yuko “bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Kugira ngo rero tuzigame agateka twatewe ko kuba abasavyi ba Yehova, dutegerezwa kugira agatima nk’ak’intumwa Paulo, we yavuze yuko “Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha”, agaca yongerako ati: “Muri bo jewe nd’agahebuza”.—1 Timoteyo 1:15.
20. Yehova azigama gute abasavyi biwe muri iki gihe, kandi azobazigama gute muri kazoza?
20 Kubera yuko abasavyi ba Yehova bemera babikunze gushira ivyabo inyuma kugira ngo bashire imbere ivy’Imana, turashobora guhera amazinda ko Yehova azobandanya kubazigama mu buryo bw’impwemu. Turashobora kandi kwemera tudakeka ko ya marushwa ahambaye niyaduka, Yehova atazozigama abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu gusa, ariko kandi azonabazigama ku mubiri. Nibakira guhonyoza ikirenge mw’isi nshasha y’Imana, bazoshobora kwiha akamo bati: “Eh’iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni [“Yehova”, NW]; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe”.—Yesaya 25:9.
Woba uvyibuka?
• Umwami Dawidi na Yezu Kirisitu bazigamwe gute?
• Abasavyi ba Yehova bazigamwa gute muri iki gihe?
• Ni kubera iki dukwiye kwirinda kurenza urugero mu kwitwararika ivyacu?
• Ni kubera iki dushobora kwiratira ico turi ariko tukaguma twicishije bugufi?
[Amafoto ku rup. 9]
Yehova yazigamye gute Dawidi na Yezu?
[Amafoto ku rup. 10, 11]
Ni mu buryo butandukanye ubuhe abasavyi b’Imana bazigamwa mu buryo bw’impwemu muri iki gihe?
[Amafoto ku rup. 12]
Naho twiratira ukuba dukorera Yehova, dutegerezwa kuguma twicishije bugufi