Ukwizigira Imana kwawe gukomeye ukungana iki?
“Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana”.—MATAYO 6:33.
1, 2. Ni intambwe iyihe umugabo umwe akiri muto yateye ku bijanye n’akazi, kandi ni kubera iki yayiteye?
UMUGABO umwe akiri muto yaripfuza kurushiriza kuba kirumara mw’ishengero yarimwo. Mugabo yari afise ingorane y’uko akazi yakora kamubuza kwitaba amakoraniro adahorereza. None iyo ngorane yayitunganije gute? Yaroroheje ubuzima bwiwe, araheba ako kazi, maze hashize igihe araronka akandi kazi katamubuza kwitwararika ibikorwa vyiwe vya gikirisu. Ubu ahembwa amahera makeyi cane ugereranije n’ayo yahora aronka, mugabo aracaronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye kandi ubu arashoboye gufasha cane ishengero.
2 Woba utahura icatumye uwo mugabo atera intambwe nk’iyo? Iyo aza kuba ari wewe, woba wari gutera intambwe nk’iyo? Birashimishije kubona abakirisu benshi barateye mwene iyo ntambwe, kandi ibikorwa vyabo biragaragaza ko bizigira uwu muhango Yezu yatanze ugira uti: “Ariko mubanze mwitwaririke [canke ‘murondere’, UB] ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:33). Barizigira ko Yehova ari we bakesha ugutekanirwa, aho kwizigira iyi si.—Imigani 3:23, 26.
3. Ni kubera iki hari abokwibaza niba gushira imbere Ubwami bw’Imana biranga ubukerebutsi muri iki gihe?
3 Abantu bamwebamwe, baravye ibihe tubayemwo, boshobora kwibaza niba uwo mugabo yafashe ingingo iranga ubukerebutsi. Muri iki gihe, abantu bamwebamwe bari mu bukene buhebuje mu gihe abandi na bo babayeho neza cane kuruta abigeze kubaho neza muri kahise. Abantu benshi bo mu bihugu bikenye ntibogisha akaryo na kamwe boronka kotuma bisununura na gatoyi mu buzima. Ku rundi ruhande, abantu benshi bo mu bihugu bitunze bumva babwirizwa gukora uko bashoboye kwose kugira bagume babayeho neza naho ivy’ubutunzi biguma bicumbagira, naho ivy’akazi biguma bihindagurika, kandi abakoresha bakarushiriza gusaba abakozi ngo bakore cane kuruta. Uravye ukuntu umuntu yumva ategerezwa kugira uko ashoboye kugira arondere ikimubeshaho, hari abokwibaza bati: ‘Kubanza kwitwararika Ubwami vyoba biranga ubukerebutsi uravye igihe tugezemwo?’. Kugira turonke inyishu, nimuze twihweze abo Yezu yariko abwira abo ari bo.
‘Nimureke guhagarika umutima’
4, 5. Ni akarorero akahe Yezu yatanze kugira yerekane ko bitari bikwiye ko abasavyi b’Imana batwarwa birenze urugero n’imyitwarariko ya buri musi?
4 Yezu yari i Galilaya, akaba yariko abwira isinzi ry’abantu bari bavuye mu mihingo myinshi (Matayo 4:25). Bishoboka ko bake muri bo ari bo bari batunze, canke na ho akaba ata n’umwe muri bo yari atunze. Birashoboka ko benshi muri bo bari abakene. Yamara, Yezu yabahimirije ngo ntibashire imbere ivy’ukurondera amatungo y’umubiri, ahubwo birundanirize ikintu c’agaciro karengeye kure n’iyo amatungo y’umubiri, ni ukuvuga ubutunzi bwo mu vy’impwemu (Matayo 6:19-21, 24). Yavuze ati: “[‘Nimureke guhagarika umutima’, UB] ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’amagara ntaruta ivyo kurya, cank’umubiri nturuta ivyambarwa?”.—Matayo 6:25.
5 Benshi mu bariko bumviriza Yezu bashobora kuba babona ko umenga ivyo yavuze ntivyumvikana. Bari bazi yuko batabize akuya imiryango yabo yomerewe nabi. Ariko rero, Yezu yarabibukije ivyerekeye inyoni. Inyoni zitegerezwa kurondera ku musi ku musi ivyo zirya be n’aho zirara, yamara Yehova arazibungabunga. Yezu yaraberetse kandi ingene Yehova abungabunga amashurwe yo mw’ishamba, ayafise ubwiza burengeye ubwo Salomo yari afise mu buninahazwa bwiwe bwose. Niba Yehova abungabunga inyoni n’amashurwe, hari akantu twebwe abantu (Matayo 6:26-30)! Nk’uko Yezu yabivuze, ubuzima bwacu (canke amagara yacu) be n’imibiri yacu birahambaye rwose kuruta imfungurwa tugura kugira ngo tubungabunge ubuzima, be n’ivyambarwa twironsa kugira twambike imibiri yacu. Duhereje utwigoro twacu twose ku kurondera gusa ivyo turya n’ivyo twambara, ntihagire ikintu kiboneka dusigariza umurimo wa Yehova, tuba duhushije intumbero y’ubuzima.—Umusiguzi 12:13.
Ukubona ibintu mu buryo buri ku burimbane
6. (a) Abakirisu bafise irihe banga? (b) Ni nde abakirisu bizigira bagaherezako?
6 Ariko ntiwumve, Yezu ntiyaremesheje abariko bamwumviriza guca barera amaboko ngo bitege ko Imana ironsa mu buryo bunaka imiryango yabo ivyo ikeneye. N’inyoni ari inyoni zitegerezwa kurondera ivyo zirya be n’ivyo zigaburira ivyana vyazo. Uca rero ubona ko abakirisu bari bafise ibanga ryo gukora kugira baronke ico barya. Bategerezwa kwitwararika ivyo bajejwe mu rugo. Abakirisu bari basanzwe bakorera abandi be n’abakirisu b’abashumba bategerezwa gukorana umwete mu gukorera ba shebuja babo (2 Ab’i Tesalonike 3:10-12; 1 Timoteyo 5:8; 1 Petero 2:18). Intumwa Paulo akenshi yarakora igikorwa co kujisha amahema kugira yironse utwo akenera (Ivyakozwe n’intumwa 18:1-4; 1 Ab’i Tesalonike 2:9). Ariko rero, abo bakirisu ntibaronderera ugutekanirwa mu kazi k’umubiri. Bari bizigiye Yehova. Ivyo vyatumye bagira amahoro yo mu mutima abandi batari bafise. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira”.—Zaburi 125:1.
7. Umuntu atizigira Yehova bimwe bikomeye yohava abona ibintu mu buhe buryo?
7 Umuntu wese atizigira Yehova bimwe bikomeye yohava yiyumvira mu bundi buryo. Benshi mu bantu usanga babona ko amatungo y’umubiri ari yo canecane atuma umuntu atekanirwa. Ku bw’ivyo, hari abavyeyi baremesheje abana babo kumara igice kinini c’ubusore canke c’ubukumi bwabo biga amashure ahanitse, bizigiye yuko ivyo bizotuma muri kazoza ivyo bibondo vyabo bironka akazi k’umushahara uboneka. Ikibabaje, imiryango imwimwe y’abakirisu yasanze ihatakariza vyinshi cane, kubera ko abana babo batabaye bacitwararika cane ivy’impwemu ariko baciye bikurikiranira imigambi y’ivy’amaronko.
8. Ni uburimbane ubuhe abakirisu bagumana?
8 Ku bw’ivyo, abakirisu b’inkerebutsi baratahura yuko impanuro Yezu yatanze ikora muri iki gihe nk’uko yakora mu kinjana ca mbere, kandi baragerageza kugumana uburimbane. Naho babwirizwa kumara amasaha menshi bakora akazi k’umubiri kugira bashitse ivyo basabwa n’Ivyanditswe, ntibigera bareka ngo ivy’uko bakeneye amahera bitume birengagiza ivy’impwemu vyo bihambaye kuruta.—Umusiguzi 7:12.
“Ntimukiganyire”
9. Yezu asubiriza umutima mu nda gute abizigira Yehova bimwe bishitse?
9 Yezu, muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yahimirije abariko bamwumviriza ati: “Ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo [“bakurikirana babihahamiye”, NW]; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena” (Matayo 6:31, 32). Umve ntuze ukuntu ayo majambo aremesha! Nitwizigira Yehova bimwe bishitse, azokwama yiteguriye kudufata mu mugongo. Ariko rero, amajambo ya Yezu aratuma umuntu azirikana. Aratwibutsa yuko, dukurikiranye ibintu vy’umubiri ‘tubihahamiye’, tuba tubona ibintu nk’“abanyamahanga”, ni ukuvuga abantu batari abakirisu b’ukuri.
10. Igihe umusore umwe yegera Yezu kugira amuhanuze, Yezu yahishuye gute ivyo uwo musore yakunda kuruta ibindi?
10 Igihe kimwe, hari umusore atunze cane yabajije Yezu ico yokora kugira aze aronke ubuzima budahera. Yezu yamwibukije ivyasabwa na vya Vyagezwe vya Musa, ico gihe ivyo Vyagezwe bikaba vyari bigikora. Uwo musore yaciye abwira Yezu ati: “Ivyo vyose naravyitondeye; har’ikindi mpajije?”. Inyishu Yezu yamuhaye abenshi bashobora kuba babonye ko umenga ntiyumvikana. Yavuze ati: “Asangw’ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire” (Matayo 19:16-21). Uwo musore yagiye ababaye, kubera yabona ko atoshobora guheba amatungo yiwe. Uca ubona ko yakunda cane amatungo yiwe kuruta uko yakunda Yehova.
11, 12. (a) Ni amajambo atuma umuntu azirikana ayahe Yezu yavuze ku biraba amatungo? (b) Amatungo ashobora gute kubuza umuntu gukorera Yehova?
11 Ivyo vyatumye Yezu avuga ikintu ata wari aciteze. Yavuze ati: “Biragoye k’umutunzi yinjira mu bgami bgo mw ijuru. . . . [Kuko] icoroshe ar’ingamiya guca mu zuru ry’urushinge [ku]ruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana” (Matayo 19:23, 24). Yezu yoba none yashatse kuvuga yuko ata mutunzi azoragwa Ubwami? Habe namba, kubera yaciye avuga ati: “Ku Mana vyose birashoboka” (Matayo 19:25, 26). Kanatsinda, ico gihe abatunzi bamwebamwe, babifashijwemwo na Yehova, baracitse abakirisu basizwe (1 Timoteyo 6:17). Ariko Yezu yavuze ayo majambo abitumwe n’imvo yumvikana. Ivyo yabivuze ariko atanga ingabisho.
12 Hamwe umuntu yokunda rwose amatungo yiwe nka kumwe kwa wa musore yari atunze, ayo matungo yoshobora kumubuza gukorera Yehova n’umutima wiwe wose. Ivyo vyoshobora gushikira umuntu asanzwe ari umutunzi be n’umuntu ‘agomba kuba umutunzi’, ni ukuvuga yiyemeje kuba umutunzi (1 Timoteyo 6:9, 10). Kwizigira birenze urugero ibintu vy’umubiri birashobora gutuma umuntu ataba akibona cane ko ‘akeneye ivy’impwemu’ (Matayo 5:3, NW). Ivyo vyoshobora kumushikana ku kubona ko atagikeneye gufatwa mu mugongo na Yehova (Gusubira mu vyagezwe 6:10-12). Yoshobora kwitega ko mw’ishengero bamufata ukudasanzwe (Yakobo 2:1-4). N’ikindi kandi, yoshobora kumara mwinshi mu mwanya wiwe ariko anezerererwa amatungo yiwe aho kuwumara akorera Yehova.
Nube umuntu abona ibintu mu buryo bubereye
13. Ni gute Abanyalawodikiya babona ibintu mu buryo butabereye?
13 Bamwe mu bantu babona amatungo mu buryo butabereye bari abo mw’ishengero ry’i Lawodikiya ryo mu kinjana ca mbere. Yezu yababwiye ati: “Uvuga, uti Nd’umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’umworo, ur’impumyi, ugenda amēnya”. Amatungo si yo yari yaratumye Abanyalawodikiya baja mu mimerere yo mu vy’impwemu iteye akagongwe nk’iyo. Icabitumye ni uko bizigiye amatungo aho kwizigira Yehova. Ivyo vyatumye baba akazuyazi mu vy’impwemu, Yezu akaba yari hafi ‘kubadahwa’.—Ivyahishuriwe 3:14-17.
14. Ni kubera iki vyari bibereye ko Paulo akeza abakirisu b’Abaheburayo?
14 Abakirisu b’Abaheburayo bobo Paulo yarabakeje ku nyifato bagize mu gihe c’uruhamo rwari ruherutse kubashikira. Yavuze ati: “Mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho” (Abaheburayo 10:34). Abo bakirisu ntibavunywe inkokora n’ugutakaza ivyo bari batunze. Baragumanye umunezero kubera yuko bagumye bacakiye itunga ryabo rifise agaciro kurusha ayandi, ‘itunga ryabo rirushirije kuba ryiza kandi ryamaho’. Nka kumwe kwa wa mudandaza wo mu mugani wa Yezu yemera guheba ivyo afise vyose kugira aronke imaragarita y’agaciro imwe, bari biyemeje kuguma bacakiye icizigiro c’Ubwami, naho vyosavye iki (Matayo 13:45, 46). Umve ntuze agatima keza kari aho!
15. Umukirisukazi umwe wo muri Liberiya yashize gute ivy’Ubwami imbere?
15 Abenshi muri iki gihe baratsimbataje agatima keza nk’ako. Nk’akarorero, muri Liberiya hari umukirisukazi akiri muto yahawe akaryo ko gushobora kwiga kuri kaminuza. Muri ico gihugu, akaryo nk’ako kabonwa ko ari yo nzira yo gutuma umuntu atekanirwa muri kazoza. Ariko rero, uwo muvukanyikazi yari umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose, kandi yari yararonse ikete rimutumira kuja gukora ari umutsimvyi adasanzwe w’igihe gito. Yahisemwo kubanza kurondera Ubwami no kuguma mu murimo w’igihe cose. Yaragiye gukorera aho yarungitswe, maze mu mezi atatu atanguza inyigisho za Bibiliya 21. Uwo muvukanyikazi akiri muto be n’abandi ibihumbi bameze nka we barabanza kurondera Ubwami, naho bibasaba guheba inyungu boshobora kuronka z’ivy’umubiri. Ni igiki none gituma bagumana mwene ako gatima muri iyi si irangwamwo ugukunda amaronko? Baratsimbataje kamere nziza zitari nke. Reka duce irya n’ino zimwe muri izo.
16, 17. (a) Ni kubera iki bihambaye ko twifata ruto niba dushaka kwizigira Yehova? (b) Ni kubera iki dukwiye kwizigira ivyo Imana yasezeranye?
16 Ukwifata ruto: Bibiliya ivuga iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe. Ntukiyite umunyabgenge wewe ubgawe” (Imigani 3:5-7). Rimwe na rimwe, umuntu yoshobora kubona ko ingendo yinaka isa n’iyibereye aravye ibintu mu buryo bw’umubiri (Yeremiya 17:9). Yamara rero, umukirisu w’inziraburyarya ararondera kuyoborwa na Yehova (Zaburi 48:14). ‘Mu ngendo ziwe zose’, haba mu vy’ishengero, mu vy’amashure, mu vy’akazi, mu vy’ukwiruhura, canke mu kindi kintu cose, arahanuza Yehova abigiranye ukwifata ruto.—Zaburi 73:24.
17 Ukwizigira Ivyo Yehova yasezeranye: Paulo yavuze ati: “Uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera” (Abaheburayo 11:6). Niba dukekeranya yuko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye, ‘gukoresha ivy’iyi si cane’ vyoshobora gusa n’ivyumvikana (1 Abakorenti 7:31, UB). Yamara, niba ukwizera kwacu gukomeye, tuzoba abantu biyemeje kubanza kurondera Ubwami. None umuntu ashobora gute gutsimbataza ukwizera gukomeye? Ivyo abishikako mu kwiyegereza Yehova, biciye kw’isengesho rivuye ku mutima yama atura, no ku kwiyigisha adahorereza (Zaburi 1:1-3; Ab’i Filipi 4:6, 7; Yakobo 4:8). Nka kumwe kw’Umwami Dawidi, turashobora gusenga duti: “Ni wewe nizigiye, Uhoraho, naravuze, nti Ni wewe Mana yanje. Ereg’ukugira neza kwawe ni kwinshi”.—Zaburi 31:14, 19.
18, 19. (a) Kuba abanyamwete bidufasha gute kurushiriza kwizigira Yehova? (b) Ni kubera iki umukirisu akwiye kuba uwiteguriye kugira ivyo ahevye?
18 Gukorera Yehova n’umwete: Kwizigira imihango Yehova yatanze, Paulo yabisanishije n’ukuba umunyamwete igihe yandika ati: “Turagomba cane yuk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo” (Abaheburayo 6:11). Niba dukora cane mu murimo wa Yehova, ntazobura kudufata mu mugongo. Igihe cose twiyumvisemwo ko adufashe mu mugongo, duca turushiriza kumwizigira, tugaca tuba abantu ‘bakomeye, batanyiganyiga’ (1 Ab’i Korinto 15:58). Ukwizera kwacu guca gusubirana inkomezi, icizigiro cacu na co kigaca kiba ntakekeranywa.—Abanyefeso 3:16-19.
19 Umutima wo kugira ivyo umuntu ahevye: Paulo yarahevye gukurikirana ivyoshoboye gutuma amererwa neza mu vy’umubiri, kugira akurikire Yezu. Biribonekeza ko yagize ihitamwo ribereye, naho rimwe na rimwe ubuzima bwiwe bwaba bugoye umuntu afatiye ku vy’umubiri (1 Ab’i Korinto 4:11-13). Yehova ntasezeranira abasavyi biwe ubuzima bwo kudibama bwuzuye ibihinda, kandi rimwe na rimwe barashikirwa n’amagume. Umutima tugira wo kworosha uburyo tubayeho no kugira ivyo duhevye uragaragaza ko dufise umwiyemezo ukomeye wo gukorera Yehova.—1 Timoteyo 6:6-8.
20. Ni kubera iki ukwihangana guhambaye ku muntu ashira imbere ivy’Ubwami?
20 Ukwihangana: Wa mwigishwa Yakobo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’Umwami Yesu azozira” (Yakobo 5:7). Muri iyi si aho ibintu bigenda vyihuta cane, biragoye kwihangana. Usanga dushaka ko ibintu bishika ningoga. Yamara, Paulo aduhimiriza kwigana “abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe” (Abaheburayo 6:12, ni twe dushimitse.). Nugire umutima wo kurindira Yehova. Emwe, kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yahindutse iparadizo, ng’ico ikintu ukwiye koko kurindira!
21. (a) Igihe tubanje kurondera ivy’Ubwami tuba tugaragaje iki? (b) Ni ibiki duca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?
21 Vyemere, impanuro Yezu yatanze yo kubanza kurondera Ubwami ni impanuro iranga ubukerebutsi. Igihe tubanje kurondera Ubwami, tuba tugaragaje ko twizigira Yehova vy’ukuri, kandi tuba duhisemwo uburyo bumwe rudende umukirisu ashobora kubaho atekaniwe. Ariko rero, Yezu yaduhanuye kandi kubandanya ‘kubanza kurondera ukugororoka [kw’Imana]’. Mu kiganiro gikurikira, turabona igituma ubu ari ho canecane iyo ndemesho ikenewe.
Woshobora kubisigura?
• Ku bijanye n’ibintu vy’umubiri, Yezu yaturemesheje kugira uburimbane ubuhe?
• Ni igiki twigira kuri ca kigereranyo Yezu yatanga c’ingamiya n’izuru ry’urushinge?
• Ni kamere za gikirisu izihe zidufasha kubanza kurondera Ubwami bw’Imana?
[Ifoto ku rup. 21]
Benshi mu bumvise amajambo ya Yezu bari abakene
[Ifoto ku rup. 23]
Wa musore yari atunze yakunda amatungo yiwe kuruta uko yakunda Imana
[Ifoto ku rup. 23]
Wa mudandaza wo mu mugani wa Yezu yaremeye guheba ivyo afise vyose kugira aronke imaragarita y’agaciro imwe
[Ifoto ku rup. 24]
Niba dukora cane mu murimo wa Yehova, ntazobura kudufata mu mugongo