Ico abamarayika bakora ku bijanye n’abantu
“Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye. . . . Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye”.—IVYAHISHURIWE 18:1, 2.
1, 2. Ni igiki cerekana ko Yehova akoresha abamarayika mu gushitsa ivyo agomba?
INTUMWA Yohani, uwari ageze mu zabukuru, yareretswe ibintu vy’ubuhanuzi ari kw’izinga rya Patimo aho yari yajanywe inyagano. Ari mu “musi w’Umukama” (UB) biciye ku ‘mpwemu’, yareretswe ibintu bitangaje. Uwo musi watanguranye n’iyimikwa rya Yezu Kristu mu 1914 ukaba uzobandanya gushika ku mpera y’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi.—Ivyahishuriwe 1:10.
2 Yehova Imana si we ubwiwe yeretse Yohani ivyo bintu. Hari abo yakoresheje. Mu Vyahishuriwe 1:1 hagira hati: “Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana”. Yehova, abicishije kuri Yezu, yarakoresheje umumarayika kugira ngo amenyeshe Yohani ibintu bitangaje bijanye n’uwo “musi w’Umukama”. Harageze igihe Yohani “[ara]bona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye”. Ni igikorwa ikihe uwo mumarayika yari yahawe gukora? Cari ico “[gu]semerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye” (Ivyahishuriwe 18:1, 2). Uwo mumarayika w’inkomezi yatewe agateka ko gutangaza ibijanye n’ikomvomvorwa rya Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Twisunze ivyo, turabona neza yuko Yehova akoresha abamarayika mu buryo buhambaye kugira ngo ashitse ivyo agomba. Imbere y’uko turimbura ido n’ido uruhara abamarayika barangura mu mugambi w’Imana be n’ukuntu bagira ico bakoze ku bitwerekeye, reka turabe inkomoko y’ivyo biremwa vy’impwemu.
Abamarayika batanguye kubaho gute?
3. Ni iciyumviro kitari co ikihe abantu benshi bafise ku bijanye n’abamarayika?
3 Abantu amamiliyoni muri iki gihe, baremera yuko abamarayika babaho. Ariko benshi muri bo usanga bafise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye abo bamarayika be n’inkomoko yabo. Nk’akarorero, hari abanyamadini biyumvira yuko igihe uwabo apfuye aba ahamagawe n’Imana be n’uko aheza agahinduka umumarayika. Ivyo vyoba ari vyo Ijambo ry’Imana ryigisha ku bijanye n’iremwa ry’abamarayika, ukubaho kwabo be n’ico baremewe?
4. Ivyanditswe bitubwira iki ku bijanye n’inkomoko y’abamarayika?
4 Umumarayika akomeye kandi afise ubukuru kuruta abandi bose, ni ukuvuga umumarayika mukuru, yitwa Mikayeli (Yuda 9). Uwo na we si uwundi atari Yezu Kristu (1 Ab’i Tesalonike 4:16). Igihe Yehova yagomba gutangura kurema, ubu hakaba haciye imyaka itagira uko ingana, uwo yahereyeko yabaye uwo Mwana wiwe w’umumarayika (Ivyahishuriwe 3:14; 19:11). Mu nyuma, biciye kuri uwo Mwana w’imfura, Yehova yararemye ibindi biremwa vy’impwemu vyose (Ab’i Kolosayi 1:15-17). Yehova yirise abo bamarayika abana biwe, igihe yabaza umwe sekuruza w’imiryango Yobu ati: “Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’amatanguriro y’isi? Bivuge, namb’ufise ubgenge. . . . Ni nde yashizeh’ibuye rigumya imfuruka, igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zāririmbira hamwe, n’abana b’Imana bose bagasēsereza impundu?” (Yobu 38:4, 6, 7). Biribonekeza rero ko abamarayika baremwe n’Imana kandi ko babayeho kera cane imbere y’uko abantu babaho.
5. Abamarayika bagabuwe gute mu migwi?
5 Mu 1 Ab’i Korinto 14:33 havuga hati: “Imana [si] iy’umuvurungano, ariko n’iy’amahoro”. Ku bw’ivyo, Yehova yashize abana biwe b’impwemu mu migwi itatu nyamukuru: (1) abaserafi, bakorera Imana bari iruhande y’intebe y’Ubwami yayo, bakamenyekanisha ubweranda bwayo, bakongera bagatuma abasavyi bayo baguma badahumanye mu vy’impwemu; (2) abakerubi, bajejwe gushigikira ubukuru bwa Yehova; (3) be n’abandi bamarayika bashitsa ivyo agomba (Zaburi 103:20; Yesaya 6:1-3; Ezekiyeli 10:3-5; Daniyeli 7:10). Ni ibintu bimwebimwe ibihe ivyo biremwa vy’impwemu bikora ku bijanye n’abantu?—Ivyahishuriwe 5:11.
Abamarayika barangura uruhara uruhe?
6. Yehova yakoresheje gute abakerubi mu bijanye na rya tongo ry’i Edeni?
6 Ahantu hambere herekeza neza na neza kuri ivyo biremwa vy’impwemu ni mw’Itanguriro 3:24, ahavuga hati: “[Yehova] yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo”. Abo bakerubi bari bajejwe kubuza Adamu na Eva gusubira kwinjira muri rya tongo bahora babamwo. Aho hari mu ntango z’ukubaho kw’abantu. Ni uruhara uruhe none abamarayika baranguye kuva ico gihe?
7. Insobanuro y’amajambo yo mu ndimi zo mu ntango ahindurwa ngo “umumarayika”, yerekana iki ku bijanye na kimwe mu bintu abamarayika barangura?
7 Abamarayika bavugwa muri Bibiliya hafi incuro 400. Ijambo ry’igiheburayo n’iry’ikigiriki ahindurwa ngo “umumarayika” ashobora kandi guhindurwa ngo “intwarabutumwa”. Mu buryo buhuye n’iyo nsobanuro, abamarayika barakoreshejwe n’Imana mu gushikiriza ubutumwa abantu. Nk’uko twabibonye mu ngingo zibiri za mbere z’iki kiganiro, Yehova yarakoresheje umumarayika mu gushikiriza ubutumwa bwiwe intumwa Yohani.
8, 9. (a) Kugenderwa n’umumarayika vyafashije iki Manowa n’umukenyezi wiwe? (b) Ni igiki abavyeyi bashobora kwigira ku nkuru ivuga ingene Manowa yagendewe n’umumarayika w’Imana?
8 Abamarayika barakoreshwa kandi kugira bafashe abasavyi b’Imana bo kw’isi bongere babaremeshe. Nk’akarorero, mu gihe c’Abacamanza muri Isirayeli, Manowa n’umukenyezi wiwe, uno akaba yari ingumba, baripfuza cane kuronka akana. Yehova yararungitse umumarayika wiwe ngo amenyeshe umukenyezi wa Manowa yuko yoronse umwana w’umuhungu. Iyo nkuru yigana iti: “Ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya”.—Abacamanza 13:1-5.
9 Amaherezo, umukenyezi wa Manowa yaravyaye umwana w’umuhungu, ari we Samusoni, uwahavuye aba rurangiranwa mu nkuru za Bibiliya (Abacamanza 13:24). Imbere y’uko uwo mwana avuka, Manowa yarasavye ko umumarayika yogaruka ngo ababwire ukuntu bakwiye kuzorera uwo mwana. Manowa yabajije ati: “Uwo mwana tuzomurera dute? Azokora iki?”. Uwo mumarayika wa Yehova yarasubiyemwo ivyo yari yabwiye umukenyezi wa Manowa ku bijanye n’ukuntu botegerejwe kurera uwo mwana (Abacamanza 13:6-14). Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyararemesheje Manowa! Naho muri iki gihe abamarayika batagendera abantu muri ubwo buryo, abavyeyi barashobora kurondera ubuyobozi Yehova atanga ku bijanye no kurera abana babo, nk’ukwo kwa Manowa.—Abanyefeso 6:4.
10, 11. (a) Igihe Elisa n’umusuku wiwe babona igitero c’ingabo z’Abasiriya, bavyifashemwo gute? (b) Kuzirikana kuri iyo nkuru bishobora gute kutugirira akamaro?
10 Hari ikintu gitangaje cabaye mu gihe c’umuhanuzi Elisa cerekana ko abamarayika bafasha abantu. Igihe kimwe, Elisa ari i Dotani, igisagara co muri Isirayeli, umusuku wiwe yaravyutse kare mu gitondo. Aravye hanze, yagiye abona ico gisagara gikikujwe n’amafarasi be n’imikogote y’intambara. Umwami w’i Siriya yari yarungitse ingabo zikomeye ngo zije gufata Elisa. Umusuku wa Elisa yavyifashemwo gute? Yaragize ubwoba, kumbure arata umutwe, avuga ati: “Biracitse databuja! None tugira dute?”. Kuri we vyasa nk’aho kabaye. Mugabo Elisa yaciye amwishura ati: “Nta co utinya, kukw abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo”. None aho yashaka kuvuga iki?—2 Abami 6:11-16.
11 Elisa yari azi ko abamarayika isinzi bari biteguriye kumufasha. Ariko rero, uwo musuku wiwe nta na kimwe yabona. “Elisa [yaciye a]senga, at’Uhoraho ndakwinginze, muhumūre amaso, arābe. Nuk’Uhoraho ahumūra amaso y’uwo musore, ararāba, abona umusozi wuzuyekw amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa” (2 Abami 6:17). Uwo musuku yaciye abona ayo masinzi y’abamarayika. Na twebwe nyene, dukoresheje ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu, turashobora kubona yuko abamarayika bafasha bakongera bagakingira abasavyi ba Yehova, ivyo bakabigira bose bayobowe na Yehova be na Kristu.
Ukuntu abamarayika bafashije mu gihe ca Kristu
12. Umumarayika Gaburiyeli yafashije gute Mariya?
12 Raba ukuntu iyi nkuru ya nkumi y’Umuyudakazi Mariya yabwiwe yagize ico imufashije, na yo ikaba igira iti: “Uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uz’umwite Yesu”. Imbere y’uko umumarayika Gaburiyeli, uwari yarungitswe n’Imana, ashikiriza Mariya ubwo butumwa butangaje, yamubwiye ati: “Nta co utinya, Mariya, kuk’ugiriwe ubuntu n’Imana” (Luka 1:26, 27, 30, 31). Ese ukuntu Mariya ategerezwa kuba yararemeshejwe yongera arakomezwa n’ayo majambo yamukura amazinda yuko ashimwa n’Imana!
13. Abamarayika bafashije Yezu gute?
13 Akandi karorero k’ukuntu abamarayika bafasha abantu, ni akerekeye ivyabaye inyuma y’aho Yezu atsindiye vya bigeragezo bitatu Shetani yamugerageresha mu bugaragwa. Iyo nkuru itubwira yuko ivyo bigeragezo birangiye, ‘Umurwanizi yamuretse, kandi ko abamarayika baje bakamukorera’ (Matayo 4:1-11). Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, harabaye ikintu nk’ico. Yezu ari mu maganya, yarapfukamye maze atangura gusenga, ati: “Data, asangw’ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege” (Luka 22:42, 43). Ariko none, abamarayika badufasha gute muri kino gihe?
Ugufashwa n’abamarayika mu bihe vya none
14. Ni uruhamo uruhe Ivyabona vya Yehova babwirijwe kwihanganira mu bihe vya none, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
14 Turimbuye inkuru zo mu bihe vya none zerekeye igikorwa co kwamamaza Ivyabona vya Yehova barangura, ntitwibonera none ikimenyamenya c’uko abamarayika bagiye barafasha? Nk’akarorero, abasavyi ba Yehova barashoboye kunanira ibitero vy’Abanazi mu Budagi no mu bihugu vyo mu Buraya bwo mu Burengero, mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose (1939-1945) be n’imbere yaho. Ku ntwaro z’Abafashisiti zari zishigikiwe n’Abagatolika zo mu Butaliyano, muri Esupanye no muri Porotigali, abasavyi ba Yehova babwirijwe kumara igihe kirekire kuruta ico bihanganira uruhamo. Vyongeye, baramaze imyaka mirongo bihanganira uruhamo ahahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti be no mu bihugu vyari bigize urunani n’iyo Leta. Aho rero ntituvuze uruhamo Ivyabona bihanganiye mu bihugu bimwebimwe vyo muri Afirikaa. Mu myaka ya vuba, abasavyi ba Yehova barahamwe bunyamaswa mu gihugu ca Jeworojiya. Shetani nta ko atakoze kugira ngo ahagarike igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura. Yamara, uko bagize ishirahamwe, mwene ukwo kurwanywa nta co kwabagize, kandi barasagamvye. Kimwe mu vyatumye bigenda ukwo, ni ukuba barakingiwe n’abamarayika.—Zaburi 34:7; Daniyeli 3:28; 6:22.
15, 16. Ivyabona vya Yehova bafashwa gute n’abamarayika mu busuku barangurira kw’isi yose?
15 Ivyabona vya Yehova baritwararika cane igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose no guhindura abantu abigishwa mu kwigisha ukuri kwa Bibiliya abantu bashimishwa bo mu mihingo yose (Matayo 28:19, 20). Ariko rero, barazi neza yuko badashobora kurangura ico gikorwa badafashijwe n’abamarayika. Ni co gituma rero amajambo avugwa mu Vyahishuriwe 14:6, 7 yamye nantaryo abaremesha. Intumwa Yohani avuga ati: “Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi”.
16 Ayo majambo arerekana mu buryo butomoye yuko abamarayika bashigikira bakongera bakayobora igikorwa gihambaye co kwamamaza injili kirangurirwa kw’isi yose n’Ivyabona vya Yehova. Yehova ariko arakoresha abamarayika biwe kugira ngo ayobore abantu b’umutima nziraburyarya ku Vyabona vyiwe. Abamarayika baranayoboye Ivyabona ku bantu babereye. Ivyo biradufasha gutahura igituma bikunda gushika Icabona ca Yehova agahura n’umuntu mu gihe nyene uwo muntu aba ari mu ngorane, akeneye imfashanyo yo mu vy’impwemu, kandi ivyo bikaba bishika kenshi cane ku buryo ata wovuga ko biba ari ibiza birapfa guhurirana.
Uruhara rukomeye bagiye kuzorangura vuba
17. Vyagendeye gute Abashuri igihe baterwa n’umumarayika umwe rudende?
17 Uretse ko abamarayika bakora igikorwa co kuvuga ubutumwa bakongera bakabera abasavyi ba Yehova imfashanyo ikomeza, hari n’ikindi gikorwa barangura. Mu bihe vya kera, barashikije imanza z’Imana. Nk’akarorero, mu kinjana c’umunani B.G.C., Yeruzalemu yarahanamiwe n’igitero kinini c’ingabo z’Abashuri. None Yehova yakoze iki? Yavuze yuko “azozigama u[wo] murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’umusavyi wiwe Dawidi”. Inkuru yo muri Bibiliya itwiganira ivyabaye iti: “Maze muri iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ari imihindigiti y’imivyimba” (2 Abami 19:34, 35). Ese ukuntu inkomezi z’ingabo z’abantu ari ubusa uzigereranije n’inkomezi z’umumarayika umwe rudende!
18, 19. Ni uruhara rukomeye uruhe abamarayika bagiye kuzorangura vuba, kandi ivyo bizogira ico bikoze gute ku muryango w’abantu?
18 Vuba, Imana igiye gukoresha abamarayika bwa ngabo zishitsa urubanza rwayo. Hasigaye igihe gito Yezu akaza “azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka”. Ico bazoba bajejwe kizoba ari ukwishura “guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu” (2 Ab’i Tesalonike 1:7, 8). Ese ukuntu ivyo bizogira ico bikoze ku muryango w’abantu! Abanka kwumvira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa kw’isi yose, bazosangangurwa. Abarondera Yehova, bakarondera ubugororotsi be n’ukwicisha bugufi, ni bo bonyene “[ba]zokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho” maze ntibagire ico baba.—Zefaniya 2:3.
19 Turakenguruka kubona Yehova akoresha abamarayika biwe b’ubushobozi kugira ngo bafashe bongere bakomeze abasavyi biwe bo kw’isi. Gutahura uruhara abamarayika barangura mu mugambi w’Imana biraturemesha bimwe bidasanzwe, narirya hari abamarayika bagararije Yehova hanyuma bakayobokera Shetani. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo abakirisu b’ukuri bokora kugira ngo bikingire akosho gakomeye ka Shetani wa Mucokoranyi be n’amadayimoni yiwe.
[Akajambo k’epfo]
a Ugomba kumenya inkuru zivuga ido n’ido ibijanye n’urwo ruhamo rwagiye ruraba, raba igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah co mu 1983 (Angola), ico mu 1972 (Cekosolovakiya), ico mu 1978 (Esupanye), ico mu 1992 (Etiyopiya), ico mu 1999 (Malawi), ico mu 2004 (Molodaviya), ico mu 1996 (Mozambike), ico mu 2000 (Repubulika y’Abaceke), ico mu 1994 (Polonye), ico mu 1983 (Porotigali), ico mu 1974 no mu 1999 (Ubudagi), ico mu 1982 (Ubutaliyano), ico mu 2002 (Ukraine) be n’ico mu 2006 (Zambiya).
Wize iki?
• Abamarayika babayeho gute?
• Abamarayika bakoreshejwe gute mu bihe vya Bibiliya?
• Mu Vyahishuriwe 14:6, 7 herekana iki ku bijanye n’igikorwa abamarayika barangura muri kino gihe?
• Ni uruhara rukomeye uruhe abamarayika bagiye kuzorangura vuba?
[Ifoto ku rup. 22]
Manowa n’umukenyezi wiwe bararemeshejwe n’umumarayika
[Ifoto ku rup. 23]
‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo’