Isi yuzuye ububisha yo muri iki gihe
MARÍA yari umugore afise imyaka 64 akaba yaribana. Umusi umwe bamusanze mu nzu yiwe yapfuye. Mu kumwica bari bamukubise bongera bamunigisha urutsinga.
Akagwi kamwe k’abantu bari barakaye karakubise abapolisi batatu kabagiriza ngo banyuruje abana bakiri bato babiri. Abo bantu bafashe babiri muri abo bapolisi babasukako igitoro maze baca barabaturira, bicwa n’umuriro. Uwa gatatu we yaracitse kw’icumu.
Umuntu umwe yaterefonye ntiyivuge izina yatumye huburwa ibintu biteye agahinda. Hubuwe ibiziga bine vy’abagabo bishwe bibereye mu buruhuko, bikaba vyari bizitse mw’itongo rimwe. Abo bantu bari bishwe baboshwe ibitambara ku maso kandi baboshwe n’amaboko. Isuzumwa ry’ibiziga rigirwa n’abaganga kugira bamenye icishe umuntu (iryo bita autopsie) rimaze kugirwa, vyabonetse yuko abo bantu bari bahambwe bakibona.
Ivyo bintu biranga ubunyamaswa ntiwibaze ngo ni ibintu vyerekanywe mu masenema yerekana ibintu vy’ububisha kandi biteye ikinya. Izo nkuru zose, zivuga ibintu vyabaye koko bimaze igihe gito bivuzwe mu binyamakuru vyo mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo. Ariko rero mw’isi y’ubu, ico gihugu si co conyene kibamwo ibintu nk’ivyo.
Ibikorwa vy’ububisha bisigaye biba uko bukeye uko bwije. Uguturitsa ibibombe, ibitero vya ba gaterabwoba be n’ivy’ubundi bwoko, ubwicanyi, ukurasa abantu be n’ugufata abantu ku nguvu, ni bikeyi gusa muri mwene ivyo bikorwa vy’ububisha biba. Incuro n’izindi, ibimenyeshamakuru biravuga canke bikerekana ata kinya ibijanye n’ibikorwa vy’ububisha, kandi ku bantu benshi, kwumva canke kuraba ibintu vy’ububisha mwene ivyo bisigaye ari ibisanzwe.
Hari aho wokwibaza uti: ‘Mbega isi y’ubu yabaye gute ga yemwe? Abantu boba batakibabara na gato ukuntu abandi biyumva canke ngo bubahe na buhoro ubuzima bwa kiremwa-muntu?’. Ni kubera iki tubaho mw’isi imeze gutya?
Rimbura ubu na ho akarorero k’umugabo yitwa Harry afise imyaka 69, akaba arwaye indwara ya kanseri. Umugore wiwe arwaye indwara ikomeye ifatira mu bwonko canke mu ruti rw’umugongo (yitwa sclérose en plaques). Mugabo ababanyi be n’abagenzi babo barabaserukako kugira ngo babafashe. Harry avuga ati: “Sinzi ico twokwimarira nka hamwe abo bantu bose batoba baza kudufasha”. Itohoza rimwe ryagizwe muri Kanada, aho Harry aba, ryerekana yuko ibice birenga 50 kw’ijana vy’abantu bitwararika abageze mu zabukuru, usanga bafasha umuntu atari n’incuti yabo. Nta gukeka yuko uzi abantu basanzwe, bakunze kugaragariza abandi umutima mwiza kandi babana neza n’abandi. Ni vyo, abantu barashoboye kugira agatima ko kubabara abandi bakongera bakabagaragariza umutima mwiza, aho kuba ababisha.
Uti ni kubera iki none abantu bakora ibintu biranga ubunyamaswa? Ni igiki gituma bakora ibintu vy’ububisha? Abantu bakorera abandi ibintu vy’ububisha boba bashobora guhinduka? Ububisha bwoba buzigera buvaho? Niba buzovaho, buzovaho gute kandi ryari?
[Picture Credit LINE on page 3]
Igariyamoshi: CORDON PRESS