Ububisha bwoba buzokwigera buvaho?
ABANTU benshi bokwemera yuko ubwikunzi ari kimwe mu bintu nyamukuru bituma haba ububisha mw’isi muri kino gihe. Kuba abantu bo mu myaka yaheze barabaho mu buryo bugaragaza agatima k’ubwikunzi, vyatumye haba ikibano aho usanga benshi bitwararika canecane ivyabo. Abantu benshi nta co batagira kugira ngo baronke ivyo bipfuza, akenshi ivyo bigatuma bakora ibikorwa vy’ububisha. Abantu ku giti cabo si bo bonyene babigenza gutyo; n’ibihugu uko vyakabaye usanga ari ko bikora.
Ubuzima bw’abandi bantu, busigaye umengo nta co bukimaze kuri bo. Hari n’abantu mbere baryoherwa no gukora ibintu vy’ububisha. Gukora ivy’ububisha birabanezereza, nka kurya kw’inkozi z’ikibi ziyemerera yuko zigirira nabi abandi kugira ngo gusa zumve ziryohewe. Bite ho ku bantu amamiliyoni bakunda amasenema yerekana ivy’ubukazi n’ububisha, maze ivyo bigatuma bene kuyasohora barondera kurushiriza kuyaronkamwo inyungu? Kwama umuntu ariko araraba ibintu vy’ubukazi biciye mu vyo kwisamaza no mu bimenyeshamakuru canke akama avyumva, bituma benshi basigara babibona ibisanzwe.
Abakorerwa ibintu biranga ububisha barababara mu mutima maze ivyo bigatuma na bo bashobora gukorera abandi mwene ivyo bintu. Mu kwerekeza ku bukazi buturuka ku gatima k’ubunyamaswa, uwitwa Noemí Díaz Marroquín, uwo akaba ari umwigisha wo kuri kaminuza imwe yo mu gihugu ca Megizike (National Autonomous University of Mexico), avuga ati: “Ubukazi ni ikintu umuntu yiga; ni ikintu kiri mu mico yacu. . . . Turiga gukora ivy’ubukazi igihe ikibano turimwo kibitwemerera kikongera kikabiremesha”. Ku bw’ivyo, abantu bagiriwe nabi ushobora gusanga amaherezo na bo nyene bagiriye nabi abandi, kumbure bakabakorera ibintu baba na bo nyene barakorewe.
Mu bindi bihe, abantu banywa inzoga bakarenza urugero be n’abihereza ibiyayuramutwe, amaherezo boshobora gukora ibintu vy’ububisha. Abo tutokwibagira, ni barya usanga badashimishwa n’ukubona Leta itaronsa abanyagihugu ivyo bakeneye. Bamwebamwe muri bo, kubera ko baba biyemeje kumenyekanisha ivyiyumviro vyabo, barakora ibikorwa vy’ububisha bakongera bakaremesha iterabwoba, ivyo usanga akenshi bihitana abantu ata co bazira.
Ariko rero, woshobora kwibaza uti: ‘Abantu boba ari bo ubwabo biyigishije gukora ibikorwa vy’ububisha? Ni igiki gituma ibintu bimera nk’uko vyifashe muri iki gihe?’.
Ni nde mu vy’ukuri atuma haba ububisha?
Bibiliya itubwira yuko Shetani wa Mucokoranyi agira akosho gakomeye kuri iyi si, ikamwita “imana y’iki gihe” (2 Ab’i Korinto 4:4). Mu babaho bose, ni we mwikunzi ruheta akaba na we mubisha karuhariwe. Yezu yaramudondoye neza mu kuvuga yuko ari “umwicanyi” be n’uko ari we “se [w’ibinyoma]”.—Yohana 8:44.
Kuva aho Adamu na Eva bagambarariye Imana, umuryango w’abantu waragizweko akosho gakomeye na Shetani (Itanguriro 3:1-7, 16-19). Haciye ibinjana nka 15 uwo mugabo n’umugore ba mbere bateye akagere Yehova, hari abamarayika b’abagarariji biyambitse imibiri y’abantu, basambana n’abagore maze bavyara abana b’imvange biswe Abanefili. Ni ikintu ikihe canecane caranga abo Banefili? Izina ryabo ni ryo riduha inyishu y’ico kibazo. Risobanura ngo “abagwisha abandi”. Biribonekeza yuko bari abantu b’inkazi batumye haba ububisha n’ukwononekara mu nyifato runtu, ivyashoboye gukurwaho gusa n’umwuzure watewe n’Imana (Itanguriro 6:4, 5, 17). Naho Abanefili baherengeteye muri uwo Mwuzure, ba se babo baciye basubira mu karere k’impwemu ari amadayimoni ataboneka.—1 Petero 3:19, 20.
Inkuru yerekeye umwana w’umuhungu wo mu gihe ca Yezu yinjiwemwo n’idayimoni, irerekana agatima k’ububisha abo bamarayika b’abagarariji bafise. Iyo dayimoni yarajegeza cane uwo mwana, ikamuta mu muriro no mu mazi irondera kumwica (Mariko 9:17-22). Biribonekeza yuko mwene izo “mpwemu mbi” zigaragaza ukuntu kizigenza wazo mukuru w’umubisha, ari we Shetani wa Mucokoranyi, ari ruburakigongwe.—Abanyefeso 6:12.
Muri kino gihe, akosho k’amadayimoni karabandanya gutuma abantu bakora ibikorwa vy’ububisha, ivyo bikaba bihuje n’ivyo Bibiliya yari yaravuze iti: “Arik’umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, . . . bīrārīra, bībona, . . . intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo”.—2 Timoteyo 3:1-5.
Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana yuko ibihe tubayemwo bigoye bimwe bidasanzwe kubera yuko inyuma y’aho Ubwami bw’Imana buganzwa na Kristu Yezu bushingiwe mu 1914, Shetani n’isinzi ry’amadayimoni yiwe birukanywe mw’ijuru. Bibiliya ivuga iti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.—Ivyahishuriwe 12:5-9, 12.
Vyoba none bisobanura yuko ibintu bidashobora guhinduka bikamera neza? Díaz Marroquín, umwe twasubiyemwo amajambo yavuze, avuga yuko “abantu bashobora kwiga guheba” inyifato itabereye. Yamara rero, kubera yuko akosho ka Shetani gakwiragiye kw’isi yose muri iki gihe, vyogorana yuko umuntu yiga guheba ubukazi ataretse iyindi nguvu itandukanye n’iya Shetani kandi ikomeye kuyiruta, ngo abe ari yo igira akosho ku vyiyumviro vyiwe no ku vyo akora. Uti none iyo nguvu ni iyihe?
Bishoboka gute ko umuntu ahinduka?
Duhiriwe duhishije, impwemu yera y’Imana ni inguvu ikomeye kuruta izindi zose zibaho, kandi irashobora kunesha akosho ako ari ko kose k’amadayimoni. Ituma abantu bagira urukundo bakongera bakamererwa neza. Kugira ngo umuntu wese yipfuza guhimbara Yehova yuzuzwe impwemu y’Imana, ategerezwa kwirinda n’inyifato iyo ari yo yose igomba kumera nk’iy’ububisha. Ivyo bisaba ko ahindura kamere afise akazihuza n’ivyo Imana igomba. None Imana igomba ko dukora iki? Igomba ko tuyigana ku rugero rwose rushoboka. Ivyo birimwo ukubona abandi nk’uko ibabona.—Abanyefeso 5:1, 2; Ab’i Kolosayi 3:7-10.
Kwiga ukuntu Imana ikora ibintu bizokujijura yuko Yehova atigeze areka kwitwararika abandi. Ntiyigeze afata nabi umuntu n’umwe canke ngo afate nabi igikoko na kimwea (Gusubira mu vyagezwe 22:10; Zaburi 36:7; Imigani 12:10). Ariyamiriza ububisha be n’abakora ivy’ububisha (Imigani 3:31, 32). Kamere nshasha Yehova asaba abakirisu gutsimbataza zirabafasha kubona ko abandi babaruta zikongera zikabafasha kububaha (Ab’i Filipi 2:2-4). Izo kamere nshasha ziranga abakirisu zirimwo “umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana”. Ikitokwibagirwa co ni urukundo, “rwo mugozi uzana gutungana” (Ab’i Kolosayi 3:12-14). Ntiwemera none ko isi yobaye itandukanye n’uko imeze ubu iyo kamere mwene izo ziba ari zo ziganje mu bantu?
Ariko rero, hari aho wokwibaza nimba vyoshoboka vy’ukuri ko umuntu ahindura kamere ziwe kandi akabandanya kugaragaza amahinduka yagize. Reka turabe akarorero k’ibintu vyabaye koko. Martínb yahora aryagagurira umugore wiwe imbere y’abana babo akongera akamukubita ata kagongwe. Igihe kimwe vyarakomeye cane ku buryo abana bagiye gutabaza ababanyi. Haciye imyaka itari mike, uwo muryango waratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Martín yaratahuye uko yari akwiye kumera be n’ukuntu yari akwiye gufata abandi. Yoba yarashoboye guhinduka? Umukenyezi wiwe yishura ati: “Kera, umugabo wanje ashavuye yaca aba uwundi umuntu. Kubera ivyo, ubuzima bwacu bwamaze igihe kirekire ari umuvurungano udasanzwe. Sinoronka amajambo nokoresha mu gushimira Yehova kubona yarafashije Martín guhinduka. Ubu ni sebibondo mwiza, kandi ntiworaba ukuntu ari umunega mwiza”.
Ako ni kamwe gusa mu turorero twinshi. Hirya no hino kw’isi, abantu amamiliyoni biganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova baravavanuye n’ububisha. Urumva rero ko bishoboka yuko umuntu ahinduka.
Ububisha bwose bugiye kuvaho
Vuba, Ubwami bw’Imana, ubwo akaba ari intwaro imaze gushingwa mw’ijuru itwarwa n’Umutegetsi w’umunyempuhwe, ari we Kristu Yezu, bugiye kuganza isi yose. Buramaze gutyorora ijuru mu kwirukana Shetani, we soko ry’ububisha, hamwe n’amadayimoni yiwe. Ubwami bw’Imana bugiye vuba kuronsa abatwarwa babwo bo kw’isi bakunda amahoro ivyo bakeneye (Zaburi 37:10, 11; Yesaya 11:2-5). Ubwo Bwami ni bwo muti nyakuri rudende w’ingorane zihanze isi. Ariko none, mu gihe umuntu akirindiriye ubwo Bwami, yovyifatamwo gute bishitse akagirirwa ibintu biranga ububisha?
Gusubiriza mu nkoko uwundi ibintu vy’ububisha yagukoreye, si wo muti. Nta co vyovamwo atari uko gusa vyotuma ibikorwa vy’ububisha biba urudaca. Bibiliya iduhimiriza kwizigira Yehova, “[uwuzogerera] umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ibikorwa vyiwe vyeze” mu gihe ubwiwe yashinze (Yeremiya 17:10) (Raba uruzitiro rujanye n’iki kiganiro ruvuga ngo “Wovyifatamwo gute ukorewe ibintu biranga ububisha?”). Ni ivy’ukuri yuko ushobora kubabara igihe wakorewe ibiranga ububisha (Umusiguzi 9:11). Yamara, Imana irashobora gukuraho ingaruka zose ziterwa n’ububisha ubwo ari bwo bwose, ushizemwo n’urupfu. Isezerana yuko abo yibuka bapfuye biturutse ku bikorwa vy’ububisha bazosubira kuba bazima.—Yohana 5:28, 29.
Naho muri iki gihe bigishoboka ko umuntu akorerwa ibiranga ububisha, kugiranira ubucuti bwa somambike n’Imana no kwizera tudakeka ivyo yasezeranye birashobora kuduhumuriza. Zirikana ku karorero ka Sara, uwireranye abana babiri b’abahungu kandi akaba yaragize uko ashoboye kwose kugira ngo baronke indero nziza. Amaze gusaza, abo bahungu biwe baramutaye, ntibaba bakimufasha mu vy’umubiri canke ngo biteho amagara yiwe. Naho ari ukwo, Sara, uwusigaye ari umukirisu, avuga ati: “Naho numva mbabaye, Yehova ntiyantaye. Ndibonera ko amfashe mu mugongo biciye ku bavukanyi n’abavukanyikazi banje bo mu vy’impwemu, abama nantaryo banyitwararika. Ndizera ntakeka yuko vuba atazotorera umuti ingorane zanje gusa, ariko ko azotorera umuti n’ingorane z’abantu bose bizigira ububasha bwiwe kandi bakora ivyo ategeka”.
Uti abo bavukanyi n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu Sara avuga ni bande? Ni abakirisu bagenziwe, abo bakaba ari Ivyabona vya Yehova. Bagize umuryango ukwiye kw’isi yose w’abavukanyi b’abanyempuhwe bizera badakeka yuko vuba cane ububisha bugiye kuvaho (1 Petero 2:17). Yaba ari umwe soko nyamukuru ry’ububisha, ni ukuvuga Shetani wa Mucokoranyi, canke umuntu uwo ari we wese akora nk’ivyo uwo mubisha akora, nta n’umwe azosigara. Iki gihe tubayemwo, ico umwanditsi umwe yise “igihe c’ubugizi bwa nabi”, kizosigara ari umugani. Ubona gute urondeye kumenya ibijanye n’ico cizigiro mu kurondera kubonana n’Icabona ca Yehova?
[Utujambo tw’epfo]
a Niba wipfuza kwihweza bimwe bigera kure kamere z’Imana, nurabe igitabu Niwiyegereze Yehova, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Bamwebamwe si ko bitwa.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Wovyifatamwo gute ukorewe ibintu biranga ububisha?
Ijambo ry’Imana riratanga impanuro ngirakimazi ku bijanye n’ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe yokorerwa ibintu biranga ububisha. Rimbura ukuntu woshira mu ngiro aya majambo y’ubukerebutsi:
“Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza”.—Imigani 20:22.
“Ni wabona umworo ahahazwa, kand’urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama . . . , ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ubukuru bubarengeye”.—Umusiguzi 5:8.
“Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi”.—Matayo 5:5.
“Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe”.—Matayo 7:12.
“Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose. Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose. Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize”.—Abaroma 12:17-19.
“Na Kristo ya[ra]bababarijwe, [a]basigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe. . . . Yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi”.—1 Petero 2:21-23.
[Amafoto ku rup. 7]
Yehova yarigishije abantu benshi kuvavanura n’ububisha