ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/9 rup. 3
  • Hoba hari uwuri inyuma y’ibibi vyose?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari uwuri inyuma y’ibibi vyose?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ububisha bwoba buzokwigera buvaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ukuntu iciza kizonesha ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni nde vy’ukuri atwara isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/9 rup. 3

Hoba hari uwuri inyuma y’ibibi vyose?

“NARAKORANYE mu minwe na shetani.” Ivyo vyavuzwe n’umukomanda w’inteko z’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU zari mu Rwanda, yibutse ukuntu batashoboye guhagarika ihonyabwoko ryariko riraba muri ico gihugu mu 1994. Ku bijanye n’ubunyamaswa bw’agahomerabunwa bwabaye ico gihe, hari uwundi yavuze ati: “Uwoba acubahuka guhakana ko Shetani abaho, azonsange ku kinogo bahamvyemwo abantu ikivunga mu Rwanda avyirabire.” Amabi y’agahomerabunwa mwene ayo yoba vy’ukuri aterwa na Shetani?

Abantu benshi ntibabona ko ubukazi n’ubunyamaswa bitagira ishingiro bituruka ku kinyabuzima kinaka c’impwemu c’ikibisha kitaboneka. Benshi babona ko mwene ivyo bintu biva ku kibi gisanzwe kiri mu muntu be n’uko ikintu nyamukuru gituma haba ubukozi bw’ikibi ari udutima tubi twebwe abantu dusanganywe. Abandi na bo biyumvira yuko ngo hoba hariho akagwi kanaka k’abantu b’abatunzi kandi bafise ububasha gakorera kw’isi yose mu kinyegero, kamaze imyaka mirongo gakoresha abantu ku rwenge kugira gatware isi. Hari rero n’abata umwikomo ku maleta no ku bategetsi ngo ni bo nkwezi y’akarenganyo n’imibabaro vyose babona.

Weho uvyibazako iki? Kubera iki ubukozi bw’ikibi, ubunyamaswa, amabi y’agahomerabunwa be n’imibabaro bitera vyongerekana kw’isi yose muri iki gihe kandi abantu bagerageza kubirwanya? Kubera iki abantu bica amatwi ntibumve imburi ziguma zitangwa, bagasa n’abagomba kwisamburirako nk’impene? Hoba hari uwuri inyuma yavyo? Ni nde vy’ukuri atwara isi? Inyishu hari aho yogutangaza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika