ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/8 rup. 21-25
  • “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yasavye ikintu kitabereye
  • Nube maso ku bijanye n’umwina
  • Kubaho ufise umurengera
  • Kazoza gatekanye
  • Ushobora Gute Kugumana Uburimbane mu Kuntu Ubona Amahera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Woba uri “umutunzi ku Mana”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ukwizigira Imana kwawe gukomeye ukungana iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nurondere Ubwami, aho kurondera ibintu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/8 rup. 21-25

“Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina”

“No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze”.​—LUKA 12:15, NW.

1, 2. (a) Ni ibiki wiboneye ku bijanye n’ivyo abantu bitwararika cane be n’ivyo bakurikirana muri kino gihe? (b) Mwene izo nyifato zoshobora gute kugira ico zikoze kuri twebwe?

AMAHERA, itongo, icubahiro, akazi k’umushahara munini be n’umuryango, ni bimwe mu bintu abantu benshi cane babona ko vyerekana umuntu aroraniwe canke ko vyemeza yuko azogira kazoza keza. Biribonekeza yuko mu bihugu bitunze no mu bikenye, ivyo abantu benshi bitwararika cane canke bakurikirana, bishingiye ku kwironkera ibintu vy’umubiri no ku kwiteza imbere. Igitandukanye n’ivyo, ukuntu abo bantu bitwararika ibintu vy’impwemu, nimba banavyitwararika, gutera kugabanuka cane.

2 Ibintu vyifashe nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze iti: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, . . . bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo” (2 Timoteyo 3:1-5). Kubera yuko abakirisu b’ukuri bama uko bukeye uko bwije bari mu bantu bameze gutyo, bama bari mu mukazo wo kwigana mwene ukwo kwiyumvira be n’ubwo buryo bwo kubaho. None ni igiki codufasha kurwanya utwigoro isi igira kugira ngo ‘idutsindagire mw’iforoma yayo’?​—Abaroma 12:2, The New Testament in Modern English, by J. B. Phillips.

3. Ni impanuro iyihe Yezu yatanze tugiye kurimbura?

3 Kubera yuko Yezu Kristu ari we “Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu”, yaraduhaye ivyigwa bihambaye mu bijanye n’ivyo (Abaheburayo 12:2, NW). Igihe kimwe, Yezu ariko araganira n’ishengero ry’abantu ku bintu bibafasha gutahura ivy’impwemu, hari umugabo yabaciriye mw’ijambo amusaba ati: “Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu”. Mu kwishura, Yezu yarahaye impanuro zikomeye uwo mugabo be n’abandi bose bariko barumviriza. Yaratanze ingabisho ikomeye yo kwirinda umwina yongera atanga ikigereranyo gituma umuntu azirikana, icatumye iyo ngabisho irushiriza kugira uburemere. Birabereye ko twitwararika ivyo Yezu yavuze muri ico gihe tukongera tukaraba ingene twovyungukirako mu kubishira mu ngiro mu buzima bwacu.​—Luka 12:13-21.

Yasavye ikintu kitabereye

4. Ni kubera iki kuba wa mugabo yaraciriye Yezu mw’ijambo bitari bibereye?

4 Imbere yuko wa mugabo abacira mw’ijambo, Yezu yariko abwira abigishwa biwe hamwe n’abandi bantu ibijanye no kwirinda uburyarya, ibijanye no kugira umutima rugabo wo kwemera icese ko umuntu yunze ubumwe n’Umwana w’umuntu be n’ibijanye no gufashwa n’impwemu nyeranda (Luka 12:1-12). Nta gukeka ko ivyo ari ibintu bihambaye cane abigishwa bari bakwiye gushira ku muzirikanyi. Ariko rero, ico kiganiro ciza cafasha abantu kuzirikana kigeze hagati, wa mugabo yaciye abaciramwo giturumbuka mu gusaba Yezu kuba umuhuza mu bintu bigaragara ko yari amatati yo mu muryango ashingiye ku matungo y’umubiri. Hariho icigwa gihambaye dushobora kwigira kuri ico kintu cabaye.

5. Ivyo wa mugabo yasavye vyagaragaje iki ku bimwerekeye?

5 Hari abavuze yuko “uko umuntu ameze akenshi bigaragazwa n’aho yerekeza ivyiyumviro vyiwe igihe aba ariko yumviriza inyigisho zijanye n’ivy’idini”. Igihe Yezu yariko avuga ibintu vy’impwemu bihambaye, biboneka ko wa mugabo we yariko yiyumvira ico yokora kugira ngo yironkere inyungu zinaka z’ivy’umubiri. Iyo nkuru ntivuga nimba uwo mugabo yari afise ishingiro ryo kwidoga ku bijanye n’uwo mwandu. Ashobora kuba yariko arondera kwungukira ku bukuru bwa Yezu be no ku kuba yari azwi ko ari umucamanza w’umunyabukerebutsi mu bijanye n’ibibazo vy’abantu (Yesaya 11:3, 4; Matayo 22:16). Uko bimeze kwose, ivyo yasavye vyaragaragaje ko yari afise ingorane muri we, iyo na yo ikaba yari ukudaha agaciro na gato ibintu vy’impwemu. Wumva none iyo atari imvo ibereye yotuma twisuzuma? Nk’akarorero, ku makoraniro ya gikirisu, biroroshe kureka ivyiyumviro vyacu bikangara canke kwiyumvira ivyo tuza gukora amakoraniro arangiye. Aho kubigenza gutyo, dukwiye gutega yompi ibiba biriko biravugwa tukongera tukiyumvira uburyo butandukanye twobishira mu ngiro, kugira ngo tugiranire ubucuti burushirije kuba bwiza n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana be n’abakirisu bagenzi bacu.​—Zaburi 22:22; Mariko 4:24.

6. Ni kubera iki Yezu yanse gukora nk’uko wa mugabo yamusavye?

6 Icatumye uwo mugabo asaba ico kintu caba ikihe, Yezu yaranse gukora ico yari amusavye. Ahubwo, yamubwiye ati: “Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?” (Luka 12:14). Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yariko avuga ikintu abo bantu bari basanzwe bazi neza, kuko hisunzwe Ivyagezwe vya Musa, mu bisagara harashingwa abacamanza kugira ngo bitwararike mwene ivyo bibazo nyene (Gusubira mu vyagezwe 16:18-20; 21:15-17; Rusi 4:1, 2). Yezu we, yari arajwe ishinga n’ibintu bihambaye kuruta, ni ukuvuga gushingira intahe ukuri kwerekeye Ubwami be no kwigisha abantu ivyo Imana igomba (Yohana 18:37). Aho gusamazwa n’imyitwarariko y’ivy’isi, turakoresha umwanya wacu n’inguvu zacu mu kwamamaza inkuru nziza no mu “[gu]hindur[a] abantu bo mu mahanga yose abigishwa”, gutyo tukaba twiganye akarorero ka Yezu.​—Matayo 24:14; 28:19, NW.

Nube maso ku bijanye n’umwina

7. Ni ikintu ikihe Yezu yavuze kiranga ubukerebutsi?

7 Kubera yuko Yezu yashobora kubona imigabo y’i bwina mu mutima, yari azi ko hariho ikintu kirushirije kuba igikomeye catumye wa mugabo amusaba kugira ico akoze mu matati yega abo bantu ubwabo. Ku bw’ivyo, Yezu ntiyanse gusa kugira ico akoze ahubwo yaciye yerekeza ku muzi w’iyo ngorane maze avuga ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze”.​—Luka 12:15, NW.

8. Umwina ni iki, kandi ushobora gushikana umuntu ku ki?

8 Umwina si icipfuzo gusa co kuronka amahera canke ibindi bintu, ibishobora gukoreshwa neza no mu ntumbero nziza. Igitabu kimwe c’inyizamvugo kivuga ko ari “icipfuzo kirenze urugero co kuronka itunga canke co kuronka amatungo y’uwundi muntu”. Mu mwina hashobora kujamwo kutigera umuntu amarwa ipfa n’ivyo aronka, kumbure akanipfuza ivyegukira uwundi muntu, agahimbarwa gusa no kubona abironse, ataravye nimba koko yari abikeneye canke ngo arabe ingaruka bigira ku bandi. Umuntu w’umunyamwina arareka ikintu yipfuza kikaba ari co ciganzira ivyiyumviro vyiwe be n’ivyo akora, gushika n’aho ico kintu aba ari co kimubera imana. Niwibuke yuko intumwa Paulo yavuze ko umuntu w’umunyamwina ameze nk’uwusenga ibigirwamana, uno na we akaba ata mugabane afise mu Bwami bw’Imana.​—Abanyefeso 5:5; Ab’i Kolosayi 3:5.

9. Umwina ushobora kwigaragaza mu buryo butandukanye ubuhe? Tanga uturorero.

9 Biri n’ico bivuze kubona Yezu yaragabishije ku bijanye n’“ubwoko bwose bw’umwina”. Umwina wigaragaza mu buryo butandukanye. Irya nyuma muri ya Mabwirizwa Cumi riravuga bumwebumwe muri bwo, mu kugira riti: “Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’umugurano wiwe, cank’umuguranokazi wiwe, cank’inka yiwe, cank’indogoba yiwe, cank’ikintu na kimwe ca mugenzawe” (Kuvayo 20:17). Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu baguye mu caha gikomeye bivuye ku kugira umwina mu buryo butari bumwe. Shetani ni we yabaye uwa mbere mu kwipfuza ibintu bitari ivyiwe, ivyo na vyo bikaba ari ubuninahazwa, icubahiro be n’ubukuru bibereye Yehova wenyene (Ivyahishuriwe 4:11). Eva yaripfuje uburenganzira bwo kwigenga, kandi kuba yarahenzwe na Shetani muri ivyo, vyakwegeye umuryango w’abantu mu nzira y’icaha n’urupfu (Itanguriro 3:4-7). Abadayimoni bari abamarayika batamazwe ipfa n’“ubukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo” kugira ngo bakore ikintu batari bagenewe (Yuda 6; Itanguriro 6:2). Niwibuke kandi ivyashikiye Balamu, Akani, Gehazi, be na Yuda. Aho kubumbwa n’ukuntu bari babayeho mu buzima, bararetse icipfuzo kirenze urugero co kuronka amatungo y’umubiri kiratuma bakoresha nabi uduteka bari bafise, maze ivyo bibashikana ku gusangangurwa.

10. Mu buryo buhuye n’impanuro Yezu yatanze, ni gute ‘twoguma turikanuye’?

10 Ese ukuntu bibereye kubona imbere yuko Yezu atanga ingabisho ku vyerekeye umwina yavuze ngo “mugume murikanuye”! Uti kubera iki? Kubera yuko usanga vyoroshe cane ko abantu babona yuko abandi bakunda amaronko canke ari abanyamwina, yamara ugasanga ari gake cane bo ubwabo bemera ko ari abanyamwina. Yamara, ibuka ko intumwa Paulo avuga yuko “gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose” (1 Timoteyo 6:9, 10). Wa mwigishwa Yakobo asigura yuko ukwipfuza kubi “gutwara inda, kukavyara icaha” (Yakobo 1:15). Mu buryo buhuye n’impanuro Yezu yatanze, dukwiye ‘kuguma turikanuye’, atari kugira ngo turabe ko abandi bakwiye kwitwa abanyamwina, ariko kugira ngo twisuzume ubwacu mu kuraba ivyo twashizeko imitima, kugira ngo “[t]wirinde ubwoko bwose bw’umwina”.

Kubaho ufise umurengera

11, 12. (a) Ni ingabisho iyihe Yezu yatanze ku bijanye n’umwina? (b) Ni kubera iki dukwiye kwumvira iyo ngabisho?

11 Hariho kandi iyindi mpamvu ituma dutegerezwa kwirinda umwina. Urabona ko ubukurikira Yezu yavuze ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze” (Luka 12:15, NW). Birabereye koko ko twitwararika ayo majambo, narirya tubaye mu gihe kirangwamwo uguhahamira amatungo, aho usanga abantu bitiranya kugira ubutunzi no kuronka agahimbare be no kuroranirwa. Mu kuvuga ivyo, Yezu yariko yerekana ko ubuzima vy’ukuri buri n’ico buvuze kandi bumara akanyota butava canke budashingiye ku matungo y’umubiri umuntu afise, naho yoba ari menshi gute.

12 Ariko ntiwumve, hariho abatovyemera. Abo bantu boshobora kwiyumvira yuko kugira amatungo y’umubiri bituma umuntu agira ubuzima bwo kwidibamira kandi burangwa umunezero, gutyo bukarushiriza kugira ico buvuze. Ku bw’ivyo, barihebera ibikorwa bishobora gutuma baronka uburyo bwo kwironsa ibintu vy’umubiri vyose bipfuza be n’utundi dukoresho dukozwe mu buhinga bwa none. Biyumvira ko ivyo bizotuma bagira ubuzima bwiza. Yamara mu kwiyumvira gutyo, baba bananiwe gutahura ico Yezu yashatse kuvuga.

13. Umuntu akwiye kubona gute ubuzima n’amatungo mu buryo burimwo uburimbane?

13 Aho gushimika ku vy’uko kugira ibintu vy’umurengera ari bibi canke atari bibi, Yezu yariko yerekana yuko ubuzima bw’umuntu butava “ku bintu atunze”, ni ukuvuga ibintu aba asanzwe afise. Mu bijanye n’ivyo, twese turazi yuko kubaho canke kubungabunga ubuzima bwacu, vy’ukuri bidasaba ibintu umurengera. Bisaba gusa ko turonka udufungurwa, agashambara be n’aho dukika umusaya. Abatunzi usanga bafise umurengera w’ivyo bintu, abakene na bo ugasanga ari urugamba kugira ngo bironse ivyo bakenera mu buzima. N’aho ari ukwo, iryo tandukaniro rirahera igihe bapfuye kuko ibintu vyose bica biba ubusa (Umusiguzi 9:5, 6). Ku bw’ivyo rero, kugira ngo ubuzima bugire ico buvuze kandi bugire agaciro, ntibiva kandi ntivyari bikwiye kuva gusa ku bintu umuntu ashobora kuronka canke gutunga. Ico ciyumviro gica gitomoka mu gihe turimbuye twitonze ubuzima Yezu yariko aravuga ubwo ari bwo.

14. Ni ibiki dushobora kwigira kw’ijambo “ubuzima” ryakoreshejwe muri iyo nkuru yo muri Bibiliya?

14 Igihe Yezu yavuga ko ‘ubuzima bw’umuntu butava ku bintu atunze’, ijambo “ubuzima” ryakoreshejwe ng’aho mu Njili ya Luka (mu kigiriki, zo·é), ryerekeza ku buzima ubwabwo mu nsobanuro yabwo nyamukuru, ntiryerekeza ku buryo umuntu abayehoa. Yezu yariko avuga yuko twaba dutunze canke dukenye, twaba dufise ibitayega canke turonka gusa utwo dukenera mu buzima, ivyo atari vyo ahanini bigira ico bikoze ku gihe dushobora kubaho canke mbere ngo bitume tumenya nimba ejo tuzoba tukiriho. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?” (Matayo 6:27). Bibiliya irerekana neza ko Yehova wenyene ari we ‘soko ry’ubuzima’ kandi ko ari we wenyene ashobora guha abantu b’intadohoka ‘ubuzima nyakuri’ ari bwo “bu[zima] budashira”, haba mw’ijuru canke kw’isi.​—Zaburi 36:9; 1 Timoteyo 6:12, 19.

15. Ni kubera iki abantu benshi bizigira amatungo y’umubiri?

15 Amajambo Yezu yavuze arerekana ukuntu vyoroshe ko abantu babona ubuzima ukutari kwo. Abantu bose, baba abatunzi canke abakene ni abanyagasembwa kandi iherezo ryabo ni rimwe. Musa yavuze ati: “Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, canke naho, kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, yamar’ivyiratwa vyayo n’ubutame n’umubabaro, kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse” (Zaburi 90:10; Yobu 14:1, 2; 1 Petero 1:24). Ni co gituma abantu batagiranira ubucuti bwiza n’Imana akenshi babaho bisunga iki ciyumviro intumwa Paulo yavuze kivuga ngo “twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa” (1 Ab’i Korinto 15:32). Abandi na bo, kubera babona yuko ubuzima bumara akanya gato kandi ko ata wumenya ico buca bucana, bagerageza kuronderera ugutunga n’ugutunganirwa mu matungo y’umubiri. Kumbure biyumvira yuko kuronka ibintu vyinshi vy’umubiri bizotuma bumva ko barushirije gutekanirwa mu buryo bunaka. Ni co gituma bama bakora bagatama kugira ngo birundanirize amatungo, bakihenda mu kwitiranya ivyo bintu vy’umubiri n’ugutekanirwa be n’agahimbare.​—Zaburi 49:6, 11, 12.

Kazoza gatekanye

16. Ubuzima vy’ukuri buri n’ico buvuze ni ibiki budashingiyeko?

16 Bishobora kuba ari ivy’ukuri ko kugira ubuzima burushirije kuba ubwisununuye, ni ukuvuga kubaho ibifungurwa ari rya nawe, ufise ivyambarwa umuyoro, amazu menshi be n’ibindi bihinda, bishobora kugira ico biterereye mu vy’ukugira ubuzima burushirije kuba ubutekanye canke mbere bigashobora gutuma umuntu yivūza neza kuruta, gutyo bigatuma abaho yindi myaka mikeya. Ariko none, ubwo buzima bwoba koko ari uburushirije kugira ico buvuze n’uburushirije gutekana? Ubuzima vy’ukuri bufise ico buvuze ntiburabirwa ku myaka umuntu yoshobora kubaho canke ku bwinshi bw’ibintu vy’umubiri yoba afise. Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’akaga ko kwizigira cane mwene ivyo bintu. Yandikiye Timoteyo ati: “Wihanize abatunzi bo mu vy’iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe”.​—1 Timoteyo 6:17.

17, 18. (a) Ni uburorero budasanzwe ubuhe bujanye n’ivy’amatungo y’umubiri, bikwiriye ko twokwigana? (b) Ni umugani uwuhe Yezu yavuze turimbura mu kiganiro gikurikira?

17 Ntibiranga ubukerebutsi ko umuntu ashingira icizigiro ciwe ku butunzi kubera yuko “butar’ubgo kwishimirwa”. Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yari afise ubutunzi bwinshi, mugabo igihe icago camutera giturumbuka ubutunzi bwiwe nta na kimwe bwamufashije, ahubwo riho bwarakamanganye mu mwanya mutoya. Ubucuti bukomeye yari afitaniye n’Imana ni bwo bwamushigikiye mu bigeragezo vyose be no mu makuba yose yaciyemwo (Yobu 1:1, 3, 20-22). Aburahamu ntiyaretse ngo amatungo yiwe menshi y’umubiri amubuze kwemera igikorwa kitoroshe Yehova yamushinze, kandi yarahezagiwe mu kuba “sekuruza w’amahanga menshi” (Itanguriro 12:1, 4; 17:4-6). Ubwo burorero be n’ubundi birakwiriye ko tubwigana. Twese, abakuze n’abato, turakwiye kwisuzuma twitonze kugira ngo turabe ivyo tubona ko vy’ukuri bihambaye mu buzima bwacu be n’ivyo dushingirako icizigiro cacu.​—Abanyefeso 5:10; Ab’i Filipi 1:10.

18 Vy’ukuri, amajambo make Yezu yavuze ku vyerekeye umwina be n’ingene dukwiye kubona ubuzima mu buryo bubereye, ari n’ico avuze kandi arimwo inyigisho. Ariko rero, Yezu yari afise ikindi kintu mu bwenge, akaba ari co gituma yaciye avuga umugani canke ikigereranirizo gituma umuntu azirikana cerekeye umugabo atunze w’imburabwenge. None ico kigereranirizo kijanye gute n’ubuzima bwo muri kino gihe, kandi ni igiki twocigirako? Ikiganiro gikurikira kiraturonsa inyishu z’ivyo bibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Irindi jambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubuzima” ni biʹos, irikomokako amajambo y’igifaransa “biographie” (inkuru zidonda ivy’ubuzima) be na “biologie” (icigwa cerekeye ibinyabuzima). Nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe c’inyizamvugo (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words), ijambo biʹos ryerekeza ku “gihe canke ikiringo ubuzima bumara”, “ukuntu ikinyabuzima kibayeho” be n’“ibibeshaho ikinyabuzima”.

Wokwishura gute?

• Ni ibiki twigira ku kuba Yezu yaranse kugira ico akoze ku vyo yasabwe n’umugabo yari mw’ishengero ry’abantu yariko arayagisha?

• Ni kubera iki dukwiye kwirinda umwina, kandi twobigira gute?

• Ni kubera iki ubuzima butava mu matungo y’umubiri?

• Ni igiki gishobora gutuma ubuzima bugira ico buvuze koko kandi bukaba ubutekanye vy’ukuri?

[Ifoto ku rup. 23]

Ni kubera iki Yezu yanse kugira ivyo umugabo umwe yamusavye?

[Ifoto ku rup. 23]

Umwina urashobora gushikana umuntu ku ngaruka ziteye agahinda

[Amafoto ku rup. 25]

Aburahamu yagaragaje gute ko yabona amatungo y’umubiri mu buryo bubereye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika