Nugendere mu nzira za Yehova
“Hahirwa uwubaha Uhoraho wese, akagendera mu nzira ziwe”.—ZAB. 128:1.
1, 2. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko umuntu ashobora kugira ubuhirwe?
UBUHIRWE ni ikintu uwo ari we wese yipfuza. Ariko, urashobora kwemera udakeka ko kwipfuza kugira ubuhirwe, eka mbere no kuburondera ata co bisa bisana no kuba uhiriwe.
2 Yamara rero, birashoboka ko umuntu agira ubuhirwe. Muri Zaburi 128:1 hagira hati: “Hahirwa uwubaha Uhoraho wese, akagendera mu nzira ziwe”. Turashobora kugira ubuhirwe niba twubaha cane Imana tukongera tukagendera mu nzira zayo mu gukora ivyo igomba. None ivyo bishobora kugira ico bikoze gute ku kuntu twigenza no kuri kamere tugaragaza?
Niwerekane ko uri umwizigirwa
3. Kuba abizigirwa bifitaniye isano gute n’ukwiyegurira Imana kwacu?
3 Abatinya Yehova ni abizigirwa, nk’uko na we nyene ari umwizigirwa. Yehova yarashikije ibintu vyose yari yarasezeraniye Abisirayeli ba kera (1 Abm. 8:56). Ukwiyegurira Imana kwacu ni ryo sezerano rihambaye kuruta ayandi yose dushobora kugira, kandi kuguma dutura amasengesho bizodufasha kwumira kuri iryo sezerano. Turashobora gusenga nk’uko umwanditsi wa Zaburi Dawidi yabigize ati: “Wewe Mana, wumvise amasezerano yanje. . . . Nzoririmbira izina ryawe ishimwe ibihe bidashira, ngo nshitse amasezerano yanje uko bukeye” (Zab. 61:5, 8; Umus. 5:4-6). Kugira ngo tube abakunzi b’Imana, dutegerezwa kuba abizigirwa.—Zab. 15:1, 4.
4. Ku bijanye n’indagano Yefuta yari yaragiriye Yehova, we n’umukobwa wiwe bavyifashemwo gute?
4 Mu gihe c’Abacamanza ba Isirayeli, Yefuta yararaganiye Yehova ko mu gihe yoramutse amufashije gutsinda Abamoni, na we yomushikaniye bwa “kimazi c’ukwoswa” uwa mbere mu boje kumusanganira atabarutse avuye mu ntambara. Umukobwa wa Yefuta, umwana wiwe w’ikinege, ni we yabaye uwa mbere mu kuza kumusanganira. Kubera ko Yefuta n’iyo nkumi yiwe bari bizeye Yehova, bompi barashikije iyo ndagano Yefuta yari yaragize. Naho kwubaka urugo be n’ukuvyara abana vyahabwa agaciro cane muri Isirayeli, uwo mukobwa wa Yefuta yaragumye ari umwirebange abigiranye umutima ukunze yongera arinovora agateka ko kurangurira umurimo mweranda kw’ihema rya Yehova.—Abac. 11:28-40.
5. Ni mu buryo ubuhe Hana yerekanye ko yari umwizigirwa?
5 Wa mukenyezi yatinya Imana Hana yarerekanye ko yari umwizigirwa. Yabana na Elukana, umugabo wiwe w’Umulewi, be na mukeba wiwe Penina mu ntara ya Efurayimu igizwe n’imisozi. Penina yaravyaye abana batari bake kandi yama acokora uwo Hana atagira akana na kamwe, ivyo akabigira canecane igihe uwo muryango waba wagiye kw’itaberenakulo. Kimwe muri vyo bihe, Hana yararaganiye Yehova ko aramutse avyaye umwana w’umuhungu, yociye amumuha. Budakeye na kabiri yarasamye inda hanyuma avyara umuhungu maze bamwita Samweli. Samweli amaze gucuka, Hana yaramushikaniye Imana i Shilo, aba amuguranye Yehova “kuzorinda apfa” (1 Sam. 1:11). Gutyo rero, yari ashikije indagano yiwe naho atari azi yuko yohavuye asubira kuronka abandi bana.—1 Sam. 2:20, 21.
6. Vyagaragaye gute ko Tikiko yari umwizigirwa?
6 Umukirisu umwe wo mu kinjana ca mbere yitwa Tikiko yari umuntu w’inziraburyarya akaba n’“umusuku w’umwizigirwa” (Kol. 4:7). Tikiko yarajanye n’intumwa Paulo mu rugendo bagize bavuye mu Bugiriki bagaca i Makedoniya muri Aziya Ntoya, kandi kumbure barashitse n’i Yeruzalemu (Ibik. 20:2-4). Ashobora kuba yari “wa muvukanyi” yafasha Tito kugabura ingabirano zari zigenewe abakirisu bagenzi babo b’i Yudaya bari bakenye (2 Kor. 8:18, 19; 12:18). Igihe Paulo yatangura gupfungirwa i Roma, yararungikanye uwo mwizigirwa Tikiko amakete yari yandikiye abo bari basangiye ukwemera b’i Efeso n’i Kolosayi (Ef. 6:21, 22; Kol. 4:8, 9). Igihe Paulo yapfungirwa i Roma ubugira kabiri na ho, yararungitse Tikiko i Efeso (2 Tim. 4:12). Nimba turi abizigirwa, na twebwe nyene tuzokwironkera imihezagiro mu murimo turangurira Yehova.
7, 8. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Dawidi na Yonatani bari abagenzi nyakuri?
7 Imana yiteze ko tuba abagenzi b’abizigirwa (Imig. 17:17). Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli yarakundanye na Dawidi. Igihe Yonatani yumva ko Dawidi yari yishe Goliyati, “umutima wa Yonatani [waciye] ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda uko yikunda” (1 Sam. 18:1, 3). Yonatani yaranaburiye Dawidi igihe Sauli yarondera kumwica. Inyuma y’aho Dawidi ahungiye, Yonatani yarabonanye na we maze baragiriranira isezerano. Kuvugira Dawidi imbere ya Sauli vyaratumye Yonatani ahakwa kuhasiga ubuzima, ariko abo bagenzi babiri barasubiye kubonana bongera barasubira gukomeza ubugenzi bari bafitaniye (1 Sam. 20:24-41). Igihe babonana ari bwo bwa nyuma, Yonatani yarakomeje ukuboko kwa Dawidi ku bijanye n’“ivy’Imana”.—1 Sam. 23:16-18.
8 Yonatani yapfiriye mu ntambara Abisirayeli bariko barwana n’Abafilisitiya (1 Sam. 31:6). Mu gucura intimba, Dawidi yaririmvye ati: “Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwari igitangaza, rwaruta urukundo rw’abagore” (2 Sam. 1:26). Urukundo bari bafitaniye rwari urukundo rurangwa ikibabarwe ruba hagati y’abagenzi kandi rukaba rutari rushingiye ku vy’igitsina. Dawidi na Yonatani bari abagenzi nyakuri.
Niwame nantaryo ‘wicisha bugufi mu muzirikanyi’
9. Mu Bacamanza ikigabane ca 9 herekana gute ko kwicisha bugufi bihambaye?
9 Kugira ngo tube abakunzi b’Imana, dutegerezwa “[k]wicisha bugufi mu muzirikanyi” (1 Pet. 3:8; Zab. 138:6). Mu Bacamanza ikigabane ca 9 harerekana ko kwicisha bugufi bihambaye. Gideyoni umuhungu wa Yotamu yavuze ati: “Kera ibiti vyari bigiye kwiyimikamw’umwami wo kubiganza”. Muri ivyo biti haravugwamwo ic’umwelayo, ic’umusukoni be n’umuzabibu, ivyo na vyo bikaba vyagereranya abantu b’abizigirwa batarondeye kuganza Abisirayeli bagenzi babo. Ariko umubambangwe, uwusanzwe ukoreshwa gusa mu gucana umuriro, wagereranya ingoma y’umunyabwibone Abimeleki, uno akaba yari umwicanyi yari ashashaye gukandamiza abandi. Naho ‘yamaze imyaka itatu ari we aganza Abisirayeli’, urupfu rwahavuye rumukubiranya (Abac. 9:8-15, 22, 50-54). Ese ukuntu ari vyiza cane ‘kwicisha bugufi mu muzirikanyi’!
10. Ni igiki wigiye ku kuba Herodi ‘atahaye ubuninahazwa Imana’?
10 Mu kinjana ca mbere G.C., harigeze kuba uruhagarara hagati y’Umwami w’umunyabwibone Herodi Agiripa w’Ubuyuda be n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, barondera kugiranira amahoro na we. Igihe kimwe Herodi ariko arashikiriza ijambo rigenewe abantu bose, barasemereye bati: “Ni ijwi ry’imana, si iry’umuntu!”. Herodi ntiyamiriye kure ukwo gushemagizwa, maze umumarayika wa Yehova aca aramukubita ku buryo yapfuye urupfu ruteye ubwoba “kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana” (Ibik. 12:20-23). Tuvuge iki mu gihe hoba hari ukuntu turi abahanga mu vyo kuvuga canke kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya? Muri ico gihe, dukwiye kwitirira Imana ivyo itwemerera gukora.—1 Kor. 4:6, 7; Yak. 4:6.
Nugire umutima rugabo kandi ukomere
11, 12. Ivyashikiye Henoki vyerekana gute ko Yehova aronsa abasavyi biwe umutima rugabo n’inkomezi?
11 Nitwagendera mu nzira za Yehova twicishije bugufi, na we azoturonsa umutima rugabo n’inkomezi (Gus. 31:6-8, 23). Henoki, uwugira indwi mu rukurikirane rw’abakomotse kuri Adamu, yaragendanye n’Imana abigiranye umutima rugabo mu gukurikirana ingendo igororotse hagati y’abantu babi bariho mu gihe ciwe (Ita. 5:21-24). Yehova yarakomeje Henoki kugira ngo abashikirize ubutumwa bukomeye kubera ko ivyo bavuga be n’ivyo bakora bitahimbara Imana (Soma Yuda 14, 15.). Woba ufise umutima rugabo ukenewe kugira ngo utangaze imanza z’Imana?
12 Yehova yarashikije urubanza ku bantu batamutinya, biciye kuri rya Segenya ryaba kw’isi yose mu gihe ca Nowa. Yamara, ubuhanuzi bwa Henoki buraturemesha kubera ko abantu batubaha Imana bo mu gihe cacu vuba bagiye gutikizwa n’aberanda bayo ibihumbi mirongo (Ivyah. 16:14-16; 19:11-16). Mu kwishura amasengesho yacu, Yehova araturonsa umutima rugabo kugira ngo dutangaze ubutumwa bwiwe, bwaba ari ubwerekeye imanza ziwe canke ubwerekeye imihezagiro abantu bazoronka igihe bazoba batwarwa n’Ubwami.
13. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Imana ishobora kuturonsa umutima rugabo n’inkomezi dukenera kugira ngo twihanganire ingorane zivuna umutima?
13 Turakeneye umutima rugabo n’inkomezi biva ku Mana kugira ngo twihanganire ingorane zivuna umutima. Igihe Esawu yabira Abahetikazi babiri, abo bagore biwe “[baratuntuje] imitima ya Isaka na Rebeka”, abavyeyi biwe. Rebeka mbere yavuganye akababaro ati: “Numva ndundumiwe kubg’abo Bahetikazi, nopfuma mpfa! Yakobo yorongora Umuhetikazi nka ba bandi, noba nkibēreyeh’iki?” (Ita. 26:34, 35; 27:46). Izahaki yarahagurukiye ico kibazo maze ararungika Yakobo kugira ngo aje kuronderera umukenyezi mu basenga Yehova. Naho Izahaki na Rebeka batari guhindura ivyo Esawu yari yarakoze, Imana yarabahaye ubukerebutsi, umutima rugabo n’inkomezi kugira ngo bagume ari abizigirwa kuri yo. Nitwasenga dusaba Yehova imfashanyo dukeneye, na twebwe azotugirira gutyo nyene.—Zab. 118:5.
14. Akisirayelikazi kamwe kagaragaje gute umutima rugabo?
14 Haciye ibinjana n’ibindi, hari Akisirayelikazi kagizwe inyagano n’akagwi k’abambuzi maze gacika agasuku mu rugo rw’intwazangabo y’Umusiriya yitwa Namani, uno akaba yari arwaye imibembe. Kubera ko ako kigeme kari karumvise ibijanye n’ibitangaro Imana yakora biciye ku muhanuzi Elisa, karabwiye muka Namani n’umutima rugabo gati: ‘Icompa databuja akaja muri Isirayeli, ūvugishwa n’Imana yomukiza iyo mibembe yiwe’. Namani utanka yaragiye muri Isirayeli, kandi yarakize mu buryo bw’igitangaro (2 Abm. 5:1-3). Ese ukuntu ako kigeme ari akarorero keza ku bakiri bato biheka kuri Yehova kugira ngo abaronse umutima rugabo wo kubwira inkuru nziza abigisha, abo bigana be n’abandi bantu!
15. Ni igikorwa ikihe kiranga umutima rugabo umubwiriza wa Ahabu yitwa Obadiya yakoze?
15 Umutima rugabo uva ku Mana uradufasha kwihanganira uruhamo. Rimbura ivyerekeye umubwiriza w’Umwami Ahabu yitwa Obadiya, uwabayeho mu gihe c’umuhanuzi Eliya. Igihe Umwamikazi Yezebeli yategeka ko abahanuzi b’Imana bicwa, Obadiya yaranyegeje 100 muri bo, “mirongw itanu mw isenga rimwe, yindi mirongw itanu mu rindi” (1 Abm. 18:13; 19:18). Woba nawe wofasha abakirisu bagenzawe bari mu ruhamo ubigiranye umutima rugabo, nk’uko Obadiya yafashije abahanuzi ba Yehova?
16, 17. Arisitariko na Gayo bavyifashemwo gute mu ruhamo?
16 Niba turiko turahamwa, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azogumana natwe (Rom. 8:35-39). Imbere y’umuryango w’ikibanza c’ibirori c’i Efeso, abari basanzwe bakorana na Paulo, ari bo Arisitariko na Gayo, baratewe n’umugwi w’abantu ata co bibanga bishoboka ko baharurwa mu bihumbi. Umucuzi w’ifeza yitwa Demetiriyo ni we yari yatumye haba urwo ruhagarara. We hamwe n’abandi bacuzi b’ifeza bagenziwe bari barubatse utunyabugoro bitiriye ikimanakazi Arutemi, kandi urudandaza rwabo rwinjiza cane rwari rugeze ahanyerera kubera ko igikorwa co kwamamaza Paulo yakora catumye abantu benshi baba muri ico gisagara bavavanura n’ugusenga ibigirwamana. Nya mugwi w’abantu barahindiye Arisitariko na Gayo muri ca kibanza c’ibirori maze babandanya gusemerera bavuga bati: “Irakomeye Arutemi y’Abanyefeso!”. Bishoboka ko Arisitariko na Gayo bari biteze ko bahasiga ubuzima, ariko umukuru w’ico gisagara yaratururuje iryo sinzi.—Ibik. 19:23-41.
17 Nka hamwe woba warashikiwe na mwene ivyo bintu, woba wari kurondera ukuntu wiyorohereza mu buzima? Nta kintu na kimwe cerekana ko Arisitariko canke Gayo babuze umutima rugabo. Kubera ko Arisitariko yari aje ava i Tesalonike, yari azi yuko gutangaza inkuru nziza vyoshoboye gutuma haba uruhamo. Igihe kimwe imbere y’aho, hari higeze kuba uruhagarara igihe Paulo yamamaza aho i Tesalonike (Ibik. 17:5; 20:4). Kubera ko Arisitariko na Gayo bagendera mu nzira za Yehova, bari bafise inkomezi be n’umutima rugabo biva ku Mana vyobafashije kwihanganira uruhamo.
Nugumize ijisho ku vy’abandi
18. Ni gute Pirisikila na Akwila ‘bagumije ijisho’ ku vy’abandi?
18 Twaba turiko canke tutariko turahamwa, turakwiye kwitwararika abakirisu bagenzi bacu. Pirisikila na Akwila ‘baragumije ijisho’ ku vy’abandi (Soma Abafilipi 2:4.). Uwo mugabo n’umugore bubakanye b’intangakarorero bashobora kuba barahaye indaro Paulo i Efeso, aho hakaba ari hamwe wa mucuzi w’ifeza Demetiriyo yatera rwa ruhagarara twavuga. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyatumye Akwila na Pirisikila ‘bemera guhakwa gucibwa amazosi yabo’ ku bwa Paulo (Rom. 16:3, 4; 2 Kor. 1:8). Muri iki gihe, kwitwararika abavukanyi bacu bari mu ruhamo bituma ‘twiyubara nk’inzoka’ (Mat. 10:16-18). Turabandanya gukora igikorwa twashinzwe tubigiranye ukwiyubara tukongera tukanka kubahemukira mu kutabwira amazina yabo canke ayandi makuru aberekeye abariko babahama.
19. Ni ivyiza ibihe Doruka yakoreye abandi?
19 Hariho uburyo butandukanye budufasha kugumiza ijisho ku vy’abandi. Abakirisu bamwebamwe usanga hari ivyo bakeneye, kandi hari aho twoba dushoboye kubibaronsa (Ef. 4:28; Yak. 2:14-17). Ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Yopa ryarimwo umukenyezi yatanga cane yitwa Doruka (Soma Ibikorwa 9:36-42.). Doruka “yari agwije ibikorwa vyiza, agatanga n’ingabirano nyinshi z’imbabazi”, bikaba bigaragara ko harimwo n’ugukorera impuzu z’imbere abapfakazi bakenye. Igihe yapfa mu 36 G.C., nya bapfakazi barababaye cane. Imana yarakoresheje intumwa Petero kugira ngo azure Doruka, kandi birashoboka rwose ko yamaze ubuzima bwiwe bwose bwo kw’isi yamamaza n’umunezero mwinshi inkuru nziza, kandi akorera abandi ivyiza. Ese ukuntu muri iki gihe duhimbarwa no kuba muri twebwe hari abakenyezi bakirisu mwene abo bazira ubwikunzi!
20, 21. (a) Kuremesha abandi bifitaniye isano gute n’ukwerekana ko twitwararika ivy’abandi? (b) Ni igiki twokora kugira ngo tube abaremesha abandi?
20 Turerekana ko twitwararika ivy’abandi mu kubaremesha (Rom. 1:11, 12). Silasi, uwakorana na Paulo yari umuntu yaremesha abandi. Inyuma y’aho hafatiwe ingingo nko mu 49 G.C. ku bijanye na ca kibazo c’ukugenyerwa, inama nyobozi y’i Yeruzalemu yararungikanye abayiserukira ikete ryari ryandikiwe abemera bo mu mihingo yose. Silasi, Yuda, Barunaba na Paulo barajanye iryo kete i Antiyokiya. Aho i Antiyokiya, Silasi na Yuda “[bararemesheje] abavukanyi n’insiguro nyinshi bongera barabakomeza”.—Ibik. 15:32.
21 Mu nyuma, Paulo na Silasi barapfungiwe i Filipi ariko baravuye mw’ibohero biturutse kuri canyamugigima cabaye. Ese ukuntu bategerezwa kuba barahimbawe no kwamamaza inkuru nziza maze barabona ingene umurinzi w’ibohero be n’abo mu rugo rwiwe bacika abemera! Imbere y’uko Silasi na Paulo bava muri ico gisagara, bararemesheje abavukanyi (Ibik. 16:12, 40). Nk’ukwo kwa Paulo na Silasi, nugerageze kuremesha abandi biciye ku nsasanuro canke insiguro utanga be no ku murimo wo mu ndimiro ukorana umwete. Vyongeye, igihe ufise “ijambo ry’indemesho”, uko vyogenda kwose ‘nurivuge’.—Ibik. 13:15.
Nubandanye kugendera mu nzira za Yehova
22, 23. Ni mu buryo ki dushobora vy’ukuri kwungukira ku nkuru ziganwa muri Bibiliya?
22 Ese ukuntu dukwiye gukenguruka cane ku bw’izo nkuru zigana ibintu vyabayeho koko dusanga mw’Ijambo rya Yehova, ya “Mana y’indemesho yose” (2 Kor. 1:3, Byington)! Niba dushaka kwungukira kuri ivyo bintu vyabaye, dutegerezwa gukurikiza mu buzima bwacu ivyigwa dukura muri Bibiliya tukongera tukemera kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana.—Gal. 5:22-25.
23 Kuzirikana ku nkuru ziganwa muri Bibiliya bizodufasha kugaragaza kamere zihimbara Imana. Bizokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, we aturonsa “ubgenge no kumenya n’umunezero” (Umus. 2:26). Gutyo rero, tuzotuma umutima urangwa urukundo w’Imana unezerwa (Imig. 27:11). Ese twokwiyemeza kubigenza gutyo mu kubandanya tugendera mu nzira za Yehova!
Wokwishura gute?
• Ushobora gute kwerekana ko uri umwizigirwa?
• Ni kubera iki dukwiye “[k]wicisha bugufi mu muzirikanyi”?
• Inkuru ziganwa muri Bibiliya zishobora gute kudufasha kugira umutima rugabo?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kugumiza ijisho ku vy’abandi?
[Ifoto ku rup. 8]
Ku bijanye n’indagano wa mwizigirwa Yefuta yari yaragize, we hamwe n’umukobwa wiwe barayishikije naho ivyo bitari vyoroshe
[Ifoto ku rup. 10]
Yemwe bakiri bato, ni igiki mwigiye kuri ka Kisirayelikazi?
[Ifoto ku rup. 11]
Doruka yaronsa gute abakirisu bagenziwe ivyo bari bakeneye?