Ku bw’urwaruka rwacu
Ishavu rya mukuruwe
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA ITANGURIRO 4:1-12.
Ukoresheje ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira, wodondora ko Kayini yasa gute kandi yari umuntu ameze gute? Abeli we?
․․․․․․․
Ni “ibikorwa vy’umubiri” ibihe Kayini yagaragaje, kandi vyagaragaye gute? (Abagalatiya 5:19-21)
․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.—SUBIRA USOME UMURONGO WA 4-7.
Amashikanwa yoba ari yo Yehova yemeye gusa canke yanse kwemera, canke hoba hariho ikindi kintu yaravye? (Imigani 21:2)
․․․․․․․
Ni mu bihe bimwebimwe ibihe bishobora kwumvikana umuntu agize ishavu, mugabo ni kubera iki Kayini ata mvo n’imwe yari afise yo ‘kuraka’?
․․․․․․․
Ni ryari ishari ryoshobora kuba iribereye, mugabo ni kubera iki ritari ribereye mu vyo Kayini yagize? (1 Abami 19:10, NW)
․․․․․․․
Ni intambwe izihe Kayini yari gushobora gutera kugira ngo ‘aneshe’ ishavu ryiwe?
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ishavu.
․․․․․․․
Ishari.
․․․․․․․․
Ukuntu ‘wonesha’ impengamiro mbi.
․․․․․․․․
KU BIJANYE N’IYO NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․․․․